ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 30 rup. 76
  • Rahabu anyegeza abaje gusuma urusaku

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Rahabu anyegeza abaje gusuma urusaku
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Rahabu yarizera Yehova
    Niwigishe abana bawe
  • Rahabu yarateze ugutwi amakuru abwiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Rahabu Ahisha Abatasi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • ‘Yiswe umugororotsi bivuye ku bikorwa’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 30 rup. 76
Rahabu anyegeza abaje gusuma urusaku mu guhenda abasoda bariko barabahiga bakajana iyindi nzira

ICIGWA CA 30

Rahabu anyegeza abaje gusuma urusaku

Ba bagabo babiri Yosuwa yatuma i Yeriko bashikiye ku mugore yitwa Rahabu. Umwami w’i Yeriko yarabimenye aca arungika abasoda kwa Rahabu. Rahabu yaranyegeje abo bagabo babiri hejuru ku nzu, aca ahenda nya basoda ngo bagiye. Yabwiye ba bagabo ati: ‘Ndabafasha kubera nzi ko Yehova ari kumwe namwe be n’uko muzonesha iki gihugu. Nimunyemerere ko muzokingira umuryango wanje.’

Abo bagabo baciye babwira Rahabu bati: ‘Turakwemereye ko ata n’umwe mu bazoba bari mu nzu yawe azogira ico aba.’ Bamubwiye bati: ‘Nubohere umugozi utukura kw’idirisha, nitwaza gutera tukawubona tuzoca tuhasimba.’

Inzu ya Rahabu iboheyeko umugozi utukura kw’idirisha iguma ihagaze mu gihe impome za Yeriko ziriko zirasenyagurika

Rahabu yarabahaye umugozi bururukirako baciye mw’idirisha. Baciye baja mu misozi bamara imisi itatu binyegejeyo imbere yo gusubira kwa Yosuwa. Abisirayeli baciye bajabuka uruzi Yorodani maze baritegura kugira baje gutera ico gihugu. Yeriko ni co gisagara ca mbere batsinze. Yehova yababwiye ngo bazunguruke ico gisagara rimwe ku musi, mu misi itandatu. Ku musi ugira indwi, bazungurutse ico gisagara incuro indwi. Abaherezi baciye bavuza inzumbete, abasoda na bo baca barakoma induru cane. Impome z’uruzitiro rw’ico gisagara zaciye zibomoka! Ariko inzu ya Rahabu ntiyabomotse naho yari ifatanye n’uruzitiro. Rahabu n’umuryango wiwe bararokotse kubera ko yizigiye Yehova.

«Mbega [Rahabu] na we nyene ntiyiswe umugororotsi biciye ku bikorwa, aho amariye kwakira neza za ntumwa hanyuma akazirungika azicishije mu yindi nzira?»​—Yakobo 2:25

Ibibazo: Kubera iki Rahabu yafashije ba bagabo babiri? Abisirayeli bateye gute Yeriko? Rahabu n’umuryango wiwe vyabagendeye gute?

Yosuwa 2:1-24; 6:1-27; Abaheburayo 11:30, 31; Yakobo 2:24-26

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika