14 RAHABU
Yahisemwo kuja ku ruhande rwa Yehova
HARI inzu yari ku ruhome rw’igisagara ca Yeriko ya kera yabamwo umumaraya yitwa Rahabu. Acishije mw’idirisha ryiwe, yarashobora kuraba hanze y’ico «gisagara c’ibigazi», akabona akarere keza kariko karakirwa n’izuba. (Gus. 34:3) Mugabo ariko aratembera muri ico gisagara, yabona abantu bijiriwe kandi bafise ubwoba. Ababa muri ico gisagara bari bazi ko Yehova yafasha Abisirayeli, kandi ko bari bagiye gukurwaho. Vyari bibereye ko bakurwaho.
Abisirayeli bari bakambitse hafi yo ng’aho. Hari haciye imyaka 40 Yehova abarokoye mu guhonereza igisoda ca Farawo mu kiyaga Gitukura. Kandi hari haciye igihe gito Yehova abafashije gutsinda Sihoni na Ogi abami bakomeye b’Abamori. Ivyo vyari bitangaje kubera ko Abisirayeli batari abarwanyi, ahubwo bari bamaze imyaka bayerera mu bugaragwa. Ico gihe bari baje i Yeriko kuko Yehova yagomba guhana abantu baho kubera ibibi bakora.
Rahabu yari azi ko abantu bo mw’ihanga ryiwe ari ababisha. We ubwiwe yari abayeho mu buzima buteye isoni bw’ubumaraya, kandi nta gukeka ko ashobora kuba atipfuza kubaho muri ubwo buzima. Ivyo yumvise ku vyerekeye Yehova ntivyatumye agira ubwoba, ahubwo vyatumye agira icizigiro. Yaramenye ko Yehova ari Imana ikingira abasavyi bayo kandi ikabatera iteka, ko atameze nk’imana z’Abanyakanani. Yipfuza kwiyegereza Imana yiwe Yehova, Imana ityoroye, igororotse kandi ikingira abasavyi bayo.
Igihe kimwe mw’ijoro, hari abantu babiri atazi baje kumusaba indaro y’ijoro rimwe. Ubwo nyene Rahabu yaciye abona ko ari Abisirayeli baje gusuma urusaku! Kandi si we wenyene yabamenye. Umwami wa Yeriko yaciye arungika abantu kwa Rahabu gufata abo bagabo. Rahabu yategerezwa gufata ingingo yohinduye ubuzima bwiwe. Yoba yogiye ku ruhande rw’abantu bo mu gihugu ciwe canke yogiye ku ruhande rwa Yehova?
Rahabu abigiranye umutima rugabo yahisemwo kuja ku ruhande rwa Yehova. Yaranyegeje abo Bisirayeli hejuru ku nzu, aca abwira abantu umwami yatumye ko bagiye. Izo ntumwa z’umwami zigiye, yaciye yurira hejuru ku nzu maze abwira abo Bisirayeli igituma yabanyegeje. Yababwiye ati: «Ndazi neza ko Yehova azobaha iki gihugu.» Yari asigaye yizera Imana yabo! Yaciye ababwira ikintu gishobora kuba carabaremesheje cane: Yababwiye ko abantu b’i Yeriko batinya cane Abisirayeli. Yaciye abasaba ko Yehova niyabafasha gutsinda ico gisagara, bomukingira.
Umugore w’umumaraya yashoboye gute kuvavanura n’abantu bo mu gisagara ciwe hamwe n’ingeso y’ubuhumbu?
Rahabu yari yakingiye abo Bisirayeli, kandi bariboneye ko yari asigaye yizera Yehova. Baramwemereye gukora ico abasavye. Rahabu n’umuryango wiwe bokingiwe. Bamutegetse kutabwira umuntu n’umwe ko bari ng’aho. Bamubwiye kandi ko yobohera umugozi utukura kw’idirisha ryari ku ruhome rw’ico gisagara, kandi akaguma mu nzu igihe Abisirayeli bazoba baje gutera. Ivyo abigize, we n’abo mu nzu yiwe bose borokotse.
Rahabu yaciye abururutsa ku mugozi baciye mw’idirisha. Yarakoze ivyo bamubwiye vyose. Yaraboheye umugozi utukura kw’idirisha, kandi nta n’umwe yigeze abwira ivyerekeye abo Bisirayeli bari baje gusuma urusaku. Ivyo vyamusavye umutima rugabo, kuko iyo abo mu gisagara ciwe bamenya ivyo yakoze bari guhava bamwica. Yaragamburutse, arazana umuryango wiwe wose mu nzu iwe. Igihe Yehova yatuma amazi y’uruzi Yorodani ahagarara ngo Abisirayeli bajabuke, nta gukeka ko vyatumye Rahabu arushiriza guhera amazinda ko yafashe ingingo nziza. Igihe abasoda b’Abisirayeli bamara imisi indwi bazunguruka ico gisagara, bishobora kuba vyaratumye abantu baho barushiriza kugira ubwoba. Igihe amaherezo ku musi ugira indwi abaherezi bavuza inzamba n’Abisirayeli bose bakiha akaruru, umuryango wa Rahabu wagumye mu nzu, kandi bose bararokotse igihe impome z’ico gisagara zabomoka!
Intambara irangiye, ba Bisirayeli baza gusuma urusaku baciye basohora Rahabu n’umuryango wiwe. Inzu yiwe yari kuri rwa ruhande rw’uruhome rutabomotse. Nk’uko Yosuwa yari yabitegetse, Rahabu n’umuryango wiwe barakingiwe. Mu nyuma, Rahabu yarabaye mu bagize ihanga rya Isirayeli. Yarubakanye n’umugabo w’Umwisirayeli, baravyara n’abana. Haciye imyaka myinshi, mu ruvyaro rwiwe harakomotsemwo umuntu afise umutima rugabo kuruta ababayeho bose, ari we Yezu Kristu. (Mat. 1:5, 16) Yehova yarahezagiye cane Rahabu kubera ukwizera n’umutima rugabo yagaragaje.
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Rahabu yerekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Vuga ingene Rahabu yari abayeho i Yeriko. (w13 1/11 12 ing. 4–13 ing. 1)
2. Tuzi gute ko ba bagabo baja gusuma urusaku batagiye kwa Rahabu bajanywe n’ubuhumbu? (it «Prostitué(e)» ing. 18-wcgr)
3. Kubera iki hejuru ku nzu kwa Rahabu hari hatondetse uduti tuvamwo inyuzi, kandi utwo duti badukoresha iki? (it «Lin» No.1 ing. 1-3-wcgr) A
Thanks for your interest in my photos/Moment Open via Getty Images
Ifoto A: Umurima w’uduti tuvamwo inyuzi
4. Kubera iki bitari bibi ko Rahabu ahenda intumwa z’umwami? (w04 1/12 9 ing. 1) B
Ifoto B
Rondera ivyigwa wohakura
Kubera iki Rahabu yari akeneye umutima rugabo kugira ahebe ingeso y’ubuhumbu maze asenge Yehova yifatanije n’Abisirayeli? Abatohoji ba Bibiliya bomwigirako iki?
Naho Bibiliya yiyamiriza ukubesha, twebwe abakirisu twokwigira iki kuri Rahabu igihe abansi b’abasavyi b’Imana bariko baraduhata ngo tubabwire amakuru y’ibanga yerekeye abavukanyi bacu? (Imig. 11:13; Umus. 3:7; Ef. 4:25) C
Ifoto C
Ifoto C
Ni mu bundi buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa Rahabu?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza Rahabu niyazuka?
Rondera kumenya n’ibindi
Inkuru ya Rahabu itwigisha iki ku bijanye n’ivyo twokora kugira tuzorokoke umusi wa Yehova wimirije?