Ubugiriki n’Uburoma bigira akosho ku Bayuda
IYAHAVUYE iba inganji nganzabami y’Ubugiriki yatanguriye kwaguka mu misozi y’i Makedoniya. Muri iyo misozi ni ho Alegizandere arengeje gatoyi imyaka 20 yatanguye kwiyumvira ivyo kwigarurira Ubuseruko. Mu 334 B.G.C., yarayoboye ingabo ziwe azicisha ahitwa Hellespont (Dardanelles), agace kagabura Uburaya na Aziya. Nka kurya kw’ “ingwe” yirasa bwampi, Abagiriki bayobowe na Alegizandere baratanguye kwigarurira uturere twinshi ningoga na ningoga (Dn 7:6). Alegizandere yaranesheje Abaperesi abaneshereza hafi y’igisagara ca Turuwa, mu biyaya vy’Uruzi Garanike hanyuma abaneshereza bimwe bibi i Isusi.
Abagiriki barashwaye Siriya na Foyinike, baraheza bigarurira Tiro haheze amezi indwi bahakikuje (Ezk 26:4, 12). Alegizandere yararetse gutera Yeruzalemu, aca yigarurira Gaza (Zk 9:5). Amaze gushika mu Misiri, yaciye ashinga Alegizandiriya, kiba ikibanza gikuru c’ivy’ubudandaji be n’amashure. Amaze gusubira kujabuka Igihugu c’Isezerano, yarongeye kunesha Abaperesi, abaneshereza i Gogameli hafi y’ibihomvagurike vya Ninewe.
Alegizandere yaciye atera mu Bumanuko kugira ngo yigarurire Babiloni, Shushani (Susa), be na Peresepoli, ivyo na vyo bikaba vyari ibibanza bikurubikuru vy’ubutegetsi bw’Abaperesi. Yaciye anyaragasa aca mu karere k’Abaperesi, ashika ku Ruzi Indusi rwo mu gihugu ubu citwa Pakistani. Mu myaka umunani gusa, Alegizandere yarigaruriye igice kinini c’isi yari izwi ico gihe. Mugabo mu 323 B.G.C., igihe yari afise imyaka 32, yarahitanywe na malariya ari i Babiloni.—Dn 8:8.
Akosho Abagiriki bagize mu Gihugu c’Isezerano kari gakomeye. Bamwebamwe mu bahora mu gisoda ca Alegizandere baba muri ako karere. Mu kinjana ca mbere, hariho urunani rw’ibisagara bivuga ikigiriki (Dekapoli) (Mt 4:25; Mr 7:31). Ivyanditswe vy’igiheburayo vyari vyarabonetse mu kigiriki. Koyine (ikigiriki cari kimenyerewe) ni rwo rurimi rwakoreshwa hose mu gukwiragiza inyigisho za gikirisu.
Inganji nganzabami y’Uburoma
Mu Burengero vyari vyifashe gute? Uburoma, ubwahora bugizwe n’akagwi k’ibigwati vyari ku Ruzi Tibure, bwararushirije gukomera. Amaherezo, ingabo z’Abaroma zari zitunganijwe be n’ubutegetsi bwatwara igihugu cose, vyatumye Uburoma bwigarurira uturere twahora dutwarwa n’abajenerali bane ba Alegizandere. Mu 30 B.G.C., inganji nganzabami y’Uburoma ni yo vyaboneka ko iri hejuru y’izindi, kukaba kwari ukwibonekeza kwa mbere kwa ca ‘gikoko giteye ubwoba’ Daniyeli yabona mu vyo yeretswe.—Dn 7:7.
Inganji nganzabami y’Uburoma yahera mu Bwongereza igashika muri Afirika yo mu Buraruko, ikava kw’Ibahari Atalantike igashika mu Kigobe c’Abarabu. Kubera yuko iyo nganji yari ikikuje Ikiyaga Mediterane, Abaroma bayise Mare Nostrum (Ikiyaga cacu).
Uburoma na bwo nyene bwaragize akosho ku Bayuda, abo igihugu cabo cari kiri mu nganji y’Uburoma (Mt 8:5-13; Ivyk 10:1, 2). Yezu yabatijwe yongera apfa mu gihe c’ingoma y’umwami w’abami Tiberiyo. Abategetsi b’Abaroma bamwebamwe barahamye Abakirisu bunyamaswa, mugabo ntibashoboye gutsinda ugusenga kw’ukuri. Haheze ibinjana 13, iyo nganji yaratewe n’imiryango y’Abadagi mu Buraruko, mu Buseruko na ho iterwa n’abimukira.
[Ikarata ku rup. 26]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Inganji nganzabami y’Ubugiriki
Alegizandere amaze gupfa, bane mu bajenerali biwe ni bo baciye batwara iyo nganji nini
▪ Kasandere
▫ Lizimake
○ Putoleme wa mbere
• Seleyukisi wa mbere
A2 ▪ UBUGIRIKI
A2 ▪ Atenayi
A2 ▪ AKAYA
A3 ○ Kurene
A3 ○ LIBIYA
B2 ▫ Bizanse
B3 ○ KUPURO
B4 ○ No-Amona (Tebesi)
C3 Palumiri (Tadumori)
C3 ○ Jeraza
C3 ○ Filadelufiya
C3 ○ Yeruzalemu
C5 ○ Sevene
G2 • Alegizandiriya Marijiyane
Aho Alegizandere yaciye
A2 ▪ MAKEDONIYA
A2 ▪ Pela
A2 ▫ TARASE
B2 ▫ Turuwa
B2 ▫ Sarudi
B2 ▫ Efeso
B2 ▫ Gorodiyono
C2 ▫ Ankara
C3 • Taruso
C3 • Isusi
C3 • Antiyokiya (h’i Siriya)
C3 ○ Tiro
C4 ○ Gaza
B4 ○ MISIRI
B4 ○ Mofu
B4 ○ Alegizandiriya
A4 ○ Agace k’amazi k’i Siwa
B4 ○ Mofu
C4 ○ Gaza
C3 ○ Tiro
C3 ○ Damasiko
C3 • Alepo
D3 • Nizibe
D3 • Gogameli
D3 • Babiloni
E3 • Shushani
E4 • UBUPERESI
E4 • Peresepoli
E4 • Pasaragade
E3 • UBUMEDI
E3 • Ekibatana
E3 • Raji
E3 • Hekatompilosi
F3 • PARITIYA
G3 • ARIYA
G3 • Alegizandiriya Areyoni
G3 • Alegizandiriya Porofutaziya
F4 • DARANJIYANE
G4 • ARAKOZIYA
G4 • Alegizandiriya Arakosiyorumu
H3 • Kabule
G3 • Darapusaka
H3 • Alegizandiriya Ogiziyana
G3 • Darapusaka
G3 • BAGITIRIYANI
G3 • Bagitira
G2 • Derebenti
G2 • SOGIDIYANI
G2 • Marakanda
G2 • Bukara
G2 • Marakanda
H2 • Alegizandiriya Esikate
G2 • Marakanda
G2 • Derebenti
G3 • Bagitira
G3 • BAGITIRIYANI
G3 • Darapusaka
H3 • Kabule
H3 • Tagisila
H5 • UBUHINDI
H4 • Alegizandiriya
G4 • JEDOROZIYA
F4 • Pura
E4 • UBUPERESI
F4 • Alegizandiriya
F4 • KARUMANIYA
E4 • Pasaragade
E4 • Peresepoli
E3 • Shushani
D3 • Babiloni
[Other locations]
A3 KIRETE
D4 ARABIYA
[Amazi]
B3 Ikiyaga Mediterane
C5 Ikiyaga Gitukura
E4 Ikigobe c’Abarabu
G5 Ikiyaga Arabiya
[Inzuzi]
B4 Nili
D3 Efurate
D3 Tigiri
G4 Indusi
[Ikarata ku rup. 27]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Inganji nganzabami y’Uburoma
A1 UBWONGEREZA
A3 ESUPANYE
B1 JEREMANIYA
B2 GOLE
B2 UBUTALIYANO
B2 Roma
B3 Karataje
C2 ILURIKO
C3 UBUGIRIKI
C3 Agitiyumu
C3 Kurene
D2 Bizanse (Konsitantinopule)
D3 AZIYA NTOYA
D3 Efeso
D3 Alepo
D3 Antiyokiya (h’i Siriya)
D3 Damasiko
D3 Jeraza (Jarake)
D3 Yeruzalemu
D3 Alegizandiriya
D4 MISIRI
[Bodies of Waters]
A2 Ibahari Atalantike
C3 Ikiyaga Mediterane
D2 Ikiyaga Cirabura
D4 Ikiyaga Gitukura
[Ifoto ku rup. 26]
Putoleme wa kabiri amaze kwubaka Raba, yaciye ahita Filadelufiya. Ibisigarira vy’inyubakwa y’ibikino y’Abaroma, biracariho
[Ifoto ku rup. 27]
Iki ni kimwe mu bisagara bigize Dekapoli citwa Jeraza (Jarake)
[Ifoto ku rup. 27]
Amabarabara makurumakuru y’Uburoma, nk’iri riri hafi y’i Alepo, yarashika i Buraya, muri Afirika yo mu Buraruko no mu Buseruko bwo Hagati. Abakirisu baca muri ayo mabarabara kugira ngo bakwiragize ukuri kwo muri Bibiliya