IKIGABANE CA GATANDATU
“Ndakwinginze ugamburuke ijwi rya Yehova”
1, 2. Abakurikira “inzira ya benshi” akenshi baba bafise ivyiyumviro ibihe, kandi ni kubera iki ukwiye kwitandukanya na bo?
KUGAMBURUKA si ikintu gikundwa mw’isi ya kino gihe. Abenshi usanga bapfa gufata ingingo batisunze ikibereye n’ikitabereye. Muri make, bisunga mwene ibi vyiyumviro ngo ‘Ico nshaka ni co nkora,’ canke ngo ‘igisuma ni igifashwe.’ Ivyo urashobora kubibonera ku bashoferi batubahiriza amategeko yo mw’ibarabara, ku banyamitahe bahonyanga amategeko agenga ivy’amahera canke ku bakuru bo hejuru bahonyanga amategeko bo ubwabo bagizemwo uruhara mw’ishingwa ryayo. Abantu bo mu gihe ca Yeremiya bari bamenyereye gukurikira “inzira ya benshi,” naho ivyo bitabereye kandi birimwo akaga.—Yer. 8:6.
2 Urabona ko abipfuza gutoneshwa n’Imana Mushoboravyose bategerezwa kudakurikira “inzira ya benshi.” Biri n’ico bivuze kubona Yeremiya yerekana itandukaniro riri hagati y’‘abatagamburutse ijwi rya Yehova’ be n’abashaka kumugamburukira. (Yer. 3:25; 7:28; 26:13; 38:20; 43:4, 7) Umwe wese muri twebwe arakwiye kwisuzuma akaraba aho ahagaze ku bijanye n’ivyo. Uti kubera iki? Kubera ko ibitero Shetani agira ku basavyi b’ukuri arondera gusenyura ugutungana kwabo birushiriza kuba ibikaze cane. Shetani ameze nk’inzoka yaziritse irindiriye icorengana, ngo ice igikomora ikagisigamwo ubumara bwocica. Umwiyemezo dufise wo kugamburuka ijwi rya Yehova uraturinda ngo ntidukomorwe n’iyo nzoka. Ariko none twokomeza gute uwo mwiyemezo dufise wo kugamburukira Yehova? Ivyo Yeremiya yanditse birashobora kubidufashamwo.
UWO DUKWIYE KUGAMBURUKIRA UWO ARI WE
3. Ni kubera iki Yehova abereye ko tumugamburukira?
3 Ni kubera iki Yehova abereye ko tumugamburukira duherejeko? Yeremiya aratubwira imvo imwe mu kuvuga yuko Yehova ari “we yahinguye isi akoresheje ububasha bwiwe, [be n’uko ari we] yashimangiye ubutaka bwimbuka akoresheje ubukerebutsi bwiwe.” (Yer. 10:12) Yehova ni we Segaba w’ibiriho vyose. Ni we Mutware dukwiye gutinya kuruta abandi bose. Arafise uburenganzira bwose bwo kudusaba ngo dukurikize amategeko yiwe aranga ubukerebutsi, ano akaba ayashiraho ku bw’ineza yacu yamaho.—Yer. 10:6, 7.
Kunywa “amazi y’ubuzima” Yehova atanga biratuma urushiriza kumugamburukira
4, 5. (a) Abayuda batahuye ukuri ukuhe mu bihe vy’uruzuba? (b) Ni gute Abayuda bakoresheje nabi “amazi mazima” ava kuri Yehova? (c) Ushobora gute kunywa “amazi mazima” atangwa n’Imana?
4 Ariko rero, uretse ko Yehova ari we aganza ibiriho vyose, ni na we azigama ubuzima bwacu. Abayuda bo mu gihe ca Yeremiya ivyo barabimenyeshejwe mu buryo bukomeye. Igihugu ca Misiri cari kibeshejweho ahanini n’amazi y’Uruzi Nili, yamara si ko vyari vyifashe ku bijanye na ca Gihugu c’isezerano. Abasavyi b’Imana bari babeshejweho ahanini n’imvura yaza iragwa mu biringo vyayo vy’umwaka, kandi amazi yayo barayaziganiriza mu matangi bimba mu kuzimu. (Gus. 11:13-17) Yehova ni we wenyene yarungika imvura kugira ngo ibombeke isi maze yimbuke. Ariko ntiwumve, yarashobora no gutuma imvura itara. Ni co gituma mu gihe ca Yeremiya Abayuda b’abagambarazi bashikiwe n’ibihe vyinshi vy’uruzuba rwatikiza imirima yabo be n’imizabibu yabo, rukongera rugakamya amariba yabo be n’amatangi yabo y’amazi.—Yer. 3:3; 5:24; 12:4; 14:1-4, 22; 23:10.
5 Naho abo Bayuda baha agaciro ayo mazi y’imvura, bafashe minenegwe “amazi mazima” Yehova yabaha ku buntu. Ivyo babigize mu kudakurikiza nkana rya Tegeko Imana yabaha, maze bizigira amasezerano baza baragirana n’amahanga yari abakikuje. Abo Bayuda barashikiwe n’ingaruka z’ukwo kugambarara kwabo, bibagendera nka kurya nyene kw’umuntu yorondera mu gihe c’ici kuziganiriza amazi mw’itangi itanguye kwata imigaga. (Soma Yeremiya 2:13; 17:13.) Turafise imvo zumvikana zo kutikwegera akarambaraye mu gukurikirana ingendo nk’iyo. Yehova arabandanya kuturonsa ubuyobozi bwinshi cane bushingiye kw’Ijambo ryiwe ryahumetswe. Si agaseseshwarumuri ko “amazi mazima” atugirira akamaro igihe gusa twama twiyigisha Ijambo ry’Imana kandi tukihatira kubaho turyisunga.
6. (a) Vuga ukuntu Umwami Zedekiya yabona ibijanye no kugamburukira Yehova. (b) Ni kubera iki wovuga yuko uwo mwami atari inkerebutsi?
6 Uko umusi w’uko Imana igira ico ibajije abo Bayuda waguma wegereza, ni ko vyarushiriza kuba ibihambaye ko bayigamburukira. Kugira ngo Yehova atoneshe abo Bayuda yongere abakingire, umwe wese yabwirizwa kwigaya hanyuma agatangura kumugamburukira. Umwami Zedekiya na we nyene yabwirizwa kubigenza gutyo. Ntiyari ashikamye mu bijanye no gukora ibigororotse. Igihe abasuku biwe bamubwira yuko bashaka kwica Yeremiya, nta mutima rugabo yagize wo kubatesha ako kabi kabishe. Nk’uko twabibonye mu kigabane c’imbere y’iki, uwo muhanuzi yararokotse abifashijwemwo na Ebedi-meleki kandi mu nyuma yarahimirije Zedekiya ati: “Ndakwinginze ugamburuke ijwi rya Yehova.” (Soma Yeremiya 38:4-6, 20.) Emwe, ku bw’ineza yiwe, uwo mwami yategerezwa kwikubita agashi akagamburukira Imana.
Kubera iki vyari bibereye ko Yeremiya aguma ahimiriza Abayuda kugamburukira Imana?
KUGAMBURUKIRA IMANA BIRIHUTIRWA
7. Ni mu bihe bimwebimwe ibihe wosanga kugamburukira Imana bikubereye urugamba?
7 Birahambaye ko tugamburukira Imana muri iki gihe nk’uko vyari biri mu gihe ca Yeremiya. None wewe wiyemeje kugamburukira Yehova ku rugero rungana iki? Nka hamwe woba uriko urakoresha Internet maze ukaza ubona utuzutse ku muhora urimwo amasanamu yerekana ubushegabo, woba uzoca uraba ibiri muri wo muhora canke uzotsinda icipfuzo kibi cose cokwosha kuwuraba maze uce uwuzimya? Bite ho nka hamwe umuntu atizeye mukorana canke mwigana, agusavye ngo mukundane? Woba uzogira inkomezi zo kwanka? Woba ukwegerwa n’ibitabu vy’abahuni be n’imihora yabo yo kuri Internet, canke woba uvyanka urunuka? Hamwe woshikirwa n’ivyo bintu canke n’ibindi nk’ivyo, uramiza ku muzirikanyi amajambo yo muri Yeremiya 38:20.
8, 9. (a) Ni kubera iki biranga ubukerebutsi kwumvira abakurambere igihe bagerageje kugufasha? (b) Ukwiye kubona gute impanuro abakurambere bama baguha?
8 Yehova yararungitse Yeremiya akatari gake kugira ngo ahimirize abasavyi biwe, ati: “Enda nimuhindukire, umwe wese ave mu nzira yiwe mbi, inzira zanyu n’ibikorwa vyanyu mubigire vyiza.” (Yer. 7:3; 18:11; 25:5; soma Yeremiya 35:15.) Abakurambere na bo nyene barakora uko bashoboye kwose kugira ngo bafashe abo basangiye ukwizera, ntibamererwe nabi mu buryo bw’impwemu. Bishitse abakurambere bakaguhanura ku bijanye n’ingendo yinaka mbi canke itaranga ubukerebutsi wokwirinda, nubumvire. Intumbero baba bafise ni nk’imwe Yeremiya yari afise.
9 Hari aho abo bakurambere bokwibutsa ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe boba bari bamaze kukubwira. Numenye neza ko kwama uriko urahanura umuntu kuri ca kintu nyene bitigera vyoroha namba; n’ikigoye kuruta ni igihe uwuhanurwa aba afise agatima nk’ako Abayuda benshi bo mu gihe ca Yeremiya bari bafise. Nubone ko utwigoro abakurambere baguma bagira kugira ngo bagufashe tugaragaza urwo Yehova agukunda. Niwemere kandi ko bitari kuba ngombwa yuko Yeremiya aguma asubiramwo imburi yari yaratanze, iyo abo yaziha bazumvira. Emwe, gushira mu ngiro udatebaganye impanuro uhawe ni bwo buryo bwo kwirinda kwama uza urahanurwa.
Igihe abakurambere bariko baragerageza kugufasha, nubumvire
YEHOVA ARAHARIRA ATA GAHIGIHIGI, ARIKO NTAPFA KUBIGIRA
10. Ni kubera iki Yehova adapfa guharira ibicumuro?
10 Naho tworaramwo, ntidushobora kugamburukira Yehova ijana kw’ijana muri iyi si. Ni co gituma tumukurira ubwatsi kubona afise umutima ukunze wo guharira amakosa dukora. Naho biri uko, ntapfa guharira ibicumuro. Uti kubera iki? Ni uko igicumuro ari ikintu kimusesema. (Yes. 59:2) Ku bw’ivyo rero, aba ashaka kubanza kwiyemeza neza yuko tubereye imbabazi ziwe.
11. Kubera iki umuntu akorera ibicumuro mu mpisho impera n’imperuka atazobura guhanwa?
11 Nk’uko tumaze kubibona, Abayuda benshi bo mu gihe ca Yeremiya bari bafise akamenyero ko kugambararira Imana, gutyo baba baririyemwo mbege ku kwihangana kwayo be n’imbabazi zayo. Muri iki gihe, vyoba bishoboka ko umusavyi w’Imana atsimbataza agatima nk’ako? Birashoboka, igihe yirengagije ivyibutswa vya Yehova maze agatangura kumogorera igicumuro. Mu bihe bimwebimwe, ivyo biragirwa izuba riva igihe umuntu yemeye gushinga umubano w’ukurenga ibigo. Naho mbere umuntu yokorera igicumuro mu mpisho ntihagire n’umwe abica n’ikanda, uwo mugambarazi yoba ariko yikwegera akarambaraye. Umuntu afise ubuzima burimwo tubiri yoshobora kwiyumvira ati: ‘Nta n’umwe azobimenya.’ Ikizwi coco ni uko Yehova Imana araba ibiri mu mizirikanyi no mu mitima yacu kandi akaba ashoboye kubona ibibera mu mpisho. (Soma Yeremiya 32:19.) Ni igiki umuntu akwiye gukora mu gihe vy’ukuri yagambarariye Imana?
12. Ni igiki abakurambere bishika bakagira kugira ngo bakingire ishengero?
12 Abayuda batari bake barasuzuguye imfashanyo Yehova atahengeshanya kubaronsa abicishije kuri Yeremiya. Muri iki gihe, umuntu yagirwa n’igicumuro gikomeye na we nyene yoshobora kutigaya, agatera akagere imfashanyo ahabwa n’abakurambere. Muri ico gihe, abakurambere bategerezwa guca bakurikiza ubuyobozi bwo mu Vyanditswe kugira ngo bakingire ishengero mu guca uwo mucumuzi. (1 Kor. 5:11-13; raba uruzitiro ruvuga ngo “Kubaho ata tegeko,” ruri ku rupapuro rwa 73.) None ivyo vyoba bisobanura yuko uwo muntu atazokwigera asubira gutona kuri Yehova? Habe namba. Abisirayeli bari bamaze igihe kirekire bagarariza igihe Imana yababwira iti: “Garuke, yemwe bahungu b’ibihemu. Nzokiza ubuhemu bwanyu.” (Yer. 3:22)a Yehova aratera akamo abacumuzi ngo bamugarukeko. Ntabatera akamo gusa, ahubwo aranabibategeka.
Kubera iki biranga ubukerebutsi gusaba Imana imbabazi igihe twakoze ikosa?
NUGAMBURUKIRE YEHOVA MU KUMUGARUKAKO
13. Ni ibiki umuntu ategerezwa kwemera icese, niba ashaka kugaruka kuri Yehova?
13 Nk’uko Yeremiya avyerekana, niba umuntu ashaka kugaruka ku Mana, arakwiye kwibaza ati: ‘None nakoze iki?’ Hanyuma, yifashishije ingingo mfatirwako zo mu Vyanditswe, arakwiye kwemera gucisha aho ukuri kuri. Abayuda b’intigaya bo mu gihe ca Yeremiya barananiwe kwisuzuma muri ubwo buryo. Baranse kwemera icese ko bari bakoze ibicumuro bikomeye cane, akaba ari co gituma Yehova atabahariye. (Soma Yeremiya 8:6.) Igihushanye n’ivyo, umucumuzi yigaye aremera icese ko mu kugambararira Yehova, aba yasize iceyi izina ry’Imana be n’ishengero rya gikirisu. Vyongeye, umuntu vy’ukuri yigaye aratuntuzwa cane n’ikibi ashobora kuba yagiriye abantu ata co bazira. Arakwiye gutahura neza ko mu gihe yemeye inkurikizi zose z’ibikorwa bibi yakoze, ari ho honyene Yehova abona yuko ugusaba imbabazi kwiwe gufise ishingiro. Naho ari ukwo, hari n’ibindi umucumuzi akwiye gukora kugira ngo asubire gutoneshwa n’Imana.
14. Ni gute umuntu ‘agaruka kuri Yehova’? (Nushiremwo n’ibiri mu ruzitiro ruvuga ngo “Kwigaya bisobanura iki?”)
14 Umuntu yigaye vy’ukuri arasuzuma yitonze imvo zituma akora ibintu, ivyipfuzo vyiwe be n’utugeso afise. (Soma Gucura intimba 3:40, 41.) Azorimbura aho agoyagoya mu buzima bwiwe, nko mu bijanye n’imigenderanire agiranira n’abo badasangiye igitsina, mu vyo kunywa inzoga canke itabi, mu kuntu akoresha Internet, canke mu vyo agiranira n’abandi. Nka kurya nyene inarugo agirira isuku igikoni no mu bibanza vyaco vyinyegeje kugira ngo inzu yiwe igume isukuye, ni ko n’umuntu yigaye akwiye gukora uko ashoboye kwose kugira ngo ahumanure ivyiyumviro vyiwe be n’ivyo akorera mu mpisho. Ategerezwa ‘kugaruka kuri Yehova’ mu gushitsa ivyo Imana isaba no mu kubaho yisunga ingingo ngenderwako zayo. Abayuda bamwebamwe bo mu gihe ca Yeremiya bagarutse kuri Yehova ‘babigiranye ububeshi.’ Bigira nk’aho badogombwe mu mutima, ariko ntibigeze bahindura imitima yabo canke ukuntu bari babayeho. (Yer. 3:10) Uwurondera ata buryarya guharirwa na Yehova, ntagerageza kumubesha no kubesha ishengero ryiwe. Aho kugerageza kurondera kuguma avugwa neza canke aboneka neza imbere y’incuti ziwe kibure abandi basangiye ukwizera, akwiye kugira icipfuzo co guheba buhere ibikorwa vyiwe ibibi, maze akabona guharirwa n’Imana no gutoneshwa na yo.
15. Ni amasengesho bwoko ki umuntu yigaye vy’ukuri atura Imana?
15 Isengesho ni ntahara mu bijanye no kwigaya. Mu bihe vya kera, abantu bari bamenyereye gusenga bataritse amaboko. Muri iki gihe, nk’uko Yeremiya yabivuze, igihe umuntu yigaye vy’ukuri aba ariko aratura isengesho, ‘umutima wiwe arawudugiriza rimwe n’ibiganza vyiwe ku Mana.’ (Int. 3:41, 42) Ukwicuza kw’umucumuzi kuramuvyurira umutima wo gukora ahuza n’ugutakamba kwiwe asaba guharirwa. Amasengesho yiwe si ay’uburyarya, aba avuye ku mutima.
‘Kubera iki ntabumviye?’
16. Kubera iki kugaruka ku Mana ari ikintu gitegereka?
16 Ata gukeka, wabonye ko kugira ngo umucumuzi yemere vy’ukuri amakosa yakoze, ategerezwa gutsinda ubwibone. Ariko rero, ikintu nyamukuru ni iki: Yehova ashaka ko abacumuzi bagaruka kuri we. Igihe Imana ibonye ko umutima w’umucumuzi urimwo ukwigaya nyakuri, na yo ica yumva ko ikwiye kugira ico ikoze. Imana irumva ‘isebaguwe’ n’inyiyumvo zayo zirangwa ikibabarwe kubera ko ifise icipfuzo co kubabarira abo bose bigaya ibicumuro vyabo, nk’uko nyene yabigiriye Abisirayeli bari bagarutse bavuye mu bunyagano. (Yer. 31:20) Ese ukuntu bisubiriza umutima mu nda kumenya yuko Imana ironsa amahoro yo mu mutima be n’icizigiro abayigamburukira! (Yer. 29:11-14) Barashobora gusubira kuba mu basavyi b’Imana bayiyeguriye.
KUGAMBURUKA BIRASHOBORA KUGUKINGIRA
17, 18. (a) Abarekabu bari bande? (b) Nk’uko vyerekanwa ku rupapuro rwa 77, ni igiki tubaziko?
17 Kugamburukira Yehova duherejeko biradukingira. Ivyo tubibonera ku karorero k’Abarekabu bo mu gihe ca Yeremiya. Imyaka irenga 200 imbere y’aho, sekuruza wabo w’Umukeni, ari we Yehonadabu, uwifatanije na Yehu adahemuka, yari yarabahaye amategeko batohirahiriye ngo barengeko. Rimwe muri ayo ryababuza kunywa umuvinyu. Naho hari haciye igihe kirekire Yehonadabu yarapfuye, abo Barekabu bagumye bitondera ivyo yavuze. Mu kugeza abo bantu, Yeremiya yarabajanye mu rusengero mu cumba c’uburiro hanyuma ashira umuvinyu imbere yabo, abahimiriza ngo banywe. Bamubwiye bati: “Nta muvinyu tunywa.”—Yer. 35:1-10.
18 Abo Barekabu babona ko kugamburukira itegeko ry’uwo sekuruza wabo vyari bihambaye. Abasavyi b’Imana nzima barakwiye kugamburuka amabwirizwa yayo, kandi ivyo bakabigirana ishaka ryinshi cane. Umwiyemezo Abarekabu bari bafise wo kugamburuka warashimishije cane Yehova, kandi watumye haba itandukaniro rinini cane hagati yabo n’Abayuda b’abagambarazi. Imana yasezeraniye abo Barekabu yuko yobakingiye ivyago vyari vyimirije. Wumva none bitumvikana kubona abagamburukira Yehova bagaherezako muri iki gihe basubirizwa umutima mu nda yuko azobakingira muri ya makuba akomeye?—Soma Yeremiya 35:19.
Kubera iki kwigaya igicumuro gikomeye twakoze ari umuce uhambaye mu bijanye no kugamburuka? Ni gute kugamburukira Imana bituma umuntu adakenera kwigaya?
ABAGAMBURUKIRA YEHOVA SI BANYAMWIGENDAKO
19. Imana ishobora gute kugukingira niba uyigamburukira?
19 Ntidukwiye kubona ko muri kahise ari ho gusa Imana yitwararika abasavyi bayo ikongera ikabakingira. No muri iki gihe, Yehova arakingira abamugamburukira ivyobagirira nabi mu buryo bw’impwemu. Itegeko ry’Imana rirakingira abaryiga kandi bakama nantaryo barikurikiza, nka kurya nyene igihome kirekire cakingira ibisagara vya kera ngo ntibiterwe. None woba uzoguma uri hagati y’impome zidukingira z’Imana, ivyo bikaba bigereranywa no kuguma ukurikiza ingingo nyobozi ziwe zigenga inyifato runtu? Niwabigenza gutyo, nta kabuza ko uzororanirwa. (Yer. 7:23) Abasavyi b’Imana batari bake barashingira intahe ico kintu.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Kugamburukira Yehova biradukingira.”
20, 21. (a) Ni ibiki ukwiye kwemera udakeka igihe usukurira Yehova? (b) Umwami Yehoyakimu yakiriye gute ubutumwa Imana yashikirije biciye kuri Yeremiya?
20 Ntivyoroshe gusukurira Imana igihe uba uriko urarwanywa n’abo mu muryango wawe, abo mukorana canke mwigana, kibure na bamwebamwe mu bategetsi b’aho iwanyu. Ariko, urashobora kwizigira udakeka yuko niwagamburukira Yehova uherejeko, na we azogufata mu mugongo bishitse ugashikirwa mbere n’ibintu bigoye cane. Ntiwibagire ko Imana yari yasezeraniye Yeremiya yuko yomushigikiye igihe yorwanijwe bimwe bikaze, kandi Yehova yarabikoze koko. (Soma Yeremiya 1:17-19.) Vyarabaye ngombwa ko Imana imushigikira canecane mu gihe c’Umwami Yehoyakimu.
21 Ni abatware bake ba Isirayeli barwanije abavugizi b’Imana n’uburake n’akantu nka Yehoyakimu. Ivyo turashobora kubibonera ku vyashikiye umuhanuzi Uriya wo mu gihe ca Yeremiya. Uwo Mwami w’umubisha Yehoyakimu yararungitse abaja kumufatira mu mahanga. Igihe uwo muhanuzi wa Yehova Uriya yazanwa kuri uwo mwami, uno yaciye ategeka ko agandagurwa. (Yer. 26:20-23) Mu mwaka ugira kane Yehoyakimu ari ku ngoma, Yehova yarategetse Yeremiya kwandika amajambo yose yari amaze kumubwira gushika ico gihe, hanyuma agaca ayasoma n’ijwi rirenga mu rusengero. Yehoyakimu yararonse uwo muzingo Yeremiya yari yanditse, aca ategeka umukozi wo ku kirimba ngo awumusomere. Nya muzingo ukiriko urasomwa, uwo mwami yaciye awufata aza arawutabagura yongera aterera mu muriro udupandepande twawo, naho bamwebamwe mu baganwa biwe bamutakambiye ngo ntabigire. Ivyo biheze, yaciye arungika abantu ngo baje gufata Yeremiya na Baruki. Uti none vyagenze gute? Iyo nkuru igira iti: “Yehova aguma abahishije.” (Yer. 36:1-6; soma Yeremiya 36:21-26.) Yehova ntiyakundiye Yehoyakimu ngo agirire nabi abo bagabo babiri b’abizigirwa.
22, 23. Inkuru yigana ivyerekeye mushiki wacu wo muri Aziya yo hagati ikweretse iki ku bijanye n’ukuntu Imana ishigikira abasavyi bayo?
22 Mu gihe Yehova abonye ko bibereye, arashobora kandi guhisha abasavyi biwe bo mu bihe vya none ngo ntibagirirwe nabi. Ariko akatari gake, arabaronsa umutima rugabo be n’ubukerebutsi bakeneye kugira ngo bamugamburukire bongere babandanye kwamamaza inkuru nziza. Uwo twise Gulistan, ni umukenyezi yireranye abana biwe bane ari wenyene Yehova yashigikiye. Yarigeze kumara igihe kitari gito ari we Cabona wenyene mu karere amahero ko muri Aziya yo hagati aho usanga abategetsi barwanya igikorwa co kwamamaza Ubwami. Ishengero ryitwa ko riri hafi yiwe kuruta ayandi riri ku bilometero 400, akaba ari co gituma ari imbonekarimwe ko akorana umurimo wa Yehova n’abakirisu bahumuye mu vy’impwemu. Naho Gulistan arwanywa kandi agashikirwa n’izindi ngorane, aramamaza inzu ku nzu kandi araronka abantu batari bake bashimishwa. Raporo yiwe ya vuba yerekanye yuko ayobora inyigisho za Bibiliya zirenga 20 kandi akaba yitwararika cane umugwi w’intama za Yehova uguma utera imbere.
23 Imana iriteguriye gufasha, yaba wewe canke abandi basavyi bayo bagamburuka, nk’uko yafashije Yeremiya be n’Ivyabona bagenzi bacu nka Gulistan. Niwiyemeze kuyigamburukira nka yo Mutware kuruta abantu. Niwabigenza gutyo, yaba uruhamo canke izindi ntambamyi zose wogira, nta na kimwe kizokubuza gushemeza ya Mana yonyene y’ukuri ku mugaragaro mu cibare cawe.—Yer. 15:20, 21.
24. Ukugamburuka gutuma wironkera ivyiza ibihe muri iki gihe?
24 Ntibishoboka ko umuntu agira umunezero nyakuri canke ubuzima bumara akanyota aramutse yitandukanije n’Umuremyi wacu. (Yer. 10:23) Ko umaze kwiga ivyo Yeremiya yanditse ku bijanye no kugamburuka, woba ubona aho ukeneye kureka Yehova akarushiriza kuyobora intambuko zawe? Amabwirizwa yiwe ni yo yonyene atuyobora, agatuma turoranirwa mu buzima kandi tukagira agahimbare nyakuri. Yehova aduhimiriza ati: “Nimugamburuke ijwi ryanje . . . kugira ngo bibagendere neza.”—Yer. 7:23.
Ku bijanye n’ubucuti ufitaniye n’Imana, ushobora gute gushira mu ngiro ivyigwa vyerekeye ukugamburuka dusanga mu gitabu ca Yeremiya?
a Yehova yariko abwira bwa bwami bwa Isirayeli bwo mu buraruko. Hari haciye imyaka nka 100 Abisirayeli bo muri ubwo bwami bwari bugizwe n’imiryango cumi barajanywe ari inyagano, igihe Yeremiya yashikiriza ubwo butumwa. Yarerekanye icese ko gushika ico gihe, iryo hanga ritari bwigaye. (2 Abm. 17:16-18, 24, 34, 35) Naho vyari ukwo, umwumwe wese yari gushobora gusubira gutoneshwa n’Imana, eka mbere akanava muri ubwo bunyagano.