ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wcg ikig. 25 rup. 118-rup. 121
  • Yaragize umutima rugabo arumvira ijwi ryo mu mutima

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yaragize umutima rugabo arumvira ijwi ryo mu mutima
  • Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwinjire mu mizi
  • Rondera ivyigwa wohakura
  • Zirikana mu buryo bwagutse
  • Rondera kumenya n’ibindi
  • Dawidi na Sawuli
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Dawidi Agirwa Umwami
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Igituma Dawidi Yahunze
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yarahinduye cane uburyo yiyumvira
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
Ibindi
Gendana n’Imana n’umutima rugabo
wcg ikig. 25 rup. 118-rup. 121

25 DAWIDI

Yaragize umutima rugabo arumvira ijwi ryo mu mutima

Integuro icapuwe
Integuro icapuwe

DAWIDI yariko arahunga umwami Sawuli. Ariko Sawuli yarigeze kuba akunda Dawidi kandi akamwizigira cane. Dawidi yahora atwaza Sawuli ibirwanisho, mu nyuma na ho aba umujenerali mu gisoda ciwe. Ariko ubu hoho Sawuli ariko arondera kumwica. Imana yari yasezeranye kugira Dawidi umwami, mugabo yariko arinyegeza mu bugaragwa kugira yikingire yongere akingire ingabo ziwe 600.

Sawuli yari yahindutse aba umwami mubi cane. Yaragiriye ishari Dawidi, aramushavurira cane, gushika aho agerageza kumwica incuro irenga imwe. Igihe kimwe Dawidi yararonse akaryo ko kwica Sawuli ariko ntiyamwishe. Mugabo Sawuli yagumye arondera akaryo ko kumwica aho kumushimira. Abagabo bo mu gisagara citwa Zifu barahemukiye Dawidi mu kubwira Sawuli ko yinyegeje iwabo, kandi iyo yari incuro igira kabiri. Sawuli amaze kuvyumva yaciye aja kumuhiga.

None Dawidi yakoze iki? Yabanje kurungika bamwe mu ngabo ziwe ngo barabe aho Sawuli ari. Naho Sawuli yari afise ingabo 3.000, Dawidi ntiyagize ubwoba. Biboneka ko muri ico gihe nyene ari ho Dawidi yanditse ati: «Raba! Imana ni yo mutabazi wanje. Yehova ari kumwe n’abanshigikiye.» (Zab. 54:4; akajambo k’intangamarara) Dawidi rero yafashe ingingo yo kwishikira mw’ikambi aho Sawuli ari mw’ijoro. Yarabajije ingabo ziwe nimba hari uwipfuza kujana na we.

Abishayi yaremeye kumuherekeza. Abishayi yari umuhungu wa mushiki wa Dawidi. Yari umusoda arinda ariko rimwe na rimwe ntiyagira impuhwe. Igihe Dawidi na Abishayi bariko barasoboka baja mw’ikambi ya Sawuli, basanze bose basinziriye. Yehova yari yabateje itiro ryinshi. Dawidi na Abishayi baratevye barashika aho umwami Sawuli ari. Na we nyene yari yisinziririye. Nta n’umwe yari amucunze kandi icumu ryiwe ryari rishinze hafi y’umutwe wiwe.

Dawidi na Abishayi bariko barasoboka binjira mw’ihema rya Sawuli mw’ijoro Sawuli asinziriye. Icumu rya Sawuli rishinze hafi y’umutwe wiwe.

None Dawidi yakoze iki? Vyari vyoroshe cane ko yica Sawuli. Ivyo vyari gutuma ataza arahunga Sawuli mu nyuma na ho agaca aba umwami. Abishayi ntiyatahura igituma Dawidi atebaganye kwica Sawuli. Yamwongoreye ati: «Uyu musi Imana iguhaye umwansi wawe. Ndagusavye rero undeke ndamuzibure iri cumu ndarishikane hasi. Ndabigira rimwe gusa, sindinda kubigira irya kabiri.»

Dawidi yaribuka neza igihe ikintu nk’ico caheruka kumushikira. Sawuli yarinjiye mw’isenga Dawidi yari yinyegejemwo mu bugaragwa bw’i Eni-Gedi. Kubera ko Sawuli atari yabonye Dawidi, vyari vyoroshe cane ko Dawidi amwica. Ariko Dawidi ntiyamugiriye nabi. Yacacuye gusa igice gitoyi c’impuzu ya Sawuli. Mugabo ivyo vyonyene vyaratumye ijwi ryo mu mutima rya Dawidi rimubuza amahoro. Yarababajwe no kuba yakoze ikintu nk’ico co kutubaha umwami Yehova yarobanuje amavuta.

Dawidi ashobora kuba atorohewe no kubuza Abishayi kwica umwami. Yari azi ko na Abishayi yari yarahunze Sawuli. Nta gukeka ko abasoda ba Dawidi bose bari bashashaye kubona Sawuli areka kubahiga. Ariko Dawidi yaranse kugirira nabi Sawuli. Naho Abishayi yari ashashaye cane kwica Sawuli, Dawidi yaramukosoye, amuremesha kwihangana. Yamukuye amazinda ati: «Yehova ubwiwe [azokwiyicira Sawuli], canke umusi uri izina apfe nk’abandi bose, canke aje ku rugamba agweyo.» Yongeyeko ashikamye ati: «Kubera ko ntinya Yehova, sinokwubahuka kugirira nabi uwo Yehova yarobanuje amavuta!»

Igihe Abishayi yaremera Dawidi ngo yice umwansi wiwe, Dawidi yakoze iki?

Dawidi yari azi neza ko igihe nicagera Yehova azohana Sawuli. Muri ya zaburi twavuga, yanditse ku vyerekeye Yehova ati: «Abansi banje azobishura ikibi bakora.» (Zab. 54:5) Dawidi na Abishayi rero baciye bava mw’ikambi ya Sawuli, baja ku gasozi kari hafi. Dawidi yaciye asemerera, ahamagara Sawuli n’ingabo ziwe. Yarakariye abasoda ba Sawuli kubera batacunze umwami wabo. Yarakariye kandi na Sawuli kubera ko yariko ata umwanya amuhiga. Dawidi yivugiye ko yari ameze nk’«imbaragasa imwe rudende», rero ko atari abangamiye umwami. Sawuli yaramaramaye cane. Yiyemereye ati: «Nakoze ivy’ubupfu, nkora ikosa rikomeye.»

None ivyo vyoba vyaratumye Sawuli ahinduka? Habe namba! Dawidi yari azi neza ko ivyo bitotumye ahinduka. Ariko ntiyigeze yicuza kuba yaragize umutima rugabo akumvira ijwi ryiwe ryo mu mutima. Kandi Yehova yarahezagiye uwo musavyi wiwe w’umutima rugabo kandi w’intahemuka mu buryo burengeye ubwo yiyumvira.

Soma iyo nkuru muri Bibiliya:

  • 1 Samweli 16:21; 18:​5-14; 23:19; 24:​3-7; 26:​1-25

Ikibazo co kuganirako:

Dawidi yerekanye gute umutima rugabo muri ico kiringo c’ubuzima bwiwe?

Niwinjire mu mizi

  1. 1. Naho Abishayi atagira impuhwe kandi agakora ibintu atabanje kwiyumvira, ni gute yagize umutima rugabo ararwanira abasavyi ba Yehova yongera arashigikira Dawidi? (it «Abishaï» ing. 3-5-wcgr)

  2. 2. Ni kubera iki Dawidi yigereranije n’«inkware ku misozi»? (1 Sam. 26:20; it «Perdrix» ing. 4-wcgr) A

    Inkware ihagaze kw’ibuhe riri ku musozi.

    Ekaterina Kolomeets/stock.adobe.com

    Ifoto A

  3. 3. Ni kubera iki Dawidi yari akeneye kwihangana? (w17.08 6 ing. 14-15)

  4. 4. Haheze imyaka myinshi inyuma y’iyo nkuru, Dawidi yerekanye gute ko yabandanije kwifata ruto? (w21.09 10 ing. 8) B

    Umwami Dawidi ariko arereka Salomo ibikoresho vyinshi yateguye vyo kwubaka urusengero.

    Ifoto B

Rondera ivyigwa wohakura

  • Naho Sawuli yakoze amakosa menshi, Dawidi yagumye amwubaha. Twokwigana gute Dawidi mu kuntu tubona . . .

    • abavyeyi bacu? C

      Umukobwa w’umuyabaga ari kumwe n’umugenzi wiwe bariko barasohoka, afise umupira. Bariko barasohoka, nyina wiwe aramwereka ivyombo vyinshi bicafuye biri mu gikoni.

      Ifoto C

    • abategetsi? D

      Umuvukanyi, umukenyezi wiwe n’agakobwa kabo bariko baragenda mu mvura y’igihuhusi. Barakurikiza batekanye ubuyobozi umupolisi abaha, na we akaba ariko arabereka ahantu hatekanye boja.

      Ifoto D

    • abakurambere? E

      Umukurambere yitereye mu myaka ariko aratega yompi umukurambere akiri muto igihe amusigurira ingene yotereka ka kantu k’amapine.

      Ifoto E

  • Dawidi yaragize umutima rugabo arumvira ijwi ryiwe ryo mu mutima. Ni mu bihe ibihe twokenera umutima rugabo wo kwumvira ijwi ryacu ryo mu mutima?

  • Ni mu bundi buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo Dawidi yagaragaje muri iyi nkuru?

Zirikana mu buryo bwagutse

  • Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?

  • Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?

  • Ni ibiki nzobaza Dawidi niyazuka ku bijanye n’ico kiringo c’ubuzima bwiwe?

Rondera kumenya n’ibindi

Nuse n’uwubona mu bwenge ivyabaye muri iyi nkuru.

Mwibuke ko urukundo . . . Rurenzako muri vyose (1:29)

Abana bokwigira iki ku kuntu Sawuli yatanguye yicisha bugufi kandi yifata ruto mugabo mu nyuma akaba umunyabwibone?

«Umwami Sawuli» (Agakarata k’abavugwa muri Bibiliya)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika