ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • od rup. 179-rup. 184
  • Amayagwa y’inyongera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amayagwa y’inyongera
  • Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Ivyo bijanye
  • Ibatisimu be n’ubucuti ugiranira n’Imana
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ikiyago co gusozera abakurambere bagirana n’abipfuza kubatizwa
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Ibatisimu ni umugambi mwiza cane wokwishingira
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Abakiri bato boba bakwiye kubatizwa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
od rup. 179-rup. 184

Amayagwa y’inyongera

Akajambo kagenewe abavyeyi bakirisu

Nta gukeka ko wipfuza gufasha abana bawe gukunda Yehova no kumwiyegurira. None wokora iki kugira ubafashe kwitegurira ibatisimu? Ni ryari baba bageze gutera iyo ntambwe ihambaye?

Yezu yategetse abigishwa biwe ati: “Muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mubabatiza.” (Mat. 28:19) Ivyo vyerekana ko umuntu ategerezwa kubanza kuba umwigishwa imbere yo kubatizwa. Ni ukuvuga ko aba atahura inyigisho za Kristu, akazemera kandi akabaho azisunga. Ivyo n’abana bakiri batoyi barabishoboye.

Nuhe akarorero keza abana bawe kandi ushimangire inyigisho za Yehova mu mitima yabo. (Gus. 6:6-9) Ivyo bisaba gukoresha igitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera mu kubigisha ukuri kwo muri Bibiliya kw’ishimikiro no mu kubafasha kuzirikana ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya no kubaho bazisunga. Nubafashe gusigura ivyo bemera mu majambo yabo bwite. (1 Pet. 3:15) Ubumenyi n’indemesho ubaronsa hamwe n’ivyo baronkera mu kwiyigisha, mu gusenga kwo mu muryango, ku makoraniro no ku bagenzi beza bizobafasha gutera imbere gushika kw’ibatisimu no kugira ayandi materambere. Nubafashe kwishingira imigambi yo mu vy’impwemu.

Mu Migani 20:11 hagira hati: “Biciye ku ngeso ziwe, umwana aramenyekana ko ivyo akora vyoba bityoroye kandi bigororotse.” Ni ibikorwa ibihe vyokwerekana ko umwana ari umwigishwa wa Yezu Kristu be n’uko ageze kubatizwa?

Umwana ariko aregereza kubatizwa akwiye kuba agamburukira abavyeyi biwe. (Ivyak. 5:29; Kol. 3:20) Ku bijanye na Yezu igihe yari afise imyaka 12, Bibiliya ivuga iti: ‘Yaguma ayobokera abavyeyi biwe.’ (Luka 2:51) Ariko ntiwumve, ntiwokwitega ko umwana wawe aba uwutunganye. Naho ari ukwo, umwana yipfuza kubatizwa akwiye kwihata akigana akarorero ka Yezu kandi bikaba bizwi ko ayobokera abavyeyi biwe.

Akwiye kandi kwerekana ko akunda kwiga ukuri kwo muri Bibiliya. (Luka 2:46) Umwana wawe yoba ahimbarwa no kwitaba amakoraniro no kuyagiramwo uruhara? (Zab. 122:1) Yoba akunda gusoma Bibiliya no kwiyigisha adahorereza?​—Mat. 4:4.

Umwana ariko aregereza kubatizwa arihatira gushira imbere ivyungura Ubwami. (Mat. 6:33) Aratahura ko afise ibanga ryo kubwira abandi ivyo yemera. Aragira uruhara mu mice itandukanye y’igikorwa co kwamamaza kandi ntatinya kubwira abigisha n’abana bigana ko ari Icabona ca Yehova. Arafatana uburemere ibiganiro ashingwa mw’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu.

Arihatira kandi kugumana inyifato nziza mu kwirinda abagenzi babi. (Imig. 13:20; 1 Kor. 15:33) Ivyo birabonekera mu miziki yumviriza, amasinema n’ibiganiro vyo kuri televiziyo araba, udukino twa videwo akina hamwe n’ukuntu akoresha internet.

Abana benshi baremeye gufashwa n’abavyeyi babo, ukuri bakugira ukwabo maze barakwiza ibisabwa vyo kubatizwa bakiri bato. Ese Yehova yohezagira utwigoro ugira mu gufasha abana bawe kugira batere iyo ntambwe ihambaye mu bucuti bafitaniye na we!

Akajambo kagenewe umwamamaji atarabatizwa

Ni agateka gukorana n’ishengero uri umwamamaji atarabatizwa. Urabereye gukezwa kubona warateye imbere mu vy’impwemu. Waramenye Imana biciye ku kwiga Ijambo ryayo wongera urizera imihango yatanze.​—Yoh. 17:3; Heb. 11:6.

Utaratangura kwiga n’Ivyabona vya Yehova, ushobora kuba wari mu rindi dini canke ugasanga nta dini na rimwe warimwo. Hashobora kuba hariho ibikorwa wakora biteye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ariko ubu warerekanye ko wizera mu kwigaya, ni ukuvuga mu kwicuza cane kubera ibibi wakoze kera. Waravyerekanye kandi mu guhindukira, ni ukuvuga guheba ingendo mbi maze wiyemeza gukora ibigororotse imbere y’Imana.​—Ivyak. 3:19.

Canke na ho, hari aho woba wamenye ivyanditswe vyeranda “guhera mu buhinja.” Ivyo vyarakurinze kuja mu ngeso zitabereye ku bakirisu no gukora ibicumuro bikomeye. (2 Tim. 3:15) Warize kunanira akosho k’urunganwe n’izindi nyosha mbi. Waragaragaje ukwizera mu gushigikira ugusenga kw’ukuri no mu kubwira abandi ivyo wemera. Waramenyerejwe kwamamaza inkuru nziza. Ubu rero warafashe ingingo yo gukorera Yehova mu kuba umwamamaji.

Waba wamenye Yehova ukuze canke guhera mu buhinja, hariho izindi ntambwe zibiri ukeneye gutera mw’iterambere ryawe ryo mu vy’impwemu: ukwiyegurira Imana no kubatizwa. Wiyegurira Yehova mu gutura isengesho umubwira ingingo wafashe yo kumwihebera ubuzima bwawe bwose. (Mat. 16:24) Uca werekana ko wamwiyeguriye mu kubatizwa mu mazi. (Mat. 28:19, 20) Umaze kwiyegurira Yehova Imana kandi ukabatizwa, uca uba umusavyi wiwe yatiwe. Mbega agateka!

Mugabo rero, nk’uko wabibonye igihe wariko uriga Bibiliya, woshobora guhura n’ingorane zitandukanye. Niwibuke ivyashikiye Yezu inyuma gatoyi y’aho abatirijwe. Bibiliya ivuga iti: “Maze Yezu arongowe n’impwemu aduga mu gahinga kugira ageragezwe na Shetani.” (Mat. 4:1) Uritega ko ushobora gushikirwa n’ibigeragezo niwamara kubatizwa ukaba umwigishwa wa Kristu. (Yoh. 15:20) Bizoza mu buryo butandukanye. Vyoshika abo mu muryango bakakurwanya. (Mat. 10:36) Abo mwigana, abo mukorana hamwe n’abahora ari abagenzi bawe boshobora kugutwenga. Niwame wibuka amajambo ya Yezu dusanga muri Mariko 10:29, 30 agira ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Nta n’umwe yasize inzu canke bene wabo canke bashikiwe canke nyina canke se canke abana canke amatongo ku bwanje no ku bw’inkuru nziza atazoronka incuro ijana ubu muri iki kiringo, amazu na bene wabo na bashikiwe na ba nyina n’abana n’amatongo, hariko n’uruhamo, mu gihe kizoza na ho ubuzima budahera.” Nubandanye rero kwihata kugira ugume wiyegereje Yehova no kugira wisunge ingingo ngenderwako ziwe zigororotse.

Nimba wipfuza kubatizwa, nubimenyeshe umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere. Ibibazo bikurikira ni vyo abakurambere bazokwisunga mu kuganira nawe kugira barabe ko ukwije ibisabwa vyo kubatizwa. Woshobora gutangura kwihweza ivyo bibazo uri wenyene mu gihe co kwiyigisha.

Igihe witegurira kubiganirako n’abakurambere, nufate umwanya wo gusoma no kuzirikana ku vyanditswe vyasubiwemwo mu majambo. Woshobora kwiyandikira utuntu muri iki gitabu canke ahandi. Igihe uganira n’abakurambere, woshobora gukoresha utwo tuntu wanditse kandi ukaguma uzinguruye iki gitabu. Nimba hari ikibazo udatahura neza, ntiwitinye kubaza uwukwigisha Bibiliya canke abakurambere.

Igihe uganira n’abakurambere, ntiwibaze ko utegerezwa gutanga inyishu ndende canke zihanitse. Inyishu yoroshe kandi itomoye utanga mu majambo yawe bwite usanga ari yo nziza. Ku bibazo vyinshi, ni vyiza ko utanga icanditswe kimwe canke bibiri bishigikira inyishu yawe.

Nimba utararonka ubumenyi buhagije bw’inyigisho za Bibiliya z’ishimikiro, abakurambere bazoraba ingene wofashwa gutahura neza Ivyanditswe ku buryo ushobora kubisigura mu majambo yawe bwite maze ugakwiza ibisabwa vyo kubatizwa ikindi gihe.

[Ibimenyeshejwe abakurambere b’ishengero: Ubuyobozi bw’ingene mwoganira n’abipfuza kubatizwa buri ku rupapuro rwa 207-211.]

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika