ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 28 rup. 70-rup. 71 ing. 1
  • Indogobwa ivuga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Indogobwa ivuga
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Indogoba Ivuga
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Guharura: ibirimwo
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu co Guharūra
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Uragaba ku Bigisha b’Ibinyoma!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 28 rup. 70-rup. 71 ing. 1
Indogobwa ya Balamu iryamye mw’ibarabara kubera yabonye umumarayika w’Imana

ICIGWA CA 28

Indogobwa ivuga

Abisirayeli bari bamaze mu bugaragwa nk’imyaka 40. Bari baratsinze ibisagara vyinshi bikomakomeye. Ico gihe bari bakambitse mu biyaya vy’i Mowabu mu buseruko bw’uruzi Yorodani, bagira binjire mu Gihugu c’isezerano. Balaki umwami wa Mowabu yaratinye ko bazohava bamutwara igihugu ciwe. Yaciye atumako umugabo yitwa Balamu ngo aze i Mowabu kugira avume Abisirayeli.

Ariko Yehova yabwiye Balamu ati: ‘Ntuvume Abisirayeli.’ Balamu yaciye yanka kugenda. Umwami Balaki yarongeye kumutumako, amwemerera kumuha ikintu cose ashaka. N’ico gihe nyene Balamu yaranse. Imana yaciye imubwira iti: ‘Urashobora kugenda, ariko uzovuge ivyo ndakubwira gusa.’

Balamu yaruriye indogobwa yiwe aja i Mowabu. Yashaka kuvuma Abisirayeli naho Yehova yari yamubujije. Umumarayika wa Yehova yaramutangiriye mu nzira gatatu kose. Balamu ntiyamubona ariko indogobwa yiwe yaramubona. Ubwa mbere, indogobwa yaciye ikatira mu murima. Ubwa kabiri yarakase ica iruhande y’uruzitiro rw’amabuye, ifyondera ukuguru kwa Balamu kuri urwo ruzitiro. Ubwa gatatu ho yaciye iryama mw’ibarabara. Izo ncuro zitatu zose Balamu yaguma ayikubita inkoni.

Ku ncuro igira gatatu, Yehova yaratumye iyo ndogobwa ivuga. Yabajije Balamu iti: ‘Kubera iki uguma unkubita?’ Balamu ayishura ati: ‘Urabona ivyo uriko urangirira? Iyaba mfise imbugita nari kukwica.’ Ya ndogobwa na yo iti: ‘Ko maze imyaka myinshi ndagutwara, hari ibintu nk’ibi nari bwakugirire?’

Yehova yaciye atuma Balamu abona wa mumarayika. Wa mumarayika yamubwiye ati: ‘Yehova yarakubujije kuvuma Abisirayeli.’ Balamu na we ati: ‘Nacumuye. Reka nsubire muhira.’ Ariko uwo mumarayika amubwira ati: ‘Urashobora kuja i Mowabu, ariko uzovuge gusa ivyo Yehova akubwiye.’

Ivyo bintu vyabaye hari ico vyigishije Balamu? Oya. Inyuma y’aho, Balamu yaragerageje kuvuma Abisirayeli incuro zitatu zose, ariko Yehova yaca atuma abahezagira. Abisirayeli bahavuye batera Mowabu kandi Balamu yarishwe. Wumva bitari kuba vyiza iyo Balamu agamburukira Yehova hakiri kare?

«Mwirinde ubwoko bwose bw’umwina, kuko naho umuntu yoba afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze.»​—Luka 12:15

Ibibazo: Kubera iki Balamu yagiye i Mowabu? Ni ibiki vyamushikiye mu nzira?

Guharura 22:1–24:25; 31:8; Nehemiya 13:2; 2 Petero 2:15, 16; Yuda 11

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika