Intangamarara y’igihimba ca 11
Iki gihimba cigana inkuru zo mu Vyanditswe vy’ikigiriki. Yezu yavukiye mu muryango uciye bugufi waba mu gasagara gatoyi. Yarakoranye na se wiwe igikorwa co kubaza. Yezu ni we yari gucungura abantu. Yehova yari yaramutoye ngo azobe Umwami mu Bwami bwo mw’ijuru. Nimba uri umuvyeyi, nufashe umwana wawe gutahura ukuntu Yehova yahisemwo neza umuryango Yezu yokuriyemwo. Nimurabe ukuntu Yehova yakingiye Yezu ngo Herodi ntamwice, n’ukuntu ata na kimwe gishobora guhagarika umugambi wa Yehova. Nimwihweze ukuntu Yehova yagenye Yohani ngo ategurire inzira Yezu. Nushimike ku kuntu Yezu yerekanye ko akunda inzira za Yehova n’igihe yari akiri umwana.