ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 9 rup. 28-rup. 29 ing. 1
  • Baza baronka umwana!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Baza baronka umwana!
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Imana yamwise “Umuganwakazi”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Aburahamu na Sara—Urashobora kwigana ukwizera kwabo!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • “Uri umugore asa neza”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Aburahamu yari nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 9 rup. 28-rup. 29 ing. 1
Sara ari mw’ihema ariko arumviriza ivyo abamarayika bariko babwira Aburahamu

ICIGWA CA 9

Baza baronka umwana!

Aburahamu na Sara bari bamaze imyaka myinshi babana. Bari barahevye inzu nziza babamwo i Uri baja kuba mw’ihema. Ariko Sara ntiyigeze ashavura, kubera yizigira Yehova.

Sara yarashaka akana cane ku buryo yabwiye Aburahamu ati: ‘Hamwe umukozi wanje Hagari yovyara umwana, ni nk’aho yoba ari rwanje.’ Hagari yahavuye avyara umwana. Uwo mwana yitwa Ishimayeli.

Sara yibungenze

Haciye imyaka myinshi, Aburahamu afise imyaka 99, Sara na we 89, baragendewe n’abashitsi batatu. Aburahamu yarabahaye ikaze ngo baruhukire munsi y’igiti maze arabazimana. Wibaza ko abo bashitsi bari bande? Bari abamarayika! Babwiye Aburahamu bati: ‘Mu mwaka uza mu gihe nk’iki, wewe n’umugore wawe muzoba mufise umwana.’ Sara yariko arabumviriza ari mw’ihema. Yaratwenze, yibwira ati: ‘Noshobora kuvyara kandi nshaje gutya?’

Mu mwaka wakurikiye, Sara yaravyaye umwana w’umuhungu, nk’uko nyene umumarayika wa Yehova yari yabivuze. Aburahamu yamwise Izahaki, bikaba bisobanura ngo «agatwengo.»

Igihe Izahaki yari afise nk’imyaka itanu, Sara yarabonye ko Ishimayeli yakunda kuza aramusomborotsa. Kubera ko yashaka gukingira umwana wiwe, yaciye asaba Aburahamu ngo yirukane Hagari na Ishimayeli. Aburahamu ntiyashaka kubirukana. Mugabo Yehova yaciye amubwira ati: ‘Umviriza ivyo Sara akubwiye. Ishimayeli nzomufasha. Ariko ivyo nasezeranye nzobishitsa biciye kuri Izahaki.’

Sara afashe Izahaki, Hagari na Ishimayeli na bo bagiye

«Kubera ukwizera nyene, Sara yarashoboye gusama inda, . . . kuko yabonye ko uwabisezeranye ari umwizigirwa.»​—Abaheburayo 11:11

Ibibazo: Ni ibiki Sara yumvise abamarayika bariko barabwira Aburahamu? Ni gute Yehova yakingiye Izahaki?

Itanguriro 16:1-4, 15, 16; 17:25-27; 18:1-15; 21:1-14; Abaheburayo 11:11

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika