Intangamarara y’igihimba ca 3
Bibiliya iravuga abantu bakeyi cane bakoreye Yehova mu myaka yakurikiye wa mwuzure. Muri bo harimwo Aburahamu, uwiswe umugenzi wa Yehova. Kubera iki yiswe umugenzi wa Yehova? Nimba uri umuvyeyi, nufashe umwana wawe gutahura ko Yehova amukunda be n’uko yipfuza kumufasha. Nka kumwe kwa Aburahamu n’abandi bantu b’abizigirwa nka Loti na Yakobo, ntidukwiye kwitinya gusaba Yehova ngo adufashe. Turashobora kwizigira tudakeka ko Yehova azoshitsa ibintu vyose yasezeranye.