7 YAKOBO
Yarakingiye umuryango wiwe abigiranye umutima rugabo
IMBERE gatoyi y’uko Yakobo apfa, yavuze yuko yabayeho imyaka «mikeyi» kandi ko iyo myaka «yabayemwo ingorane nyinshi.» (Ita. 47:9) Yari yarashikiwe n’ingorane nyinshi! Igihe yari akiri muto, yarahungiye i Harani kubera mwenewabo yashaka kumwica. Ari ng’aho i Harani, yarakunze Rasheli maze yipfuza kubana na we. Ariko Labani se wa Rasheli yarahenze Yakobo, aca atangura kumuha mukuru wa Rasheli ngo abe ari we babana. Yakobo rero yaciye agira abagore babiri batumvikana. Labani yaramaze imyaka myinshi akoresha Yakobo, mugabo akaguma amuzuruma. Ariko Yakobo yaragaragaje umutima rugabo, ukwizera n’ukwihangana bimwe bidasanzwe.
Umusi umwe Yehova yarabwiye Yakobo ko hageze yuko ava i Harani agasubira iwabo i Kanani. Ariko ivyo vyarashobora kubamwo ingorane, kubera Labani yari umunyamwina, akabona ko ibintu vyose Yakobo afise vyari rwiwe. Yakobo yarabibwiye umuryango wiwe, maze arabegeranya hanyuma arahunga atabibwiye Labani. Igihe Labani yabimenya, yaciye akoranya abantu biwe maze baramukurikira. Amaherezo baramushikiriye we n’umuryango wiwe, maze arakarira Yakobo kuba yagiye atamubariye. Labani yaranabwiye Yakobo amutera ubwoba ati: «Nari mfise ububasha bwo kubagirira nabi.» Ariko Yakobo yarisiguye abigiranye umutima rugabo. Yabwiye Labani ko yari amaze imyaka myinshi amurenganya yongera amuzuruma. Ariko Yakobo yagumye aremesha amahoro. Imbere y’uko abo bagabo babiri bavana, baragiraniye isezerano ry’amahoro.
Ni igiki cafashije Yakobo kwumvikana n’abo mu muryango wiwe bashavuye hamwe no kunyinyurana n’umumarayika akomeye?
Ariko ingorane za Yakobo ntizari ziheze. Yari asigaje guhura n’ihasa ryiwe Esawu. Imyaka myinshi imbere y’aho, nyina wiwe Rebeka yari yaraburiye Yakobo ko Esawu ashaka kumwica. Esawu yabona neza ko Yakobo yari yaramwivye umuhezagiro wa se wiwe. Ariko ubu hoho, Yakobo yarondera kugiranira amahoro na Esawu. Yaramenye ko Esawu aje guhura na we n’umuryango wiwe, ari kumwe n’abagabo 400. Yakobo yaciye arungika abasuku biwe ngo bamwitangire imbere baje guhura na Esawu, bamushiriye ibintu vy’agaciro. Ariko none ivyo vyoba vyari bihagije kugira agabanye ishavu rya Esawu? Bibiliya ivuga iti: «Yakobo aca agira ubwoba bwinshi, yuzura amaganya.» Hari ikintu gitangaje caciye kiba.
Mw’ijoro mu gicugu, Yakobo yarabonye umuntu atazi. Yari umumarayika wa Yehova. Uwo mumarayika yaciye atangura kunyinyurana na Yakobo. Kubera ko Yakobo yiyumviriye ko uwo mumarayika yari kumuha umuhezagiro, yaragize umutima rugabo maze amara amasaha menshi anyinyurana na we. Naho Yakobo yari afise imyaka 97 kandi uwo mumarayika akaba yari akomeye kumurusha, Yakobo yagumye anyinyurana na we. Yararwanye bikomeye, no kurira ararira. (Hos. 12:4) Yakobo yari azi ko umuhezagiro wa Yehova ari uw’agaciro, akaba rero yari yiyemeje gukora ibishoboka vyose kugira awuronke. Mu gatondo ka kare, uwo mumarayika yakoze gusa kw’iteranirizo ry’itako rya Yakobo rica riratirigana. Ariko kandi uwo mumarayika yarabwiye Yakobo ikintu ciza cane. Yamubwiye ko azokwitwa Isirayeli. Iryo zina ryari rifise insobanuro ikomeye. Ryerekeza ku kuba yaranyinyuranye n’Imana. Iryo zina ryari ribereye kubera ko Yakobo yagumye yumiyeko, arakoresha inguvu ziwe zose kugira aronke umuhezagiro wa Yehova.
Yakobo yaciye agenda aracumbagira aja iyo umuryango wiwe uri. Ari kure, yaciye abona Esawu ariko aza guhura na bo ari kumwe na ba bagabo 400. Yakobo yaciye aja imbere y’umuryango wiwe, aja guhura na Esawu n’abo bari kumwe. Igihe yariko aja kwegera Esawu, yagenda arunama gushika ku ncuro indwi. Esawu yaciye agenda ariruka aja guhura na we. Mugabo nta kirwanisho yari afise. Ahubwo yaciye asanza amaboko maze agwa mu nda Yakobo! Abo bagabo babiri baciye barira. Ingabire Yakobo yari yatanze abigiranye umutima mwiza hamwe n’ukwicisha bugufi, vyari vyakuyeho ishavu rya Esawu. Ashobora kandi kuba yaratangajwe n’umutima rugabo wa Yakobo. Yakobo yari yaronse uburyo bwo kugiranira amahoro na mwenewabo.
Imisi yose Yakobo yari asigaje, yayimaze acumbagira kubera rya tako ryiwe ryari ryatiriganye. Kandi yarashikiwe n’izindi ngorane nyinshi cane. Ariko ntiyigeze yicuza ku ngingo yafashe yo kugamburukira Yehova canke yo kunyinyurana na wa mumarayika. Haciye igihe, umuhango mwiza Yehova yari yaramusezeraniye wararangutse: Isirayeli yaracitse ihanga rikomeye. (Ita. 28:14) Vyongeye, akenshi Bibiliya yita Yehova «Imana ya Yakobo.» (Kuv. 3:6) Yezu Kristu na we nyene yarakoresheje iyo mvugo. Yongeyeko yuko Yehova ‘atari Imana y’abapfuye, ahubwo ko ari iy’abazima, kuko bose ari bazima kuri yo.’ (Luka 20:37, 38) Yakobo rero azokwironkera ivyiza muri kazoza. Mw’isi nshasha azobaho imyaka idaharurika kandi ayimare ahimbawe bimwe bitovugwa!
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Yakobo yerekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Kubera iki Yehova yatunganije ko Yakobo ari we aronka uburenganzira bw’imfura mu kibanza ca Esawu? (w03 15/10 29 ing. 1)
2. Ni ibiki Yehova yeretse Yakobo mu ndoto, kandi vyatumye ahera amazinda ku biki? (w03 15/10 28 ing. 3-4) A
Ifoto A
3. Kubera iki Yakobo yari yizigiye ko umumarayika aza kumuhezagira? (w03 15/10 31 ing. 1) B
Ifoto B
4. Ni ibiki Yakobo yakoze kugira akingire umuryango wiwe akosho k’Abanyakanani? (w95 15/9 21 ing. 4, akajambo k’epfo-wcgr)
Rondera ivyigwa wohakura
Yakobo yabona ko abwirizwa kwitwararika intama zose za Labani. (Ita. 31:38-40) Abungere bakirisu bo muri iki gihe borushiriza gute kwitwararika intama za Yehova, ni kuvuga abavukanyi na bashiki bacu? C
Ifoto C
Igihe Yakobo yari atekewe n’ubwoba, yarasenze Yehova. (Ita. 32:6-12) Wokwigira iki kuri Yakobo ku bijanye n’ingene wosenga?
Wokwigana gute umutima rugabo wa Yakobo?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza Yakobo niyazuka?
Rondera kumenya n’ibindi
Twokwigana gute Yakobo igihe tubonye ko twababaje umuvukanyi wacu?
«Tubandanye ‘kumwumviriza’» (w21.12 25-27 ing. 10-18)
Nukoreshe iki gicapo ca bande dessinée mu kwigisha umuryango wawe ibijanye na Yakobo.