ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bt ikig. 15 rup. 133-140
  • “Bakomeza amashengero”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Bakomeza amashengero”
  • “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Reka dusubire kuraba abavukanyi” (Ivyak. 15:36)
  • «Barashavuranira, barashwana bimwe bikaze» (Ivyak. 15:37-41)
  • «Yavugwa neza» (Ivyak. 16:1-3)
  • Amashengero “akomezwa mu kwizera” (Ivyak. 16:4, 5)
  • “Umwana wanje w’umukundwa kandi w’umwizigirwa mu Mukama”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Timoteyo yari yiteguriye gukorera Imana n’umutima ukunze
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Mariko yari ‘kirumara ku bw’ubusuku’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Mariko ntiyatanye n’akabando
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
“Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
bt ikig. 15 rup. 133-140

IKIGABANE CA 15

“Bakomeza amashengero”

Abacungezi b’ingenzi barafasha amashengero kugira ngo akomezwe mu kwizera

Bishingiye ku Vyakozwe 15:36–16:5

1-3. (a) Uwundi muntu afadikanya ingendo na Pawulo ni nde, kandi ameze gute? (b) Ni ibiki tuza kwiga muri iki kigabane?

MU GIHE bariko barenga barenguka mu mayira arimwo ibidunduri yinjira mu bisagara, intumwa Pawulo aza aratereza akajisho ku musore umwe bafadikanije urugendo, akazirikana ku vyiwe. Uwo musore w’umusonga yitwa Timoteyo. Ashobora kuba afise imyaka yababa 20 canke irenga gatoyi. Uko babandanya urugendo bava i Lusitira na Ikoniyo, ni ko Timoteyo atera aja kure y’iwabo. None ni ibiki biraririye kubashikira? Pawulo ntabiyobewe kubera ko uru ari urugendo rwiwe rwa kabiri rw’ubumisiyonari. Arazi yuko baza gushikirwa n’ibintu biteye akaga be n’ingorane nyinshi. None uwo musore yoba aza kuvyihanganira?

2 Pawulo arizigiye cane Timoteyo, kumbure akaba amwizigiye kuruta uko uwo musore yicisha bugufi ubwiwe yiyizigira. Ibintu biheruka kuba vyarajijuye rwose Pawulo ko akeneye umuntu abereye bofadikanya ingendo. Pawulo arazi ko igikorwa kibarindiriye co kugendera amashengero no kuyakomeza, kiza gusaba yuko bompi baba ari abantu bafise umwiyemezo ukomeye kandi bahuje inama. Ni ibiki none bishobora kuba bituma Pawulo abona ibintu muri ubwo buryo? Kimwe muri ivyo gishobora kuba ari ukutumvikana guheruka kuba hagati ya Pawulo na Barunaba kwatumye batandukana.

3 Muri iki kigabane, turaza kuhigira vyinshi ku bijanye n’uburyo bwiza kuruta bwo gutorera umuti ukutumvikana. Turaza kandi kumenya igituma Pawulo yahisemwo Timoteyo ngo abe ari we bafadikanya urugendo, twongere dutahure neza ibijanye n’uruhara ruhambaye abacungezi b’imizunguruko bo muri iki gihe barangura.

“Reka dusubire kuraba abavukanyi” (Ivyak. 15:36)

4. Ni ibiki Pawulo yategekanya gukora mu rugendo rwiwe rwa kabiri rw’ubumisiyonari?

4 Mu kigabane c’imbere y’iki, twarabonye ukuntu abavukanyi bane bari barungitswe n’inama nyobozi y’i Yeruzalemu, ari bo Pawulo, Barunaba, Yuda na Silasi, bakomeje ishengero ry’i Antiyokiya mu kurimenyesha ingingo iyo nama nyobozi yari yafashe ku bijanye n’ikibazo cerekeye ukugenyerwa. None Pawulo yaciye akora iki? Yaciye amenyesha Barunaba ibijanye n’urundi rugendo yariko yitegurira kugira. Yamubwiye ati: «Reka dusubire mu bisagara vyose twamamajemwo ijambo rya Yehova, tuje kuraba ingene abavukanyi baho bameze.» (Ivyak. 15:36) Pawulo ntiyariko avuga ibijanye no kuja kuramutsa gusa abo bantu bari baherutse gucika abakirisu. Igitabu c’Ivyakozwe kirerekana neza intumbero y’urugendo rwa kabiri rw’ubumisiyonari Pawulo yagize. Ubwa mbere, yari agiye kubandanya ashikiriza amashengero ingingo zari zashinzwe n’inama nyobozi. (Ivyak. 16:4) Ubwa kabiri na ho, kubera ko Pawulo yari umucungezi w’ingenzi, yari yiyemeje gukomeza amashengero mu buryo bw’impwemu, akayafasha kuguma ashikamye mu kwizera. (Rom. 1:11, 12) Ni gute none ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova mu bihe vya none rikurikiza ako karorero ryasigiwe n’intumwa?

5. Inama Nyobozi yo mu bihe vya none ironsa gute amashengero ubuyobozi be n’indemesho?

5 Muri iki gihe, Kristu arakoresha Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova kugira ngo ayobore ishengero ryiwe. Abavukanyi barobanujwe impwemu b’abizigirwa bagize iyo Nama Nyobozi, bararonsa ubuyobozi n’indemesho amashengero yose yo hirya no hino kw’isi, babicishije ku makete, mu bisohorwa mu mpapuro canke kuri internet, ku makoraniro be no mu bundi buryo bwo guhanahana amakuru. Vyongeye, abagize Inama Nyobozi barihatira kuguma bakurikiranira hafi ishengero rimwerimwe ryose. Ivyo babigira babicishije ku bacungezi b’imizunguruko. Inama Nyobozi ubwayo iramaze kugena hirya no hino kw’isi abakurambere ibihumbi bakwije ibisabwa kugira ngo basukure ari abacungezi b’imizunguruko.

6, 7. Ni amabanga amwamwe ayahe abacungezi b’imizunguruko bajejwe?

6 Abacungezi b’ingenzi bo mu bihe vya none barakora uko bashoboye kwose kugira ngo bitwararike umwumwe wese mu bagize amashengero bagendera no kugira ngo babaremeshe mu buryo bw’impwemu. Uti none ivyo babigira gute? Babigira mu gukurikiza akarorero abakirisu bo mu kinjana ca mbere, nka Pawulo, babasigiye. Pawulo yahimirije umucungezi mugenziwe ati: «Wamamaze rya jambo, uvyihatire mu bihe vyiza no mu bihe bigoye, ukosore, wihanize, uhimirize. Ubigirane ukwihangana kwose n’ubuhanga bwo kwigisha. . . . Wamamaze inkuru nziza.»​—2 Tim. 4:2, 5.

7 Mu buryo buhuye n’ayo majambo, umucungezi w’umuzunguruko, we n’umukenyezi wiwe niba yubatse, arifatanya n’abamamaji b’ishengero aba yagendeye mu mice itandukanye y’ubusuku bwo mu ndimiro. Mwene abo bamamaji b’ingenzi usanga ari abanyamwete mu busuku, bakaba n’abigisha b’abahanga, izo zikaba ari kamere zigirira akamaro ubusho. (Rom. 12:11; 2 Tim. 2:15) Abo bavukanyi bagendera amashengero bamenyekanira canecane ku rukundo rwabo rurangwa n’ukwitanga. Baritanga babikunze, bakagira ingendo mu gihe ikirere kiba kimeze nabi, eka mbere bakazigirira no mu turere turimwo akaga. (Flp. 2:3, 4) Ikindi kandi, abacungezi b’imizunguruko bararemesha abagize ishengero iryo ari ryo ryose bagendeye, bakabigisha, bakongera bakabahanura biciye ku nsiguro zishingiye kuri Bibiliya bashikiriza. Abagize ishengero bose, iyo bitegereje ingeso z’abo bavukanyi kandi bakigana ukwizera kwabo, birabagirira akamaro cane.​—Heb. 13:7.

«Barashavuranira, barashwana bimwe bikaze» (Ivyak. 15:37-41)

8. Barunaba yakiriye gute ivyo Pawulo yamusavye?

8 Barunaba yarakiriye neza iciyumviro Pawulo yashikirije co “kuraba abavukanyi.” (Ivyakozwe 15:36) Bompi bari barakoranye neza mu ngendo bagiye baragira, kandi bompi bari bamaze kumenyera uturere bari bagiye kugendera be n’abantu baho. (Ivyak. 13:2–14:28) Ku bw’ivyo, ico ciyumviro co kujana muri urwo rugendo gisa n’uko cumvikana kandi kikaba cari ngirakamaro. Yamara rero, haciye havyuka ukutumvikana. Mu Vyakozwe 15:37 hagira hati: «Barunaba yipfuza cane ko Yohani yitwa kandi Mariko, na we nyene bojana.» Ico si iciyumviro gusa Barunaba yari ashikirije. «Yipfuza cane» kugenda ajanye n’incuti yiwe Mariko muri urwo rugendo rw’ubumisiyonari.

9. Ni kubera iki Pawulo atumvikanye na Barunaba?

9 Pawulo yaravyanse. Uti kubera iki? Iyo nkuru yigana iti: «Mugabo Pawulo ntiyashaka ko bojana [na Mariko] kubera ko yari yabasize i Pamfiliya, ntiyabandanya gukorana na bo.» (Ivyak. 15:38) Mariko yari yafadikanije na Pawulo be na Barunaba mu rugendo rwabo rwa mbere rw’ubumisiyonari, ariko abata rutararangira. (Ivyak. 12:25; 13:13) Urwo rugendo rugitangura, ni ukuvuga igihe bari bageze i Pamfiliya, Mariko yarahevye igikorwa yari yashinzwe maze yisubirira iwabo i Yeruzalemu. Bibiliya ntivuga igituma Mariko yahevye ico gikorwa, ariko biragaragara ko intumwa Pawulo yabona yuko Mariko yafata ibintu minenegwe. Pawulo ashobora kuba yaribaza niba Mariko yogumye ari umwizigirwa.

10. Ukutumvikana kwabaye hagati ya Pawulo na Barunaba kwavuyemwo iki, kandi ivyo vyatumye mu nyuma ibintu bigenda gute?

10 Barunaba yari yarahiye ararengwa ko vyanse bikunze ajana na Mariko. Pawulo na we yari yarahiye ararengwa ko Mariko atagenda amugeze inyuma. Mu Vyakozwe 15:39 havuga hati: «Baca barashavuranira, barashwana bimwe bikaze ku buryo batandukana.» Barunaba yaciye afata ubwato yigira iwabo mw’izinga rya Shipure, ari kumwe na Mariko. Pawulo wewe yagumye yumiye ku mugambi wiwe. Iyo nkuru yigana iti: «Pawulo atora Silasi maze abavukanyi bamuragiza Yehova n’ubuntu bwiwe buhebuje, aca aragenda.» (Ivyak. 15:40) Baragiye «baca i Siriya n’i Silisiya, bakomeza amashengero.»​—Ivyak. 15:41.

11. Ni kamere zihambaye izihe zodufasha kwirinda kuguma tudacana uwaka n’uwo dufitaniye ingorane?

11 Iyo nkuru iratwibutsa ko tudatunganye. Pawulo na Barunaba bari bagenywe kuba abantu badasanzwe, baserukira inama nyobozi. Bishoboka ko Pawulo yahavuye aba uwo mu bagize iyo nama nyobozi. Ariko rero ku bijanye n’ico kintu cabaye, Pawulo na Barunaba bararengewe n’impengamiro zabo ziva ku kudatungana. None boba bagumye badacana uwaka? Naho Pawulo na Barunaba bari abanyagasembwa, bari abantu bicisha bugufi, bafise umuzirikanyi wa Kristu. Nta gukeka ko mu nyuma bagaragaje agatima ka kivukanyi, umwe wese araharira uwundi. (Ef. 4:1-3) Pawulo na Mariko bahavuye bakorana mu yindi mirimo ya gitewokarasi.a​—Kol. 4:10.

