Umurongo werekana ibihe
“Mu ntango . . .”
4026 B.G.C. Adamu aremwa
3096 B.G.C. Adamu apfa
2370 B.G.C. Haba umwuzure
2018 B.G.C. Aburuhamu avuka
1943 B.G.C. Isezerano rya Aburahamu
1750 B.G.C. Yozefu agurishwa ngo abe umuja
imbere yo mu 1613 B.G.C. Yobu ageragezwa
1513 B.G.C. Bava mu Misiri
1473 B.G.C. Abisirayeli binjira i Kanani bayobowe na Yosuwa
1467 B.G.C. Barangiza kwigarurira ibibanza bikomakomeye vy’i Kanani
1117 B.G.C. Sauli arobanurwa ngo abe umwami
1070 B.G.C. Imana iha Dawidi isezerano ry’Ubwami
1037 B.G.C. Salomo aba umwami
1027 B.G.C. Urusengero rw’i Yeruzalemu rwuzura
nko mu 1020 B.G.C. Indirimbo ya Salomo isozerwa
997 B.G.C. Isirayeli igaburwamwo ubwami bubiri
nko mu 717 B.G.C. Itunganywa ry’igitabu c’Imigani rirangira
607 B.G.C. Yeruzalemu hasangangurwa, kuba inyagano i Babiloni bitangura
539 B.G.C. Babiloni ineshwa na Kuro
537 B.G.C. Abayuda bari bagizwe inyagano basubira i Yeruzalemu
455 B.G.C. Impome za Yeruzalemu zisubira kwubakwa; amayinga 69 agizwe n’imyaka atangura
Inyuma yo mu 443 B.G.C. Malaki asozera igitabu ciwe c’ubuhanuzi
nko muri 2 B.G.C. Ivuka rya Yezu
29 G.C. Yezu abatizwa agaca atangura kwamamaza ivyerekeye Ubwami bw’Imana
mu 31 G.C. Yezu atora intumwa ziwe 12; ashikiriza Insiguro yo ku Musozi
32 G.C. Yezu azura Lazaro
Ku wa 14 Nisani 33 G.C. Yezu amanikwa (Ukwezi kwa Nisani guhura n’igice ca nyuma ca Ntwarante be n’igice ca mbere ca Ndamukiza)
Ku wa 16 Nisani 33 G.C. Yezu azurwa
Ku wa 6 Sivani 33 G.C. Pentekoti; Isukwa ry’impwemu nyeranda (Sivani guhura n’igice ca nyuma ca Rusama be n’ica mbere ca Ruheshi)
36 G.C. Koruneliyo acika umukirisu
nko mu 47-48 G.C. Urugendo rwa mbere rwa Paulo rwo kwamamaza
nko mu 49-52 G.C. Urugendo rwa kabiri rwa Paulo rwo kwamamaza
nko mu 52-56 G.C. Urugendo rwa gatatu rwa Paulo rwo kwamamaza
nko mu 60-61 G.C. Paulo arandika amakete magingo apfungiwe i Roma
imbere yo mu 62 G.C. Yakobo mwenewabo na Yezu basangiye nyina yandika ikete ryiwe
66 G.C. Abayuda bagarariza Uburoma
70 G.C. Yeruzalemu n’urusengero rwaho bisangangurwa n’Abaroma
nko mu 96 G.C. Yohani yandika Ivyahishuwe
nko mu 100 G.C. Urupfu rwa Yohani, intumwa ya nyuma