ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bm igice 13 rup. 16
  • Abami beza be n’abami babi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abami beza be n’abami babi
  • Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Ivyo bijanye
  • Yarigiye ku makosa yiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Yarigiye ku makosa yiwe
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Yarize icigwa mu bijanye no kugira imbabazi
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Yarize icigwa mu bijanye no kugira imbabazi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
bm igice 13 rup. 16
Umwami w’Umwisirayeli akiri muto

IGIHIMBA CA 13

Abami beza be n’abami babi

Isirayeli iragabuwemwo kubiri. Uko igihe kigenda kirarengana, abami benshi baraganza Abisirayeli, kandi benshi muri bo barahemuka. Yeruzalemu irasangangurwa n’Abanyababiloni

NK’UKO Yehova yari yarabivuze, Isirayeli yaragabuwemwo kubiri inyuma y’aho Salomo ahebeye ugusenga gutyoroye. Umuhungu wiwe Rehobowamu, akaba ari na we yamusubiriye, yatwaza umukazo. Ivyo vyatumye cumi mu miryango ya Isirayeli igarariza maze ica yiremamwo ubwami bwa Isirayeli bwo mu Buraruko. Imiryango ibiri ni yo yagumye iyobokera umwami yari ku ntebe y’ubwami ya Dawidi i Yeruzalemu, yiremamwo ubwami bw’Ubuyuda bwo mu Bumanuko.

Ubwo bwami bwompi bwaranzwemwo uruhagarara kubera ko ahanini bwaganzwa n’abami batagira ukwizera kandi batagamburuka. Isirayeli yarashikiwe n’ibintu bigoye cane gusumba Ubuyuda, kubera ko abami baganza ubwo bwami bari baremesheje ugusenga kw’ikinyoma kuva mu ntango. Naho umuhanuzi Eliya na Elisa bakoze ibikorwa vy’ububasha harimwo mbere n’ukuba bompi barazuye abapfuye, Isirayeli yagumye yivobeka mu ngendo y’ubukozi bw’ikibi. Amaherezo, Imana yararetse ubwo bwami bwo mu Buraruko burasangangurwa n’Abashuri.

Naho haciye imyaka hafi ijana Ubuyuda bukiriho inyuma y’aho Isirayeli isanganguriwe, na bwo nyene Imana yahavuye ibuhana. Abami b’Ubuyuda bari ku rushi ni bo bonyene bumviye imburi abahanuzi b’Imana batanga maze baragerageza kuyobora iryo hanga kugira ngo risubire kuri Yehova. Nk’akarorero, Umwami Yosiya yaratanguye igikorwa co guhumanura Ubuyuda mu kubukuramwo ugusenga kw’ikinyoma yongera arasubiza umutamana urusengero rwa Yehova. Igihe hatorwa ca gitabu nyene cari canditswemwo Itegeko Imana yatanze ibicishije kuri Musa, Yosiya vyaramukoze cane ku mutima maze aca arongereza umwete mw’isekeza yariko aragira ryo guhindura ibintu.

Ikibabaje ni uko abasubiriye Yosiya batakurikije ako karorero keza uwo mwami yatanze. Ivyo vyatumye Yehova areka ihanga ry’Abanyababiloni riranesha Ubuyuda, rirasangangura Yeruzalemu be n’urusengero rwaho. Abacitse kw’icumu barajanywe inyagano i Babuloni. Imana yari yaravuze ko bomaze imyaka 70 muri ubwo bunyagano. Ubuyuda bwamaze iyo myaka yose ari umusaka, gushika aho, nk’uko vyari vyarasezeranywe, abagize iryo hanga bemerewe gusubira muri ico gihugu cabo c’amavukiro.

Ariko rero, nta bandi bami bakomoka kuri Dawidi boshoboye kuganza gushika habonetse ingoma ya wa Murokozi yari yarasezeranywe, ari we Mesiya. Benshi mu bami bigeze kwicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi i Yeruzalemu, baragaragaje yuko abantu b’abanyagasembwa badashoboye gutegeka. Mesiya ni we wenyene yobishoboye vy’ukuri. Kubera ico, Yehova yarabwiye umwami wa nyuma yakomotse kuri Dawidi ati: “Kūra umugāra. . . . Kandi ni ko bizokwama, gushitsa igihe nyenevyo azozira; nanje nzobimuha.”​—Ezekiyeli 21:26, 27.

​—Bivugwa mu 1 Abami; 2 Abami; 2 Ngoma ikigabane ca 10 gushika ku ca 36; Yeremiya 25:8-11.

  • Vyagenze gute ngo ihanga rya Isirayeli rigaburwemwo kubiri, kandi nya bwami bubiri bwakoze iki?

  • Ni igiki cashikiye abami bakomotse mu muryango wa Dawidi, kandi kubera iki?

  • Inkuru ya Yona itwigisha iki ku vyerekeye Yehova? (Raba uruzitiro.)

YONA

Igihe ihanga rya Isirayeli ryari ryagabuwemwo ubwami bubiri, Imana yarabwiye Yona ngo agende mu gisagara ca kure ca Ninive maze yamamaze ubutumwa bwo kuburira abantu baho bakora ivy’ubukazi. Aho kuja i Ninive, Yona yuriye ubwato bwari bufashe iyindi nzira. Ivyo vyatumye haba igitangaro, na co kikaba ari ic’uko Imana yatumye urufi amahanga rumira Yona. Yona ari mu nda y’urwo rufi, yarasenze Yehova, na we aca atuma rwa rufi rumudahwa rumuta i musozi. Yona yaciye aja gukora igikorwa yari yashinzwe.

Inyuma y’aho Imana ihereye Yona ico cigwa co kugamburuka, hari iyindi ngorane yari afise yigaragaje. Yona yarabwiye nya butumwa Abanyaninewe, ariko arababara cane igihe Imana yabagirira imbabazi n’impuhwe, ikareka kubahana kubera ko bari bagaragaje ukwigaya. Ubona gute usomye ico gitabu gishimishije cane ca Yona maze ukibonera ukuntu Imana yakoresheje ikindi gitangaro kugira ngo yigishe Yona kurushiriza kuba umunyempuhwe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika