ICIGWA CA 1
Imana irema ijuru n’isi
Yehova Imana ni we yaturemye. Ni we yaremye ibintu vyose, ibiboneka n’ibitaboneka. Imbere yo kurema ibintu tubona, yabanje kurema abamarayika benshi, benshi cane. Umumarayika urazi ico ari co? Abamarayika ni ibiremwa Yehova yaremye bimeze nk’uko ameze. Ntidushobora kubabona, nk’uko tudashobora kubona Yehova. Umumarayika wa mbere Yehova yaremye yaciye amufasha kurema ibindi bintu. Yaramufashije kurema inyenyeri, imibumbe n’ibindi bintu vyose. Umwe muri iyo mibumbe ni iyi si nziza cane tubako.
Yehova yaciye ategura isi kugira ibikoko n’abantu bishobore kuyibako. Yaratumye umuco w’izuba urasira kw’isi. Yararemye imisozi, ibiyaga n’inzuzi.
Urazi ico Yehova yaciye akora? Yavuze ati: ‘Ngira ndeme ivyatsi, ibiterwa n’ibiti.’ Ivyamwa vy’ubwoko bwinshi, ibiterwa n’amashurwe vyaciye bitangura kumera. Yehova yaciye arema ibikoko bitandukanye: ibiguruka, ivyoga mu mazi, ibigendagenda kw’isi n’ibikwega inda hasi. Muri ivyo bikoko harimwo bitobito nk’agakwavu, na bininibinini nk’inzovu. Ni ikihe gikoko ukunda cane?
Yehova yaciye abwira wa mumarayika wa mbere ati: «Tureme umuntu.» Abantu baratandukanye n’ibikoko. Barashobora gukora ibintu bishasha. Barashobora kuvuga, gutwenga no gusenga. Barashobora kandi kubungabunga isi n’ibikoko. None urazi umuntu wa mbere Yehova yaremye? Reka tumurabe.
«Mu ntango, Imana yaremye ijuru n’isi.»—Itanguriro 1:1