ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gl rup. 20-21
  • Yeruzalemu n’urusengero rwa Salomo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yeruzalemu n’urusengero rwa Salomo
  • ‘Raba ca gihugu ciza’
‘Raba ca gihugu ciza’
gl rup. 20-21

Yeruzalemu n’urusengero rwa Salomo

YERUZALEMU hitwa ahantu h’ “ubgiza buhebuje” be n’ “umurwa w’Umwami ahambaye” (Zb 48:2; 50:​2; Int 2:​15). Wari umurwa mukuru w’ihanga ry’Imana (Zb 76:​2). Dawidi amaze gufata ico gisagara agikuye mu minwe y’Abayebusi maze akakigira umurwa mukuru wiwe, caciye citwa ‘igisagara ca Dawidi’ canke “Siyoni”.​—⁠2Sm 5:​7.

Naho igisagara ca Yeruzalemu kitari giherereye ahantu hacorohereza mu bintu vyinshi, carabaye rurangiranwa kubera ko Imana yahashize izina ryayo (Gus 26:2). Cari ikibanza gikuru c’iryo hanga mu vy’ugusenga no mu vy’ubutegetsi.

Yeruzalemu hari ku bukiruruke bw’imetero 750 mu misozi y’i Yudaya yo hagati na hagati. Bibiliya iravuga “igihagararo” caho ikongera ikavuga abahasengera ko ‘bakūka’ (baduga) kugira bashikeyo (Zb 48:​2; 122:​3, 4). Ico gisagara ca kera cari gikikujwe n’imyonga: umwonga wa Hinomu mu Burengero no mu Bumanuko be n’Umwonga Kidironi mu Buseruko (2Abm 23:​10; Yr 31:​40). Mw’isôko ry’amazi ry’i Gihonia ryari mu Mwonga Kidironi be no mu ry’i Eni-rogeli ryari amaja mu Bumanuko hava amazi meza, canecane amazi yakoreshwa mu gihe umwansi yaba yateye.​—⁠2Sm 17:​17.

Ku gicapo kiri ku rupapuro rwa 21 , igisagara ca Dawidi cerekanwa n’ibara ritukura. Mu gihe c’ingoma ya Dawidi na Salomo, ico gisagara caraguwe amaja mu Buraruko, hajamwo Ofeli (ahasa n’urwatsi rutoto) be n’Umusozi Moriya (ahasa n’ubururu) (2Sm 5:​7-9; 24:​16-25). Salomo yubakiye Yehova urusengero rwakaka kuri uwo musozi muremure. Ihe ishusho y’abambaji amasinzi n’amasinzi bariko basendanisha baduga ku “musozi w’Uhoraho” kugira bahimbaze imisi mikuru yaba ku mwaka ku mwaka (Zk 8:​3)! Urunyurangane rw’amabarabara rwerekanwa ku rupapuro rwa 17 rwarorohereza urugendo nk’urwo.

Urusengero rwa Salomo, urwari rutatsweko inzahabu n’utubuye tw’igiciro, ni rwo rusengero rwatwaye ibintu vyinshi kuruta inyubakwa zose zigeze kwubakwa. N’igihambaye, ni uko Yehova ari we yatanze umugero warwo. Nk’uko ubibonera kuri ico gicapo, urwo rusengero rwari rukikijwe n’imbuga nininini be n’inyubakwa abategetsi bakoreramwo. Birakwiriye ko ufata akanya ko kwiga ibintu vyose bijanye na rwo.​—⁠1Abm 6:​1–7:​51; 1Ng 28:​11-19; Heb 9:​23, 24.

[Akajambo k’epfo]

a Umwami Hezekiya yarazibiye iryo sôko hanyuma aca yubaka inzira ica mu kuzimu igashika ku kidengeri c’amaja mu Burengero.​—⁠2Ng 32:​4, 30.

[Uruzitiro ku rup. 21]

Haciye igihe, Yeruzalemu yaraguwe mu Burengero no mu Buraruko. Abami b’Ubuyuda batwaye inyuma ya Salomo barongeyeko impome n’amarembo. Ubushakashatsi bujanye n’ivy’ubucukuzi bukiriko buragirwa bwoshobora kwerekana neza na neza aho ibihimba bimwebimwe vy’izo mpome vyari biherereye be n’ingene vyareha. Ico gisagara casanganguwe mu 607 B.G.C., kiraheza kiguma ari umusaka imyaka 70. Haciye nk’imyaka 80 Abayuda bagarutse, Nehemiya yaratanguye igikorwa gikomeye c’ugusubira kwubaka impome za Yeruzalemu.

[Diagram/Ifoto ku rup. 21]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

Jerusalem/Solomon’s Temple

URUSENGERO MU GIHE CA SALOMO

Ibigize Urusengero

1. Ahera Cane

2. Ahera

3. Ibaraza

4. Bowazi

5. Yakini

6. Igicaniro c’umuringa

7. Igikarabiro citwa ikiyaga

8. Ibitereko

9. Utwumba dukikuje urusengero

10. Uburiro

11. Ikigo c’imbere

IKIBANZA C’URUSENGERO

Msz. Moriya

Uburiro

Ibitereko

Utwumba dukikuje urusengero

Ahera Bowazi

Cane Ahera Ibaraza Igicaniro Ikigo

Yakini c’umuringa c’imbere

Ibitereko Igikarabiro citwa

ikiyaga

Ofeli

Ku nama?

Irembo ry’amazi?

IGISAGARA CA DAWIDI

Msz. Siyoni

Ikirimba ca Dawidi

Irembo rija kw’iriba

Uruzitiro rwa Manase?

Umunara wa Hananeli

Umunara wa Hameya

Irembo ry’intama

Irembo ry’abateramyi

Irembo ry’igenzuriro

Irembo ry’amafarasi

UMWONGA KIDIRONI

Uruzitiro rugufi?

Gihoni

Uwahavuye uba umuhora w’amazi

UMWONGA TIROPOWEYONI

Irembo bacishamwo umwavu (ry’ababumvyi) (ry’umwanda mukuru)

Eni-rogeli

Irembo rija ku mwonga

UMWONGA WA HINOMU

Irembo ryo ku mfuruka

Umunara wo ku matanure

Uruzitiro rw’intimba nini

Irembo ry’Abefurayimu

Ku nama

Irembo ry’igisagara ca kera

Uruhome rwa mbere rwo mu Buraruko

IGICE CA KABIRI

Irembo ry’amafi

[Ifoto]

Ofeli

Inzu y’umukobwa wa Farawo

Ikirimba ca Salomo

Inzu y’ikibira c’i Lebanoni

Ibaraza y’inkingi

Ibaraza irimwo intebe y’ubwami

Msz. Moriya

Urugo rw’intangaro

Urusengero

[Ifoto ku rup. 20]

Aho ushikiza amaso ni ho ‘igisagara ca Dawidi’ cari giherereye. Urusengero rwari ahantu hateze (hariya inyuma)

[Ifoto ku rup. 20]

Ishusho yerekana ‘igisagara ca Dawidi’ be n’urusengero rwa Salomo yacapwe hakoreshejwe orodinateri

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika