ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 92 rup. 214-rup. 215 ing. 1
  • Yezu yiyereka abarovyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu yiyereka abarovyi
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Ku nkengera y’ikiyaga c’i Galilaya
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ku Kiyaga c’i Galilaya
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yararwanije ubwoba n’ugukekeranya
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Yararwanye urugamba kugira ngo atsinde ubwoba n’ugukekeranya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 92 rup. 214-rup. 215 ing. 1
Yezu ariko araganira n’abigishwa biwe, ifi na zo ziri ku muriro

ICIGWA CA 92

Yezu yiyereka abarovyi

Haheze imisi Yezu yiyeretse intumwa, Petero yaragiye kuroba ku kiyaga ca Galilaya. Yajanye na Toma, Yakobo, Yohani n’abandi bigishwa. Bamaze ijoro ryose baroba, ariko ntibaronka ifi n’imwe.

Bukeye, barabonye umuntu ahagaze ku nkengera. Nya muntu yarabahamagaye ababaza ati: ‘Nta fi mwaronse?’ Na bo bati: «Oya.» Nya muntu yaciye ababwira ati: «Terera urusenga iburyo bw’ubwato.» Babigize, urusenga rwaciye rwuzura ifi ku buryo bibananira kurukwega. Ubwo nyene Yohani yaciye amenya ko ari Yezu, aca avuga ati: «Ni Umukama!» Petero yaciye asimbira mu mazi aroga gushika ku nkengera. Abandi bigishwa baciye baza mu bwato.

Bashitse ku nkengera, barabonye umukate n’ifi biri ku mucanwa. Yezu yaciye abasaba ngo bazane ifi nkeyi ku zo bahejeje kuroba kugira bongereze, hanyuma ababwira ati: ‘Ingo mufungure!’

Petero agiye aho Yezu ari ku nkengera, abandi bigishwa na bo bamukurikiye bari mu bwato

Bahejeje gufungura, Yezu yarabajije Petero ati: ‘Urankunda kuruta kuroba?’ Na we ati: ‘Ego Mukama. Urazi ko ndagukunda.’ Yezu yaciye amubwira ati: ‘Gaburira intama zanje.’ Yarasubiriye kumubaza ati: ‘Petero, urankunda?’ Na we ati: ‘Mukama, urazi ko ndagukunda.’ Yezu aca amubwira ati: «Ragira intama zanje ntonto.» Yaramubajije n’irya gatatu. Petero yarababaye cane, aca avuga ati: ‘Mukama, urazi vyose. Urazi ko ndagukunda.’ Yezu yaciye amubwira ati: «Gaburira intama zanje ntonto.» Mu gusozera yamubwiye ati: «Guma unkurikira.»

«[Yezu] ababwira ati: ‘Nimunkurikire, nanje nzobagira abarovyi b’abantu.’ Ubwo nyene baca baheba insenga zabo baramukurikira.»​—Matayo 4:19, 20

Ibibazo: Ni igitangaro ikihe Yezu yakoreye abarovyi? Wibaza ko ari kubera iki Yezu yabajije Petero incuro zitatu ngo: «Urankunda?»

Yohani 21:1-19, 25; Ivyakozwe 1:1-3

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika