ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ypq ikibazo 1 rup. 3-5
  • Ndi nde?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ndi nde?
  • Inyishu z’ibibazo 10 urwaruka rwibaza
  • Ivyo bijanye
  • Jewe ndi nde?
    Be maso!—2011
  • 9 Akaranga
    Be maso!—2018
  • Nonanira gute inyosha mbi?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Ntibagitinya umuhero
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Inyishu z’ibibazo 10 urwaruka rwibaza
ypq ikibazo 1 rup. 3-5
Umukobwa yakiranye amakenga icupa ry’inzoga ryuguruye

IKIBAZO CA 1

Ndi nde?

IGITUMA BIHAMBAYE

Kumenya ico uri n’aho uhagaze biratuma ufata ingingo nziza igihe uri mu bintu bitoroshe.

WARI GUKORA IKI?

Iyumvire iki kintu: Karen amaze iminota cumi gusa mu rubanza, maze agiye yumva inyuma yiwe ijwi amenyereye rimubwira riti:

“Ko umengo wewe si ho uri?”

Karen arahindukira agaca abona umugenzi wiwe Jessica afise amacupa abiri yuguruye. Arabona neza ko ari inzoga. Jessica aciye amuha rimwe maze amubwira ati: “Kwiryohera gatoyi si bibi!”

Karen yumva yokwanka, mugabo Jessica ni umugenzi wiwe. Ariko kandi ntashaka ko uyo mugenzi wiwe yiyumvira ko abisha ikirori. Bisubiye, Jessica ni umwana mwiza. Ko na we nyene ariko aranywa, nta kibi kirimwo rero. Karen yibwira ati: ‘Ni akayoga gusa, si ibiyayuramutwe.’

Iyaba wari Karen, wari gukora iki?

BANZA UZIRIKANE!

Kugira ufate ingingo nziza mu gihe nk’ico, urakeneye kumenya ico uri, ni ukuvuga kumenya ingingo wisunga hamwe n’aho uhagaze. Ivyo biratuma ushobora kwifatira ingingo mu buzima aho kugendera ku bandi.​—1 Abakorinto 9:26, 27.

None wobishikako gute? Kwishura ibibazo bine bikurikira vyogufasha.

1 NI IBIKI NSHOBOYE KURUTA IBINDI?

Kumenya ivyo ushoboye hamwe n’ibintu vyiza bikuranga, bituma wumva ko hari ico umaze.

AKARORERO KO MURI BIBILIYA: Intumwa Paulo yanditse ati: “Naho ntari umuhanga mu kuvuga, si ko ndi vy’ukuri mu bumenyi.” (2 Abakorinto 11:6) Kubera ko Paulo yatahura neza Ivyanditswe, vyaratumye adahungabana igihe abandi bamunebagura. Ntiyaretse ngo amajambo yabo mabi amuce intege.​—2 Abakorinto 10:10; 11:5.

NIWISUZUME: Andika impano ufise.

Ubu na ho niwandike ikintu ciza kikuranga. (Nk’akarorero, woba uri umuntu yitaho abandi, atanga cane, w’umwizigirwa canke yubahiriza umwanya?)

2 UBUGOYAGOYE MFISE NI UBUHE?

Aba kera barayamaze bati: “Uwutambana na mukeba ntakubita urugohe.” Uramutse urekeranye ubugoyagoye bwawe, urashobora kwononekara mu kanya isase.

AKARORERO KO MURI BIBILIYA: Paulo yari azi aho agoyagoya. Yanditse ati: “Mu vy’ukuri ndahimbarwa n’itegeko ry’Imana nk’uko umuntu ndi imbere muri jewe ari, mugabo mbona mu bihimba vyanje irindi tegeko rirwanya itegeko ry’umuzirikanyi wanje rikanjana ndi imbohe kw’itegeko ry’igicumuro.”​—Abaroma 7:22, 23.

NIWISUZUME: Ni ubugoyagoye ubuhe ukwiye kubako maso?

3 NI IMIGAMBI IYIHE MFISE?

Woba wofata itagisi maze ukabwira umushoferi ngo mugume muzunguruka gushika igitoro giheze? Nta vyo wogira, kiretse wasaze canke amahera yakubanye menshi!

Icigwa ni ikihe? Imigambi iratuma utaguma uzunguruka nk’uwutazi iyo aja. Iratuma ubona iyo uriko uraja n’ingene woshikayo.

AKARORERO KO MURI BIBILIYA: Paulo yanditse ati: “Uko niruka . . . si nk’uwutazi iyo aja.” (1 Abakorinto 9:26) Aho kureka ngo ibintu bice aho bishaka, Paulo yarishingira imigambi maze akabaho ayisunga.​—Abafilipi 3:12-14.

NIWISUZUME: Andika imigambi itatu wipfuza gushikako mu mwaka uza.

4 NARANYUZWE N’IVYO NEMERA?

Igiti canse guhenurwa n’umuyaga kubera gishinze imizi

Igihe uzi neza ico uri, uba umeze nk’igiti gishinze imizi kidahenurwa n’ibihuhusi

Nimba ivyo wemera bitakunyuze, uzoba nyamujiryanino. Nka kurya kw’uruvu, uzoza urahindagurika kugira umere nk’urunganwe rwawe, ivyo bikaba vyerekana ko udafise ikikuranga.

Ariko mu gihe wanyuzwe n’ivyo wemera, uzogumana akaranga kawe naho abandi bokora iki.

AKARORERO KO MURI BIBILIYA: Igihe umuhanuzi Daniyeli yari akiri muto, ‘yariyemeje mu mutima wiwe’ kugamburuka amategeko y’Imana, naho yari yaratandukanye n’umuryango wiwe. (Daniyeli 1:8) Ivyo vyatumye agumana akaranga kiwe. Daniyeli yari yaranyuzwe n’ivyo yemera kandi yabaho avyisunga.

NIWISUZUME: Woba waranyuzwe n’ivyo wemera? Nk’akarorero: Woba wemera Imana? Nimba uyemera, kuki uyemera? Wemezwa n’iki ko ibaho?

Woba wemera ko amategeko y’Imana agenga inyifato runtu agufitiye akamaro? Nimba uvyemera, uvyemezwa n’iki?

Muri make, wewe woshima kumera nk’iki? Nk’ibabi rigururwa n’akayaga canke nk’igiti kiguma gihagaze naho hoza igihuhusi gikaze gute? Niwaguma wumiye ku co uri koko, uzomera nk’ico giti. Kandi bizogufasha kuronka inyishu ya ca kibazo kigira giti: ‘Ndi nde?’

ICO NTEGEKANYA GUKORA

  • Raba ya migambi itatu wandika munsi y’ikibazo ca 3. Nuce wandika ikintu kimwe wokora muri uku kwezi kugira ushike kuri umwe wose muri iyo migambi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika