ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 1 rup. 8
  • Imana irema ijuru n’isi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana irema ijuru n’isi
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Imana Itangura Kurema
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ibikoko
    Be maso!—2015
  • Itongo ry’Akaroruhore
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Uwaremye ibintu vyose
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 1 rup. 8
Itongo rya Edeni

ICIGWA CA 1

Imana irema ijuru n’isi

Yehova Imana ni we yaturemye. Ni we yaremye ibintu vyose, ibiboneka n’ibitaboneka. Imbere yo kurema ibintu tubona, yabanje kurema abamarayika benshi, benshi cane. Umumarayika urazi ico ari co? Abamarayika ni ibiremwa Yehova yaremye bimeze nk’uko ameze. Ntidushobora kubabona, nk’uko tudashobora kubona Yehova. Umumarayika wa mbere Yehova yaremye yaciye amufasha kurema ibindi bintu. Yaramufashije kurema inyenyeri, imibumbe n’ibindi bintu vyose. Umwe muri iyo mibumbe ni iyi si nziza cane tubako.

Yehova yaciye ategura isi kugira ibikoko n’abantu bishobore kuyibako. Yaratumye umuco w’izuba urasira kw’isi. Yararemye imisozi, ibiyaga n’inzuzi.

Urazi ico Yehova yaciye akora? Yavuze ati: ‘Ngira ndeme ivyatsi, ibiterwa n’ibiti.’ Ivyamwa vy’ubwoko bwinshi, ibiterwa n’amashurwe vyaciye bitangura kumera. Yehova yaciye arema ibikoko bitandukanye: ibiguruka, ivyoga mu mazi, ibigendagenda kw’isi n’ibikwega inda hasi. Muri ivyo bikoko harimwo bitobito nk’agakwavu, na bininibinini nk’inzovu. Ni ikihe gikoko ukunda cane?

Yehova yaciye abwira wa mumarayika wa mbere ati: «Tureme umuntu.» Abantu baratandukanye n’ibikoko. Barashobora gukora ibintu bishasha. Barashobora kuvuga, gutwenga no gusenga. Barashobora kandi kubungabunga isi n’ibikoko. None urazi umuntu wa mbere Yehova yaremye? Reka tumurabe.

«Mu ntango, Imana yaremye ijuru n’isi.»​—Itanguriro 1:1

Ibibazo: Ni nde yaturemye? Ni ibiki kandi Yehova yaremye?

Itanguriro 1:1-26; Imigani 8:30, 31; Yeremiya 10:12; Abakolosayi 1:15-17

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika