ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • rk igice 2 rup. 4-5
  • Ukwizera nyakuri ni iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukwizera nyakuri ni iki?
  • Ukwizera Nyakuri Kurashobora Gutuma Ubaho Uhimbawe
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ushobora gute kugira ukwizera nyakuri?
  • Nugaragaze ko wizera ivyo Yehova yasezeranye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Ukwizera​—Kamere idukomeza
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • “Twongerereze ukwizera”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Kugaragaza ukwizera nyakuri muri iki gihe
    Ukwizera Nyakuri Kurashobora Gutuma Ubaho Uhimbawe
Ibindi
Ukwizera Nyakuri Kurashobora Gutuma Ubaho Uhimbawe
rk igice 2 rup. 4-5

Igihimba ca 2

Ukwizera nyakuri ni iki?

Umugabo ariko araraba inoti

Nka kurya kw’inoti, kugira ngo ukwizera kugire agaciro gutegerezwa kuba ari nyakuri

KUGIRA ukwizera nyakuri si ukwemera gusa yuko Imana iriho. Hariho abantu amamiliyoni bemera yuko Imana iriho yamara ugasanga bakora ibintu bibi n’ibigirankana. Ukwo bita ngo ni ukwizera kumeze nk’inoti y’inyiganano. Kumeze nk’ukwizera nyakuri ariko mu vy’ukuri nta gaciro gufise. None ukwizera nyakuri ni iki?

Ukwizera nyakuri gushingiye ku bumenyi butagira amakosa bw’Ivyanditswe Vyeranda. Ivyo vyanditswe vyahumetswe biratubwira ukuri kwerekeye Imana bikongera bigatuma dushobora kuyimenya. Biraduhishurira amategeko yayo, imigambi yayo be n’inyigisho zayo. Muri izo nyigisho harimwo izi:

  • Imana ni imwe. Nta n’umwe bangana.

  • Yezu si Imana Mushoboravyose. Ni intumwa y’Imana.

  • Imana iriyamiriza ugusenga ibigirwamana mu buryo bwose.

  • Abantu bagiye gushikirwa n’umusi w’urubanza.

  • Abantu benshi cane bapfuye bazozurwa babe mw’Iparadizo.

Ukwizera nyakuri kuratuma dukora ibikorwa vyiza. Mwene ivyo bikorwa biratera iteka Imana kandi turavyungukirako n’abandi bakavyungukirako. Muri ivyo bikorwa vyiza harimwo

  • gusenga Imana.

  • gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana, na canecane urukundo.

  • kwiyamiriza ivyiyumviro bibi n’ivyipfuzo bibi.

  • kuguma twizera Imana naho dushikirwa n’ingorane.

  • kwigisha abandi ivyerekeye Imana.

Umuryango uzaniye ibifungurwa umutamakazi

Ukwizera nyakuri gutuma umuntu akora ibikorwa vyiza

Ushobora gute kugira ukwizera nyakuri?

Umugabo ariko arinonora imitsi

Nka kurya kw’umurya, ukwizera kurakomera uko umuntu arushiriza kugukoresha

Nusabe Imana igufashe. Musa intumwa y’Imana, yasenze ati: “Ndakwinginze, umenyeshe inzira zawe, kugira ndakumenye, mpeze ngire ubutoni mu maso yawe.”a Imana yarumvise iryo sengesho ryiwe kandi yararyishuye. Musa yarabaye akarorero kadasanzwe mu bijanye n’ukugira ukwizera. Imana izogufasha na wewe kugira ukwizera nyakuri.

Nutegekanye umwanya wo kwiga Ivyanditswe Vyeranda. Ivyanditswe vyahumetswe, harimwo Torati, Amazaburi hamwe n’Injili, woshobora kubisanga muri Bibiliya Nyeranda, kino kikaba ari co gitabu kimaze guhindurwa no gukwiragizwa kuruta ibindi bitabu vyose kw’isi. Woba ufise ivyo vyanditswe vyahumetswe?

Nushire mu ngiro mu buzima bwawe bwa misi yose impanuro ziri mu Vyanditswe Vyeranda. Nka kurya kw’umurya, ukwizera kurakomera uko umuntu arushiriza kugukoresha. Uko uzogaragaza ukwizera kwawe, ni ko kuzokomera. Uzokwibonera yuko impanuro Imana itanga ari ngirakamaro. Nkako, impanuro ngirakamaro ziri mu Vyanditswe Vyeranda zarafashije abantu benshi kuryohora ubuzima. Soma ibikurikira kugira ngo urimbure uburorero bumwebumwe.

a Kuvayo 33:13.

Wokwishura gute?

  • Ukwizera nyakuri gushingiye ku ki?

  • Ukwizera gutuma dukora ibikorwa vyiza ibihe?

  • Ushobora gute kugira ukwizera nyakuri?

Imana irazigama Ijambo ryayo

Turashobora kwemera tudakeka yuko Imana yazigamye Ivyanditswe Vyeranda ku buryo biguma bityoroye kugira ngo tubikoreshe muri iki gihe. Imana Mushoboravyose irashobora gukingira igitabu cayo. Ijambo ryayo rivuga riti: “Ivyatsi bitoto vyumye, ishurwe ryakabiranye; mugabo ijambo ry’Imana yacu ryoryo, rizogumaho igihe kitagira urugero.”—Yesaya 40:8.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika