ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • od ikig. 7 rup. 59-70
  • Amakoraniro ‘atuvyurira ugukundana n’ibikorwa vyiza’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amakoraniro ‘atuvyurira ugukundana n’ibikorwa vyiza’
  • Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • AMAKORANIRO Y’ISHENGERO
  • IKORANIRO RYO MU MPERA Y’INDWI
  • IKORANIRO RYO HAGATI MU NDWI
  • AMAKORANIRO YO GUSOHOKA MU NDIMIRO
  • INGENE AMAKORANIRO ATUNGANYWA MU MASHENGERO MASHASHA CANKE MATOMATO
  • AMATERANIRO Y’UMUZUNGURUKO
  • AMAHWANIRO Y’AKARERE
  • IMFUNGURWA Z’UMUKAMA ZO KU MUGOROBA
  • Turakoranira hamwe ku bwo gusenga
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Uratumiwe n’igishika cinshi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ingene amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro yoshitsa intumbero yayo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Niwungukire bimwe bishitse ku makoraniro yo gusohoka mu ndimiro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
Ibindi
Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
od ikig. 7 rup. 59-70

IKIGABANE CA 7

Amakoraniro ‘atuvyurira ugukundana n’ibikorwa vyiza’

KUVA kera na rindi, abasavyi ba Yehova bamye bakoranira hamwe mu buryo butunganije neza. Muri Isirayeli ya kera, abagabo bose baraja i Yeruzalemu mu misi mikuru itatu ihambaye bagira. (Gus. 16:16) Mu kinjana ca mbere, abakirisu bama bakoranira hamwe, akenshi bakaba bakoranira mu mazu y’abantu. (Flm. 1, 2) Muri iki gihe, turagira amakoraniro, amateraniro n’amahwaniro. None ni kubera iki abasavyi b’Imana bakoranira hamwe? Imvo nyamukuru ni uko amakoraniro ari umuce uhambaye w’ugusenga kwacu.​—Zab. 95:6; Kol. 3:16.

2 Vyongeye, amakoraniro aragirira akamaro abayitaba. Ku bijanye n’Umusi mukuru w’insago wose ugira indwi, Abisirayeli babwiwe bati: “Koranya abantu, abagabo n’abagore n’abana batoyi na kavamahanga wawe ari mu marembo yawe, kugira bumvirize no kugira bige, kuko bategerezwa gutinya Yehova Imana yanyu kandi bakitwararika gushitsa amajambo yose y’iri tegeko.” (Gus. 31:12) Emwe, imvo nyamukuru ituma dukoranira hamwe ni ukugira ngo ‘twigishwe na Yehova.’ (Yes. 54:13) Amakoraniro kandi araduha akaryo ko kumenyana, kuremeshanya no gukomezanya.

AMAKORANIRO Y’ISHENGERO

3 Abigishwa bari bakoraniye hamwe inyuma ya Pentekoti yo mu 33 barihebeye inyigisho y’intumwa, kandi “imisi yose bama ku rusengero bahuje inama.” (Ivyak. 2:42, 46) Mu nyuma, igihe baba bakoraniye hamwe, barasoma ivyanditswe vyahumetswe, harimwo n’amakete yaba yanditswe n’intumwa hamwe n’abandi bigishwa. (1 Kor. 1:1, 2; Kol. 4:16; 1 Tes. 1:1; Yak. 1:1) Abagize ishengero kandi baratura amasengesho. (Ivyak. 4:24-29; 20:36) Rimwe na rimwe, barigana ivyabonywe mu gikorwa c’ubumisiyonari. (Ivyak. 11:5-18; 14:27, 28) Barihweza inyigisho zishingiye kuri Bibiliya n’iranguka ry’ubuhanuzi bwahumetswe. Bararonswa ubuyobozi ku bijanye n’inyifato iranga abakirisu be n’ukwihebera Imana. Bose bararemeshwa kwamamaza inkuru nziza n’umwete.​—Rom. 10:9, 10; 1 Kor. 11:23-26; 15:58; Ef. 5:1-33.

Muri iyi misi ya nyuma igoye, turakeneye indemesho ziva ku kwama dukoranira hamwe

4 Muri iki gihe, amakoraniro yacu yisunga akarorero ko mu gihe c’intumwa. Turakurikiza impanuro yahumetswe dusanga mu Baheburayo 10:24, 25 igira iti: “Twiyumvirane . . . , tudaheba kwa gukoranira hamwe kwacu, nk’uko bamwe babimenyereye, mugabo turemeshanya, kandi birushirize kumera gutyo uko mubona wa musi wegereza.” Muri iyi misi ya nyuma igoye, kugira tugume dukomeye mu vy’impwemu twongere tuzigame ugutungana kwacu, turakeneye indemesho ziva ku kwama dukoranira hamwe. (Rom. 1:11, 12) Tubayeho mu gihe c’iyaruka rihetaraye kandi rigoramanze. Twarikunkumuye ukutibanga Imana hamwe n’ivyipfuzo vy’isi. (Flp. 2:15, 16; Tito 2:12-14) Tuvugishije ukuri, ubwo hari ikindi kintu coduhimbara kuruta gukoranira hamwe n’abasavyi ba Yehova? (Zab. 84:10) Vyongeye, hari ikindi kintu cotugirira akamaro kuruta kwiga Ijambo ry’Imana no kuriganirako? Raba amakoraniro atandukanye yatunganijwe ku neza yacu.

IKORANIRO RYO MU MPERA Y’INDWI

5 Igice ca mbere c’iryo koraniro kigizwe n’insiguro ishingiye kuri Bibiliya ahanini igenewe abantu bose, bamwe muri bo ugashobora gusanga ari ryo rya mbere bitavye amakoraniro. Iyo nsiguro ya bose irafasha cane abashasha hamwe n’abamamaji kuronka ivyo bakeneye mu vy’impwemu.​—Ivyak. 18:4; 19:9, 10.

6 Kristu Yezu, intumwa ziwe na bagenzi babo baragira amakoraniro ya bose asa n’ayagirwa mu mashengero y’Ivyabona vya Yehova muri iki gihe. Nta gukeka ko Yezu ari we mushikirizansiguro ahambaye kuruta ababayeho bose. Ku bimwerekeye, Bibiliya ivuga iti: “Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we.” (Yoh. 7:46) Yezu yavugana ububasha ku buryo abariko baramwumviriza bajorerwa. (Mat. 7:28, 29) Abashira ku mutima inyigisho ziwe barahungukira cane. (Mat. 13:16, 17) Intumwa zariganye akarorero kiwe. Mu Vyakozwe 2:14-36 turahasanga insiguro ikomeye Petero yashikirije kuri Pentekoti yo mu 33. Abantu ibihumbi barakozwe ku mutima n’ivyo bumvise, bituma bagira ico bakoze. Mu nyuma, hari abantu bacitse abemera aho bumviye insiguro Paulo yashikirije i Atene.​—Ivyak. 17:22-34.

7 No muri iki gihe, abantu amamiliyoni barungukiye ku nsiguro za bose zishikirizwa mu mashengero buri ndwi hamwe no ku zishikirizwa ku materaniro no ku mahwaniro. Izo nsiguro ziradufasha kuguma dutahura neza inyigisho za gikirisu no gukomera kw’ibanga mu murimo w’Ubwami. Dutumiye abashimishijwe hamwe n’abandi kuri ayo makoraniro, twoshobora gufasha abantu kumenya inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya.

8 Ivyiyumviro bishikirizwa mu nsiguro za bose usanga bitandukanye. Zimwe usanga zica irya n’ino inyigisho zo muri Bibiliya n’ubuhanuzi, ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya n’impanuro zerekeye ubuzima bwo mu muryango, ingorane zihanze abubatse n’abakiri bato canke ibijanye n’inyifato ibereye ku bakirisu. Izindi usanga zishingiye ku bikorwa bitangaje vy’irema Yehova yakoze. Hakaba n’izindi zishimika ku bantu bavugwa muri Bibiliya bagaragaje ukwizera kudasanzwe, umutima rugabo n’ukudahemuka maze zigashira ahabona ivyigwa tuhakura muri iki gihe.

9 Kugira twungukire bimwe bishitse ku nsiguro za bose, birahambaye ko dutega yompi twitonze, tukarondera ivyanditswe umushikirizansiguro avuze, tukajana na we igihe abisoma kandi tukamukurikira igihe abisigura. (Luka 8:18) Nitwatahura neza ivyo twiga, bizotworohera kubigumya no kubishira mu ngiro.​—1 Tes. 5:21.

10 Igihe hariho abashikirizansiguro bakwiye, ishengero rikwiye gushikirizwa insiguro ya bose buri ndwi. Ivyo bikunze gukorwa mu gutumira abashikirizansiguro bavuye mu mashengero mabanyi. Igihe hari ubukene bw’abashikirizansiguro na ho, izo nsiguro zirakwiye gushikirizwa igihe cose bishoboka.

11 Igice ca kabiri c’ikoraniro ryo mu mpera y’indwi kigizwe n’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Ico ni ikiganiro c’ibibazo n’inyishu gishingiye ku makuru yasohotse mu nteguro y’ukwiga y’Umunara w’Inderetsi. Biciye ku Munara w’Inderetsi, Yehova araturonsa imfungurwa zo mu vy’impwemu ku gihe kibereye.

12 Ibiganiro vyo kwiga akenshi usanga bitwereka ingene twoshira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu buzima bwa misi yose. Birakomeza abakirisu kugira bananire “impwemu y’isi” n’inyifato ihumanye. (1 Kor. 2:12) Biciye ku Munara w’Inderetsi, turarushiriza gutahura inyigisho n’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, bigatuma twese tuguma tujana n’ukuri kandi tukaguma mu nzira y’abagororotsi. (Zab. 97:11; Imig. 4:18) Kwitaba Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi no kuyigiramwo uruhara biradufasha kunezerwa n’icizigiro c’isi nshasha igororotse Yehova yasezeranye. (Rom. 12:12; 2 Pet. 3:13) Kwifatanya n’abakirisu bagenzi bacu biradufasha gutsimbataza icamwa c’impwemu kandi birakomeza icipfuzo dufise co gukorera Yehova n’umwete. (Gal. 5:22, 23) Turaronka inguvu zo kwihanganira ibigeragezo no kwubaka “umushinge mwiza ku bwa kazoza” kugira “[du]cakire ubuzima nyakuri.”​—1 Tim. 6:19; 1 Pet. 1:6, 7.

13 Twoshobora gute kwungukira bimwe bishitse kuri izo mfungurwa zo mu vy’impwemu? Dukwiye gutegura hakiri kare icigwa tuzokwiga, twaba turi twenyene canke turi kumwe n’umuryango, tugasoma ivyanditswe vyatanzwe kandi tugatanga inyishu mu majambo yacu bwite turi ku makoraniro. Ivyo biratuma ukuri kunyengetera mu mitima yacu kandi abandi barahungukira bumvise ingene duserura ukwizera kwacu. Twumvirije twitonze inyishu abandi batanga, turungukira ku cigwa turimbura buri ndwi.

IKORANIRO RYO HAGATI MU NDWI

14 Buri ndwi, ishengero rirahurira hamwe ku Ngoro y’Ubwami kugira rigire ikoraniro ryitwa Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu. Iryo koraniro rigizwe n’ibice bitatu bigenewe kudufasha kuba abasavyi b’Imana “[ba]kwije neza ibisabwa.” (2 Kor. 3:5, 6) Urutonde n’amayagwa yihwezwa tubisanga mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu gasohoka buri kwezi. Ako gatabu karimwo kandi uburyo twokoresha mu gutanguza ibiyago.

15 Igice ca mbere c’iryo koraniro citwa Ubutunzi bwo mw’Ijambo ry’Imana. Kiradufasha kumenya ingene ibintu vyari vyifashe igihe inkuru zimwezimwe zo muri Bibiliya zandikwa, igituma zanditswe n’ingene twoshira mu ngiro ivyigwa tuzikuramwo. Ico gice kigizwe n’insiguro, ugusoma hamwe n’ikiganiro co guhana ijambo gishingiye ku gisomwa ca Bibiliya c’umushamvu. Agatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu karimwo ikibanza co kwandikamwo, ibicapo n’amasanamu twokwikorako mu kwigisha izo nkuru. Ukwo gusuzuma Bibiliya mu buryo bwimbitse kuradufasha cane mu buzima bwacu n’igihe twigisha abandi, ku buryo tuba ‘ababishoboye neza, dufise ibikenewe vyose ku bw’igikorwa ciza cose.’​—2 Tim. 3:16, 17.

16 Igice ca kabiri citwa Niwijukire igikorwa co mu ndimiro. Kigenewe kuturonsa uturyo two kwimenyereza igikorwa co kwamamaza no kwigisha hamwe no kuryohora ubuhanga bwacu muri ico gikorwa. Turetse ibiganiro vy’abanyeshure, kirimwo n’amavidewo yerekana uburyo bwo gutanguza ibiyago. Ico gihimba kiradufasha kugira “ururimi rw’abigishijwe,” bigatuma tumenya ijambo ribereye twokwishura uwurushe.​—Yes. 50:4.

17 Igice ca gatatu citwa Ubuzima bw’umukirisu. Kiratwereka ingene twoshira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu buzima bwa misi yose. (Zab. 119:105) Ikintu nyamukuru kiranga ico gihimba ni Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero igizwe n’ikiganiro c’ibibazo n’inyishu nka kurya kw’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi.

18 Buri kwezi, igihe agatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu gasohotse, umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere, canke uwundi mukurambere amufasha, arasuzuma ako gatabu yitonze maze akagira urutonde. Buri ndwi, umukurambere ashoboye kwigisha kandi yemejwe n’inama y’abakurambere, arahagarikira iryo koraniro. Mu vyo ajejwe harimwo kuraba ko ritangura ku gihe kandi rikarangira ku gihe no gukeza abanyeshure hamwe no kubaha impanuro.

19 Igihe twama dutegura ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu, tukaryitaba kandi tukarigiramwo uruhara, turamenya Ivyanditswe, tugatahura ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, tukamamaza inkuru nziza umutima uri mu nda kandi tukaharonkera ubuhinga budufasha guhindura abantu abigishwa. Abatarabatizwa bitaba iryo koraniro na bo nyene barungukira ku gishika kirangwa hagati yacu no ku biganiro vyubaka ukwizera bishikirizwa. Kugira bitworohere kwitegurira iryo koraniro hamwe n’ayandi, twoshobora kwikora kuri ca cegeranyo c’amayagwa yo mu bitabu vyacu (Watchtower Library), agaporogarama JW Library®, Icegeranyo c’ibitabu co kuri internet ca Watchtower™ hamwe n’ububiko bw’ibitabu bwo ku Ngoro y’Ubwami. Ububiko bwo ku Ngoro y’Ubwami burimwo ibitabu Ivyabona vya Yehova basohoye, ironderero (Index des publications des Témoins de Jéhovah) canke Igitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova, impinduro za Bibiliya zitari nke, igitabu gikoranirijwemwo amajambo akoreshwa muri Bibiliya (Concordance), kazinduzi hamwe n’ibindi bitabu vy’ubushakashatsi. Uwushaka wese arashobora gukoresha ubwo bubiko imbere y’amakoraniro canke inyuma yayo.

AMAKORANIRO YO GUSOHOKA MU NDIMIRO

20 Ku bihe bitandukanye hagati mu ndwi canke ku mpera yayo, abamamaji barahurira hamwe mu migwi akanya gatoyi kugira bagire amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro. Ayo makoraniro akunze kubera mu mihana canke mu bindi bibanza bibereye. Ingoro y’Ubwami na yo nyene yoshobora gukoreshwa. Igihe imigwi mitomito igiriye ayo makoraniro mu bibanza bitandukanye vyo mu cibare, birorohera abamamaji gushika aho abera no mu cibare bahawe. Abamamaji barashobora kugaburwa mu kanya gato bagaca baja mu cibare badatebaganye. Vyoshobora kandi gufasha umucungezi w’umugwi kwitwararika neza abo bari kumwe mu mugwi. Naho ari vyiza ko imigwi ihurira mu bibanza bitandukanye, vyoshobora gukenerwa ko imigwi myinshi ihurira hamwe bivanye n’uko ibintu vyifashe. Nk’akarorero, igihe haboneka abamamaji bake mu ndwi hagati, vyoshobora kuba vyiza imigwi nk’ingahe ihuriye hamwe canke yose igahurira ku Ngoro y’Ubwami canke mu kindi kibanza. Ivyo biratuma abamamaji baronka abo bakorana. Ishengero kandi ryoshobora gusanga ari vyiza rigiriye ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro ku Ngoro y’Ubwami igihe hari imisi mikuru yo mw’isi. Ryoshobora no guhitamwo guhurira hamwe kugira rije mu ndimiro inyuma y’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi.

21 Igihe ayo makoraniro abera mu migwi, umucungezi w’umugwi ni we ayahagarikira. Rimwe na rimwe, umucungezi w’umugwi yoshobora gusaba umufasha wiwe canke uwundi muvukanyi akwije ibisabwa ngo ahagarikire iryo koraniro. Uwurongora iryo koraniro akwiye kuba yiteguriye gushikiriza ikintu c’ingirakamaro kandi gifasha mu murimo wo mu ndimiro. Aragabura abaja mu ndimiro hama umwe muri bo agatura isengesho. Ivyo biheze baca baja mu cibare badatebaganye. Iryo koraniro rimara umwanya uri hagati y’iminuta itanu n’indwi, ariko uwo mwanya ukwiye kugabanywa igihe ribaye inyuma y’amakoraniro y’ishengero. Ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro rikwiye kuronsa abamamaji indemesho, inyigisho ngirakamaro hamwe n’ubuyobozi. Abakiri bashasha hamwe n’abandi bakeneye imfashanyo boshobora gukorana n’abamamaji bazi utuntu n’utundi kugira babamenyereze.

INGENE AMAKORANIRO ATUNGANYWA MU MASHENGERO MASHASHA CANKE MATOMATO

22 Uko abigishwa bongerekana ni ko n’igitigiri c’amashengero ciyongera. Mu bisanzwe, umucungezi w’umuzunguruko ni we asaba ko hashingwa ishengero rishasha. Ariko rero mu bihe bimwebimwe, imigwi mitomito yoshobora gusanga ari vyiza yifatanije n’ishengero riyegereye.

23 Vyoshika amashengero matomato ugasanga agizwe n’abadada gusa. Igihe vyifashe gutyo, umudada atura isengesho mw’ishengero canke ayobora amakoraniro akwiye kuba yitwikiriye mu mutwe nk’uko bisabwa n’Ivyanditswe. (1 Kor. 11:3-16) Akenshi aguma yicaye arabana n’abumviriza. Abadada ntibashikiriza insiguro ku makoraniro. Ahubwo barasoma amayagwa yatanzwe n’ishirahamwe hama bakagira ico bayavuzeko, canke na ho bakayashikiriza mu buryo bwo guhanahana ijambo canke bw’umwerekano. Ibiro vy’ishami birasaba umwe muri abo badada kwitwararika ibijanye no guhanahana amakuru n’ivyo biro hamwe no gutunganya ibijanye n’amakoraniro. Mu nyuma, hagize abavukanyi bakwiza ibisabwa, ni bo baca bitwararika ivyo bikorwa.

AMATERANIRO Y’UMUZUNGURUKO

24 Buri mwaka, haratunganywa yuko amashengero ari mu muzunguruko umwe ahurira hamwe ku materaniro abiri y’umuzunguruko amara umusi umwumwe. Ivyo biringo biteye umunezero biraha abari ng’aho bose akaryo ko ‘kwaguka’ mu kwifatanya n’abandi bakirisu. (2 Kor. 6:11-13) Bivanye n’ibiba bikenewe, ishirahamwe rya Yehova rirategura umutwe-shimikiro ushingiye ku Vyanditswe hamwe n’ibiganiro bishikirizwa kuri ayo materaniro. Inyigisho ziratangwa biciye ku nsiguro, imyerekano, udukino dusubiramwo ivyabaye, udukino two kwivugana n’ibiganiro vyo kubaza ibibazo. Izo nyigisho ziza hageze zirakomeza abitaba ayo materaniro bose. Kuri ayo materaniro, abigishwa bashasha bararonka akaryo ko kubatizwa mu kwerekana ko biyeguriye Yehova.

AMAHWANIRO Y’AKARERE

25 Rimwe mu mwaka, haraba amahwaniro maninimanini. Kenshi aba ari amahwaniro y’akarere amara imisi itatu, akaba ahuza amashengero yo mu mizunguruko nk’ingahe. Amashami matomato yoshobora gusanga vyorushiriza kuba vyiza amashengero yose yo mu cibare c’ishami ahuriye hamwe. Mu bihugu bimwebimwe, ayo mahwaniro yoshobora gutunganywa mu buryo butandukanye bivanye n’uko ibintu vyifashe canke hisunzwe ubuyobozi bwatanzwe n’ishirahamwe. Uko haciye ikiringo kanaka, mu bihugu bimwebimwe haraba amahwaniro mpuzamakungu canke amahwaniro adasanzwe. Ayo mahwaniro arashobora kwitabwa n’Ivyabona ibihumbi mirongo bavuye mu bihugu bitandukanye. Uko imyaka yagiye irarengana, abantu benshi baramenye inkuru nziza y’Ubwami bivuye ku kuntu ayo mahwaniro maninimanini y’Ivyabona vya Yehova yamenyekanishwa.

26 Ku basavyi ba Yehova bamwiyeguriye, amahwaniro ni ikiringo giteye umunezero co kumusenga bunze ubumwe. Kuri ayo mahwaniro ni ho twagiye turaronkera umuco mushasha werekeye ukuri. Ku mahwaniro amwamwe, harasohorwa ibitabu bishasha dukoresha mu ndimiro, mw’ishengero canke mu kwiyigisha. Ku mahwaniro kandi abigishwa bashasha barabatizwa. Amahwaniro arafasha cane abayitaba gutera imbere mu vy’impwemu. Aratanga ikimenyamenya c’uko abasavyi ba Yehova bagize vy’ukuri umuryango ukwiye kw’isi yose w’abakirisu bamwiyeguriye bafise ca kimenyetso kiranga abigishwa ba Yezu Kristu.​—Yoh. 13:35.

27 Twitavye amakoraniro y’ishengero, amateraniro n’amahwaniro y’abasavyi ba Yehova, turakomezwa kugira dukore ivyo Yehova agomba. Biradukingira kandi utwosho tw’iyi si dushobora kwonona ukwizera kwacu. Ayo makoraniro yose araninahaza Yehova kandi akamushemeza. (Zab. 35:18; Imig. 14:28) Turakwiye gukengurukira Yehova kubona yaraturonkeje ivyo biringo bituma turuhurirwa mu vy’impwemu muri ino misi ya nyuma.

IMFUNGURWA Z’UMUKAMA ZO KU MUGOROBA

28 Rimwe mu mwaka, ku musi wo kwibuka urupfu rwa Yezu Kristu, amashengero y’Ivyabona vya Yehova kw’isi yose arahimbaza Icibutso c’urupfu rwa Kristu, ari zo Mfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. (1 Kor. 11:20, 23, 24) Iryo ni ryo koraniro ryo mu mwaka rihambaye kuruta ayandi yose ku basavyi ba Yehova. Hariho itegeko ritomoye ridusaba guhimbaza Icibutso.​—Luka 22:19.

29 Itariki y’Icibutso ihurirana n’itariki Abisirayeli bahimbarizako Pasika kera, ikaba ivugwa mu Vyanditswe. (Kuv. 12:2, 6; Mat. 26:17, 20, 26) Pasika wari umusi mukuru Abisirayeli bahimbaza buri mwaka wabibutsa igihe bava mu Misiri mu 1513 imbere ya Kristu. Ico gihe ni ho Yehova yashinga ko umusi ugira 14 w’ukwezi kwa mbere (ukwezi baharura bafatiye ku mboneko) ari wo bafungurirako umwagazi wa Pasika bakongera bakava mu buja bwo mu Misiri. (Kuv. 12:1-51) Mu gutora iryo genekerezo, bafatira ku musi wo ku mpeshi aho ijoro n’umutaga biba bingana, bagaca barindira imboneko y’ukwezi gushasha maze bagaharura imisi 13 uhereye ku musi wa mbere ukwo kwezi kubonekeyeko i Yeruzalemu. Akenshi Icibutso gihurirana n’umusi wa mbere ukwezi kuboneka ari igisyo, inyuma y’umusi wo ku mpeshi aho ijoro n’umutaga biba bingana.

30 Amajambo ya Yezu dusanga muri Matayo 26:26-28 aratwereka ingene Icibutso gikwiye guhimbazwa. Si umugenzo urimwo ibintu nsigabwenge. Ahubwo ni imfungurwa z’ikigereranyo abazofadikanya na Yezu Kristu kuganza mu Bwami bwiwe bwo mw’ijuru bihereza. (Luka 22:28-30) Abandi bakirisu bose biyeguriye Yehova hamwe n’abantu bose bashimishwa n’ukuri baremeshwa kwitaba Icibutso ka burorerezi. Bacitavye baba berekanye ko bakenguruka intunganyo Yehova Imana yagize biciye ku Mwana wiwe Yezu Kristu ku neza y’umuryango wose w’abantu. Imbere y’uko Icibutso kiba, haratangwa insiguro ya bose idasanzwe igenewe gutuma abantu bitegana umushasharo urwo rubanza no kubahimiriza kwiga Bibiliya.

31 Ivyabona vya Yehova si bo babona harageze ko bahurira hamwe ku makoraniro, aho ‘biyumvirana kugira bavyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza.’ (Heb. 10:24) Umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge aritwararika gutunganya mwene ayo makoraniro yisunze ivyo dukeneye mu vy’impwemu. Abasavyi ba Yehova bose hamwe n’abandi bantu bose bashimishwa n’ukuri bahimirizwa kwungukira bimwe bishitse kuri izo ntunganyo zo gukoranira hamwe badahorereza. Igihe abasavyi b’Imana berekanye ko bakenguruka bivuye ku mutima intunganyo Yehova yashizeho biciye kw’ishirahamwe ryiwe, barunga ubumwe hagati yabo. N’igihambaye kuruta, turashemeza Yehova kandi tukamuninahaza.​—Zab. 111:1.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika