ICIGWA CA 75
Shetani agerageza Yezu
Yezu ahejeje kubatizwa, impwemu nyeranda yaciye imujana mu bugaragwa. Kubera ko yamaze imisi 40 atarya, yarashonje cane. Shetani yaciye aza kumugerageza, amubwira ati: ‘Nimba uri Umwana w’Imana vy’ukuri, bwira aya mabuye ahinduke imikate.’ Yezu yamwishuye akoresheje amajambo yo muri Bibiliya ati: ‘Vyanditswe ko umuntu adakeneye indya gusa kugira abeho. Arakeneye kwumviriza ijambo ryose Yehova avuga.’
Shetani yarongeye kugerageza Yezu ati: ‘Nimba uri Umwana w’Imana vy’ukuri, simbira hasi uvuye hejuru ku rusengero. None ntivyanditswe ko Imana izorungika abamarayika bayo bakagusama?’ Mugabo Yezu yaciye yongera kumwishura akoresheje amajambo yo muri Bibiliya ati: «Vyanditswe ngo: ‘Ntukagerageze Yehova Imana yawe.’»
Shetani yaciye yereka Yezu ubwami bwose bwo mw’isi, ubutunzi bwabwo n’ubwiza bwabwo, maze amubwira ati: ‘Hamwe wonsenga rimwe gusa, noca ndaguha ubu bwami bwose n’ubwiza bwabwo.’ Ariko Yezu yamwishuye ati: «Mvako Shetani! Vyanditswe ngo: ‘Yehova wenyene ni we utegerezwa gusenga.’»
Shetani yaciye agenda, abamarayika baca barazanira Yezu ibifungurwa. Kuva ico gihe, Yezu yaciye atangura kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Ni co gikorwa yarungitswe gukora kw’isi. Abantu barakunda ivyo Yezu yabigisha kandi baguma bamukurikira aho yaja hose.
«Iyo [Shetani] abeshe aba yerekanye ico ari, kuko ari umubeshi akaba na se w’ikinyoma.»—Yohani 8:44