ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wcg rup. 246-255
  • ‘Nugire umutima rugabo’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Nugire umutima rugabo’
  • Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Akamaro k’isengesho
  • «Nimugire umutima rugabo!»
  • “Gira umutima rugabo . . . ukore”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Urashobora kugira umutima rugabo!
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • “Ugire umutima rugabo kandi ukomere cane”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Numpe umutima rugabo
    Turirimbire Yehova tunezerewe
Ibindi
Gendana n’Imana n’umutima rugabo
wcg rup. 246-255

INSOZERO

‘Nugire umutima rugabo’

Integuro icapuwe
Integuro icapuwe
Integuro icapuwe
Integuro icapuwe
Integuro icapuwe

1. Hoba hari ibindi bintu twokwiga muri Bibiliya ku bijanye n’umutima rugabo?

MURI iki gitabu, twarabonye abantu batari bake bagaragaje umutima rugabo be n’ingene twobigana. Ariko rero haracariho vyinshi twokwiga muri Bibiliya ku bijanye n’umutima rugabo. Nk’akarorero, Bibiliya iravuga abandi bantu batari bake bagaragaje umutima rugabo mugabo batavuzwe muri iki gitabu. Vyongeye, hariho ikindi kintu dukeneye codufasha kugaragaza umutima rugabo, akaba ari co tugiye kuganirako muri iki kigabane.

2. Abandi basavyi b’Imana b’abizigirwa bagaragaje umutima rugabo ni bande?

2 Hari abandi bantu bavugwa muri Bibiliya woba uzi bagaragaje umutima rugabo mugabo batavuzwe muri iki gitabu? Ushobora kuba uciye ubona abahanuzi badasanzwe bavugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo nka Yesaya, Yeremiya, Ezekiyeli, Yona canke Malaki. Bashobora kuba barashikiwe n’ibintu bimwebimwe Pawulo adondagura mu Baheburayo ikigabane ca 11. Yanditse ko bamwebamwe «[bageragejwe] mu gucokorwa no mu gukubitwa ibimoko, eka mbere baboheshwa iminyororo, batabwa no mu mabohero.» Yaravuze kandi ko abandi «bari mu bukene no mu makuba, kandi [bakagirirwa] nabi.» Mbere hariho n’abishwe. (Heb. 11:​36, 37) Ariko bagumye bumiye kuri Yehova babigiranye umutima rugabo.

3-4. Abagore babiri batavugwa amazina bafashije gute gukingira umwami Dawidi igihe yari mu kaga?

3 Hariho abantu benshi bagaragaje umutima rugabo ariko Bibiliya itavuga amazina. Raba nk’akarorero abagore babiri babayeho mu gihe c’umwami Dawidi. Abo bagore babiri barafashije Dawidi igihe umuhungu wiwe Abusalomu yashaka kumwica. Abusalomu yari umugabo w’ubwibone kandi w’inkozi y’ikibi, akaba yashaka kuba umwami mu kibanza ca se wiwe Dawidi. Dawidi rero yaciye ahunga ava i Yeruzalemu. Dawidi yasavye Sadoki, umuherezi w’umutima rugabo, ngo asubire mu gisagara kandi agumeyo kugira ngo atohoze imigambi ya Abusalomu. Sadoki yabwirizwa kuza araha amakuru Dawidi. Igihe Sadoki yamenya ivyo Abusalomu yagira akore, yaciye atuma «umusukukazi umwe» kubibwira Dawidi. Ntituzi izina ry’uwo musukukazi, ariko turazi ko yagaragaje umutima rugabo. Naho vyari gutuma yicwa, yaragiye kubwira abasuku babiri ba Dawidi ivyo Sadoki yamutumye. Abo bagabo baciye bashira ubwo butumwa Dawidi, ariko hari umuntu yababonye, aca aja kubibwira Abusalomu. Nya bagabo baciye binyegeza mu kinogo c’amazi. Umugore wa nyene ico kinogo, na we nyene akaba atavugwa izina, yaciye apfuka ico kinogo, aca agisanzako intete. Igihe abasuku ba Abusalomu bahashika bariko barondera abo bagabo babiri, uwo mugore yaciye abahenda. Abo bagore babiri b’umutima rugabo barafashije mu gukingira umwami yarobanuwe na Yehova.—2 Sam. 15:​23-37; 17:​8-22.

Udufoto: Abagore babiri batavugwa amazina bafashije gukingira umwami Dawidi. 1. Umusukukazi ariko aravugana n’abasuku ba Dawidi babiri. 2. Wa mugore yanyegeza abasuku ba Dawidi mu kinogo c’umugabo wiwe ariko arazirikana, hakaba hari abagabo bariko baragenda bavuye muhira iwe.

Wa musukukazi na wa mugore bagira umutima rugabo wo gufasha abasavyi ba Yehova

4 Bibiliya iravuga abagabo n’abagore benshi bagaragaje umutima rugabo. Bamwebamwe turazi amazina yabo, abandi na bo nta yo tuzi. Bamwe muri bo bari batunze, abandi bari bakenye. Hari abari bafise amabanga akomeye, abandi na bo ari abantu basanzwe. Ariko bose baragaragaje umutima rugabo kandi barizigira Yehova. Inkuru zabo zirashobora kudufasha muri iki gihe.

Akamaro k’isengesho

5-7. Pawulo yakuye hehe umutima rugabo watumye yihanganira uruhamo?

5 Twokwigana gute abagabo n’abagore bavugwa muri Bibiliya bagaragaje umutima rugabo? Abo bagabo n’abagore ntibavukanye umutima rugabo. None boba bashoboye gukorera Yehova kubera inguvu zabo bwite? Habe namba. Hari ikindi kintu bari bakeneye kugira bashobore kugaragaza umutima rugabo. Uti ni igiki?

6 Raba nk’akarorero icafashije intumwa Pawulo kugaragaza umutima rugabo. Igihe Pawulo na Silasi bariko baravuga inkuru nziza i Filipi, hari isinzi ry’abantu ryaciye ribatera, ritabagura impuzu zabo, rirabakubita inkoni incuro zitari nke, rica ribaterera mw’ibohero ahantu hatabona, ibirenge vyabo biri mu mpatane z’ibiti. (Ivyak. 16:​12, 19-24) Bamaze kurekurwa, Pawulo yoba yaratinye gusubira kuvuga inkuru nziza? Kubera ko Pawulo yari umuntu nkatwe, ashobora kuba yaragize ubwoba. Naho ari ukwo, Pawulo yari azi yuko Yehova yipfuza ko abandanya kuvuga inkuru nziza. Yabwirizwa kuja kubwira inkuru nziza abantu bo mu gisagara c’i Tesalonika. None yakuye he inkomezi n’umutima rugabo vyo kubandanya ico gikorwa?

7 Yahavuye yandika ati: «Twabanje gushikirwa n’imibabaro twongera dufatwa nabi bimwe biteye isoni i Filipi, nk’uko mubizi, mugabo Imana yacu yaradufashije kugira ubutinyutsi ngo tubabwire inkuru nziza y’Imana naho twarwanijwe cane.» (1 Tes. 2:2) Pawulo yari azi ko akeneye kugira ubutinyutsi kugira akore ivyo Imana yamusavye. None yakuye he ubwo butinyutsi? Bwoba bwari busanzwe buri muri we? Habe namba. Yavuze ko ‘Imana yamufashije’ kugira ubutinyutsi. Yarasavye Yehova yicishije bugufi kugira ngo amuhe umutima rugabo yari akeneye kandi Yehova yarishuye iryo sengesho.

8. Nk’ukwo kwa Pawulo, twokora iki nimba dukeneye kugira umutima rugabo?

8 Cokimwe na Pawulo, nusabe Yehova agufashe kugira umutima rugabo. Ntiwigere wibaza ko utoshobora kugira umutima rugabo kubera ata buhanga kanaka ufise. Ahubwo nusenge Yehova umusabe umutima rugabo. Nuhere amazinda ko azogufasha kugaragaza umutima rugabo igihe cose uwukeneye.—Ivyak. 4:29.

9. Kubera iki dukeneye gusaba Yehova ngo atwongerereze ukwizera?

9 Urashobora kandi gusaba Yehova ngo akwongerereze ukwizera. Yehova arashobora kugufasha gukomeza ukwizera kwawe biciye ku mpwemu yiwe nyeranda. (Gal. 5:​22, 23) Ukwizera kurashobora kugufasha kurwanya Shetani, maze ukaguma uri umwizigirwa kuri Yehova. (Ef. 6:16) Ukwizera kurahambaye cane ku buryo Bibiliya ivuga ko gushobora kudufasha «gutsinda isi.» (1 Yoh. 5:4) Kwizigira Yehova ni wo mushinge wo kugira umutima rugabo. Igihe wizigira udakekeranya ko Yehova azogufasha mu bihe vy’ingorane, bituma urushiriza kugaragaza umutima rugabo. Rero turakeneye gusaba ikintu intumwa za Yezu zasavye, tukabandanya gutakambira Yehova duti: «Twongerereze ukwizera.»—Luka 17:5.

«Nimugire umutima rugabo!»

10-11. Kubera iki Pawulo yabwiye abakirisu b’i Yeruzalemu no mu micungararo yaho ko bakeneye kugira umutima rugabo?

10 Igihe Pawulo yandikira abakirisu b’Abaheburayo bari i Yeruzalemu no mu micungararo yaho, yari azi ko bimirije gushikirwa n’ibintu bitoroshe. Yezu yari yaravuze ko Yeruzalemu yosanganguwe kandi igihe Pawulo yabandikira hari hasigaye igihe gito ngo ivyo bishike. (Luka 19:​41-44; 21:​20-24) Pawulo yarabibukije ko bihambaye kugira umutima rugabo. Uti gute? Reka dusubire kuraba amajambo yavuze, ari mu ntangamarara y’iki gitabu. Ayo majambo ni umuhango Yehova yatanze ugira uti: «Sinzokwigera ndaguta, kandi sinzokwigera ndaguheba.» None ayo majambo yatumye biyumva gute? Pawulo yongeye ati: «Turashobora rero kugira umutima rugabo tukavuga duti: “Yehova ni umutabazi wanje, nta co nzotinya. Mbega umuntu yongira iki?”»—Heb. 13:​5, 6.

11 Naho Bibiliya itavuga amakuru yose y’ingene isangangurwa rya Yeruzalemu ryagenze mu 70 inyuma ya Kristu, turashobora kwemera tudakeka ko abakirisu bo muri ico gisagara bagamburutse impanuro ya Pawulo yahumetswe. Baragize umutima rugabo kandi baragamburukira Yezu. «[Baratanguye] guhungira mu misozi» ku gihe nyene vyari bibereye.—Luka 21:​20, 21.

12. (a) Ni imihango iyihe yogufasha kugira umutima rugabo mu bihe bitoroshe? (b) Muri kino gihe abasavyi ba Yehova bamwebamwe bagaragaje gute umutima rugabo, kandi wiyemeje gukora iki? (Raba uruzitiro ruvuga ngo «Niwigane umutima rugabo wabo.»)

12 Na wewe Yehova arashobora kuguha umutima rugabo igihe cose uwukeneye, haba ubu canke muri kazoza. (Ezk. 38:​1, 2, 10-12; Mat. 24:21) Niwame wibuka ko Yehova yadusezeraniye ko azodukingira Shetani hamwe n’abamushigikiye. (Ezk. 38:​19-23; 2 Tes. 3:3) Ntazokwigera aheba abamukunda kandi bakamwizigira. Ivyo Yehova yabwiye Yosuwa na wewe birakuraba. Urashobora ‘kugira umutima rugabo kandi ugakomera cane.’ (Yos. 1:​7, 9, 18) Urama wibuka kandi amajambo Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Nimugire umutima rugabo!» Yezu yasezeranye ko azokurungikira impwemu nyeranda y’Imana, kandi azobikora ata kabuza. Impwemu nyeranda izotuma ugira umutima rugabo ukeneye kugira ugume uri intahemuka kuri Yehova. (Yoh. 14:26; 15:​26, 27; 16:33) Emwe urashobora «kugira umutima rugabo!»

Udufoto: Abavukanyi na bashiki bacu bariko barihanganira ingorane babigiranye umutima rugabo. 1. Mushiki wacu w’umuyabaga ari mw’ishure ariko aramwenyura afise ikaye n’agatabu «Vyoba vyararemwe?» 2. Mw’ikambi y’impunzi, abavyeyi bafashe ku rutugu agakobwa kabo bariko baramwenyura. 3. Umuvukanyi akiri muto ariko aramwenyura, ariko ararabira mu vyuma vy’agasho.

Naho ivyacu vyoba vyifashe gute, Yehova asezerana kuduha umutima rugabo abicishije ku mpwemu yiwe nyeranda kugira dushobore kwihanganira ingorane zose zodushikira

Niwigane umutima rugabo wabo

Martin na Gertrud Poetzinger

Martin na Gertrud Poetzinger.

Haheze amezi atatu n’igice gusa Martin na Gertrud bubakanye kandi bahimbariwe umurimo wabo w’ubutsimvyi, barafashwe baca bashirwa mu busho butandukanye. Martin yafashwe mu 1936, aca apfungirwa i Dachau. Inyuma y’aho, na Gertrud yarafashwe. Bamaze imyaka icenda batarasubira kubonana. Muri ico kiringo nka cose, nta n’umwe muri bo yari azi ko uwundi akiriho. Ariko bose bari biyemeje kuguma ari intahemuka. Martin baramukuye i Dachau bamujana kumupfungira i Mauthausen, aho yafashwe nabi cane. Gertrud yamaze imyaka itatu n’igice apfungiwe mu gasho ka wenyene. Inyuma y’aho yamaze imyaka ine apfungiwe i Ravensbrück. Intambara imaze kurangira, yaramenye ko Martin akiriho. Martin hamwe n’abandi bavukanyi 100 bari bapfungiwe i Mauthausen. Gertrud yaringinze umukomanda ngo arekure Martin, aca aramurekura hamwe n’abo bavukanyi bari bapfunganywe. Inyuma y’iyo myaka yose, Martin na Gertrud barasubiye kubonana, maze bamara imyaka myinshi bari mu murimo w’igihe cose. Mu nyuma baratumiwe gukorera kuri Beteli i Brooklyn muri New York, aho Martin yari mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova. Yarakunda kubwira abavukanyi na bashiki bacu ati: «Umutima rugabo ni imwe muri kamere zihambaye cane umusavyi wa Yehova akwiye kugira.» Bompi babandanije gukorera Yehova badahemuka kandi bahimbawe gushika ku rupfu.

«Umutima rugabo ni imwe muri kamere zihambaye cane umusavyi wa Yehova akwiye kugira.»—M. Poetzinger

Valentina Garnovskaya

Valentina Garnovskaya.

Valentina yaba muri Biélorussie igihe yahura n’Icabona ca Yehova ari ryo rya mbere mu 1945. Yari afise nk’imyaka 20. Uwo muvukanyi yaragarutse kumuraba incuro zibiri kandi Valentina yarakunze cane ivyo yize muri Bibiliya. Ariko ntiyasubiye kubona uwo muvukanyi, kandi kubera ko Ivyabona vya Yehova bari babujijwe, vyari bigoye kubaronka. Naho vyari ukwo, yarabwiye abandi ivyo yize abigiranye umutima rugabo. Ivyo vyatumye afatwa, amara imyaka umunani apfunzwe. Igihe yarekurwa mu 1953, yaciye ubwo nyene asubira kubwira abandi ukuri kwo muri Bibiliya. Ivyo vyatumye asubira gufatwa, amara iyindi myaka cumi apfunzwe. Igihe kimwe, yarabonye abagore batari bake b’Ivyabona. Bari bafise Bibiliya ariko baguma bayinyegeje. Umwe muri bo yarayeretse Valentina. Valentina ntiyari bwasubire gukubita ijisho Bibiliya kuva ca gihe yaganira na wa muvukanyi. Amaze kurekurwa mu 1967, yaciye abatizwa araba Icabona ca Yehova. Yagumye yamamaza n’umwete gushika asubiye gufatwa mu 1969 baca bamucira gupfungwa iyindi myaka itatu. Na ho nyene yabandanije kwamamaza adahorereza. Yapfuye mu 2001, amaze gufasha abantu nka 44 kumenya ukuri. Atereje amaso inyuma yavuze ati: «Sinigeze ngira inzu yanje yo kubamwo. Ivyo nari mfise vyose vyaja mw’ivarisi imwe gusa, ariko narasukuriye Yehova mpimbawe.»

«Sinigeze ngira inzu yanje yo kubamwo. Ivyo nari mfise vyose vyaja mw’ivarisi imwe gusa, ariko narasukuriye Yehova mpimbawe.»—V. Garnovskaya

Alfredo Fernández

Alfredo Fernández.

Alfredo yari mu gukwiza imyaka 19 igihe bamusaba kuja mu gisoda co muri Argentine. Ariko kubera ko yari yarasuzumye ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’intambara hamwe na politike, yari yarafashe ingingo yo kudashigikira intambara iyo ari yo yose. Yaranse rero kuja mu gisoda, mbere aranka no kwambara impuzu za gisirikare. Yaciye atabwa mw’ibohero. Abarinzi b’ibohero baramufata bunyamaswa, rimwe na rimwe bakamutera ubwoba ko bagiye kumwica. Ariko yaguma asoma Bibiliya kandi akandika ivyo yaba yasomye. Igihe yasambishwa, umucamanza yamubwiye ko yomurekura aramutse yemeye kwambara impuzu za gisirikare imbere ya sentare. Alfredo yaravyanse yivuye inyuma, baca bamusubiza mw’ibohero. Kubera ko yafatwa nabi cane, yahavuye arwara bimwe bikomeye. Umuganga akora muri iryo bohero yamubwiye ko yimirije gupfa. Alfredo abonye ko agiye gupfa, yaciye yandikira ikete umuryango wiwe. Yanditse ati: «Muryango wanje nkunda, sinigeze nipfuza kubandikira ikete nk’iri. Ariko mbonye ko bikenewe mfatiye ku kuntu ivyanje vyifashe.» Yarashimiye cane umuryango wiwe kubera bagumye bamuremesha igihe yari apfunzwe. Yababwiye ati: «Ndashimira cane Yehova Imana yacu yuzuye urukundo kubona yaratumye mba muri uwu muryango. . . . Ndatahura intuntu muza kugira muriko murasoma iri kete. Ariko ndabasavye ntimurengerwe n’umubabaro, ahubwo mukomere. Nimureke Yehova abakomeze biciye kw’Ijambo ryiwe Bibiliya. . . . Mwame mwibuka ko urupfu atari iherezo. Nizigiye ko igihe cose muzokwibuka ko nagumye ndi intahemuka kuri Yehova bizotuma namwe muguma muri intahemuka.» Alfredo yapfuye mu 1982 afise imyaka 21, akaba yari amaze imyaka itatu mw’ibohero. Yagumye ari intahemuka gushika kw’iherezo.

«Ndabasavye ntimurengerwe n’umubabaro, ahubwo mukomere.»—A. Fernández

Karen Oehm

Karen na Rainer Oehm.

Kuva Karen akiri muto, yari Icabona ca Yehova ahimbawe kandi yimereye neza. Yarakunda ubutsimvyi, mu nyuma na ho igikorwa yakorera kuri Beteli yo muri Amerika ari kumwe n’umugabo wiwe Rainer. Ariko ageze mu myaka 50, yarafashwe n’indwara ikomeye (yitwa Sclérose latérale amyotrophique). Ni indwara yonona udutsi nsozabwenge, igatuma umuntu aba paralize, amaherezo agapfa. Karen akimenya ivy’iyo ndwara, yaciye yiyemeza gukoresha neza umwanya yari asigaranye no kuguma abona ibintu mu buryo bwiza. Umwanya munini yawumara ariko ariyigisha Bibiliya yongera abwira abandi inkuru nziza. Yarakoze ibishoboka vyose kugira amenyere kubana n’iyo ndwara yiwe. Igihe yabona ko bitanguye kwanka ko avuga, yaciye yiga gukoresha ubuhinga bwo kuri orodinateri butuma umuntu agira ikimenyetso n’amaso, orodinateri igaca yandika ivyo ashatse kuvuga. Naho ubwo buhinga butoroshe, yarashobora kwandika inyishu yaba ashaka gutanga kw’ikoraniro kandi akamamaza biciye ku makete. Umwe mu baforomakazi bamwitwararika, akaba yari umukirisu mugenziwe, avuga ati: «Sinigeze numva avuga ngo “Kubera iki ari jewe vyashikiye?” Hasigaye indwi zibiri gusa ngo apfe, yarandikiye ikete umugore umwe twaganira kuri Bibiliya. Mu gusozera iryo kete yamubwiye ati: “Igihe cose uzokwumva ucitse intege, ntuzokwitinye kunyagira.”» Uwundi muforomakazi yavuze ati: «Ntiyigeze yidoga kubera indwara yiwe. Yari afise imvo nyinshi zo kwihebura, ariko kubera yizigira cane izuka, yaguma aremye. Yari azi ko azozuka kandi ko Yehova azomuha amagara meza, atagira akanenge.» Karen agifatwa n’iyo ndwara, ihasa ryiwe ryamubajije riti: «Ni igiki gituma utihebura?» Karen yaciye yiyishurira ati: «Yehova aratanga inkomezi umuntu aba akeneye.» Kandi Yehova yaramuhaye inkomezi gushika apfuye. Karen amaze gupfa, umugabo wiwe yaratanze amakete atari make Karen yari yaranditse yo gushimira incuti n’abagenzi, kubahoza no kubaremesha.

«Yehova aratanga inkomezi umuntu aba akeneye.»—K. Oehm

13. Ni igiki kigufasha kugaragaza umutima rugabo?

13 Niwihe ishusho igihe kw’isi yose hazoba harangwa amahoro. Ibaze ingene bizoba biryoshe kubona abacu bapfuye bazuka. Ico gihe tuzobona abagabo n’abagore bavuzwe muri iki gitabu hamwe n’abandi benshi bagaragaje umutima rugabo. Bashobora kuba barahuye n’ingorane muri ino si ya Shetani, mbere bakemera kuhasiga ubuzima kugira bagume bumiye kuri Yehova. Nibazuka mw’isi nshasha, woba wibaza ko bazokwicuza kubera bahisemwo gukorera Yehova? Eka data! Iyumvire nawe ukuntu uzoba umerewe ico gihe. Uzohimbarwa cane kandi uzoba ufise igikorwa giteye umunezero. Uzokorana na bo mu guhindura isi iparadizo. Igihe uzoba uri mw’isi nshasha, woba uzokwicuza kubera wahisemwo gukorera Yehova? Oya nawe nu! Niwiyemeze rero kuguma ugaragaza umutima rugabo gushika kw’iherezo. Niwabigira, uzohimbarwa ibihe bidahera!

Abavukanyi na bashiki bacu harimwo n’abana bari mw’iparadizo bahimbawe. Bamwe bariko bagaburira imisumbaremba abandi bariko bihweza ikindi gikoko, abandi bariko bateka piza, abandi bariko baraganira, abandi na bo bariko baracuraranga.
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika