Umubumbe w’ibinyabuzima
Ubuzima ntibwokwigeze bushoboka kw’isi iyo hataba hariho ibintu bitari bike usanga hari abavuga ko vyapfuye kwiyadukiza, bimwebimwe muri vyo bikaba vyagiye gutahurwa neza mu kinjana ca 20. Bimwe muri ivyo bintu ni ibi:
Aho isi iri muri ya galagisi yitwa Nzira Nyamweru; aho iri mu mugwi w’imibumbe izunguruka izuba; inzira uwo mubumbe ucamwo mu kuzunguruka izuba; ukuntu uhengamye; urugero rw’umuvuduko uba ufise mu kwizunguriza; hamwe n’igisyo kidasanzwe kiwuzunguruka, ari kwo kwezi
Inkinzo nyabubiri, iyigizwe n’inguvu isi ifise zo gukwega ibintu nk’isumaku be n’ikirere gikikuje isi
Inzinguzingu z’ibintu biba kuri uwo mubumbe zituma uguma uronka akayaga n’amazi kandi zikaguma zibityorora
Igihe urimbura kimwekimwe muri ibi bintu bikurikira, niwibaze uti: ‘Mbega ibi bintu bifitaniye isano n’isi vyoba ari ivyapfuye kwiyadukiza canke hariho intumbero yatumye bibaho?’
Isi iri ahantu habereye
Ubwo isi yoba iri ahantu heza cane ku buryo ishobora kubako ibinyabuzima?
Ni ibiki wovuga igihe woba uriko urabwira umuntu aho uba? Woshobora kuvuga igihugu, igisagara be n’ibarabara ubako. Muri ubwo buryo nyene, reka dufate ya galagisi yitwa Nzira Nyamweru tuyite igihugu isi irimwo, wa mugwi w’imibumbe izunguruka izuba na wo tuwite igisagara isi irimwo, hanyuma dufate inzira isi icamwo muri ya mibumbe izunguruka izuba tuyite ibarabara ry’isi. Biciye kw’iterambere ryashitsweko mu bijanye n’ivy’imibumbe be no mu vya fizike, abanyasiyansi bararushirije gutahura neza ukuntu uwu mubumbe wacu udasanzwe, uwumeze nk’akantu inzatsa mu kirere amahero, wungukira cane ku kibanza urimwo muri ico kirere.
Reka duhere ku co twise igisagara isi yacu irimwo, ni ukuvuga wa mugwi w’imibumbe izunguruka izuba. Ico gisagara kiri ahantu habereye muri ya galagisi Nzira Nyamweru, kikaba kitegereye cane hagati na hagati h’iyo galagisi canke ngo kibe kure cane yaho. Muri ico gice c’iyo galagisi, aho ibinyabuzima bishobora kuba nk’uko abanyasiyansi babivuga, ni ho neza na neza harangwa ibintu bikenewe bituma ubuzima bushoboka. Mu gihe ico gisagara cokwigizwa inyuma cane muri iyo galagisi, kurondera ivyo bintu bituma ubuzima bushoboka kwoba ari nk’ukurondera umuzi w’ibuye. Mu gihe na ho cokwigizwa imbere cane muri iyo galagisi, ibara ryogwa kubera ko mu micungararo y’aho hantu harangwa imishwarara myinshi cane y’ubumara, be n’ibindi bintu. Ikinyamakuru kimwe (Scientific American) kivuga giti: “Tuba ahantu heza utoraba.”1
Icokwitwa ibarabara ribereye: Icokwitwa ibarabara ry’isi, ni ukuvuga inzira isi icamwo muri wa mugwi turimwo w’imibumbe izunguruka izuba twagereranije n’igisagara, na ryo nyene ni akaroruhore. Iyo nzira, iyiri nko ku bilometero imiliyoni 150 uvuye ku zuba, iri mu karere ntarengwa ibinyabuzima bishobora kubamwo kubera ko aho hantu hadakanye cane canke ngo hashuhe cane. Vyongeye, iyo nzira isi icamwo igomba kumera nk’umuzingi, ivyo bikaba bituma ikirere kiri hagati yacu n’izuba gisa n’ikidahinduka mu kiringo cose c’umwaka.
Muri ico gihe, izuba na ryo rica riba icokwitwa urugomero rw’umuyagankuba rwiza utoraba. Riguma aho ryibereye, rikagira ubunini bubereye, kandi rikarekura ubushuhe buri ku rugero rubereye. Ni co gituma bibereye kubona ryitwa ikinyenyeri gitangaje cane.2
Icokwitwa umubanyi mwiza: Hamwe wosabwa gucagurira isi “umubanyi” mwiza, nta gukeka ko wohitamwo ukwezi. Ukwezi gufise ubwaguke buruta gatoyi ica kane c’ubwaguke bw’isi. Gutyo, ukwezi kwacu tukugereranije n’ibindi bisyo vyitwa amezi bizunguruka iyindi mibumbe yo mu mugwi turimwo, usanga ari kunini bimwe bidasanzwe ufatiye ku mubumbe gusanzwe kuzunguruka. None ivyo vyoba vyapfuye kwiyadukiza? Bisa n’uko ata wovyemera.
Ikizwi coco ni uko ukwezi ari kwo ahanini gutuma urugero rw’amazi yo mu mabahari rwama ruduga canke rukamanuka, ivyo na vyo bikaba bigira ikintu gihambaye cane bikora ku bidukikije vyo kw’isi. Ukwezi kandi kuragira ico guterereye mu gutuma hataba ihindagurika mu bijanye n’ukuntu isi ihengamye. Hamwe ukwezi kutobaye kungana nk’uko gusanzwe kungana, umubumbe wacu wociye ugenda urizunguriza cane nka kurya kw’umumâri (ipira, umudiho canke imarahuni) abana bakubita, kumbure mbere ugahengama cane ku buryo umera nk’uwuguye hanyuma ugaca ugenda wicuranguza! Amahindagurika yobaye mu bijanye n’ukuntu ikirere kiba kimeze be no mu bijanye na kwa kuduga canke ukumanuka kw’urugero rw’amazi y’amabahari, hamwe n’ayandi mahindagurika, yokwihaye inkumbi.
Ukuntu isi ihengamye be n’ukuntu yizunguriza biri ku rugero rubereye: Kuba isi ihengamye ku rugero rwa dogere nka 23,4 bituma ibihe vy’umwaka biza birakurakuranwa, bigatuma haba ubushuhe n’ubukanye biri ku rugero rubereye, bikongera bigatuma kw’isi haba uturere twinshi dushushe n’udukanye. Igitabu kimwe (Rare Earth—Why Complex Life Is Uncommon in the Universe) kivuga giti: “Ukuntu umubumbe wacu uhengamye, bisa n’uko ari vyo vyari ‘bibereye koko.’”3
Ikindi kintu twovuga ko ari akaroruhore ni ikiringo umurango n’ijoro bimara, ivyo na vyo bikaba biva ku kuntu isi yizunguriza. Hamwe umuvuduko isi igenderako mu kwizunguriza wogabanuka, umurango woca umara ikiringo kirekire bigatuma uruhande rw’isi rurabana n’izuba rusha, urusigaye na rwo rugacika ibarafu. Mu gihe na ho isi yokwizunguriza cane, umurango woca umara ikiringo gitoyi, kumbure amasaha makeyi gusa, ivyo bikaba vyotuma kw’isi haguma haba ibihuhusi be n’izindi ngeramizi.
Inkinzo zikingira isi
Mu kirere ni ahantu hateye akaga kuko usanga harangwa imishwarara y’ubumara be n’ibisyo bimeze nk’ibibuye vyamye nantaryo bitera ingeramizi. Naho biri ukwo, bisa n’uko umubumbe wacu w’ubururu ugendera muri ico kirere giteye akaga, ariko ntihagire ico uba. Uti kubera iki? Kubera ko isi ikingiwe n’ivyokwitwa ibirwanisho bitangaje, ivyo na vyo bikaba ari inguvu ifise zo gukwega ibintu nk’isumaku, be n’ikirere kiyikikuje cahinguwe mu buryo butangaje.
Ya nkinzo itaboneka ituma isi ikwega ibintu nk’isumaku
Inguvu isi ifise zo gukwega ibintu nk’isumaku: Mu ntimatima y’isi ni ahantu hiburungushuye haguma habengerana nka kurya kw’icuma gishongeshejwe, ivyo bikaba bituma umubumbe wacu ugira inguvu nyinshi cane zo gukwega ibintu nk’isumaku zishika kure cane mu kirekire. Iyo nkinzo iradukingira kugira ngo ntitugirirwe nabi n’imishwarara ikaze cane yo mu kirere be n’ibintu vy’ubumara biva ku zuba. Muri ivyo bintu harimwo umuyaga urekurwa n’izuba, uwo na wo ukaba ugizwe n’uduhimba umuyoro turimwo inguvu; hakabamwo ibintu biturira birukwa n’izuba, ivyo na vyo bikaba mu minuta nk’ingahe birekura inguvu nyinshi cane zingana n’izorekurwa n’amabombe amamiliyaridi n’amamiliyaridi; hakabamwo n’ibintu bimeze nk’imbeya izuba rirekura, na vyo bikaba birekurira mu kirere ibintu bipima amatoni amamiliyaridi n’amamiliyaridi. Hariho ibintu ushobora kubona ugaca wibuka ko inguvu isi ifise zo gukwega ibintu nk’isumaku zigukingira. Vya bintu biturira birukwa n’izuba be na vya bintu bimeze nk’imbeya izuba rirekura, biratuma haba umuco urabagirana cane w’amabara atandukanye, uwo na wo umuntu akaba ashobora kuwubona kure cane mu kirere, ari hafi y’isonga ry’isi ryo mu Buraruko be n’iryo mu Bumanuko bwayo.
Umuco urabagirana cane
Ikirere gikikuje isi: Ico kirere, ikimeze nk’uburengeti bupfutse isi kandi kikaba kigizwe n’imyuka, ntigituma gusa tuguma turonka impemu duhumeka, ariko kandi kiradukingira. Igisenge ca nyuma c’ico kirere, icitwa stratosphère, kirimwo umwuka umeze nka ogisijeni witwa ozone, uwo na wo ukaba uyongobeza ibice bishika ku 99 kw’ijana vy’imishwarara y’ubumara y’izuba yitwa ultraviolets. Ico gisenge ca ozone rero kiratuma ibinyabuzima vy’ubwoko bwinshi bikingirwa imishwarara yokwiha inkumbi, muri ivyo hakaba harimwo abantu be n’utunyabuzima two hasi mu mazi, utwo dukesha igice kinini c’umwuka ogisijeni duhumeka. Nta wuzi uko umwuka wa ozone uri muri ico gisenge ungana. Ikizwi coco ni uko uza urahindagurika, ukaba mwinshi igihe ya mishwarara y’ubumara y’izuba iba igwiriye. Ni co gituma igisenge ca ozone ari inkinzo ikingira isi iza irahuza n’uko ibintu biba vyifashe kandi y’ingirakamaro koko.
Ikirere gikikuje isi kiradukingira vya Nyakotsi
Ikirere gikikuje isi kiradukingira kandi ibivunjivunji vyisukira mu kirere buri musi, ivyo na vyo bikaba ari ibintu amamiliyoni bifise ubunini butandukanye, uhereye ku tuntu tungana urwara ugashika ku minana amahanga. Iyo vyinshi muri vyo bintu bishitse muri ico kirere gikikuje isi birasha, maze bigaca bicika ibimuri vy’imishwarara vyitwa Nyakotsi. Ariko rero, izo nkinzo z’isi ntizizibira imishwarara y’izuba usanga ari ntahara kugira ngo ubuzima bushoboke, aho tukaba twovuga nk’ubushuhe be n’umuco. Ico kirere gikikuje isi kiratuma mbere kw’isi hose hakwiragira ubushuhe, kandi mw’ijoro usanga gikora nka kurya kw’uburengeti mu gutuma ubushuhe butihuta kugabanuka.
Ikirere gikikuje isi be na za nguvu ifise zo gukwega ibintu nk’isumaku, mu vy’ukuri ni ibintu vyashizweho mu buryo butangaje bitaratahurwa neza gushika n’ubu. Ukwo ni ko bimeze no ku bijanye n’inzinguzingu z’ibintu biba kuri uyu mubumbe bituma ubuzima bushoka.
Kuba umubumbe wacu ukingiwe n’inkinzo zibiri ziguma zihuza n’uko ibintu biba vyifashe, coba ari ikintu capfuye kwiyadukiza?
Inzinguzingu z’ibintu biba kw’isi bituma ubuzima bushoka
Hamwe isôko rironsa igisagara kinaka akayaga keza be n’amazi meza ryozibirwa, imiringoti yo muri ico gisagara itwara umwanda na yo nyene ikazibirwa, indwara n’urupfu ntivyoteba kugishwaramwo. Ariko rero, zirikana kuri iki kintu: Umubumbe wacu ntumeze nk’inzu y’uburiro, aho usanga ibifungurwa be n’ibindi bintu vya nkenerwa biguma vyinjizwa muri yo, imyanda na yo ikaguma isohorwa. Akayaga keza be n’amazi meza dukoresha si ibintu bizanwa kw’isi bikuwe ahandi hantu, eka n’imyanda yo kuri yo ntiza irasohorwa ngo ije ahandi hantu. Bigenda gute none ngo isi igume isukuye, kandi ngo ibinyabuzima bigume biba kuri yo? Inyishu y’ico kibazo turayironka mu kurimbura ivyerekeye inzinguzingu z’ibintu biba kw’isi, izo na zo akaba ari: Inzinguzingu y’amazi, iy’umwuka witwa karubone, iy’umwuka ogisijeni be n’iy’umwuka witwa azote, zisiguwe aho hepfo kandi zerekanywe mu buryo bworoheje.
Inzinguzingu y’amazi: Amazi ni ntahara kugira ngo tubeho. Nta n’umwe muri twebwe yomara na kabiri amazi atariho. Inzinguzingu y’amazi ni yo ituma hirya no hino kw’isi haboneka amazi meza. Iyo nzinguzingu iba mu ntambwe zitatu. (1) Ubushuhe bw’izuba buratuma amazi aduga mu kirere ameze nk’umwuka. (2) Ayo mazi atyoroye ameze nk’umwuka aracika utumatuma, hanyuma akaba ibicu. (3) Ivyo bicu biraheza bikiremaremamwo imvura, urubura canke shelegi, iyihava ikagwa kw’isi. Iyo nzinguzingu iraheza igasozerwa igihe amazi y’iyo mvura, y’urwo rubura canke y’iyo shelegi asubira kwitegurira kuduga mu kirere ameze nk’umwuka. None iyo nzinguzingu ikoresha amazi angana iki buri mwaka? Bivugwa yuko yoba ikoresha amazi ashobora gupfuka isi gushika kuri santimetero zirenga 80.4
Inzinguzingu y’umwuka witwa karubone be n’iy’uwitwa ogisijeni: Nk’uko usanzwe ubizi, kugira ngo ushobore kubaho urakeneye guhumeka, ni ukuvuga kwinjiza mu mubiri wawe umwuka ogisijeni hanyuma ugasohora uwitwa gaze karubonike. None ko hariho amamiliyaridi adaharurika y’abantu be n’ibikoko, kandi vyose bikaba biguma bihumeka, ni kubera iki mu kirere gikikuje isi uwo mwuka ogisijeni utigera uhera, maze ngo gisigare ciganziwe na wa mwuka gaze karubonike? Inyishu y’ico kibazo tuyironka turimbuye ibijanye n’inzinguzingu y’uwo mwuka ogisijeni. (1) Biciye ku buhinga butangaje ibiterwa bisanzwe bikoresha bwitwa fotosenteze, birakwega wa mwuka gaze karubonike tuba duhejeje gusohora, bigaca biwuvanga n’inguvu zitangwa n’umuco w’izuba kugira ngo bihingure ibifungurwa vyikorako vyitwa hydrates de carbone be na wa mwuka ogisijeni. (2) Iyo nzinguzingu isozerwa igihe dusubiye kwinjiza mu mibiri yacu uwo mwuka ogisijeni. Ihingurwa ry’ivyo bintu ibiterwa vyikorako be n’ako kayaga keza, usanga rigirwa mu buryo bubereye, butunganijwe neza, no mu gacerere ntangere.
Inzinguzingu y’umwuka witwa azote: Ihingurwa ry’uduhimba ndemamubiri tungana urwara, na ryo nyene ni ntahara kugira ngo ubuzima bushoboke kw’isi. (A) Umwuka azote urakenewe kugira ngo utwo duhimba dushobore guhingurwa. Duhiriwe duhishije, ikirere gikikuje isi kirimwo ibice nka 78 kw’ijana vy’uwo mwuka. Imiravyo iratuma uwo mwuka uhinduka ivyunyunyu ibiterwa bishobora kununuza. (B) Ibiterwa na vyo biraheza bigafata ivyo vyunyunyu bikabihinguramwo twa duhimba ndemamubiri. Gutyo, ibikoko birya ivyo biterwa na vyo nyene biraheza bikaronka uwo mwuka azote. (C) Amaherezo, igihe ibiterwa be n’ibikoko bipfuye, nya vyunyunyu birimwo azote bica bisamburwa n’utunyabuzima dutoduto tutaboneka twitwa bagiteri. Ubwo buryo utwo dukoko dukoresha butuma ivu be n’ikirere bisubira kuronka azote, maze inzinguzingu y’uwo mwuka igasozerwa gutyo.
Uguhingura imyanda mu buryo bwiza cane!
Bakoresheje ubuhinga bwose bwa none bagezeko, abantu baratuma buri mwaka haboneka amatoni atavugwa y’imyanda irimwo ubumara idashobora kwityorora. Yamara, isi yoyo irahingura mu buryo bwiza cane imyanda yayo yose igahinduka ibintu ngirakamaro, ivyo ikaba ibigira ikoresheje uburyo karuhariwe bwo guhingura ibintu.
None wewe wibaza ko ubwo buryo isi ikoresha bwabayeho gute? Uwitwa M. A. Corey, uno akaba ari umwanditsi yandika ku bijanye n’ivy’idini be na siyansi, avuga ati: “Niba vy’ukuri ibidukikije vyo kw’isi vyabayeho ku gihamana, ntivyoshobotse namba ko habaho uguhuza kwiza ukuraho hagati yavyo.”5 Woba nawe ushigikira ico ciyumviro uwo mwanditsi yashitseko?