ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 35 rup. 86-rup. 87 ing. 1
  • Hana asaba Yehova umwana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Hana asaba Yehova umwana
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yaraseruriye Imana akari ku mutima mw’isengesho
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Yaraseruriye Imana akari ku mutima mw’isengesho
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ukuntu Hana yaronse amahoro yo mu mutima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Nureke Yehova aguhoze
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 35 rup. 86-rup. 87 ing. 1
Hana ashikirije Eli ka Samweli kw’ihema ryeranda

ICIGWA CA 35

Hana asaba Yehova umwana

Umugabo umwe w’Umwisirayeli yitwa Elikana yari afise abagore babiri. Umwe yitwa Hana uwundi Penina, ariko Hana ni we Elikana yakunda cane. Penina yari afise abana benshi mugabo Hana nta n’umwe yari afise. Ni co gituma Penina yaguma amutwenga. Buri mwaka Elikana yarajana umuryango wiwe gusenga kw’ihema ryeranda i Shilo. Igihe kimwe bari ng’aho i Shilo, yarabonye ko Hana yari ababaye cane. Yamubwiye ati: ‘Ihorere Hana. Jewe ndakwikundira.’

Hana yaciye agenda gusenga ari wenyene. Ariko arasenga Yehova ngo amufashe, yaguma arira. Yabwiye Yehova ati: ‘Yehova, niwampa umwana, nzoca ndamukugabira, kandi azogukorera ubuzima bwiwe bwose.’

Umuherezi mukuru Eli yitegereza Hana ariko arasenga arira

Umuherezi mukuru Eli yarabonye Hana ariko ararira, aca yiyumvira ko yaborewe. Hana yamubwiye ati: ‘Oya sinaborewe. Mfise ingorane ikomeye, none ndiko ndayibwira Yehova.’ Eli yaciye abona ko yihenze maze amubwira ati: ‘Imana niguhe ico uyisavye.’ Hana ahejeje gusenga yaciye areka kubabara, aca aragenda. Ata n’umwaka urahera, yaravyaye umwana, aca amwita Samweli. Urazi ingene yanezerewe!

Hana ntiyibagiye ivyo yasezeraniye Yehova. Agikura Samweli kw’ibere, yaciye amutwara kw’ihema ryeranda. Yabwiye Eli ati: ‘Uyu ni wa mwana nariko ndasaba Yehova. Ndamuhaye Yehova ngo azomukorere ubuzima bwiwe bwose.’ Elikana na Hana bama baja kuraba Samweli buri mwaka bamushiriye agahuzu gashasha. Yehova yarahaye Hana abandi bahungu batatu n’abakobwa babiri.

«Mugume musaba, muzohabwa. Mugume murondera, muzoronka.»​—Matayo 7:7

Ibibazo: Kubera iki Hana yari ababaye? Yehova yamuhezagiye gute?

1 Samweli 1:1–2:11, 18-21

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika