ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • hf igice 8 ibice 1-3
  • Igihe urugo rwanyu rushikiwe n’ivyago

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igihe urugo rwanyu rushikiwe n’ivyago
  • Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • 1 NIWITURE YEHOVA
  • 2 NIWITWARARIKE INEZA YAWE N’IY’URUGO RWANYU
  • 3 NURONDERE IMFASHANYO UKENEYE
  • Ingene wokwihanganira indwara ikomeye
    Ibindi biganiro
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Yehova agumiza ijisho ku basavyi biwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Bibiliya yoba yomfasha igihe noba numva nshaka kwiyahura?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
hf igice 8 ibice 1-3
Umugabo n’umugore babuze umwana

IGIHIMBA CA 8

Igihe urugo rwanyu rushikiwe n’ivyago

“Mura[nezerwa] cane, naho mu kanya gato muri iki gihe ari ngombwa ko mutuntuzwa n’ibigeragezo bitari bimwe.”​—1 Petero 1:6

Naho wokora uko ushoboye kwose kugira ngo mu mubano wanyu no mu rugo rwanyu harangwe agahimbare, harashobora gushika ibintu utari witeze bigatuma bikugora kugumana umunezero. (Umusiguzi 9:11) Imana iradufasha ibigiranye urukundo igihe duhanzwe n’ingorane. Niwakurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zikurikira, urugo rwanyu ruzoshobora kuvyifatamwo neza naho muzoba mwashikiwe n’ingorane zikomeye.

1 NIWITURE YEHOVA

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Muterere amaganya yanyu yose kuri yo, kuko ibababara.” (1 Petero 5:7) Niwame wibuka ko Imana atari yo yobazwa ingorane zigushikira. (Yakobo 1:13) Niwayiyegereza, izogufasha mu buryo bwiza kuruta ubundi bwose bushoboka. (Yesaya 41:10) “Imbere yayo nimusuke umutima wanyu.”​—Zaburi 62:8.

Vyongeye, uzoronka uruhoza niwasoma ukongera ukiga Bibiliya buri musi. Ivyo bizotuma wibonera ukuntu Yehova “[a]duhoza mu makuba yacu yose.” (2 Abakorinto 1:3, 4; Abaroma 15:4) Asezerana ko azoguha “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.”​—Abafilipi 4:6, 7, 13.

Umugabo ari ku musego mu bitaro, ariko arasenga ari kumwe n’umuryango wiwe

ICO WOKORA:

  • Nusabe Yehova abafashe kuguma mutekanye no kwiyumvira neza

  • Nurabe ibintu vyose mushobora gukora maze muhitemwo icoba ciza kuruta ibindi

2 NIWITWARARIKE INEZA YAWE N’IY’URUGO RWANYU

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Umutima w’umuntu azi ubwenge wironsa ubumenyi, kandi ugutwi kw’abantu b’inkerebutsi kurondera ubumenyi.” (Imigani 18:15) Nugerageze kumenya ingene ivyo mu rugo rwanyu vyose vyifashe. Nurondere kumenya ivyo umwe wese mu barugize akeneye. Nuganire na bo, kandi ubatege ugutwi.​—Imigani 20:5.

Bite nka hamwe uwawe yopfa? Ntutinye guserura uko wiyumva. Niwibuke ko na Yezu vyashitse “arakorora amosozi.” (Yohani 11:35; Umusiguzi 3:4) Kuruhuka no gusinzira bihagije na vyo nyene birahambaye. (Umusiguzi 4:6) Ivyo birafasha umuntu kwihanganira ikintu gitera umubabaro.

ICO WOKORA:

  • Imbere y’uko ivyago bishika, nugire akamenyero ko kuyaga n’abo mu rugo rwanyu. Ingorane nizaduka, ntibizobagora kukuyagira

  • Nuyage n’abandi baciye mu ngorane nk’izo urimwo

3 NURONDERE IMFASHANYO UKENEYE

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.” (Imigani 17:17) Abagenzi bawe baripfuza kugufasha, ariko hari aho boba batazi ico bokora. Ntutinye kubabwira ivyo ukeneye vy’ukuri. (Imigani 12:25) Vyongeye, nusabe abantu batahura Bibiliya bakuremeshe mu vy’Imana. Imfashanyo bashobora kuguha ishingiye kuri Bibiliya izogufasha.​—Yakobo 5:14.

Uzoronka imfashanyo ukeneye niwaza urifatanya n’abizera Imana vy’ukuri kandi bizigira ivyo isezerana. Vyongeye, gufasha abandi bakeneye indemesho bizotuma uhozwa cane. Nubwire abandi ukuntu wizera Yehova n’ivyo asezerana. Nugume ufasha abari n’ivyo bakeneye, kandi ntiwigunge ukwa wenyene ngo witandukanye n’abagukunda kandi bakwitwararika.​—Imigani 18:1; 1 Abakorinto 15:58.

ICO WOKORA:

  • Nubiyagire umugenzi somambike kandi wemere agufashe

  • Numubwire udomako ivyo ukeneye kandi uvugishe ukuri

NTURABE INGORANE ZAWE GUSA

Naho woba wumva urengewe, nugumize umuzirikanyi wawe ku Mana. Igihe Yobu yashikirwa n’ivyago, yavuze ati: “Izina rya Yehova niribandanye guhezagirwa.” (Yobu 1:21, 22) Nk’ukwo kwa Yobu, nushire imbere izina rya Yehova n’ivyo agomba aho gushira imbere ingorane ufise. Igihe ibintu bitagenze nk’uko wavyipfuza, ntuce wihebura. Niwizigire Imana n’umutima wawe wose. Bibiliya ivuga iti: “‘Jewe [ndazi] neza ivyiyumviro ndabiyumvirako,’ ni ko Yehova avuze, ‘ivyiyumviro vy’amahoro, atari ivy’ivyago, kugira ngo ndabahe kazoza n’icizigiro.’”​—Yeremiya 29:11.

NIWIBAZE UTI . . .

  • Noba nizigira Yehova n’umutima wanje wose no mu bintu bitobito?

  • Ni ivyiza ibihe Yehova ankorera vyotuma ndamukengurukira buri musi?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika