ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yc icig. 14 rup. 30-31
  • Ubwami buzotegeka isi yose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubwami buzotegeka isi yose
  • Niwigishe abana bawe
  • Ivyo bijanye
  • Abakunzi b’Imana Bazoba mw’Iparadizo
    Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
  • Ni Umugambi Uwuhe Imana Ifitiye Isi?
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • Ni bande bazozuka? None bazoba hehe?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ubwami bozohindura isi yose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Niwigishe abana bawe
yc icig. 14 rup. 30-31
Yezu Kristu aganza isi y’iparadizo ari Umwami

ICIGWA CA 14

Ubwami buzotegeka isi yose

Wibaza ko ubwo Bwami ari ubuhe?— Ni Ubwami bw’Imana, Ubwami buzotuma isi iba Iparadizo. Urashaka kumenya ivyerekeye ubwo Bwami?—

Ubwami bwose usanga bufise umwami. Kandi umwami aganza abantu bo mu gihugu ciwe. Wibaza ko Umwami w’Ubwami bw’Imana ari nde?— Ni Yezu Kristu. Aba mw’ijuru. Vuba agiye kuba Umwami w’abantu bose bo ng’aha kw’isi! Wibaza ko tuzoryoherwa igihe Yezu azoba ari Umwami w’isi yose?—

Ni igiki wipfuza cane kuzobona mw’Iparadizo?

Tuzoryoherwa cane! Mw’Iparadizo, abantu ntibazosubira kurwana canke kuja mu ntambara. Abantu bose bazoba bakundana. Nta n’umwe azorwara canke ngo apfe. Impumyi zizohumuka, ibipfamatwi bizokwumva, kandi abadashobora gutambuka bazoshobora kwiruka no gusimba. Abantu bose bazoba bafise ibifungurwa vyinshi. Vyongeye ibikoko bizokina hagati yavyo kandi na twebwe tuzokina na vyo. Abantu bapfuye bazosubira kubaho. Benshi mu bagabo n’abagore wize muri kano gatabu nka Rebeka, Rahabu, Dawidi be na Eliya na bo nyene bazosubira kubaho! Woshima kuzobonana na bo nibasubira kubaho?—

Yehova aragukunda kandi ashaka ko unezerwa. Niwabandanya kwiga ivyerekeye Yehova no kumugamburukira, uzoshobora kuba mw’Iparadizo nziza cane! Ivyo vyoba ari vyo ushaka?—

SOMA MURI BIBILIYA YAWE

  • Yesaya 2:4; 11:6-9; 25:8; 33:24; 35:5, 6

  • Yohani 5:28, 29; 17:3

IBIBAZO:

  • Umwami w’Ubwami bw’Imana ni nde?

  • Yezu azoba Umwami wa bande?

  • Yezu niyaba Umwami w’isi ibintu bizoba bimeze gute?

  • Niba ushaka kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo, utegerezwa gukora iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika