IGIHIMBA CA 9
Igira kuri Mesiya Indongozi
IMANA yari yaravuze yuko yogenye Mesiya ngo abe Indongozi y’abantu bose. Imana irazi ukuntu indongozi dukeneye vy’ukuri ikwiye kuba imeze kandi yahisemwo Indongozi nziza ishoboka. None Mesiya yagaragaye ko ari Indongozi imeze gute? Yoba yabaye umujenerali w’umunyenkomezi? Umunyapolitike w’umuhanga? Umufilozofe w’inkerebutsi? Nk’uko Ivyanditswe Vyeranda bivyerekana, Mesiya yari intumwa idasanzwe, ni ukuvuga Yezu Kristu.—Matayo 23:10.
Imana yaritwararitse ivy’uko Yezu avuka atagira agasembwa, ni ukuvuga ari mweranda. Vyongeye, Yezu yarananiye utwigoro twose Shetani yagize kugira ngo atume yononekara. Mu vyo Yezu yavuga no mu vyo yakora, yaragaragaje neza cane ukuntu Imana ikoresha ububasha bwayo mu buryo butagira agahaze, yongera aragaragaza neza cane ubutungane bwayo, ubukerebutsi bwayo, n’urukundo rwayo. Rimbura ingene dushobora kwigira ku karorero ka Yezu.
Yezu yarafasha abandi atiziganya
Yarakoresheje ububasha yahawe n’Imana kugira ngo afashe abandi. Yezu yaritwararika vy’ukuri abantu, kandi yarakoresheje cane ububasha bwiwe kugira ngo abaronse ivyo bakeneye. Yavuze ati: “Iri sinzi rinteye ikigongwe, kuko . . . batagira ico barya.” (Mariko 8:2) Yezu yaciye agaburira ku gitangaro iryo sinzi rinini ryari ryaje kwumviriza inyigisho ziwe.
Yezu kandi yaragize ingendo, yigisha yongera “akiza n’indwara z’ubwoko bwose be n’ubumuga bw’ubwoko bwose mu bantu.” (Matayo 4:23) Mu buryo bwumvikana, abantu benshi cane baramukurikira, kandi “isinzi ryose ryariko rirondera kumukorako, kubera ko ububasha bwamuvamwo bukabakiza bose.” (Luka 6:19) Mu vy’ukuri, Yezu yaje, “atari kugira akorerwe, ariko kugira akorere abandi, no kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.” (Matayo 20:28)a Ni indongozi z’abantu zingahe zigaragaza mwene ako gatima ko kwitanga?
Yezu yarakunda abana
Yaragaragaje ubutungane bw’Imana. Yezu yarakurikiza ubuyobozi bwo mw’itegeko ry’Imana akongera akisunga ivyo iryo tegeko ryaba rishaka kuvuga. Nk’uko Ivyanditswe vyari vyarabivuze, ni nk’aho yavuze ati: “Gukora ukugomba kwawe, ewe Mana yanje, ni vyo vyampimbaye, kandi itegeko ryawe riri imbere muri jewe.” (Zaburi 40:8) Abantu bose, uri abatunzi n’abakene, abagabo n’abagore, abana n’abakuze, Yezu yabafatana iteka n’icubahiro, akongera akabafata mu buryo butarimwo nkunzi, nk’uko Imana ibigira. Igihe kimwe, abigishwa ba Yezu barahambariye abavyeyi bariko bazana abana babo aho Yezu ari. Mugabo Yezu yavuze ati: “Nimureke abana batoyi baze kuri jewe; ntimugerageze kubabuza, kuko ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nk’abo.”—Mariko 10:14.
Yaragaragaje ubukerebutsi buva ku Mana. Yezu yaratahura cane ukuntu abantu bameze. “We ubwiwe yari azi ikiri mu muntu.” (Yohani 2:25) Igihe abansi ba Yezu barungika abantu ngo bamufate, mbere n’abo bantu bariyemereye bati: “Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we.” None Yezu yari yakuye he ubwo bukerebutsi yari afise? Yasiguye ati: “Ivyo nigisha si ivyanje, ahubwo ni ivy’uwandungitse.”—Yohani 7:16, 46.
Yezu yarakiza abarwaye abigiranye impuhwe
Yaragaragaje urukundo rw’Imana. Yezu yaragirira kandi abantu impuhwe zirangwa ikibabarwe. Umugabo umwe yari “yuzuye imibembe” yaramwinginze ati: “Mukama, ubishatse gusa, urashobora kumpumanura.” Kubera ko Yezu yagize akagongwe yaciye “aramvura ukuboko amukorako, avuga ati: ‘Ndabishaka. Humanuka.’ Buno nyene ya mibembe ica iramuvako.” (Luka 5:12, 13; Mariko 1:41, 42) Yezu yaripfuza vy’ukuri kuruhurira uwo mugabo yari amerewe nabi.
Yezu yoba na wewe akwitwararika? Yezu ubwiye arishura ati: “Nimuze kuri jewe, mwese abacumukura n’abaremerewe, nanje ndabaruhurira. Mwishireko ingǒgo yanje munyigireko, kuko nitonda kandi niyoroheje mu mutima, namwe muzokwumva muruhuriwe.”—Matayo 11:28, 29.
Yezu ni we Ndongozi nziza kuruta izindi zose twoshobora kuronka. Kubera ko ari uko ameze, aduhimiriza ati: “Munyigireko.” Woba none uzokwemera ako kamo agutera keza umutima? Kubigenza gutyo bizotuma ubaho uhimbawe.
a Nimba ushaka ikiganiro kivuga ibijanye n’incungu, raba icigwa ca 27 c’igitabu Kwiberaho ibihe bidahera.