ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • th icigwa 1 rup. 4
  • Intangamarara nziza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Intangamarara nziza
  • Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Ivyo bijanye
  • Intangamarara Ivyura Ugushimishwa
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Kwerekana akamaro k’ivyo wigisha
    Niwijukire gusoma no kwigisha
Niwijukire gusoma no kwigisha
th icigwa 1 rup. 4

ICIGWA CA 1

Intangamarara nziza

Icanditswe

Ivyakozwe 17:22

INCAMAKE: Intangamarara yawe ikwiye gutuma abakwumviriza bumva bashashaye kugukurikira, igashira ahabona iciyumviro nyamukuru ugira ushikirize, ikabereka n’igituma bakwiye kwitaho ivyo ugira uvuge.

UKO WOBIGIRA:

  • Nutume abakwumviriza bumva bashashaye kugukurikira. Nuhitemwo ikibazo, ikintu cabaye koko, ikintu cavuzwe mu makuru canke ikindi kintu coshimisha abakwumviriza.

    Inama ngirakamaro

    Nuzirikane imbere y’igihe ivyoshimisha abakwumviriza hamwe n’ibibaraje ishinga, uce uvyisunga mu gutegura intangamarara yawe.

  • Nushire ahabona iciyumviro nyamukuru. Nurabe neza ko intangamarara yawe ituma abakwumviriza babona neza iciyumviro nyamukuru ugira ushikirize be n’intumbero yawe.

  • Niwerekane igituma ico ciyumviro gihambaye. Ivyo uvuga nubihuze n’ivyo abakwumviriza bakeneye. Bakwiye kubona neza ko ivyo uriko uravuga vyobagirira akamaro.

    Inama ngirakamaro

    Igihe utegura ikiganiro cawe, niwibaze uti: ‘Ni ingorane izihe zihanze abo turi kumwe mw’ishengero?’ Nuce uhuza intangamarara yawe n’ivyo bakeneye.

MU NDIMIRO

Kugira umenye ivyoshimisha umuntu, niwihweze ivyo ariko arakora canke ibimukikuje, nk’ibisharizo, ibintu vyerekana ko afise abana, n’ibindi. Nutanguze ikiyago mu kubaza ikibazo canke mu kuvuga ikintu gifatiye kuri ivyo wabonye.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika