ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bh rup. 221-rup. 222 ing. 2
  • Yezu yoba yavutse muri Kigarama?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu yoba yavutse muri Kigarama?
  • Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ivyo bijanye
  • Yezu
    Be maso!—2013
  • Yezu yavukiye hehe kandi hari ryari?
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivuka rya Yezu—Ryabereye Hehe Kandi Ryari?
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Abamarayika batangaza ivuka rya Yezu
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
bh rup. 221-rup. 222 ing. 2

AMAYAGWA Y’INYONGERA

Yezu yoba yavutse muri Kigarama?

BIBILIYA ntitubwira igihe Yezu yavukiyeko. Ariko rero, iraduha ikimenyamenya gitomoye cerekana ko atavutse muri Kigarama.

Rimbura ukuntu ikirere cari kimeze muri ico gihe c’umwaka ng’aho i Betelehemu, aho Yezu yavukiye. Ukwezi kw’Abayuda kwitwa Kisilevu (uguhuye n’igice ca Munyonyo be n’igice ca Kigarama) kwari ukwezi haba hakanye kandi hari imvura nyinshi. Ukwezi gukurikira kwari Tebeti (kukaba guhuye n’igice ca Kigarama be n’igice ca Nzero). Ni kwo kwezi haba hakanye gusumba uko haba hakanye mu yandi yose yo mu mwaka, mu misozi miremire rimwe na rimwe hakaba haragwa ibibarafu. Nimuze turabe ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye ikirere c’aho hantu.

Umwanditsi wa Bibiliya Ezira yerekana ko ukwezi kwa Kisilevu kwari ukwezi bizwi vy’ukuri ko haba hakanye kandi hagwa imvura nyinshi. Ezira amaze kuvuga ko ishengero ry’abantu ryakoraniye i Yeruzalemu “mu kwezi kugira icenda [Kisilevu], ku musi ugira mirongo ibiri w’ukwo kwezi,” yavuze ko abantu bariko “basusumira . . . kubera imvura nyinshi.” Ku vyerekeye ingene ikirere cari kimeze muri ico gihe c’umwaka, abo bantu bari bakoranye bavuze bati: “Ni ikiringo c’imvura nyinshi, ntibishoboka guhagarara hanze.” (Ezira 10:9, 13; Yeremiya 36:22) Nta gukeka ko abungere baba muri ico gice c’isi birinda kuba bari hanze n’amasho yabo muri Kigarama!

Yamara, Bibiliya ivuga yuko abungere bari mu gahinga baragiye imikuku yabo mw’ijoro Yezu yavutsemwo. Nkako, umwanditsi wa Bibiliya Luka yerekana yuko ico gihe, abungere “baba hanze bateramiye amasho yabo mw’ijoro” hafi ya Betelehemu. (Luka 2:8-12) Urabona ko abungere vy’ukuri baba hanze, ko batariko barijandajandira hanze ku mutaga. Bari kumwe n’amasho yabo hanze mw’ijoro. None ukwo kuntu ibintu vyari vyifashe ubona bihuye no muri Kigarama aho i Betelehemu haba hakanye cane kandi hagwa imvura nyinshi? Habe namba. Ivyabaye igihe Yezu yavuka, birerekana rero ko atavutse muri Kigarama.a

Ijambo ry’Imana riravuga igihe nyezina Yezu yapfiriyeko, ariko rivuga bike ku bijanye n’igihe yavukiyeko. Ivyo bica bitwibutsa amajambo y’Umwami Salomo agira ati: “Izina ryiza riraruta amavuta meza, n’umusi w’ugupfa uraruta umusi w’ukuvuka.” (Umusiguzi 7:1) Ntibitangaje rero kubona Bibiliya ivuga ibintu vyinshi ku vyerekeye igikorwa ca Yezu n’urupfu rwiwe ariko ikavuga bike ku vyerekeye igihe yavukiyeko.

Abungere bari mu gahinga bari kumwe n’amasho yabo mw’ijoro hafi y’i Betelehemu

Igihe Yezu yavuka, abungere n’amasho yabo bari hanze mw’ijoro

a Wipfuza kumenya n’ibindi, raba igitabu Comment raisonner à partir des Écritures, ku rupapuro rwa 161-165 casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika