ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wcg ikig. 7 rup. 40-rup. 43
  • Yarakingiye umuryango wiwe abigiranye umutima rugabo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yarakingiye umuryango wiwe abigiranye umutima rugabo
  • Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwinjire mu mizi
  • Rondera ivyigwa wohakura
  • Zirikana mu buryo bwagutse
  • Rondera kumenya n’ibindi
  • Yakobo na Esawu basubira gukundana
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Yakobo yaraha agaciro ivy’impwemu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Amahasa Adasa
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yakobo ahabwa intoranwa
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Gendana n’Imana n’umutima rugabo
wcg ikig. 7 rup. 40-rup. 43

7 YAKOBO

Yarakingiye umuryango wiwe abigiranye umutima rugabo

Integuro icapuwe
Integuro icapuwe

IMBERE gatoyi y’uko Yakobo apfa, yavuze yuko yabayeho imyaka «mikeyi» kandi ko iyo myaka «yabayemwo ingorane nyinshi.» (Ita. 47:9) Yari yarashikiwe n’ingorane nyinshi! Igihe yari akiri muto, yarahungiye i Harani kubera mwenewabo yashaka kumwica. Ari ng’aho i Harani, yarakunze Rasheli maze yipfuza kubana na we. Ariko Labani se wa Rasheli yarahenze Yakobo, aca atangura kumuha mukuru wa Rasheli ngo abe ari we babana. Yakobo rero yaciye agira abagore babiri batumvikana. Labani yaramaze imyaka myinshi akoresha Yakobo, mugabo akaguma amuzuruma. Ariko Yakobo yaragaragaje umutima rugabo, ukwizera n’ukwihangana bimwe bidasanzwe.

Umusi umwe Yehova yarabwiye Yakobo ko hageze yuko ava i Harani agasubira iwabo i Kanani. Ariko ivyo vyarashobora kubamwo ingorane, kubera Labani yari umunyamwina, akabona ko ibintu vyose Yakobo afise vyari rwiwe. Yakobo yarabibwiye umuryango wiwe, maze arabegeranya hanyuma arahunga atabibwiye Labani. Igihe Labani yabimenya, yaciye akoranya abantu biwe maze baramukurikira. Amaherezo baramushikiriye we n’umuryango wiwe, maze arakarira Yakobo kuba yagiye atamubariye. Labani yaranabwiye Yakobo amutera ubwoba ati: «Nari mfise ububasha bwo kubagirira nabi.» Ariko Yakobo yarisiguye abigiranye umutima rugabo. Yabwiye Labani ko yari amaze imyaka myinshi amurenganya yongera amuzuruma. Ariko Yakobo yagumye aremesha amahoro. Imbere y’uko abo bagabo babiri bavana, baragiraniye isezerano ry’amahoro.

Ni igiki cafashije Yakobo kwumvikana n’abo mu muryango wiwe bashavuye hamwe no kunyinyurana n’umumarayika akomeye?

Ariko ingorane za Yakobo ntizari ziheze. Yari asigaje guhura n’ihasa ryiwe Esawu. Imyaka myinshi imbere y’aho, nyina wiwe Rebeka yari yaraburiye Yakobo ko Esawu ashaka kumwica. Esawu yabona neza ko Yakobo yari yaramwivye umuhezagiro wa se wiwe. Ariko ubu hoho, Yakobo yarondera kugiranira amahoro na Esawu. Yaramenye ko Esawu aje guhura na we n’umuryango wiwe, ari kumwe n’abagabo 400. Yakobo yaciye arungika abasuku biwe ngo bamwitangire imbere baje guhura na Esawu, bamushiriye ibintu vy’agaciro. Ariko none ivyo vyoba vyari bihagije kugira agabanye ishavu rya Esawu? Bibiliya ivuga iti: «Yakobo aca agira ubwoba bwinshi, yuzura amaganya.» Hari ikintu gitangaje caciye kiba.

Mw’ijoro mu gicugu, Yakobo yarabonye umuntu atazi. Yari umumarayika wa Yehova. Uwo mumarayika yaciye atangura kunyinyurana na Yakobo. Kubera ko Yakobo yiyumviriye ko uwo mumarayika yari kumuha umuhezagiro, yaragize umutima rugabo maze amara amasaha menshi anyinyurana na we. Naho Yakobo yari afise imyaka 97 kandi uwo mumarayika akaba yari akomeye kumurusha, Yakobo yagumye anyinyurana na we. Yararwanye bikomeye, no kurira ararira. (Hos. 12:4) Yakobo yari azi ko umuhezagiro wa Yehova ari uw’agaciro, akaba rero yari yiyemeje gukora ibishoboka vyose kugira awuronke. Mu gatondo ka kare, uwo mumarayika yakoze gusa kw’iteranirizo ry’itako rya Yakobo rica riratirigana. Ariko kandi uwo mumarayika yarabwiye Yakobo ikintu ciza cane. Yamubwiye ko azokwitwa Isirayeli. Iryo zina ryari rifise insobanuro ikomeye. Ryerekeza ku kuba yaranyinyuranye n’Imana. Iryo zina ryari ribereye kubera ko Yakobo yagumye yumiyeko, arakoresha inguvu ziwe zose kugira aronke umuhezagiro wa Yehova.

Yakobo yaciye agenda aracumbagira aja iyo umuryango wiwe uri. Ari kure, yaciye abona Esawu ariko aza guhura na bo ari kumwe na ba bagabo 400. Yakobo yaciye aja imbere y’umuryango wiwe, aja guhura na Esawu n’abo bari kumwe. Igihe yariko aja kwegera Esawu, yagenda arunama gushika ku ncuro indwi. Esawu yaciye agenda ariruka aja guhura na we. Mugabo nta kirwanisho yari afise. Ahubwo yaciye asanza amaboko maze agwa mu nda Yakobo! Abo bagabo babiri baciye barira. Ingabire Yakobo yari yatanze abigiranye umutima mwiza hamwe n’ukwicisha bugufi, vyari vyakuyeho ishavu rya Esawu. Ashobora kandi kuba yaratangajwe n’umutima rugabo wa Yakobo. Yakobo yari yaronse uburyo bwo kugiranira amahoro na mwenewabo.

Yakobo ariko agenda acumbagira agiye guhura na Esawu n’abantu biwe.

Imisi yose Yakobo yari asigaje, yayimaze acumbagira kubera rya tako ryiwe ryari ryatiriganye. Kandi yarashikiwe n’izindi ngorane nyinshi cane. Ariko ntiyigeze yicuza ku ngingo yafashe yo kugamburukira Yehova canke yo kunyinyurana na wa mumarayika. Haciye igihe, umuhango mwiza Yehova yari yaramusezeraniye wararangutse: Isirayeli yaracitse ihanga rikomeye. (Ita. 28:14) Vyongeye, akenshi Bibiliya yita Yehova «Imana ya Yakobo.» (Kuv. 3:6) Yezu Kristu na we nyene yarakoresheje iyo mvugo. Yongeyeko yuko Yehova ‘atari Imana y’abapfuye, ahubwo ko ari iy’abazima, kuko bose ari bazima kuri yo.’ (Luka 20:​37, 38) Yakobo rero azokwironkera ivyiza muri kazoza. Mw’isi nshasha azobaho imyaka idaharurika kandi ayimare ahimbawe bimwe bitovugwa!

Soma iyo nkuru muri Bibiliya:

  • Itanguriro 27:​41-45; 31:​1-29, 36-55; 32:1–33:16

Ikibazo co kuganirako:

Yakobo yerekanye gute umutima rugabo?

Niwinjire mu mizi

  1. 1. Kubera iki Yehova yatunganije ko Yakobo ari we aronka uburenganzira bw’imfura mu kibanza ca Esawu? (w03 15/10 29 ing. 1)

  2. 2. Ni ibiki Yehova yeretse Yakobo mu ndoto, kandi vyatumye ahera amazinda ku biki? (w03 15/10 28 ing. 3-4) A

    Abamarayika bariko baramanuka bongera baduga ku ngazi ihuza ijuru n’isi.

    Ifoto A

  3. 3. Kubera iki Yakobo yari yizigiye ko umumarayika aza kumuhezagira? (w03 15/10 31 ing. 1) B

    Yakobo yegereye umumarayika yihinduye umuntu akaba yiteguriye kunyinyurana na we.

    Ifoto B

  4. 4. Ni ibiki Yakobo yakoze kugira akingire umuryango wiwe akosho k’Abanyakanani? (w95 15/9 21 ing. 4, akajambo k’epfo-wcgr)

Rondera ivyigwa wohakura

  • Yakobo yabona ko abwirizwa kwitwararika intama zose za Labani. (Ita. 31:​38-40) Abungere bakirisu bo muri iki gihe borushiriza gute kwitwararika intama za Yehova, ni kuvuga abavukanyi na bashiki bacu? C

    Udufoto: Umukurambere akiri muto ariko yerekana ko yitwararika umuvukanyi yitereye mu myaka bari kumwe mw’ishengero. Ivyo birerekanwa mu mafoto akurikira muri iki kigabane. Umukurambere akiri muto yagiye kuramutsa umuvukanyi yitereye mu myaka muhira iwe akaba ariko aramwumviriza yitonze igihe ariko aramwiganira uko amerewe. Mu nyuma wa mukurambere arandikira wa muvukanyi yitereye mu myaka ati: «Ndi mu karuhuko ka sasita. Ndiko ndakwiyumvira. Ubu umerewe gute?» Wa muvukanyi yitereye mu myaka aramwishura ati: «Urakoze Sam! Ubu vyopfuma.» Wa mukurambere na wa muvukanyi yitereye mu myaka bari kumwe mu ndimiro. Wa muvukanyi yitereye mu myaka ariko arasigurira umunyamuhana icanditswe atekanye.

    Ifoto C

  • Igihe Yakobo yari atekewe n’ubwoba, yarasenze Yehova. (Ita. 32:​6-12) Wokwigira iki kuri Yakobo ku bijanye n’ingene wosenga?

  • Wokwigana gute umutima rugabo wa Yakobo?

Zirikana mu buryo bwagutse

  • Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?

  • Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?

  • Ni ibiki nzobaza Yakobo niyazuka?

Rondera kumenya n’ibindi

Twokwigana gute Yakobo igihe tubonye ko twababaje umuvukanyi wacu?

«Tubandanye ‘kumwumviriza’» (w21.12 25-27 ing. 10-18)

Nukoreshe iki gicapo ca bande dessinée mu kwigisha umuryango wawe ibijanye na Yakobo.

«Yakobo na Esawu» (ijwis ikiganiro 3)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika