Intangamarara y’igihimba ca 5
Haciye amezi abiri Abisirayeli bajabutse ikiyaga Gitukura, barashitse ku musozi Sinayi. Bari ng’aho, Yehova yaragiraniye na bo isezerano ry’uko bazomubera ihanga ridasanzwe. Yarabakingiye yongera arabaronsa ivyo bakeneye vyose: yarabahaye manu yo kurya, ahantu baba hatagira inkomanzi kandi n’impuzu zabo ntizabahereyeko. Nimba uri umuvyeyi, nufashe umwana wawe gutahura igituma Yehova yahaye Abisirayeli amategeko, ihema ryeranda n’abaherezi. Nushimike ku kamaro ko gushitsa ivyo twasezeranye, kuguma twicisha bugufi no kuguma turi intahemuka kuri Yehova.