IKIGABANE CA 37
Noba nkwiye kubatizwa?
Shira akamenyetso ahabereye:
Ibatisimu ni igisabwa ku bakirisu.
□ Ni vyo
□ Si vyo
Intumbero nyamukuru y’ibatisimu ni ukugukingira ngo ntukore igicumuro.
□ Ni vyo
□ Si vyo
Ibatisimu ituma ushobora kurokoka.
□ Ni vyo
□ Si vyo
Igihe utarabatizwa, Imana nta co ikubaza ku vyo ukora.
□ Ni vyo
□ Si vyo
Abagenzi bawe bariko barabatizwa, biba bisobanura ko na wewe ugeze kubatizwa.
□ Ni vyo
□ Si vyo
NIMBA ubayeho wisunga ingingo ngenderwako z’Imana, ukaba uriko uratsimbataza ubucuti ufitaniye na yo kandi ukabwira abandi ivyo wemera, nta cobuza ko wiyumvira kubatizwa. Ariko none, womenya gute ko ugeze gutera iyo ntambwe? Kugira tugufashe kumenya inyishu, reka turimbure ivyiyumviro biri aho haruguru.
● Ibatisimu ni igisabwa ku bakirisu.
Ni vyo. Yezu yategetse abigishwa biwe kubatizwa. (Matayo 28:19, 20) Nkako, na Yezu ubwiwe yarabatijwe. Kugira ukurikire Kristu urakwiye kubatizwa, ariko ukabigira umaze gukura bihagije ku buryo wifatira iyo ngingo kandi ukaba uvyipfuza vy’ukuri.
● Intumbero nyamukuru y’ibatisimu ni ukugukingira ngo ntukore igicumuro.
Si vyo. Ukubatizwa ni ukwerekana ku mugaragaro ko wiyeguriye Yehova. Ukwiyegura kwawe si isezerano rituma wirinda gukora ibintu mu mutima wari gushima gukora. Ahubwo riho, wegurira ubuzima bwawe Yehova kubera ushaka kubaho wisunga ingingo ngenderwako ziwe.
● Ibatisimu ituma ushobora kurokoka.
Ni vyo. Bibiliya ivuga ko ibatisimu ari intambwe ihambaye ituma umuntu ashobora kurokoka. (1 Petero 3:21) Ariko rero, ivyo ntibisobanura ko ibatisimu ari nka soransi ituma bagushumbusha uhuye n’impanuka. Ubatizwa kubera ukunda Yehova kandi ukaba ushaka kumukorera ibihe vyose n’umutima wawe wose.—Mariko 12:29, 30.
● Igihe utarabatizwa, Imana nta co ikubaza ku vyo ukora.
Si vyo. Muri Yakobo 4:17 havuga hati: “Nimba rero umuntu azi gukora ibigororotse yamara ntabikore, bimubera igicumuro,” yaba yarabatijwe canke atarabatizwa. Nimba rero uzi ibigororotse ivyo ari vyo kandi ukaba ukuze bihagije ku buryo ushobora kwisuzuma ata gufyina, hoshobora kuba hageze ko ico kibazo ukiyaga n’umuvyeyi wawe canke uwundi mukirisu ahumuye. Ivyo bizotuma umenya ico wokora kugira utere imbere ugana kw’ibatisimu.
● Abagenzi bawe bariko barabatizwa, biba bisobanura ko na wewe ugeze kubatizwa.
Si vyo. Ingingo yo kubatizwa ikwiye kuva kuri wewe ubwawe. (Zaburi 110:3) Ukwiye kubatizwa igihe gusa umaze gutahura neza ico kuba Icabona ca Yehova bisobanura kandi ukaba ubona neza ko witeguriye kwemera iryo banga.—Umusiguzi 5:4, 5.
Intambwe ihambaye
Ibatisimu ni intambwe ihambaye ishikana ku mihezagiro myinshi. Ariko kandi, ni ibanga ritoroshe ryo kubaho ugaragaza ko wiyeguriye Yehova.
Woba wimirije gutera iyo ntambwe? Nimba ari ko biri, urafise imvo yumvikana yo kunezerwa. Uzoca wironkera agateka ntangere, agateka ko gukorera Yehova n’umutima wawe wose no kubaho ugaragaza ko wamwiyeguriye vy’ukuri.—Matayo 22:36, 37.
Raba ukuntu wokwishingira imigambi kugira ushobore gukoresha neza ubuzima bwawe.
ICANDITSWE NYAMUKURU
“Mushikirize imibiri yanyu nk’ikimazi kizima, ceranda, cemerwa ku Mana, igikorwa ceranda kijana n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira.”—Abaroma 12:1.
IMPANURO
Ubifashijwemwo n’abavyeyi bawe, nurondere mw’ishengero umuntu yogufasha gutera imbere.—Ivyakozwe 16:1-3.
WARI UBIZI . . . ?
Ukubatizwa ni umuce uhambaye wa ca “kimenyetso” kizotuma urokoka.—Ezekiyeli 9:4-6.
ICO NTEGEKANYA GUKORA!
Kugira ntere imbere ngana kw’ibatisimu, nzokwongereza ubumenyi mfise ku bijanye n’inyigisho zo muri Bibiliya zikurikira: ․․․․․
Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․
UVYIBAZAKO IKI?
● Kubera iki ibatisimu ari intambwe ihambaye cane?
● Ni ibiki vyoshobora gutuma uwukiri muto yihutagiza kubatizwa?
● Ni imvo zidafashe izihe zoshobora gutuma uwukiri muto yigiza inyuma ivyo kwiyegura no kubatizwa?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 306]
“Kwibuka ko nabatijwe vyaramfashije gufata ingingo nziza no kudakora ibintu vyari kunkwegera akarambaraye.”—Holly
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 307]
Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’ibatisimu
Ibatisimu igereranya iki? Kwibizwa mu mazi bisobanura ko upfuye ku bijanye n’uburyo wahora ubayeho wikorera ivyo ushaka. Kwiburuka na vyo, vyerekana ko ubaye muzima kugira ukore ivyo Yehova agomba.
Kwegurira ubuzima bwawe Yehova bisobanura iki? Bisobanura kwiyanka ugasezerana ko gukora ivyo Yehova agomba ugiye kubishira imbere y’ibindi vyose. (Matayo 16:24) Birabereye ko wiyegurira Yehova mw’isengesho imbere y’uko ubatizwa.
Ukwiye kuba ubayeho gute imbere yo kubatizwa? Ukwiye kuba ubayeho wisunga Ijambo ry’Imana kandi ukaba ubwira abandi ivyo wemera. Ukwiye kuba uriko urakomeza ubucuti ufitaniye n’Imana mu gusenga no mu kwiga Ijambo ryayo. Ukwiye kuba uriko urakorera Yehova kubera wavyihitiyemwo, atari kubera abandi baguhase.
Ukwiye kuba ufise imyaka ingahe kugira ubatizwe? Imyaka si co kintu nyamukuru. Ariko rero, ukwiye kuba ukuze kandi uhumuye bihagije ku buryo utahura ico kwiyegura bisobanura.
Bite ho nimba wipfuza kubatizwa ariko abavyeyi bawe bakakubwira ko ukwiye kurindira? Bashobora kuba bashaka ko urushiriza kumenya utuntu n’utundi mu bijanye n’ubuzima bwa gikirisu. Niwumvire impanuro yabo maze ukoreshe ico gihe kugira ukomeze ubucuti ufitaniye na Yehova.—1 Samweli 2:26.
[Uruzitiro ku rup. 308, 309]
Ivyiyumviro wokwifashisha
Woba uriko uriyumvira kubatizwa?
Nusuzume iterambere ryawe mu kwihweza ibibazo n’ivyiyumviro biri aha hepfo. Nurabe muri Bibiliya imirongo yatanzwe imbere yo kwandika inyishu zawe.
Uriko werekana gute ko wizigira Yehova? —Zaburi 71:5. ․․․․․
Umaze kugaragaza gute ko ububasha bwawe bwo gutegera bwamenyerejwe gutandukanya iciza n’ikibi?—Abaheburayo 5:14. ․․․․․
Woba usenga udahorereza? ․․․․․
Amasengesho yawe yoba adomako? Ahishura iki ku bijanye n’urwo ukunda Yehova?—Zaburi 17:6. ․․․․․
Andika aha hepfo imigambi ubona wokwishingira ku bijanye n’amasengesho utura. ․․․․․
Woba wiyigisha Bibiliya udahorereza?—Yosuwa 1:8. ․․․․․
Mu rutonde rwawe rwo kwiyigisha harimwo ibiki? ․․․․․
Andika aha hepfo imigambi ubona wokwishingira mu bijanye no kwiyigisha. ․․․․․
Woba uri umwamamaji kirumara? (Nk’akarorero: Woba ushobora gusigurira abandi inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya? Woba usubira kugendera abashimishijwe? Woba uriko urihatira kurondera inyigisho ya Bibiliya?)
□ Ego □ Oya
Woba uja kwamamaza n’igihe abavyeyi bawe batagiye?—Ivyakozwe 5:42.
□ Ego □ Oya
Andika aha hepfo imigambi ubona wokwishingira ku bijanye no kwamamaza.—2 Timoteyo 2:15. ․․․․․
Woba witaba amakoraniro udahorereza canke ubigira rimwe na rimwe?—Abaheburayo 10:25. ․․․․․
Ugira uruhara mu makoraniro mu buryo nyabaki? ․․․․․
Woba uja ku makoraniro igihe bitakunze ko abavyeyi bawe bayitaba (nimba baguhaye uruhusha)?
□ Ego □ Oya
Woba ushobora kuvuga ko uhimbarwa vy’ukuri no gukora ivyo Imana igomba?—Zaburi 40:8.
□ Ego □ Oya
Woshobora kwandika ng’aha ibiringo kanaka wananiye akosho k’urunganwe?—Abaroma 12:2. ․․․․․
Utegekanya gukora iki kugira ngo urwo ukunda Yehova rugume rukomeye?—Yuda 20, 21.
Woba wobandanya gukorera Yehova naho abavyeyi bawe n’abagenzi bawe bohagarika kubigira?—Matayo 10:36, 37.
□ Ego □ Oya
[Ifoto ku rup. 310]
Ibatisimu ni intambwe ihambaye nka kurya kw’indagano y’ukwabirana: ntikwiye gufatwa minenegwe