ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yc icig. 13 rup. 28-29
  • Timoteyo yashaka gufasha abantu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Timoteyo yashaka gufasha abantu
  • Niwigishe abana bawe
  • Ivyo bijanye
  • Timoteyo yari yiteguriye gukorera Imana n’umutima ukunze
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Pawulo na Timoteyo
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • “Umwana wanje w’umukundwa kandi w’umwizigirwa mu Mukama”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ni Igiki Gishobora Kudufasha Kuramiriza Neza mw’Ijambo ry’Ukuri?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Niwigishe abana bawe
yc icig. 13 rup. 28-29
Nyina wa Timoteyo Ewunise na inakuru Loyisi bariko barigisha ka Timoteyo

ICIGWA CA 13

Timoteyo yashaka gufasha abantu

Timoteyo yari umusore yaryoherwa no gufasha abantu. Yaragiye ahantu henshi kugira ngo afashe abandi. Ivyo vyaratumye agira ubuzima buteye umunezero. Urashaka kumenya ingene vyagenze?—

Nyina wa Timoteyo na inakuru baramwigishije ivyerekeye Yehova

Timoteyo yakuriye mu gisagara citwa Lusitira. Igihe yari akiri muto, inakuru Loyisi na nyina wiwe Ewunise baratanguye kumwigisha ivyerekeye Yehova. Timoteyo ariko arakura, yaripfuje gufasha abandi kwiga ivyerekeye Yehova.

Igihe Timoteyo yari akiri umusore, Paulo yaramubajije niba bojana kwamamaza mu tundi turere. Timoteyo yishuye ati: ‘Egome!’ Yari yiteguriye kugenda gufasha abandi.

Timoteyo yarajanye na Paulo mu gisagara c’i Makedoniya citwa Tesalonika. Kugira bashikeyo, babwirizwa kugira urugendo rurerure n’amaguru hanyuma bagafata ubwato. Igihe amaherezo bashikayo, barafashije abantu benshi kwiga ivyerekeye Yehova. Ariko abantu bamwebamwe barashavuye maze bagerageza kubagirira nabi. Rero Paulo na Timoteyo babwirijwe kuvayo baja kwamamaza ahandi hantu.

Timoteyo n’intumwa Paulo bagira urugendo mu bwato

Timoteyo yari abayeho anezerewe

Haciye amezi nk’angahe, Paulo yarasavye Timoteyo gusubira i Tesalonika kugira arabe uko abavukanyi bari bamerewe. Gusubira muri ico gisagara kimeze nabi vyasaba uburindutsi bukomeye! Ariko Timoteyo yaragiyeyo kubera yari arajwe ishinga n’abavukanyi baho. Yagarutse azaniye Paulo inkuru nziza. Abavukanyi b’i Tesalonika bari bamerewe neza!

Timoteyo yarakoranye na Paulo imyaka myinshi. Igihe kimwe Paulo yanditse ko Timoteyo yari we muntu yari abereye yari gushobora kurungika gufasha amashengero. Timoteyo yarakunda Yehova kandi yarakunda abantu.

Woba ukunda abantu kandi ukaba ushaka kubafasha kwiga ivyerekeye Yehova?— Niba ari ukwo, urashobora kugira ubuzima buteye umunezero nka kumwe kwa Timoteyo!

SOMA MURI BIBILIYA YAWE

  • 2 Timoteyo 1:5; 3:15

  • Ivyakozwe 16:1-5; 17:1-10

  • 1 Abatesalonika 3:2-7

  • Abafilipi 2:19-22

IBIBAZO:

  • Timoteyo yakuriye mu gisagara citwa ngw’iki?

  • Timoteyo yoba yarashaka kujana na Paulo? Kubera iki?

  • Kubera iki Timoteyo yasubiye i Tesalonika?

  • Ushobora gute kugira ubuzima buteye umunezero, nka kumwe kwa Timoteyo?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika