IGIHIMBA CA 3
Ubugenzi
Ubona gute ibijanye no kugira abagenzi?
□ Ntibihambaye
□ Birahambaye bukebuke
□ Birahambaye cane
Vyoba bikworohera kuronka abagenzi?
□ Ego
□ Oya
Woba ufise umugenzi akurutira abandi bose?
□ Ego
□ Oya
Ni kamere iyihe wokwitega canecane ko umugenzi aba afise? ․․․․․
Bibiliya ivuga ko “umugenzi nyakuri akundana igihe cose, [be n’uko ari] uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.” (Imigani 17:17) Uwo ni we mugenzi ukeneye! Ariko rero, kuronka abagenzi birashobora kuba ibigoye, kubagumana na vyo bikaza birushiriza. None abagenzi nyakuri wobaronka gute kandi wobagumana gute? Rimbura impanuro ziri mu kigabane ca 9-12.
[Ifoto yuzuye urupapuro rwose, rup. 84, 85]