Yezu “mu gihugu c’Abayuda”
MU GUSHINGA intahe kuri Koruneliyo, intumwa Petero yaravuze ivyo Yezu yakoreye “mu gihugu c’Abayuda, bo n’i Yerusalemu” (Ivyk 10:39). Wiyumvira ko ari uturere utuhe Yezu yaranguriyemwo ca gikorwa ciwe c’intibagirwa?
Mu “gihugu c’Abayuda” harimwo Yudaya, aho Yezu yakoreye bimwebimwe mu bijanye n’igikorwa c’Imana (Lk 4:44). Yezu amaze kubatizwa, yamaze imisi 40 mu bugaragwa bw’Ubuyuda (canke bw’i Yudaya), kakaba kari akarere kagadutse kandi katabamwo abantu kakunda kugendwamwo n’abagumutsi be n’ibisuma (Lk 10:30). Mu nyuma, Yezu yariko agenda yerekeza mu Buraruko avuye i Yudaya igihe yashinga intahe ku Musamariyakazi hafi y’i Sukara.—Yh 4:3-7.
Umuntu yihweje Injili, arabona ko Yezu yakoreye canecane i Galilaya. Naho yagenda mu Bumanuko i Yeruzalemu ku bw’imisi mikuru yaba ku mwaka ku mwaka, imyaka ibiri ya mbere y’ubusuku bwiwe ahanini yayimaze mu gice co mu Buraruko bw’Igihugu c’Isezerano (Yh 7:2-10; 10:22, 23). Nk’akarorero, yarigishije inyigisho nyinshi zihambaye yongera arakorera ibitangaro bikomeye hafi y’Ikiyaga c’i Galilaya no kuri co. Ibuka ko yatururuje ibisebuzi vy’amazi yaco, mbere aranayagendagenderako. Yarigishije ari mu bwato amasinzi y’abantu bari ku musenyi wo ku nkengera y’ico kiyaga. Abayoboke biwe somambike ba mbere bava mu bibano bihegereye vyari bitunzwe n’uburovyi be n’uburimyi.—Mr 3:7-12; 4:35-41; Lk 5:1-11; Yh 6:16-21; 21:1-19.
Ubusuku Yezu yaranguriye i Galilaya yabukoreye canecane “mu gisagara c’i wabo” cari ku nkengera y’ikiyaga ari co Kaperinawumu (Mt 9:1). Igihe yashikiriza ya Nsiguro rurangiranwa yo ku Musozi, yari ku mucamo, hafi yo ngaho. Rimwe na rimwe, yarava i Kaperinawumu ari mu bwato akaja i Magadani, i Betsayida canke mu duce two hafi yaho.
Urabona yuko ‘igisagara c’amavukiro’ ca Yezu kitari kiri kure cane y’i Nazareti, aho yakuriye; kitari kure y’i Kana, hamwe yahindurira amazi umuvinyu; kitari kure y’i Nayini, hamwe yazurira umuhungu w’umupfakazi; kitari no kure y’i Betsayida, hamwe yagaburirira ku gitangaro abagabo 5.000 akongera agahumura umugabo w’impumyi.
Pasika yo mu 32 G.C. imaze kurangira, Yezu yaciye yerekeza mu Buraruko, aja i Tiro n’i Sidoni, bikaba vyari ibivuko vy’i Foyinike. Yaciye yagura ubusuku bwiwe arakorera no mu bisagara bimwebimwe vyo muri vya bisagara cumi vyagirwa ivy’Abagiriki vyitwa Dekapoli. Yezu yari hafi y’i Kayisariya y’i Filipi (F2) igihe Petero yamwemera icese ko ari Mesiya, maze bidatevye hagakurikira kwa guhinduka ukundi, ugushobora kuba kwabereye ku Musozi Herumoni. Mu nyuma, Yezu yaramamaje mu karere k’i Pereya, hakurya ya Yorodani.—Mr 7:24-37; 8:27–9:2; 10:1; Lk 13:22, 33.
Yezu yamaze indwi yiwe ya nyuma yo kw’isi ari kumwe n’abigishwa biwe i Yeruzalemu no mu micungararo yaho, Yeruzalemu ukaba wari “umurwa w’Umwami ahambaye” (Mt 5:35). Urashobora kubona kw’ikarata ibibanza bihegereye wasomye mu Njili, nka Emawusi, Betaniya, Betifage na Betelehemu.—Lk 2:4; 19:29; 24:13; raba ikarata yongeweko ahavuga ngo “Akarere ka Yeruzalemu” ku rupapuro rwa 18.
[Ikarata ku rup. 29]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Igihugu c’Isezerano (Igihe ca Yezu)
Ca Gihugu Mu Gihe Ca Yezu
Ibisagara vyari bigize Dekapoli
E5 Hipone
E6 Pela
E6 Sikitopolisi
F5 Gadara
F7 Jeraza
G5 Diyoni
G9 Filadelufiya
H1 Damasiko
H4 Rafana
I5 Kanata
Amabarabara makurumakuru (See publication)
Ibarabara ritazigura ryari hagati ya Galilaya na Yeruzalemu (See publication)
Ibarabara rindi ryari hagati ya Galilaya na Yeruzalemu ryaca i Pereya (See publication)
A11 Gaza
B6 Kayisariya
B8 Yopa
B9 Luda
B12 Beri-sheba
C4 Putolemayi
C8 SAMARIYA
C8 Antipatiri
C8 Arimataya
C9 Emawusi
C10 YUDAYA
C11 Heburoni
C12 IDUMAYA
D1 Sidoni
D2 Tiro
D3 FOYINIKE
D4 GALILAYA
D4 Kana
D5 Seforisi
D5 Nazareti
D5 Nayini
D7 Samariya
D7 Sukara
D9 Efurayimu
D9 Betifage
D9 Yeruzalemu
D9 Betaniya
D10 Betelehemu
D10 Herodiyumu
D10 UBUGARAGWA BW’I YUDAYA
D12 Masada
E4 Korazini
E4 Betsayida
E4 Kaperinawumu
E4 Magadani
E5 Tiberiya
E5 Hipone
E6 Betaniya? (hakurya ya Yorodani)
E6 Sikitopolisi
E6 Pela
E6 Salimu
E6 Ayinoni
E9 Yeriko
F1 ABILENE
F2 Kayisariya y’i Filipi
F4 Gamala
F5 Abila?
F5 Gadara
F7 PEREYA
F7 Jeraza
G3 ITURAYA
G5 Diyoni
G6 DEKAPOLI
G9 Filadelufiya
H1 Damasiko
H3 TIRAKONITI
H4 Rafana
H12 ARABIYA
I5 Kanata
[Imosozi]
D7 Msz. Ebalu
D7 Msz. Gerizimu
F2 Msz. Herumoni
[Amazi]
B6 Ikiyaga Mediterane (Ikiyaga Kinini)
E4 Ikiyaga c’i Galilaya
E10 Ikiyaga c’Umunyu
[Inzuzi]
E7 Uruzi Yorodani
[Springs and wells]
D7 Iriba rya Yakobo
[Ifoto ku rup. 28]
Ikiyaga c’i Galilaya. Kaperinawumu iri ibubamfu aho ushikiza amaso. Aho hose ubona ni mu Bumanuko bushira Uburengero hakurya y’Ikiyaya Genesareti
[Ifoto ku rup. 28]
Abasamariya basengera ku Musozi Gerizimu. Umusozi Ebalu ni uriya uri inyuma