12. Ni kamere izihe abahagarikizi muri iki gihe bakwiye kugaragaza kugira ngo bigane Pawulo na Barunaba?

12 Ukwo gushwana bimwe bikaze kwabaye hagati ya Pawulo na Barunaba, ntigusobanura yuko ari ko bari basanzwe bameze. Barunaba yari azwi ko ari umuntu akunda abandi kandi atanga cane ku buryo intumwa, aho gukoresha izina ryiwe Yozefu, zari zamutaziriye Barunaba, risobanura ngo «umwana w’uruhoza.» (Ivyakozwe 4:36) Pawulo na we yari azwi ko ari umuntu w’ikibabarwe kandi yengenga. (1 Tes. 2:7, 8) Kugira ngo abahagarikizi bose bakirisu muri iki gihe, ushizemwo n’abacungezi b’imizunguruko, bigane Pawulo na Barunaba, bakwiye nantaryo kwihatira kugaragaza ukwicisha bugufi, bakongera bakihatira gufatana ikibabarwe abakurambere bagenzi babo, tutibagiye n’abagize ubusho bwose.​—1 Pet. 5:2, 3.

«Yavugwa neza» (Ivyak. 16:1-3)

13, 14. (a) Timoteyo yari inde, kandi we na Pawulo bamenyanye gute? (b) Ni igiki catumye Pawulo yitaho cane Timoteyo? (c) Ni igikorwa ikihe Timoteyo yashinzwe?

13 Urugendo rwa kabiri rw’ubumisiyonari Pawulo yagize rwatumye ashika mu ntara y’Uburoma yitwa Galatiya, akarere kari kamaze gushingwamwo amashengero makeyi. Yahavuye «ashika i Derube, hanyuma aja i Lusitira.» Iyo nkuru ivuga iti: «Hariyo umwigishwa yitwa Timoteyo. Nyina yari Umuyudakazi yizera, mugabo se akaba yari Umugiriki.»​—Ivyak. 16:1.b

14 Biboneka ko Pawulo yari yamenyanye n’umuryango Timoteyo yavukamwo igihe yagendera ari bwo bwa mbere mu karere kabo nko mu 47 inyuma ya Kristu. Aho Pawulo asubiriye kugendera ako karere haciye imyaka ibiri canke itatu, yaritayeho cane uwo musore Timoteyo. Uti kubera iki? Kubera ko Timoteyo «yavugwa neza n’abavukanyi.» Ntiyavugwa neza gusa n’abavukanyi bo mu gisagara yavukamwo, ariko kandi yaravugwa neza n’abo mu mashengero ya kure. Iyo nkuru ivuga ko abavukanyi b’i Lusitira be n’abo muri Ikoniyo, nko ku bilometero 30 uvuye aho iwabo, na bo nyene bamuvuga neza. (Ivyak. 16:2) Abakurambere bayobowe n’impwemu nyeranda, barajeje Timoteyo ibanga riremereye ryo gusahiriza Pawulo na Silasi, ivyo akabigira ari umucungezi w’ingenzi.​—Ivyak. 16:3.

15, 16. Ni ibiki vyatumye Timoteyo avugwa neza ukuraho?

15 Ni ibiki vyatumye Timoteyo avugwa neza gutyo, kandi yari akiri muto? Vyoba vyavuye ku bwenge yari afise, ku kuntu yasa, canke ku bubangukirwe yari afise? Ivyo ni vyo akenshi usanga bishimisha abantu. Mbere n’umuhanuzi Samweli vyarashitse arahendwa n’ukuntu umuntu asa. Ariko rero, Yehova yamwibukije ati: «Imana [ntiraba] nk’uko abantu baraba. Abantu baraba ibiboneka inyuma, mugabo Yehova we araba mu mutima.» (1 Sam. 16:7) Nta kindi kintu catuma Timoteyo avugwa neza n’abakirisu bagenziwe, atari kamere nziza yari afise.

16 Haciye imyaka nk’ingahe, intumwa Pawulo yaravuze zimwezimwe muri izo kamere Timoteyo yari afise. Yaravuze ko Timoteyo yari afise umutima mwiza, urukundo rutuma yitanga, yongera avuga ko yitwararikana umwete imirimo ya gitewokarasi yashingwa. (Flp. 2:20-22) Vyongeye, Timoteyo yari azwi ko afise ukwizera «kutagira ubwiyorobetsi.»​—2 Tim. 1:5.

17. Abakiri bato bashobora gute kwigana akarorero ka Timoteyo?

17 Muri iki gihe, hari abakiri bato benshi bigana akarorero ka Timoteyo mu gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana. Muri ubwo buryo, baba bironkeje izina ryiza kuri Yehova no ku basavyi biwe, naho mbere boba bakiri bato cane. (Imig. 22:1; 1 Tim. 4:15) Baragaragaza ukwizera kutarimwo ubwiyorobetsi, bakamirira kure ivyo kugira ubuzima burimwo tubiri. (Zab. 26:4) Ivyo bituma abatari bake muri bo bashobora gufasha cane mw’ishengero nka kumwe kwa Timoteyo. Ese ukuntu baremesha abantu bose bakunda Yehova babakikuje, igihe bakwiza ibisabwa bakaba abamamaji b’inkuru nziza, maze igihe kigeze bakiyegurira Yehova hanyuma bakabatizwa!

Amashengero “akomezwa mu kwizera” (Ivyak. 16:4, 5)

18. (a) Ni uduteka utuhe Pawulo na Timoteyo batewe bitumwe n’uko bari abacungezi b’ingenzi? (b) Amashengero yahezagiwe gute?

18 Pawulo na Timoteyo baramaze imyaka itari mike bakorana. Narirya bari abacungezi b’ingenzi, bararanguye ibikorwa bitandukanye baba bashinzwe n’inama nyobozi. Inkuru yo muri Bibiliya igira iti: «Bagenda baca mu bisagara, bashikiriza abaho ingingo zashinzwe n’intumwa be n’abakurambere b’i Yeruzalemu, ngo bazubahirize.» (Ivyak. 16:4) Biboneka ko amashengero yakurikiza ubuyobozi bwava ku ntumwa be n’abagabo b’inararibonye b’i Yeruzalemu. Kubera ukwo kugamburuka «amashengero [yabandanije] vy’ukuri gukomezwa mu kwizera no kugwira ku musi ku musi.»​—Ivyak. 16:5.

19, 20. Ni kubera iki abakirisu bakwiye kugamburukira «ababaja imbere»?

19 Ivyabona vya Yehova muri iki gihe na bo nyene barironkera imihezagiro kubera bagamburuka no kubera ko bakurikiza ubuyobozi butangwa n’«ababaja imbere.» (Heb. 13:17) Kubera ko ivy’isi biguma bihindagurika, birahambaye cane ko twebwe abakirisu tuguma dushira mu ngiro tudatebaganye ubuyobozi duhabwa biciye ku bifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu bitangwa na wa «mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.» (Mat. 24:45; 1 Kor. 7:29-31) Kubigenza gutyo birashobora kudukingira akaga ko mu buryo bw’impwemu, kandi bikadufasha kuguma twirinze ntitwanduzwe.​—Yak. 1:27.

20 Ni ivy’ukuri ko abahagarikizi bakirisu mu bihe vya none, ushizemwo n’abagize Inama Nyobozi, badatunganye, nka kurya nyene kwa Pawulo, Barunaba, Mariko, be n’abandi bakurambere barobanujwe impwemu bo mu kinjana ca mbere . (Rom. 5:12; Yak. 3:2) Ariko rero, abagize Inama Nyobozi barerekana ko ari abizigirwa kubera ko bakurikiza Ijambo ry’Imana be n’akarorero basigiwe n’intumwa, ata guca ku ruhande. (2 Tim. 1:13, 14) Ivyo bituma amashengero aguma aremeshwa kandi agakomezwa mu kwizera.

TIMOTEYO AKORA NK’UMUSHUMBA «MU GUTEZA IMBERE INKURU NZIZA»

Timoteyo yari umufasha ashimwa cane w’intumwa Pawulo. Haciye nk’imyaka 11 abo bagabo babiri bakorana, Pawulo yarashoboye kwandika ku vyerekeye Timoteyo ati: «[N]ta wundi mfise ari n’umutima nk’uwiwe kandi yitaho ivyanyu vy’ukuri. . . . Murazi ko yerekanye akarorero keza. Nka kurya kw’umwana ari kumwe na se, yarakoranye nanje nk’umushumba mu guteza imbere inkuru nziza.» (Flp. 2:20, 22) Timoteyo yari yiteguriye kwitanga kugira ngo ateze imbere igikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Ni co gituma yakundwa na Pawulo, kandi yaradusigiye akarorero twokwigana.

Timoteyo.

Bisa n’uko Timoteyo yakuriye i Lusitira, se akaba yari Umugiriki, nyina na we akaba Umuyudakazi. Kuva Timoteyo akiri uruhinja, yarigishijwe Ivyanditswe na nyina, Ewunise, be na inakuru Loyisi. (Ivyak. 16:1, 3; 2 Tim. 1:5; 3:14, 15) Bishoboka ko Timoteyo, nyina wiwe be na inakuru bakiriye ukuri igihe Pawulo yagendera ari bwo mbere igisagara Timoteyo yabamwo.

Igihe Pawulo yagaruka muri ico gisagara haciye imyaka nk’ingahe, birashoboka ko Timoteyo yari afise imyaka yababa 20 canke irenga gatoyi, ariko yari amaze «[ku]vugwa neza n’abavukanyi b’i Lusitira no muri Ikoniyo.» (Ivyak. 16:2) Impwemu y’Imana ni yo yari yarahumetse «ubuhanuzi» bwerekeye uwo musore, kandi Pawulo be n’abakurambere bo muri ako karere, bisunze ubwo buhanuzi, bararase Timoteyo kugira ngo aterwe agateka kadasanzwe k’umurimo. (1 Tim. 1:18; 4:14; 2 Tim. 1:6) Yari kujana na Pawulo ari umumisiyonari mugenziwe. Timoteyo yabwirizwa gusiga abo mu muryango wiwe, kandi akemera kugenyerwa kugira ngo ntihagire ikintu na kimwe cotuma Abayuda yogendeye, bamwidogera.​—Ivyak. 16:3.

Timoteyo yaragize ingendo nyinshi cane. Yaramamaje inkuru nziza i Filipi ari kumwe na Pawulo be na Silasi, aramamaza i Beroya ari kumwe na Silasi, mu nyuma na ho yamamaza i Tesalonika ari wenyene. Igihe Timoteyo yasubira guhurira na Pawulo i Korinto, yari yaje amuzaniye agakuru keza k’urukundo rw’Abatesalonika n’ukuntu baguma ari abizigirwa naho bari mu makuba. (Ivyak. 16:6–17:14; 1 Tes. 3:2-6) Igihe Pawulo yaronka amakuru atesha umutwe yerekeye Abakorinto, aho akaba yari i Efeso, yariyumviriye ivyo kurungika Timoteyo aho i Korinto. (1 Kor. 4:17) Mu nyuma, Pawulo ari aho i Efeso nyene, yararungitse Timoteyo na Erasito i Masedwane. Ariko igihe Pawulo yandikira Abaroma, yari kumwe na Timoteyo, uwari yagarutse aho i Korinto. (Ivyak. 19:22; Rom. 16:21) Izo ni zimwezimwe mu ngendo Timoteyo yagize ku bw’inkuru nziza.

Ivy’uko Timoteyo hari ukuntu yatinyatinya gukoresha ubukuru yari afise bigaragarira mu majambo yo kumuremesha Pawulo yamwandikiye, agira ati: «Ntihagire n’umwe agaya ubuto bwawe.» (1 Tim. 4:12) Ariko ivyo ntivyabujije Pawulo ko yizigira Timoteyo, akamurungika mw’ishengero ryarimwo umuvurungano, agiye amutekereye ubuyobozi bugira buti: «Utegeke bamwebamwe kutigisha izindi nyigisho.» (1 Tim. 1:3) Pawulo yarahaye kandi Timoteyo ubukuru bwo kugena abahagarikizi be n’abakozi b’ishengero.​—1 Tim. 5:22.

Kamere nziza cane Timoteyo yagaragaza zatumye Pawulo amukunda cane. Ivyanditswe vyerekana ko kuri Pawulo, uwo musore yari umugenzi somambike, umwizigirwa, akaba kandi yari nk’umwana wiwe w’igikundiro. Pawulo yaranditse ko yibuka amarira ya Timoteyo, ko yakumbura kumubona, be n’uko yamusabira ku Mana. Nka kurya kw’umuvyeyi yitwararika abana biwe, Pawulo na we nyene yarabwiye Timoteyo ico yokora kubera ko “yakunda kurwara”, bikaba bishoboka ko yari afise ingorane y’umushishito.​—1 Tim. 5:23; 2 Tim. 1:3, 4.

Igihe Pawulo yapfungirwa i Roma ari bwo bwa mbere, Timoteyo yaramushigikiye. Timoteyo na we nyene yaramaze n’imiburiburi igihe kinaka ari mw’ibohero. (Flm. 1; Heb. 13:23) Bigaragara ko abo bagabo babiri biyumvanamwo bimwe bigera kure kubera ko igihe Pawulo yabona ko yegereje gupfa, yasavye Timoteyo amwinginga ati: «Kora uko ushoboye kwose uze kundaba vuba.» (2 Tim. 4:6-9) Ivyanditswe ntibivuga niba Timoteyo yoba yashitse uwo mugenzi wiwe akaba n’umwigisha wiwe atarapfa.

MARIKO ATERWA UDUTEKA TWINSHI

Injili ya Mariko yigana ko abafashe Yezu bagerageje no gufata «umusore umwe» yabaciye mu myanya y’intoke, maze «ahunga ari gusa.» (Mrk. 14:51, 52) Kubera ko Mariko, uwitwa kandi Yohani Mariko, ari we wenyene yandika ibijanye n’iyo nkuru, uwo musore avugwa ashobora kuba ari Mariko nyene. Niba ari ukwo biri, Mariko ategerezwa kuba n’imiburiburi yariboneye Yezu imbonankubone.

Mariko ariko atega yompi yongera agira utwo yanditse igihe umugabo yitereye mu myaka ariko aravuga.

Haciye nk’imyaka 11, igihe Herodi Agiripa yariko arahama abakirisu, «abatari bake» mu bari bagize ishengero ry’i Yeruzalemu barakoranira kwa Mariya, nyina wa Mariko, baje gusenga. Aho kwa Mariya ni ho intumwa Petero yahisemwo kuja inyuma y’aho ibohorewe ku gitangaro. (Ivyak. 12:12) Ku bw’ivyo rero, Mariko ashobora kuba yakuriye muri iyo nzu yahavuye ikoreshwa ku bw’amakoraniro. Nta gukeka ko yari azi neza abigishwa ba Yezu bo mu ntango, kandi baratumye atera imbere mu vy’impwemu.

Mariko yarakoranye n’abacungezi batari bake bo mu mashengero yo mu ntango. Agateka k’umurimo yatanguye guterwa, nk’uko tubizi, kwabaye gukorana n’incuti yiwe Barunaba be n’intumwa Pawulo mu gikorwa bari bashinzwe i Antiyokiya h’i Siriya. (Ivyak. 12:25) Igihe Barunaba na Pawulo batangura urugendo rwabo rwa mbere rw’ubumisiyonari, Mariko yarajanye na bo, babanza guca muri Shipure, hanyuma baja muri Aziya Ntoya. Aho ni ho Mariko yagarukiye, aca yisubirira i Yeruzalemu ku mvo zitazwi. (Ivyak. 13:4, 13) Inyuma y’aho habereye ukutumvikana hagati ya Barunaba na Pawulo ku vyerekeye Mariko, nk’uko bivugwa mu Vyakozwe ikigabane ca 15, Mariko na Barunaba baciye babandaniriza umurimo w’ubumisiyonari muri Shipure.​—Ivyak. 15:36-39.

Mu 60 canke mu 61 inyuma ya Kristu, ibintu vyose vyari vyatewe n’ukwo kutumvikana bitegerezwa kuba vyari bimaze kwibagirana, kuko ico gihe Mariko yari yasubiye gukorana na Pawulo, aho bakaba bari i Roma. Pawulo, uwari apfungiwe muri ico gisagara, yarandikiye ishengero ry’i Kolosayi ati: «Arisitariko imbohe mugenzanje arabaramutsa, na Mariko incuti ya Barunaba (uwo mwasabwe guha ikaze aramutse aje iwanyu).» (Kol. 4:10) Pawulo yariko ariyumvira kurungika Yohani Mariko i Kolosayi, avuye ng’aho i Roma, kugira ngo ahamubere.

Hagati yo mu 62 no mu 64 inyuma ya Kristu, Mariko yaramaze igihe akorana n’intumwa Petero i Babiloni. Nk’uko ikigabane ca 10 c’iki gitabu kivyerekana, baragiraniye ubucuti somambike, kubera ko Petero yigeze kuvuga yerekeza kuri uwo musore ati: «Umuhungu wanje Mariko.»​—1 Pet. 5:13.

Amaherezo, nko mu 65 inyuma ya Kristu igihe intumwa Pawulo yari ipfungiwe i Roma ubugira kabiri, yarandikiye umukozi mugenziwe Timoteyo yari asanzwe ari i Efeso, ati: «Uzozanane na Mariko kuko amfasha mu gikorwa c’Imana.» (2 Tim. 4:11) Ata gukeka, Mariko yaremeye adatebaganye ako kamo yatewe, maze arasubira i Roma avuye i Efeso. Nta woharira ko Barunaba, Pawulo, na Petero bashima cane Mariko!

Agateka gahambaye kuruta ubundi bwose Mariko yatewe ni ukuba yarahumekewe na Yehova akandika Injili. Bivugwa ko vyinshi mu vyo Mariko yanditse yabikuye ku ntumwa Petero. Hariho ibintu vyinshi bishigikira ico ciyumviro. Nk’akarorero, Injili yiwe iravugwamwo ibintu vy’ido n’ido bizwi neza n’uwavyiboneye, nka Petero. Ariko rero, biboneka ko i Roma ari ho Mariko yandikiye iyo Njili yiwe, ko atayandikiye i Babiloni igihe yari kumwe na Petero. Biboneka kandi ko iyo Njili Mariko yayandikiye ahanini abanyamahanga kubera ko akoresha imvugo nyinshi z’ikilatini, izo mu giheburayo na zo zitotahurwa n’abatari Abayuda akazihindura muri urwo rurimi.

a Raba uruzitiro ruvuga ngo «Mariko aterwa uduteka twinshi.»

b Raba uruzitiro ruvuga ngo «Timoteyo akora nk’umushumba “mu guteza imbere inkuru nziza.”»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika