ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 65 rup. 154-rup. 155 ing. 3
  • Yigisha ariko aja i Yeruzalemu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yigisha ariko aja i Yeruzalemu
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Aja i Yeruzalemu mu Mpisho
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • ‘Igihe Ciwe Nticaribwagere’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ibiringo Bikomakomeye vy’Imisi Mikuru mu Gihe c’Abisirayeli
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Ku Misi Mikuru y’Amahema
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 65 rup. 154-rup. 155 ing. 3
Yezu n’abigishwa biwe bariko baja i Yeruzalemu

IKIGABANE CA 65

Yigisha ariko aja i Yeruzalemu

MATAYO 8:19-22 LUKA 9:51-62 YOHANI 7:2-10

  • INGENE BENE WABO NA YEZU BAMUBONA

  • GUKORERA IMANA BIHAMBAYE UKUNGANA IKI?

Yezu amaze igihe akorera canecane i Galilaya, kuko abantu baho bamwumviriza kuruta ab’i Yudaya. Vyongeye, igihe yari i Yeruzalemu maze agakiza umuntu kw’Isabato, “Abayuda bac[iye] barushirizaho kurondera kumwica.”​—Yohani 5:18; 7:1.

Ubu ni muri Nyakanga canke Gitugutu mu 32, kandi Umusi mukuru w’insago uregereje. Uwo musi mukuru umara imisi indwi, ku musi w’umunani hagaca haba ikoraniro ry’agakura. Werekana ko umwaka w’uburimyi urangiye, ukaba ari ikiringo c’ukuryoherwa no gushimira Imana.

Yezu ari kumwe n’abigishwa biwe Yohani na Yakobo

Bene wabo na Yezu ari bo Yakobo, Simoni, Yozefu na Yuda bamuhimiriza bati: “Va ng’aha uje i Yudaya.” Igisagara ca Yeruzalemu ni co ntimatima y’ugusenga mu gihugu cose. Mu gihe c’iyo misi mikuru itatu iba buri mwaka, abantu baba buzuye muri ico gisagara. Bene wabo na Yezu bamubwira bati: “[N]ta muntu akora ikintu mu mpisho igihe arondera kumenyekana mu bantu. Nimba ukora ivyo bintu, niwiyereke isi.”​—Yohani 7:3, 4.

AMu vy’ukuri, abo bene wabo uko ari bane ‘ntibizera’ ko ari Mesiya. Yamara rero, bashaka ko abazoba bari ku musi mukuru bamubona ariko arakora ibitangaro. Yezu arabona ko ivyo birimwo akaga, akababwira ati: “Isi nta mpamvu ifise yo kubanka, mugabo jewe iranyanka, kuko nshinga intahe ku biyerekeye yuko ibikorwa vyayo ari bibi. Mwebwe nimuduge ku musi mukuru; jewe ntiharagera ko nduga kuri uwo musi mukuru, kubera ko igihe canje kitaragera neza.”​—Yohani 7:5-8.

Haciye imisi mikeyi bene wabo na Yezu bajanye n’izindi ngenzi, Yezu n’abigishwa biwe na bo nyene baragenda mu mpisho, batarinze kwiyerekana. Bafata inzira irashe ica i Samariya, aho guca mu yo benshi bakunze gucamwo iri hafi y’Uruzi Yorodani. Yezu n’abigishwa biwe bahava bakenera uburaro i Samariya. Ni co gituma arungika abaja kuba barategura ibintu. Mu karere kamwe abantu baranka kubaha ikaze canke kubakira nk’uko bisanzwe bigirwa kubera yuko Yezu ariko aja i Yeruzalemu ku musi mukuru w’Abayuda. Yakobo na Yohani babaza bashavuye bati: “Mukama, ushaka tubwire umuriro umanuke uvuye mw’ijuru ubarigate?” (Luka 9:54) Yezu arabahambarira kubona bubahutse kuvuga ico kintu, maze bakabandanya urugendo.

Bakiri mu nzira, umunyabwenge umwe w’ivyanditswe abwira Yezu ati: “Mwigisha, nzogukurikira iyo uzoja hose.” Yezu amubwira ati: “Imbwebwe zirafise imyobo n’inyoni zo mu kirere zikagira ubwikingo, mugabo Umwana w’umuntu we ntagira aho arambika umutwe.” (Matayo 8:19, 20) Ashaka kwerekana ko uwo muntu azohura n’ingorane niyemera kumukurikira. Biboneka ko uwo muntu atokwemera ubwo buzima. Umwe wese muri twebwe rero arakwiye kwibaza ati: ‘Noba niteguriye gukukira Yezu?’

1. Imbwebwe iri mu mwobo; 2. Inyoni iri mu cari

Yezu abwira uwundi mugabo ati: “Nkurikira.” Na we ati: “Ndeka mbanze ngende mpambe dawe.” Kubera ko Yezu azi ingene ivy’uwo mugabo vyifashe, amubwira ati: “Reka abapfu bahambe abapfu babo, mugabo wewe genda umenyekanishe hose ubwami bw’Imana.” (Luka 9:59, 60) Biboneka ko se wiwe atarapfa. Iyaba amaze gupfa, uwo mugabo ntiyari kuba ari ng’aho ariko aravugana na Yezu. Ntiyiteguriye gushira mu kibanza ca mbere Ubwami bw’Imana.

Igihe bariko baramanuka berekeza i Yeruzalemu, uwundi mugabo abwira Yezu ati: “Ndagukurikira, Mukama; mugabo banza undeke nsezere abo mu rugo rwanje.” Yezu amubwira ati: “Nta muntu ashize ukuboko kw’isuka irimishwa n’ibitungwa araba ibiri inyuma, abereye ubwami bw’Imana.”​—Luka 9:61, 62.

Abipfuza kuba abayoboke nyakuri ba Yezu babwirizwa gushira umutima ku gikorwa c’Imana. Igihe umuntu arimisha ibitungwa atoguma araba imbere, yosanga yaciye umurongo ugoramye. Aretse kurima na ho kugira arabe ibiri inyuma, umurima woshobora kurara. Muri ubwo buryo nyene, uwo wese araba inyuma muri iyi si ishaje yoshobora gutsitara akava mu nzira ijana mu buzima budahera.

  • Bene wabo na Yezu bane bamubona gute?

  • Kuki Abasamariya banka kwakira Yezu, kandi Yakobo na Yohani baca bashaka gukora iki?

  • Ni abantu batatu abahe Yezu aganiriza igihe ari ku nzira, kandi ni igiki ashimikako ku bijanye n’ugukorera Imana?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika