ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 89 rup. 208-rup. 209 ing. 1
  • Petero yihakana Yezu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Petero yihakana Yezu
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Wa muherezi mukuru yacira Yezu urwo gupfa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Petero amwihakana mu rugo kwa Kayifa
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu ajanwa kwa Anasi, hama kwa Kayifa
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Lazaro Azurwa
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 89 rup. 208-rup. 209 ing. 1
Petero yihakana Yezu mu rugo kwa Kayifa

ICIGWA CA 89

Petero yihakana Yezu

Igihe Yezu yari kumwe n’intumwa ziwe muri ca cumba co hejuru, yababwiye ati: ‘Mwese muraza kunta muri iri joro.’ Petero yaciye avuga ati: ‘Atari jewe! Naho abandi bose boguta, jewe sinzopfa ndagutaye.’ Ariko Yezu yamubwiye ati: ‘Imbere y’uko isake ibika, uza kunyihakana gatatu.’

Igihe abasoda bajana Yezu kwa Kayifa, intumwa nka zose zaciye zihunga. Ariko babiri muri bo bagumye bakurikira abari batwaye Yezu. Umwe muri abo babiri yari Petero. Yarinjiye mu rugo kwa Kayifa, aca aba arota umucanwa. Kubera umuriro, umukobwa yakora ng’aho yarabonye Petero mu maso, aca amubwira ati: ‘Wewe ndakuzi! Wari kumwe na Yezu!’

Petero yaciye avuga ati: ‘Oya, je ntitwari kumwe! Sinzi n’ivyo uriko uravuga!’ Yaciye aja kw’irembo. Uwundi mukobwa akora ng’aho yaramubonye, aca abwira abantu ati: ‘Uyu muntu yari kumwe na Yezu!’ Petero na we ati: ‘N’uwo Yezu nta we nzi!’ Hari umugabo yaciye avuga ati: ‘Uri uwo muri bo! N’imvugo yawe irerekana ko uva i Galilaya nka Yezu.’ Ariko Petero yaciye arahira ati: ‘Uwo muntu je nta we nzi!’

Ubwo nyene isake yaciye ibika. Petero yaciye abona Yezu ahindukiye kumuraba. Yaributse ivyo Yezu yari yamubwiye, aca arasohoka ararira cane.

Muri uwo mwanya, abagize Sentare nkuru y’Abayuda bari bakoraniye kwa Kayifa kugira bacire urubanza Yezu. Bari bamaze gufata ingingo yo kumwica, bakaba bariko bararondera ico bomwagiriza. Ariko barakibuze. Kayifa yahavuye abaza Yezu ati: ‘Uri Umwana w’Imana?’ Yezu na we ati: ‘Ndi we.’ Kayifa yaciye avuga ati: ‘Hari ikindi kimenyamenya dukeneye? Aratutse Imana!’ Sentare yaciye yemeza ko akwiye gupfa. Barakubise Yezu amakofe, baramucirako amate. Baramupfutse mu maso baca baramukubita, bamubwira ngo: ‘Tubwire uwugukubise nimba uri umuhanuzi!’

Bukeye, barajanye Yezu aho iyo sentare yakorera, basubira kumubaza bati: ‘Uri Umwana w’Imana?’ Yezu yabishuye ati: ‘Muvuze ukuri.’ Baciye bavuga ko yagirwa n’icaha co gutuka Imana baca bamutwara kwa buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato. None vyaciye bigenda gute? Reka tubirabe.

«Igihe kiri mu kugera, . . . aho muzosanzara umwe wese akaja muhira iwe, nanje mukanta jenyene. Ariko sindi jenyene, kuko Data ari kumwe nanje.»​—Yohani 16:32

Ibibazo: Ni ibiki vyabereye mu rugo kwa Kayifa? Kubera iki sentare yaciriye Yezu urubanza rwo gupfa?

Matayo 26:31-35, 57–27:2; Mariko 14:27-31, 53–15:1; Luka 22:55-71; Yohani 13:36-38; 18:15-18, 25-28

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika