ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • T-33 rup. 1-4
  • Ni nde vy’ukuri aganza isi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni nde vy’ukuri aganza isi?
  • Ni nde vy’ukuri aganza isi?
  • Ivyo bijanye
  • Ubona gute kazoza?
    Ubona gute kazoza?
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Ubwami bw’Imana ni iki?
  • Abapfuye boba vy’ukuri bashobora kwongera kubaho?
    Abapfuye boba vy’ukuri bashobora kwongera kubaho?
  • Imibabaro yoba izoteba igahera?
    Imibabaro yoba izoteba igahera?
Ibindi
Ni nde vy’ukuri aganza isi?
T-33 rup. 1-4

Ni nde vy’ukuri aganza isi?

Wiyumvira ko ari . . .

  • Imana?

  • abantu?

  • ikindi kintu?

IVYO BIBILIYA IVUGA

“Isi yose iganzwa na wa Mubi.”​—1 Yohani 5:19.

Ubwuzure Bushasha. “Umwana w’Imana yaje . . . kugira ngo asambure igikorwa ca Shetani.”​—1 Yohani 3:8, New Century Version.

ICO VYOKUMARIRA

Uratahura igituma mw’isi hari ingorane.​—Ivyahishuwe 12:12.

Uragira imvo yo kwemera ko iyi si izohinduka ikamera neza.​—1 Yohani 2:17.

Shetani ni we aganza ivya politike, ivya gisirikare, ivy’amadini n’abantu  vyo muri iyi si

TWOBA VY’UKURI DUSHOBORA KWEMERA IVYO BIBILIYA IVUGA?

Egome, kubera n’imiburiburi imvo zitatu:

  • Ubutegetsi bwa Shetani bugiye kuvaho. Yehova yiyemeje gukuraho ububasha Shetani afise ku bantu. Asezerana ‘guhindura ubusa Shetani’ no gukuraho amabi yose yateje.​—Abaheburayo 2:14, Bibiliya y’isi nshasha.

  • Imana yaratoye Yezu Kristu ngo azotegeke isi. Yezu aratandukanye rwose n’uwo mutegetsi w’imburakigongwe kandi w’umwikunzi aganza iyi si muri iki gihe. Ku bijanye n’Ubwami bwa Yezu, Imana isezerana iti: “Azokwumvira akagongwe umuntu mutoyi be n’umworo . . . Ubuzima bwabo azobucungura abukize agahahazo n’ubukazi.”​—Zaburi 72:13, 14.

  • Imana ntishobora kubesha. Bibiliya itomora iti: ‘Ntibishoboka ko Imana ibesha.’ (Abaheburayo 6:18) Igihe Yehova asezeranye gukora ikintu, ni nk’aho aba yamaze kugikora! (Yesaya 55:10, 11) “Umutware w’iyi si agira atabwe hanze.”​—Yohani 12:31.

ZIRIKANA KURI IBI BINTU

Umuryango uhimbawe wasohotse gusama akayaga

Ibintu bizoba vyifashe gute kw’isi umutware wayo niyakurwaho?

Bibiliya irishura ico kibazo muri ZABURI 37:10, 11 no mu VYAHISHUWE 21:3, 4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika