ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 73 rup. 172-rup. 173 ing. 2
  • Yohani ategura inzira

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yohani ategura inzira
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yohani Umubatizi ategura inzira
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu aba Mesiya
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Yohani Ategura Inzira
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yohani Yoba Yari Abuze Ukwizera?
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 73 rup. 172-rup. 173 ing. 2
Yohani Umubatizi ariko arigisha abantu ku nkengera y’uruzi Yorodani

ICIGWA CA 73

Yohani ategura inzira

Yohani umuhungu wa Zakariya na Elizabeti amaze gukura yabaye umuhanuzi. Yehova yarakoresheje Yohani mu kwigisha abantu ko Mesiya yari mu kuza. Yohani yigishiriza mu bugaragwa aho kwigishiriza mu masinagogi no mu bisagara. Abantu b’i Yeruzalemu n’i Yudaya hose baraza ngo abigishe. Yababwira ko bategerezwa guheba ibibi kugira banezereze Imana. Abantu benshi bamaze kwumva ivyo Yohani yigisha baca baheba ibibi bakora, na we agaca ababatiza mu ruzi Yorodani.

Yohani yari abayeho mu buryo busanzwe. Yambara impuzu zikozwe mu bwoya bw’ingamiya, akarya inzige n’ubuki bwo mw’ishamba. Abantu baramutangarira. Mbere n’Abafarizayo n’Abasadukayo b’ubwibone baraza kumuraba. Yohani yababwira ati: ‘Nimuhinduke mureke ibibi. Ntimwirate ngo muri abana ba Aburahamu. Erega ntibica bituma muba abana b’Imana!’

Abantu benshi baraza aho Yohani ari bakamubaza bati: ‘Dukore iki kugira tunezereze Imana?’ Yohani yababwira ati: ‘Nimba ufise impuzu zibiri, nuhe imwe uwudafise.’ None urazi igituma yabishura gutyo? Yashaka ko abigishwa biwe bamenya ko bategerezwa gukundana kugira banezereze Imana.

Abatozakori yababwira ati: ‘Ntihagire umuntu mwiba.’ Abasoda na bo akababwira ati: ‘Ntimurye ibiturire canke ngo mubeshe.’

Abaherezi n’Abalewi na bo nyene baraza bakamubaza bati: ‘Uri nde? Erega abantu bose bashaka kubimenya.’ Yohani yabishura ati: ‘Ndi ijwi risemerera mu bugaragwa, ngo abantu bagaruke kuri Yehova, nk’uko Yesaya yabivuze.’

Abantu barakunda ivyo Yohani yabigisha. Benshi bibaza ko ari we Mesiya. Mugabo Yohani yababwira ati: ‘Hariko haraza uwuhambaye kundusha. Sinkwiye no gupfungura imigozi y’ibirato vyiwe. Jewe mbatiza mu mazi, ariko wewe azobatiza mu mpwemu nyeranda.’

«Uwo muntu yaje nk’icabona gishingira intahe umuco, kugira ngo abantu b’uburyo bwose bizere biciye kuri we.»​—Yohani 1:7

Ibibazo: Ni igikorwa ikihe Yehova yashinze Yohani? Abantu bakira gute ivyo yababwira?

Matayo 3:1-11; Mariko 1:1-8; Luka 3:1-18; Yohani 1:19-28; Yesaya 40:3

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika