INSOZERO
‘Nugire umutima rugabo’
1. Hoba hari ibindi bintu twokwiga muri Bibiliya ku bijanye n’umutima rugabo?
MURI iki gitabu, twarabonye abantu batari bake bagaragaje umutima rugabo be n’ingene twobigana. Ariko rero haracariho vyinshi twokwiga muri Bibiliya ku bijanye n’umutima rugabo. Nk’akarorero, Bibiliya iravuga abandi bantu batari bake bagaragaje umutima rugabo mugabo batavuzwe muri iki gitabu. Vyongeye, hariho ikindi kintu dukeneye codufasha kugaragaza umutima rugabo, akaba ari co tugiye kuganirako muri iki kigabane.
2. Abandi basavyi b’Imana b’abizigirwa bagaragaje umutima rugabo ni bande?
2 Hari abandi bantu bavugwa muri Bibiliya woba uzi bagaragaje umutima rugabo mugabo batavuzwe muri iki gitabu? Ushobora kuba uciye ubona abahanuzi badasanzwe bavugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo nka Yesaya, Yeremiya, Ezekiyeli, Yona canke Malaki. Bashobora kuba barashikiwe n’ibintu bimwebimwe Pawulo adondagura mu Baheburayo ikigabane ca 11. Yanditse ko bamwebamwe «[bageragejwe] mu gucokorwa no mu gukubitwa ibimoko, eka mbere baboheshwa iminyororo, batabwa no mu mabohero.» Yaravuze kandi ko abandi «bari mu bukene no mu makuba, kandi [bakagirirwa] nabi.» Mbere hariho n’abishwe. (Heb. 11:36, 37) Ariko bagumye bumiye kuri Yehova babigiranye umutima rugabo.
3-4. Abagore babiri batavugwa amazina bafashije gute gukingira umwami Dawidi igihe yari mu kaga?
3 Hariho abantu benshi bagaragaje umutima rugabo ariko Bibiliya itavuga amazina. Raba nk’akarorero abagore babiri babayeho mu gihe c’umwami Dawidi. Abo bagore babiri barafashije Dawidi igihe umuhungu wiwe Abusalomu yashaka kumwica. Abusalomu yari umugabo w’ubwibone kandi w’inkozi y’ikibi, akaba yashaka kuba umwami mu kibanza ca se wiwe Dawidi. Dawidi rero yaciye ahunga ava i Yeruzalemu. Dawidi yasavye Sadoki, umuherezi w’umutima rugabo, ngo asubire mu gisagara kandi agumeyo kugira ngo atohoze imigambi ya Abusalomu. Sadoki yabwirizwa kuza araha amakuru Dawidi. Igihe Sadoki yamenya ivyo Abusalomu yagira akore, yaciye atuma «umusukukazi umwe» kubibwira Dawidi. Ntituzi izina ry’uwo musukukazi, ariko turazi ko yagaragaje umutima rugabo. Naho vyari gutuma yicwa, yaragiye kubwira abasuku babiri ba Dawidi ivyo Sadoki yamutumye. Abo bagabo baciye bashira ubwo butumwa Dawidi, ariko hari umuntu yababonye, aca aja kubibwira Abusalomu. Nya bagabo baciye binyegeza mu kinogo c’amazi. Umugore wa nyene ico kinogo, na we nyene akaba atavugwa izina, yaciye apfuka ico kinogo, aca agisanzako intete. Igihe abasuku ba Abusalomu bahashika bariko barondera abo bagabo babiri, uwo mugore yaciye abahenda. Abo bagore babiri b’umutima rugabo barafashije mu gukingira umwami yarobanuwe na Yehova.—2 Sam. 15:23-37; 17:8-22.
Wa musukukazi na wa mugore bagira umutima rugabo wo gufasha abasavyi ba Yehova
4 Bibiliya iravuga abagabo n’abagore benshi bagaragaje umutima rugabo. Bamwebamwe turazi amazina yabo, abandi na bo nta yo tuzi. Bamwe muri bo bari batunze, abandi bari bakenye. Hari abari bafise amabanga akomeye, abandi na bo ari abantu basanzwe. Ariko bose baragaragaje umutima rugabo kandi barizigira Yehova. Inkuru zabo zirashobora kudufasha muri iki gihe.
Akamaro k’isengesho
5-7. Pawulo yakuye hehe umutima rugabo watumye yihanganira uruhamo?
5 Twokwigana gute abagabo n’abagore bavugwa muri Bibiliya bagaragaje umutima rugabo? Abo bagabo n’abagore ntibavukanye umutima rugabo. None boba bashoboye gukorera Yehova kubera inguvu zabo bwite? Habe namba. Hari ikindi kintu bari bakeneye kugira bashobore kugaragaza umutima rugabo. Uti ni igiki?
6 Raba nk’akarorero icafashije intumwa Pawulo kugaragaza umutima rugabo. Igihe Pawulo na Silasi bariko baravuga inkuru nziza i Filipi, hari isinzi ry’abantu ryaciye ribatera, ritabagura impuzu zabo, rirabakubita inkoni incuro zitari nke, rica ribaterera mw’ibohero ahantu hatabona, ibirenge vyabo biri mu mpatane z’ibiti. (Ivyak. 16:12, 19-24) Bamaze kurekurwa, Pawulo yoba yaratinye gusubira kuvuga inkuru nziza? Kubera ko Pawulo yari umuntu nkatwe, ashobora kuba yaragize ubwoba. Naho ari ukwo, Pawulo yari azi yuko Yehova yipfuza ko abandanya kuvuga inkuru nziza. Yabwirizwa kuja kubwira inkuru nziza abantu bo mu gisagara c’i Tesalonika. None yakuye he inkomezi n’umutima rugabo vyo kubandanya ico gikorwa?
7 Yahavuye yandika ati: «Twabanje gushikirwa n’imibabaro twongera dufatwa nabi bimwe biteye isoni i Filipi, nk’uko mubizi, mugabo Imana yacu yaradufashije kugira ubutinyutsi ngo tubabwire inkuru nziza y’Imana naho twarwanijwe cane.» (1 Tes. 2:2) Pawulo yari azi ko akeneye kugira ubutinyutsi kugira akore ivyo Imana yamusavye. None yakuye he ubwo butinyutsi? Bwoba bwari busanzwe buri muri we? Habe namba. Yavuze ko ‘Imana yamufashije’ kugira ubutinyutsi. Yarasavye Yehova yicishije bugufi kugira ngo amuhe umutima rugabo yari akeneye kandi Yehova yarishuye iryo sengesho.
8. Nk’ukwo kwa Pawulo, twokora iki nimba dukeneye kugira umutima rugabo?
8 Cokimwe na Pawulo, nusabe Yehova agufashe kugira umutima rugabo. Ntiwigere wibaza ko utoshobora kugira umutima rugabo kubera ata buhanga kanaka ufise. Ahubwo nusenge Yehova umusabe umutima rugabo. Nuhere amazinda ko azogufasha kugaragaza umutima rugabo igihe cose uwukeneye.—Ivyak. 4:29.
9. Kubera iki dukeneye gusaba Yehova ngo atwongerereze ukwizera?
9 Urashobora kandi gusaba Yehova ngo akwongerereze ukwizera. Yehova arashobora kugufasha gukomeza ukwizera kwawe biciye ku mpwemu yiwe nyeranda. (Gal. 5:22, 23) Ukwizera kurashobora kugufasha kurwanya Shetani, maze ukaguma uri umwizigirwa kuri Yehova. (Ef. 6:16) Ukwizera kurahambaye cane ku buryo Bibiliya ivuga ko gushobora kudufasha «gutsinda isi.» (1 Yoh. 5:4) Kwizigira Yehova ni wo mushinge wo kugira umutima rugabo. Igihe wizigira udakekeranya ko Yehova azogufasha mu bihe vy’ingorane, bituma urushiriza kugaragaza umutima rugabo. Rero turakeneye gusaba ikintu intumwa za Yezu zasavye, tukabandanya gutakambira Yehova duti: «Twongerereze ukwizera.»—Luka 17:5.
«Nimugire umutima rugabo!»
10-11. Kubera iki Pawulo yabwiye abakirisu b’i Yeruzalemu no mu micungararo yaho ko bakeneye kugira umutima rugabo?
10 Igihe Pawulo yandikira abakirisu b’Abaheburayo bari i Yeruzalemu no mu micungararo yaho, yari azi ko bimirije gushikirwa n’ibintu bitoroshe. Yezu yari yaravuze ko Yeruzalemu yosanganguwe kandi igihe Pawulo yabandikira hari hasigaye igihe gito ngo ivyo bishike. (Luka 19:41-44; 21:20-24) Pawulo yarabibukije ko bihambaye kugira umutima rugabo. Uti gute? Reka dusubire kuraba amajambo yavuze, ari mu ntangamarara y’iki gitabu. Ayo majambo ni umuhango Yehova yatanze ugira uti: «Sinzokwigera ndaguta, kandi sinzokwigera ndaguheba.» None ayo majambo yatumye biyumva gute? Pawulo yongeye ati: «Turashobora rero kugira umutima rugabo tukavuga duti: “Yehova ni umutabazi wanje, nta co nzotinya. Mbega umuntu yongira iki?”»—Heb. 13:5, 6.
11 Naho Bibiliya itavuga amakuru yose y’ingene isangangurwa rya Yeruzalemu ryagenze mu 70 inyuma ya Kristu, turashobora kwemera tudakeka ko abakirisu bo muri ico gisagara bagamburutse impanuro ya Pawulo yahumetswe. Baragize umutima rugabo kandi baragamburukira Yezu. «[Baratanguye] guhungira mu misozi» ku gihe nyene vyari bibereye.—Luka 21:20, 21.
12. (a) Ni imihango iyihe yogufasha kugira umutima rugabo mu bihe bitoroshe? (b) Muri kino gihe abasavyi ba Yehova bamwebamwe bagaragaje gute umutima rugabo, kandi wiyemeje gukora iki? (Raba uruzitiro ruvuga ngo «Niwigane umutima rugabo wabo.»)
12 Na wewe Yehova arashobora kuguha umutima rugabo igihe cose uwukeneye, haba ubu canke muri kazoza. (Ezk. 38:1, 2, 10-12; Mat. 24:21) Niwame wibuka ko Yehova yadusezeraniye ko azodukingira Shetani hamwe n’abamushigikiye. (Ezk. 38:19-23; 2 Tes. 3:3) Ntazokwigera aheba abamukunda kandi bakamwizigira. Ivyo Yehova yabwiye Yosuwa na wewe birakuraba. Urashobora ‘kugira umutima rugabo kandi ugakomera cane.’ (Yos. 1:7, 9, 18) Urama wibuka kandi amajambo Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Nimugire umutima rugabo!» Yezu yasezeranye ko azokurungikira impwemu nyeranda y’Imana, kandi azobikora ata kabuza. Impwemu nyeranda izotuma ugira umutima rugabo ukeneye kugira ugume uri intahemuka kuri Yehova. (Yoh. 14:26; 15:26, 27; 16:33) Emwe urashobora «kugira umutima rugabo!»
Naho ivyacu vyoba vyifashe gute, Yehova asezerana kuduha umutima rugabo abicishije ku mpwemu yiwe nyeranda kugira dushobore kwihanganira ingorane zose zodushikira
13. Ni igiki kigufasha kugaragaza umutima rugabo?
13 Niwihe ishusho igihe kw’isi yose hazoba harangwa amahoro. Ibaze ingene bizoba biryoshe kubona abacu bapfuye bazuka. Ico gihe tuzobona abagabo n’abagore bavuzwe muri iki gitabu hamwe n’abandi benshi bagaragaje umutima rugabo. Bashobora kuba barahuye n’ingorane muri ino si ya Shetani, mbere bakemera kuhasiga ubuzima kugira bagume bumiye kuri Yehova. Nibazuka mw’isi nshasha, woba wibaza ko bazokwicuza kubera bahisemwo gukorera Yehova? Eka data! Iyumvire nawe ukuntu uzoba umerewe ico gihe. Uzohimbarwa cane kandi uzoba ufise igikorwa giteye umunezero. Uzokorana na bo mu guhindura isi iparadizo. Igihe uzoba uri mw’isi nshasha, woba uzokwicuza kubera wahisemwo gukorera Yehova? Oya nawe nu! Niwiyemeze rero kuguma ugaragaza umutima rugabo gushika kw’iherezo. Niwabigira, uzohimbarwa ibihe bidahera!