Isi nshasha nk’uko Imana yasezeranye
BIBILIYA, Ijambo ry’Imana ryanditse, iraduha icizigiro igihe ivuga iti: “Nk’uko yasezeranye, tureretse ijuru risha n’isi nsha, ivyo ukugororoka kuzobamwo”.—2 Petero 3:13.
“Ijuru risha” ni iki? Ijuru Bibiliya irisanisha n’ubutegetsi (Ivyakozwe 7:49). “Ijuru risha” ni intwaro nshasha izoganza isi. Ryitwa rishasha kubera yuko rizosubirira urunkwekwe rw’ubutegetsi ruriho ubu; ikindi kandi, iryo juru risha ni intambwe nshasha mu bijanye n’iranguka ry’umugambi w’Imana. Ni ryo bwa Bwami Yezu yatwigisha gusaba (Matayo 6:10). Kubera yuko Imana ari yo yashizeho ubwo Bwami kandi ikaba iba mw’ijuru, bwitwa “ubgami bgo mw ijuru”.—Matayo 7:21.
“Isi nsha” ni iki? Si umubumbe mushasha, kubera yuko Bibiliya ivuga itomoye yuko isi izokwama ibako abantu ibihe vyose. “Isi nsha” ni ikibano gishasha c’abantu. Izoba ari nshasha kubera yuko inkozi z’ikibi zizoba zakuweho (Imigani 2:21, 22). Abazoba bariho ico gihe bazotera iteka Umuremyi bongere bamugamburukire, kandi bazobaho bahuza n’ivyo asaba (Zaburi 22:27). Abantu bo mu mahanga yose bariko baratumirwa ngo bige ivyo bisabwa bongere babeho bahuza na vyo muri iki gihe. Woba uriko urabikora?
Mw’isi nshasha y’Imana, abantu bose bazokwubaha ubutegetsi bwayo. Urukundo ukunda Imana rwoba rukuvyurira umutima wo kugamburuka ivyagezwe vyayo (1 Yohani 5:3)? Ivyo vyoba vyigaragaza i muhira?, ku kazi canke kw’ishure?, mu kuntu uriko urakoresha ubuzima bwawe?
Muri iyo si nshasha, ikibano c’abantu kizoba gihurikiye hamwe mu gusenga Imana y’ukuri. Woba usenga Umuremyi w’ijuru n’isi? Ugusenga kwawe kwoba vy’ukuri gutuma uhurikira hamwe n’abo mufatanije gusenga bo mu mahanga yose no mu moko yose no mu ndimi zose?—Zaburi 86:9, 10; Yesaya 2:2-4; Zefaniya 3:9.
[Uruzitiro on page 17]
Imana isezerana ivyo bintu iyo ari yo
Ni Imana yaremye ikirere n’ibiri muri co vyose be n’iyi si tubako. Ni imwe Yezu Kirisitu yavuga ko ari “Imana yonyene y’ukuri”.—Yohana 17:3.
Benshi mu bantu baraha icubahiro imana bihingurira. Abantu amamiliyoni barunamira ibishushanyo bitagira ubuzima. Abandi na bo baraninahaza inzego z’abantu, amafilozofiya ashingiye ku bintu vy’umubiri canke bakaninahaza ivyipfuzo vyabo bwite. Mbere n’abivugisha ko bakoresha Bibiliya bose ntibatera iteka izina ry’umwe Bibiliya ivuga ko ari “we Mana [“y’ukuri”, NW]”.—Gusubira mu vyagezwe 4:35.
Umuremyi avuga ku bimwerekeye ati: “Ndi [“Yehova”, NW] iryo ni ryo zina ryanje” (Yesaya 42:5, 8). Iryo zina riboneka incuro zirenga 7.000 muri Bibiliya mu ndimi yanditswemwo mu ntango. Yezu Kirisitu yigishije abayoboke biwe gusenga ngo: “Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe”.—Matayo 6:9.
Imana y’ukuri ni Imana imeze gute? Ubwayo yivuga ko ari “Imana y’ikigongwe n’ubugwaneza, iteba gushavura kandi igwije ubuntu-mvarukundo n’ukuri” kandi ko ari Imana itazobura guhana abarenga ku mategeko yayo n’ibigirankana (Kuvayo 34:6, 7, NW). Inkuru yigana ivyo Imana yakoranye n’abantu iremeza ko ukwo kuntu idondorwa ari ukuri.
Iryo zina be na nyene iryo zina, vyose bitegerezwa kwezwa canke gufatwa ko ari vyeranda. Kubera yuko ari Umuremyi akaba na Segaba w’isi n’ijuru, arakwiriye ko tumugamburukira kandi tukamusenga we musa. Wewe ubwawe ivyo woba ubigira?
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 18]
Ni amahinduka ayahe “ijuru risha n’isi nsha” bizozana?
Isi yahindutse iparadizo Luka 23:43
Ikibano gikwiye kw’isi yose kirimwo Yohana 13:35;
abantu bo mu mahanga yose n’amoko yose Ivyahishuriwe 7:9, 10
n’indimi zose bunze ubumwe mu rukundo
Amahoro kw’isi yose be Zaburi 37:10, 11;
n’umutekano nyakuri kuri bose Mika 4:3, 4
Igikorwa giheza akanyota hamwe Yesaya 25:6; 65:17, 21-23
n’imfungurwa umusesekara
Nta ndwara, nta ntuntu, nta rupfu Yesaya 25:8;
Isi yunze ubumwe mu
gusenga Imana y’ukuri Ivyahishuriwe 15:3, 4
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 19]
None uzovyungukirako?
Imana ntizi kubesha!—Tito 1:2.
Yehova avuga ati: “Ijambo ryanje . . . ntirizogaruka ubusa, ariko rizoshitsa ivyo ngomba, rizosozera ico naritumye”.—Yesaya 55:11.
Yehova aramaze gutangura kurema “ijuru risha n’isi nsha”. Intwaro yo mw’ijuru iramaze gutangura gukora. Umushinge w’isi nshasha uramaze gushirwaho.
Igitabu c’Ivyahishuriwe kimaze kuvuga bimwebimwe mu bintu biteye umunezero “ijuru risha n’isi nsha” bizozanira umuryango w’abantu, gica gisubiramwo amajambo yivugiwe n’Imana ubwayo, Segaba w’ivyaremwe vyose, ivuga iti: “Rāba vyose ndabihindura bisha. Kand’it’Andika, kukw ayo majambo ar’ayo kwizera n’ay’ukuri”.—Ivyahishuriwe 21:1, 5.
Ikibazo c’inkoramutima rero ni iki: Twoba turiko turahindura ibikenewe kugira ngo tuzoharurwe mu babereye kuba abagize iyo “si nsha” izoba irongowe n’ “ijuru risha”?