Intangamarara y’igihimba ca 13
Yezu yaje kw’isi kugira aducungure. Naho yapfuye, yaranesheje isi. Yehova ntiyahemukiye Umwana wiwe kuko yamuzuye mu bapfuye. Yezu yarafasha abandi yicishije bugufi akongera akabaharira iyo bakoze amakosa, kandi ivyo yarabigize gushika apfuye. Aho amariye kuzuka, yariyeretse abigishwa biwe. Yarabigishije gukora igikorwa gihambaye yari yarabashinze. Nimba uri umuvyeyi, nufashe umwana wawe gutahura ko na twebwe dukora ico gikorwa nyene muri iki gihe.