URURIRIMBO RWA 48
Tugendane na Yehova buri musi
Integuro icapuwe
(Mika 6:8)
1. Tugendane na Yehova
Twame tumugororokera.
Agirir’ubuntu bwinshi
Barya bama bamurondera.
Nitumufat’ukuboko
Yarabidukundiye.
Turi ku ruhande rwiwe,
Kuko twamwiyeguriye.
2. Shetan’ubu riraniga,
N’iherezo riregereje.
Abaturwanya ni benshi,
Bakabigira bakobeje.
Yehov’aradukingira,
Ntitukamuvirire.
Ni we twe twiyeguriye,
Ntitukamuhemukire.
3. Yehov’aradufashisha
Impwemu na rya Jambo ryiwe
Ishengero n’isengesho,
Bituma twumva duhiriwe.
Tugendane na Yehova,
Dukund’ubutungane,
Ubuntu, kwifata ruto,
Kand’ivyo tubizigame.
(Raba kandi Ita. 5:24; 6:9; 1 Abm. 2:3, 4.)