ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 75 rup. 178-rup. 179 ing. 4
  • Shetani agerageza Yezu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Shetani agerageza Yezu
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Turakeneye kunanira ibitwosha nabi
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • “Murwanye wa Mubesheranyi” nk’uko Yezu yabigize
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Niwigire ku kuntu Yezu yihanganiye ibigeragezo
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Dukure Icigwa ku Nyosha Mbi Zagizwe Kuri Yezu
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 75 rup. 178-rup. 179 ing. 4
Yezu yanka gusimbira hasi avuye hejuru ku rusengero

ICIGWA CA 75

Shetani agerageza Yezu

Yezu yanka guhindura amabuye imikate

Yezu ahejeje kubatizwa, impwemu nyeranda yaciye imujana mu bugaragwa. Kubera ko yamaze imisi 40 atarya, yarashonje cane. Shetani yaciye aza kumugerageza, amubwira ati: ‘Nimba uri Umwana w’Imana vy’ukuri, bwira aya mabuye ahinduke imikate.’ Yezu yamwishuye akoresheje amajambo yo muri Bibiliya ati: ‘Vyanditswe ko umuntu adakeneye indya gusa kugira abeho. Arakeneye kwumviriza ijambo ryose Yehova avuga.’

Shetani yarongeye kugerageza Yezu ati: ‘Nimba uri Umwana w’Imana vy’ukuri, simbira hasi uvuye hejuru ku rusengero. None ntivyanditswe ko Imana izorungika abamarayika bayo bakagusama?’ Mugabo Yezu yaciye yongera kumwishura akoresheje amajambo yo muri Bibiliya ati: «Vyanditswe ngo: ‘Ntukagerageze Yehova Imana yawe.’»

Yezu yanka ko Shetani amuha ubwami bwose bwo kw’isi

Shetani yaciye yereka Yezu ubwami bwose bwo mw’isi, ubutunzi bwabwo n’ubwiza bwabwo, maze amubwira ati: ‘Hamwe wonsenga rimwe gusa, noca ndaguha ubu bwami bwose n’ubwiza bwabwo.’ Ariko Yezu yamwishuye ati: «Mvako Shetani! Vyanditswe ngo: ‘Yehova wenyene ni we utegerezwa gusenga.’»

Shetani yaciye agenda, abamarayika baca barazanira Yezu ibifungurwa. Kuva ico gihe, Yezu yaciye atangura kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Ni co gikorwa yarungitswe gukora kw’isi. Abantu barakunda ivyo Yezu yabigisha kandi baguma bamukurikira aho yaja hose.

«Iyo [Shetani] abeshe aba yerekanye ico ari, kuko ari umubeshi akaba na se w’ikinyoma.»​—Yohani 8:44

Ibibazo: Vuga ibigeragezo bitatu vyashikiye Yezu. Yezu yishuye gute Shetani?

Matayo 4:1-11; Mariko 1:12, 13; Luka 4:1-15; Gusubira mu vyagezwe 6:13, 16; 8:3; Yakobo 4:7

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika