URURIRIMBO RWA 128
Twihangane gushika kw’iherezo
Integuro icapuwe
1. Ivyanditswe biratuma
Twama twihangana.
Ivyo wize ni ’vy’ukuri,
Gum’ubizirikana.
Ntunyigange mu kwizera,
Kand’ugum’ukomezwa.
Gumana kwa gutungana,
Naho wogeragezwa.
2. Rwa rukundo war’ufise
Gum’uruzigamye.
N’igihe wogeragezwa,
Nugume wihanganye.
Ntukekeranye, ntutinye,
Yehov’azogukiza.
Azokwam’akuri hafi.
Azoguhumuriza.
3. Abaguma bihanganye
Ni bo bazokizwa.
Mu gitabu c’ubuzima
Ni ho bazokwandikwa.
Wame rero wihangana,
Ubigir’intumbero.
Yehov’azokwikundira
Wuzur’umunezero.
(Raba kandi Heb. 6:19; Yak. 1:4; 2 Pet. 3:12; Ivyah. 2:4.)