ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wcg ikig. 54 rup. 242-rup. 245
  • Yaragaragaje umutima rugabo mu bihe bitoroshe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yaragaragaje umutima rugabo mu bihe bitoroshe
  • Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwinjire mu mizi
  • Rondera ivyigwa wohakura
  • Zirikana mu buryo bwagutse
  • Rondera kumenya n’ibindi
  • ‘Nta wumuruta’
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Ivyo twigira ku majambo ya nyuma abagabo b’abizigirwa bavuze
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Ingingo zerekana ko twizigira Yehova
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Ivyo twigira ku gitangaro Yezu yakoze c’imikate
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
Ibindi
Gendana n’Imana n’umutima rugabo
wcg ikig. 54 rup. 242-rup. 245

54 INTUMWA YOHANI

Yaragaragaje umutima rugabo mu bihe bitoroshe

Integuro icapuwe
Integuro icapuwe

IGIHE intumwa Yohani yari ashaje cane yanditse ati: «Iyi ni isaha ya nyuma.» Yari azi ko Yezu na Pawulo bigeze kuvuga ko abahuni bokwinjiye mw’ishengero bagatuma abantu batabandanya gukorera Yehova nk’uko abishaka. Igihe rero ivyo vyatangura gushika, Yohani n’izindi ntumwa barakingiye ishengero ako kosho kabi. (Mat. 7:15; Ivyak. 20:​29, 30; 2 Tes. 2:​6, 7) Ariko rero intumwa zose zimaze gupfa, Yohani ni we yasigaye ararwanya abo bahuni. Iyumvire umubabaro yagira muri ivyo bihe bitoroshe igihe yabona abahuni bakwiragiza ibinyoma vyabo mu mashengero. Naho vyari ukwo, Yohani ntiyatanye n’akabando, ahubwo yagumanye umutima rugabo.

Ni igiki cafashije umutama Yohani kwihanganira uruhamo, kwangazwa, hamwe n’abahuni baguma biyongera?

Igihe Yohani yari afise imyaka irenga 90, yari agifise umwete wo «kuvuga ivyerekeye Imana no gushingira intahe Yezu.» Ivyo vyatumye buramatari w’Uburoma amupfungira mw’izinga rya Patimo. Ryari izinga ry’ubugaragwa, ryuzuyemwo urubuyebuye. Ni igiki none cafashije Yohani kuguma abona ibintu mu buryo bwiza? Nta gukeka ko yibuka ivyo Yezu yari yarabwiye intumwa ziwe ati: «Ehe ndi kumwe namwe imisi yose gushika kw’iherezo ry’ivy’iyi si.»—Mat. 28:20.

Haciye imyaka irenga 60 Yezu atanze uwo muhango, yareretse Yohani ibintu bitangaje vyobaye muri kazoza. Yezu yamweretse ko mu «musi w’Umukama» abasavyi b’Imana kw’isi yose bosubiye gukorera Yehova mu buryo yemera. Kristu yaramweretse kandi ko yobafashije gutsinda ibitero vya Shetani.

Ivyo yeretswe yavyeretswe «mu bimenyetso» canke mu bigereranyo. Biboneka ko Yohani atatahuye vyinshi mu vyo yeretswe. Ariko rero, hari ikintu kimwe yatahuye: Yaratahuye ko Yehova na Yezu batokwemeye ko inyigisho z’ikinyoma zibandanya gukwiragizwa mu mashengero. Mu kiringo c’umusi w’Umukama, abasavyi b’Imana bobaye benshi kandi Yehova yobahezagiye mu buryo butangaje. Shetani yotsinzwe mu ntambara yobereye mw’ijuru maze agakororerwa kw’isi. Amaherezo yokuweho burundu. Ivyo bintu Yohani yeretswe bishobora kuba vyaratumye arushiriza kugira umutima rugabo, kandi yaranditse «ibintu vyose yabonye.»

Intumwa Yohani ariko arandika ivyo yahishuriwe na Yezu. Mw’iyerekwa, abona Yezu ariko ajugunyira kw’isi igisato kinini c’ibara risa n’umuriro hamwe n’amadayimoni.

Naho gupfungirwa i Patimo bitari vyoroshe, Yohani ntiyatakaje umunezero n’umwete yari afise. Umwami w’abami w’Umuroma Domitien yaranka cane abakirisu. Uwo mwami amaze gupfa, Yohani yararekuwe. Biboneka ko yaciye aja i Efeso. Afise nk’imyaka 100, yarakoze ikindi gikorwa kitoroshe.

Yehova yarakoresheje Yohani mu kwandika Injili ya kane ikaba ari na yo ya nyuma. Biboneka ko Yohani yari azi ko iyo Njili yokwiragiye ningoga mu mashengero, igatuma abakirisu barushiriza kwizera Yezu kandi bakagira umutima rugabo wo kuburanira ivyo bemera. Yohani yari azi kandi ko ivyo yanditse vyotumye abanka ubukirisu barushiriza gushavura. Ariko ivyo ntivyatumye ahagarika ico gikorwa.

Naho hari haheze imyaka nka 70 Yezu apfuye, Yohani abifashijwe n’impwemu nyeranda yarashoboye kwibuka neza ivyo Yezu yavuze n’ivyo yakoze. Yaranditse inkuru ikora ku mutima y’ubuzima bwa Yezu kandi ibice nka 90 kw’ijana vy’ivyo yanditse ntibiboneka mu zindi Njili zitatu. Nk’akarorero, Yohani wenyene ni we avuga ibijanye n’izuka rya Lazaro n’ingene abakuru b’idini baciye bagira umugambi wo kwica Lazaro. (Yoh. 11:​1-46; 12:10) Yohani kandi yaranditse ido n’ido ivyo Yezu yabwiye abigishwa biwe mw’ijoro rya nyuma yamaze kw’isi, hamwe n’isengesho yatuye abasabira. Twese turaremeshwa n’ivyo bintu yanditse!

Nko muri ico gihe nyene, Yohani kandi ahumekewe n’Imana yarandikiye abakirisu bagenziwe amakete atatu. Abigiranye umutima rugabo yarababuriye ko abahuni bariko barazana inyigisho z’ikinyoma mw’ishengero. Yabwiye abo bakirisu kutifatanya n’abo bahuni, ko badakwiye no kubaramutsa. Ayo makete kandi yarashimika ku rukundo n’icizigiro. Yohani yavuze ko «Imana ari urukundo», kandi iyo ntumwa yaragaragaje mwene urwo rukundo mu mpanuro n’indemesho yatanze. Yaranditse kandi ukuntu yari ahimbawe no kubona abo yigishije ukuri baguma «bagendera mu kuri.» Ivyo bishobora kuba vyarateye intege benshi muri bo, barabandanya kugendera mu kuri.

Ibintu vyabaye mu gihe ca Yohani ntibizosubira kuba. Naho abahuni bagiteye akaga, ntibazosubira kwonona ugusenga kw’ukuri nk’uko vyagenze inyuma y’urupfu rwa Yohani. (Yes. 54:17; Ivyak. 3:21) Ariko cokimwe na Yohani, turashobora guhamwa canke mbere tugapfungwa. Nimuze twigane akarorero kiwe, twiyemeze kuguma tugendana n’Imana n’umutima rugabo naho hoza iki!

Soma iyo nkuru muri Bibiliya:

  • Yohani 16:1–17:26

  • 1 Yohani 2:18; 4:8

  • 2 Yohani 9-11

  • 3 Yohani 4

  • Ivyahishuwe 1:​1, 2, 9-11; 12:9; 20:​1-6; 21:​1-5

Ikibazo co kuganirako:

Yohani yerekanye gute umutima rugabo?

Niwinjire mu mizi

  1. 1. Ni ibiki vyerekana ko Yohani yari afise ishaka? (bt 37, uruzitiro ing. 3-4)

  2. 2. Kubera iki Yohani yiswe ko ari umuntu ‘atize kandi asanzwe’? (Ivyak. 4:13; w08 15/5 30 ing. 6)

  3. 3. Ni mu buryo ubuhe Yohani yagumyeho gushika Yezu aje? (amakuru adufasha kwiga Yoh. 21:​22, nwtsty-wcgr)

  4. 4. Ni igiki kitwemeza ko Yohani ari we yanditse Injili ya Yohani? (it «Jean (Bonne nouvelle selon)» ing. 2-8-wcgr) A

    Fondation Martin Bodmer, Cologny (Genève)

    Ifoto A: Icandikano co mu mwaka wa 200 inyuma ya Kristu gifise umutwe uvuga ngo «Inkuru nziza ya Yohani» (aho hasize ibara)

Rondera ivyigwa wohakura

  • Mu vyo Yohani yanditse, yaravuze incuro zirenga 100 ibijanye n’incungu canke ivyiza iyo ncungu izozana. Natwe twokwerekana gute ko dukenguruka incungu ya Yezu?

  • Yohani yari afise imyaka yababa 100 igihe Yehova yamukoresha mu kwandika ibitabu bitanu vyo muri Bibiliya. Ivyo bitwereka ko Yehova abona gute abitereye mu myaka? B

    Udufoto: Umudada yitereye mu myaka mugabo aguma akora. 1. Ariko arayobora inyigisho ya Bibiliya ku buhinga bwa none. 2. Ahaye agakado umudada akiri muto bari kumwe mw’ishengero afise igitabu c’abatsimvyi.

    Ifoto B

  • Ni mu buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa Yohani?

Zirikana mu buryo bwagutse

  • Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?

  • Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?

  • Kubera iki ushima kuba Yohani yaracaguwe ngo aje gufadikanya na Kristu kuganza?

Rondera kumenya n’ibindi

Abavukanyi n’abadada bitereye mu myaka, boba bashobora kugira umutima rugabo nka Yohani?

Gira umutima rugabo . . . Wewe witereye mu myaka (2:04)

Mu vyo Yohani yanditse, yaravuze cane ibijanye n’urukundo. Raba ivyo twokwigira ku vyo yanditse no ku karorero yatanze.

«Ivyigwa dukura kuri “wa mwigishwa Yezu yakunda”» (w21.01 8-13)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika