ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • th icigwa 20 rup. 23
  • Insozero nziza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Insozero nziza
  • Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Ivyo bijanye
  • Insozero Ishika ku Nyota
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gusigura neza ivyanditswe
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Gukora ku mutima abakwumviriza
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Kwerekana akamaro k’ivyo wigisha
    Niwijukire gusoma no kwigisha
Ibindi
Niwijukire gusoma no kwigisha
th icigwa 20 rup. 23

ICIGWA CA 20

Insozero nziza

Icanditswe

Umusiguzi 12:13, 14

INCAMAKE: Mu majambo uvuga mu gusozera, nuhimirize abakwumviriza kwemera ivyo wabigishije no kubishira mu ngiro.

UKO WOBIGIRA:

  • Nuhuze insozero yawe n’ikiganiro cawe. Nusubiremwo ivyiyumviro nyamukuru hamwe n’umutwe w’ikiganiro cawe nk’uko nyene biri, canke ubivuge mu yandi majambo.

  • Nuhimirize abakwumviriza kugira ico bakoze. Nubereke ico bokora, ubabwire n’imvo zumvikana zotuma bagikora. Nuvugane ukujijuka kandi biboneke ko ivyo uriko uravuga bihambaye.

  • Nugire insozero ngufi kandi yoroshe. Ntusobekemwo ivyiyumviro bishasha. Ukoresheje amajambo make ashoboka, nusozere ubahimiriza kugira ico bakoze.

    Inama ngirakamaro

    Ntiwihutagize mu gusozera, kandi ntugende uragabanya ijwi. Amungane makeyi ya nyuma nuyavuge n’ijwi ryumvikanisha ko uriko urasozera.

MU NDIMIRO

Mu gusozera ikiyago, nusubiremwo iciyumviro nyamukuru ushaka ko uwukwumviriza azoguma yibuka. Nimba ikiyago gihagaze bukwi na bukwi, nugisozere mu mahoro. Naho uwo muntu yoba yashavuye, nuvyifatemwo mu buryo buzotuma ikindi gihe yipfuza kutwumviriza.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika