ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w96 1/7 rup. 15-20
  • “Inzu yo Gusengerwamwo n’Amahanga Yose”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Inzu yo Gusengerwamwo n’Amahanga Yose”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ahera Cane
  • Ahera
  • Ikigo
  • Umusi w’Impongano
  • Urusengero rwa Mbere n’Urwa Kabiri
  • Imana Ihéba Inzu Yayo yo kw Isi
  • Nukenguruke agateka ufise ko gusengera Yehova mu rusengero rwiwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Urusengero rwo mu vy’Impwemu Ruhambaye Rwa Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • “Ibintu vy’Igiciro” Biriko Biruzura Ingoro ya Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
w96 1/7 rup. 15-20

“Inzu yo Gusengerwamwo n’Amahanga Yose”

“Mbega ntivyanditswe, ngw Ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose?”—MARIKO 11:17.

1. Ni ubucuti bwoko ki Adamu na Eva bari bafitaniye n’Imana ubwa mbere?

IGIHE Adamu na Eva baremwa, bari bafitaniye ubucuti bukomeye na Se wabo wo mw ijuru. Yehova Mana yaraseruranira na bo akari ku mutima akongera akabarangira intēgo yiwe y’igitangaza afitiye ubwoko bw’abantu. Nta cababuza rero ko kenshi barengera mu vy’ugushemeza Yehova kubera ibikorwa vyiwe vy’akumiza vy’irema. Igihe Adamu na Eva baba bakeneye ubuyobozi uko bazirikana uruhara rwabo rw’ukuba se na nyina b’umuryango w’abantu, barashobora kwegera Imana aho bari hose mu muhira wabo w’Iparadizo. Ntibari bakeneye ibikorwa vy’umuherezi mu rusengero.—Itanguriro 1:28.

2. Ni ihinduka riki ryahabaye igihe Adamu na Eva bakora icaha?

2 Ibintu vyagiye guhinduka aho umumarayika mugarariji akwegakwegeye Eva mu kwiyumvira yuko umuturi yogize mu buzima woryohanutse aramutse yiyamirije ububesegaba bwa Yehova, akavuga icese yuko uwo mugore “[yo]mera nk’Imana.” Eva yaremeye rero ikinyoma ca Shetani, arya ku giti Imana yari yababujije. Ni ho Shetani yakoresha Eva ngo ageze umugabo wiwe. Noneho Adamu yumvira umugore wiwe munyacaha, amurangira ko mbere arushirijeho guha agaciro ubucuti afitaniye na we kuruta ubucuti afitaniye n’Imana. (Itanguriro 3:4-7) Ubiravye, Adamu na Eva bari bahisemwo Shetani kuba imana yabo.—Gereranya na 2 Ab’i Korinto 4:4.

3. Inkurikizi mbi z’ubugarariji bwa Adamu na Eva zabaye izihe?

3 Aho babigenzereje gutyo, iyo nyabubiri y’abantu ya mbere bagize gutakaza ubucuti bunyagaciro bari bafitaniye n’Imana hamwe n’ikizigizigi c’ukubaho ubudashira mw iparadizo yo kw isi. (Itanguriro 2:16, 17) Imibiri yabo minyacaha yahavuye inambīra gushika aho bapfa. Uruvyaro rwabo rwarazwe ubwo bumeremere bunyacaha. ‘Gutyo,’ ni Bibiliya isigura, “urupfu rushika ku bantu bose.”—Abaroma 5:12.

4. Ni icizigiro nyabaki Imana yabîkiye ubwoko-muntu bunyacaha?

4 Hari ikintu cari gikenewe kugira ubwoko-muntu bunyacaha busubizwe hamwe n’Umuremyi mweranda wabwo. Igihe Imana yasomera urubanza Adamu na Eva, yarahaye icizigiro uruvyaro rwabo rwo muri kazoza mu kurusezeranira “urubuto” (NW) rwokijije ubwoko-muntu rukabakurako inkurikizi z’ubugarariji bwa Shetani. (Itanguriro 3:15) Mu nyuma, Imana yarahishuye yuko nya Rubuto rw’umuhezagiro rwoje biciye kuri Aburahamu. (Itanguriro 22:18) Kubera Imana yari ifise mu muzirikanyi iyo ntēgo ndangarukundo, yararobanuye abakomoke bo kuri Aburahamu, Abisirayeli, ngo bacike ihanga ricaguwe ryayo.

5. Ni kuki dukwiye kwitaho ido n’ido ry’ivyerekeye isezerano ry’Amateka Imana yagiraniye na Isirayeli?

5 Mu 1513 B.G.C., Abisirayeli barinjiye mu bucuti bw’isezerano bagiraniye n’Imana bongera baremera kugamburuka amateka yayo. Iryo sezerano ry’Amateka ryobaye iry’ukwitwararikwa cane ku bashaka bose gusenga Imana muri iki gihe kubera ko ryatunga urutoke ku Rubuto rwasezeranywe. Paulo yavuze ko ryarimwo “igitūtu c’ivyiza bizoza.” (Abaheburayo 10:1) Igihe Paulo yavuga ivyo, yariko ayaga ivyerekeye ubusuku bwarangurwa n’abaherezi bo muri Isirayeli kw itaberenakulo y’interurwa ari ryo hema ry’ugusengeramwo. Ryǐtwa ‘urusengero rwa Yehova’ canke ‘ingoro ya Yehova.’ (1 Samweli 1:9, 24) Duhwebuje ubusuku bweranda bwarangurirwa mu nzu ya Yehova yo kw isi, turashobora gushika ku kurushirizaho gukenguruka ya ntondeko ndangarukundo, imwe abantu banyavyaha bashobora gucako kino gihe bagacika abasubije hamwe n’Imana.

Ahera Cane

6. Ni igiki cashirwa Ahera Cane, kandi ukuba Imana ari ho iri kwaserukirwa n’iki?

6 “Īsumba vyose ntiba mu zubakishijwe amaboko,” bivugwa icese na Bibiliya. (Ivyakozwe n’intumwa 7:48) Ariko rero, ukuba Imana ihari mu nzu yayo yo kw isi vyaserukirwa n’igicu mu cumba c’indani rwose citwa Ahera Cane. (Abalewi 16:2) Bisa n’uko ico gicu carasa gisayangana, kigashira umuco Ahera Cane. Cahagarara hejuru y’ishinguriro ryeranda ryitwa “isandugu y’Ibishinga intahe,” rikaba ryarimwo ibisate vy’amabuye bisaraguyeko imbwirizo zimwezimwe Imana yahaye Isirayeli. Ku mutemere wa nya sandugu hariko abakeburi b’inzahabu babiri bafise amababa asanzurutse, bakaba bǎgereranya ibiremwa vy’impwemu bifise ikibanza co hejuru mw iyungungane ry’Imana ryo mw ijuru. Nya gicu c’umuco c’igitangaza cari gihererejwe hejuru y’umutemere, amatumbera hagati ya nya bakerubi. (Kuvayo 25:22) Ivyo vyatanga icibazo c’uko Mana Mushoboravyose avyagiye ku mukogote wo mw ijuru ushigikiwe n’abakerubi bazima. (1 Ngoma 28:18) Birasigura igituma Umwami Hezekiya yazamvye ati: “[Yehova, NW] Nyen’ingabo, Mana y’Abisirayeli, uvyagiye ku bakerubi.”—Yesaya 37:16.

Ahera

7. Ni ibintu biki vyari bishizwe Ahera?

7 Icumba kigira kabiri c’iyo taberenakulo citwa Ahera. Indani y’uwo musikuro, amaja ibubamfu bw’ubwinjiriro hari hahagaze igiterekwako amatara giteye igomwe c’amashami ndwi, iburyo naho hakaba imeza y’imitsima y’ibiterekērwa. Hirya imbere yaho hari hahagaze igicaniro aho akamoto k’imibavu ituriwe kaduga kava. Cari gihererejwe imbere y’igihuzu catandukanya Ahera n’Ahera Cane.

8. Ni ibikorwa biki abaherezi barangurira Ahera ubudahorereza?

8 Buri gitondo na buri mugoroba, hariho umuherezi yabwirizwa kwinjira muri iyo taberenakulo agaturira imibavu ku gicaniro c’imibavu. (Kuvayo 30:7, 8) Mu gitondo, igihe imibavu yaba iriko iraka, ya matara ndwi ashinze ku giterekwako amatara c’inzahabu yabwirizwa kunyweshwa amavuta. Ku mugoroba ya matara yaradomekwa kugira ashire umuco Ahera. Buri Sabato, umuherezi yabwirizwa gushira imitsima mibisi 12 ku meza y’imitsima y’ibiterekērwa.—Abalewi 24:4-8.

Ikigo

9. Ikigārigāri c’amazi camara iki, kandi ni icigwa giki dushobora gukura muri ivyo?

9 Itaberenakulo kandi yari ifise ikigo, icari gikikujwe n’umurombero ugizwe n’impuzu z’ihema. Muri ico kigo hariho ikigārigāri kinini, ico abaherezi bogerezamwo iminwe n’ibirenge imbere y’uko binjira Ahera. Bategerezwa kandi gukaraba imbere yuko bahereza ibimazi ku gicaniro cari gihererejwe mu kigo. (Kuvayo 30:18-21) Ico gisabwa cerekeye isuku ni inyibutsa ikomeye ku basuku b’Imana muri iki gihe c’uko bategerezwa kwinanata ngo bagire ubutyoroke bwo ku mubiri, mu meroruntu, mu buzirikanyi no mu vy’impwemu niba bashaka ko insengo yabo yemerwa n’Imana. (2 Ab’i Korinto 7:1) Haciye igihe, inkwi z’ugucana umucanwa ku gicaniro hamwe n’amazi yo gushira mu kigārigāri vyahavuye bitangwa n’abashumba bo mu rusengero batari Abisirayeli.—Yosuwa 9:27.

10. Ibintu bimwebimwe vyatangwako amashikanwa ku gicaniro c’amashikanwa vyari ibiki?

10 Buri gitondo na buri mugoroba, umwagazi w’intama waraturirirwa ku gicaniro uri kumwe n’ishikanwa ry’intete n’ikinyobwa. (Kuvayo 29:38-41) Ibindi bimazi vyaratangwa ku misi idasanzwe. Rimwe na rimwe ikimazi carategerezwa gutangwa kubera icaha kinaka umuntu yakoze. (Abalewi 5:5, 6) Ku bindi bihe, umwisirayeli yarashobora gushikana ikimazi c’ishimwe avyishakiye, hakagira ibihande vyaco biribwa n’abaherezi hamwe n’uwatanze nya shikanwa. Ivyo vyerekana ko abanyavyaha bashobora kugiranira amahoro n’Imana, bagasangira ingaburo na yo, mu buryo bw’ikigereranyo. Eka mbere n’umuganditsi w’inyambukira yarashobora gucika umusenzi wa Yehova kandi akanaterwa agateka ko kuzana amashikanwa avyishakiye, ku nzu Yiwe. Ariko kugira ngo batere Yehova ikuzo akwiriye, abaherezi bǎshobora gusa kwemera amashikanwa y’ubusinzoke buherejeko. Ifu iva mu mashikanwa y’intete yategerezwa kuba isyeye neza, n’ibitungwa bitangwako amashikanwa bigategerezwa kuba bitagira akanenge na kamwe.—Abalewi 2:1; 22:18-20; Malaki 1:6-8.

11. (a) Amaraso y’amashikanwa y’ibitungwa yakoreshwa iki, kandi ivyo vyerekana iki? (b) Imana ibona gute amaraso y’umuntu n’ay’ibitungwa?

11 Amaraso y’ivyo bimazi yazanwa ku gicaniro. Ico cari nk’inyibutsa ya misiyose kuri iryo hanga, yuko bari abanyavyaha bakeneye umucunguzi, uwo amaraso yiwe asesetse yotanze impongano y’intahava ku bw’ivyaha vyabo kandi akabakiza urupfu. (Abaroma 7:24, 25; Abagalatiya 3:24; gereranya n’Abaheburayo 10:3.) Iryo koreshwa ryeranda ry’amaraso kandi nyene ryaributsa Abisirayeli yuko amaraso aserukira ubuzima n’uko kandi ubuzima bwegukira Imana. Irindi koreshwa ry’amaraso iryo ari ryo ryose abantu bogira ryamye ribujijwe n’Imana.—Itanguriro 9:4; Abalewi 17:10-12; Ivyakozwe n’intumwa 15:28, 29.

Umusi w’Impongano

12, 13. (a) Umusi w’Impongano wari umuki? (b) Imbere y’uko umuherezi mukuru azana amaraso Ahera Cane, yategerezwa kugira iki?

12 Rimwe mu mwaka, ku wǐtwa Umusi w’Impongano, ihanga ryose rya Isirayeli, dushizemwo abaganditsi b’inyambukira bǎsenga Yehova, bategerezwa guhagarika akazi kose hanyuma bakisonzesha. (Abalewi 16:29, 30) Kuri uwo musi uhambaye, nya hanga ryarahumanurwa icaha mu buryo bw’ikigereranyo kugira rigiranire n’Imana ubucuti burangwa amahoro mu wundi mwaka. Reka dushushanye ukuntu vyari bimeze hanyuma twihweze ivyibonekeza muri vyo.

13 Umuherezi mukuru ari mu kigo c’itaberenakulo. Amaze gukaraba mu kigārigāri c’amazi, acinca imasa kugira ayitangeko inkuka. Amaraso ya nya masa asutswe mu rwavya; n’ay’ugukoreshwa mu buryo budasanzwe kugira abe impongano y’ivyaha vy’umuryango w’ubuherezi wa Lewi. (Abalewi 16:4, 6, 11) Mugabo imbere yuko agira ikindi kintu na kimwe akoza nya nkuka, hariho ico umuherezi mukuru ategerezwa kugira. Atwara imibavu imota (ngirango mu kidahuzo) hamwe n’amakara yaka umuriro akuye ku gicaniro ayatwaye mu cotero. Ubu na ho arinjiye Ahera akagenda agana igihuzu c’Ahera Cane. Bukebuke aca iruhande ya nya gihuzu agahagarara imbere ya rya sandugu ry’isezerano. Ubukwirikira, aho ata muntu n’umwe wundi abona, asuka imibavu kuri ya makara abengagira umuriro, maze Ahera Cane hakuzura igicu c’akamoto gahumera.—Abalewi 16:12, 13.

14. Ni kuki umuherezi mukuru yategerezwa kwinjira Ahera Cane afise amaraso y’ibitungwa bibiri bitandukanye?

14 Ubu na ho Imana igomba kuranga ikigongwe hanyuma ihongwe mu buryo bw’ikirorezo. Kubera iyo mpamvu, wa mutemere wa rya sandugu wǐtwa “icicaro c’ikigongwe” canke “umutemere wo guhongerako.” (Abaheburayo 9:5, ivyanditswe amaja epfo, NW) Wa muherezi mukuru arasohoka avuye Ahera Cane akakira amaraso ya ya masa, hanyuma agasubira kwinjira Ahera Cane. Nk’uko bibwirizwa n’Amateka, akoza urutoke muri nya maraso hanyuma akayajojotereza incuro ndwi imbere y’umutemere wa nya Sandugu. (Abalewi 16:14) Mu nyuma asubira mu kigo agacinca impene, ikaba ari ishikanwa ry’ivyaha “vy’abantu.” Makeyi ku maraso ya nya mpene ayajana Ahera Cane hanyuma akayakoresha ico yakoresheje amaraso ya ya masa. (Abalewi 16:15) Hari ibindi bikorwa bihambaye vyaba kandi ku Musi w’Impongano. Nk’akarorero, umuherezi mukuru yategerezwa kurambika amaboko yiwe ku mutwe w’impene igira kabiri hanyuma akaturiraho “ibigabitanyo vy’Abisirayeli vyose.” Iyo mpene nzima buno yarashorerwa mu bugaragwa ngo itware ivyaha vy’iryo hanga mu buryo bw’ikigereranyo. Muri ubwo buryo impongano yaratangwa buri mwaka, “iy’abaherezi, n’iy’ikoraniro ry’abantu bose.”—Abalewi 16:16, 21, 22, 33.

15. (a) Ni mu buryo ki urusengero rwa Salomo rwasa n’itaberenakulo? (b) Igitabu c’Abaheburayo kivuga iki ku vyerekeye ubusuku bweranda bwarangurirwa kw itaberenakulo no ku rusengero?

15 Mu myaka 486 ya mbere y’inkuru-kahise Abisirayeli bamaze ari igisata c’Imana ku bw’isezerano, ya taberenakulo y’interurwa yababera ahantu h’ugusengera Imana yabo Yehova. Maze, Salomo wo muri Isirayeli yaratewe agateka k’ukwubaka ururandage rw’intahava. Naho urwo rusengero rwari kuba runini kuruta kandi rukaba urwubatswe neza kuruta, ipura yatanzwe n’Imana yakwirikiye nya buryo nyene itaberenakulo yari yubatse. Nka kumwe kw’itaberenakulo, rwari urugereranya intondeko nini kandi kirumara kuruta y’ivy’insengo Yehova ‘yoshizeho, atari abantu.’—Abaheburayo 8:2, 5; 9:9, 11.

Urusengero rwa Mbere n’Urwa Kabiri

16. (a) Ni insabo ndangarukundo nki Salomo yagize igihe yinjira urusengero? (b) Yehova yaranze gute ko yemeye izambo Salomo amutuye?

16 Igihe Salomo yinjira urwo rusengero rw’ubwiza, yarashizemwo iyi nsabo mpumekano: “Umunyamahanga, atar’uwo mu bantu bawe b’Abisirayeli, ni yaza avuye mu gihugu ca kure azanywe n’izina ryawe rihambaye, . . . nuko ni yaza agasenga atumbereye iyi ngoro, uz’uvyumve uri mw ijuru ah’uba, uwo munyamahanga umumarire ivyo azoba agutakambiye vyose, bitume amahanga yose yo mw isi amenya izina ryawe, bakwubahe, nk’ukw abantu bawe b’Abisirayeli bakwubaha, kandi bamenye n’iyi ngoro nubatse ko yitwa iy’izina ryawe.” (2 Ngoma 6:32, 33) Mu buryo bwibonekeje, Imana yararanze ko yemeye izambo Salomo atuye ku bw’iyinjira. Ikibeya c’umuriro caratibutse kivuye mw ijuru kiyigiza ibimazi vy’ibitungwa vyari ku gicaniro, hanyuma ubuninahazwa bwa Yehova bwuzura nya rusengero.—2 Ngoma 7:1-3.

17. Ni igiki amaherezo cashikiye urusengero rwubatswe na Salomo, kandi kwari ukubera iki?

17 Ikibabaje, Abisirayeli baratakaje ugutinya nkizabuzima kwabo bafitiye Yehova. Haciye igihe, barahumanije izina ryiwe biciye mu bikorwa vy’isesamaraso, isengabimana, uburengabigo, ubugoke, biciye kandi ku gufata nabi impfuvyi, abapfakazi, n’imvamahanga. (Ezekiyeli 22:2, 3, 7, 11, 12, 26, 29) Gutyo, mu mwaka w’607 B.G.C., Imana yarashikije urubanza mu kuzana intwaramiheto za Babiloni ngo zisenyagure urwo rusengero. Abisirayeli barokotse bǎjanywe mu buhabishwe i Babiloni.

18. Ku rusengero rugira kabiri, ni uduteka nyabaki twugurukiye abantu batari Abisirayeli ariko bashigikira n’umutima wose insengo ya Yehova?

18 Inyuma y’imyaka 70, amasigarira y’Abayuda b’abihane barasubiye i Yeruzalemu bahabwa agateka k’ukwubaka busha urusengero rwa Yehova. Yamara rero, harabaye ubukene bw’abaherezi n’Abalewi bo gukora ubusuku muri urwo rusengero rugira kabiri. Kubera ico, Abanetinimu, abari bakomotse ku bashumba bo mu rusengero batari Abisirayeli, barahawe uduteka duhambaye kuruta, tw’ukuba abakozi bagenwa bo mu nzu y’Imana. Yamara, ntibigeze bacika abaringaniye n’abaherezi hamwe n’Abalewi.—Ezira 7:24; 8:17, 20.

19. Ni umuhango muki Imana yatanze ku biraba urusengero rugira kabiri, kandi ni mu buryo ki ayo majambo yabaye kwo?

19 Ubwa mbere vyasa n’uko urusengero rugira kabiri rwobaye ari ubusa rugereranijwe n’urwa kare. (Hagayi 2:3) Ariko Yehova yasezeranye ati: “Nzohindisha amahanga yose agashitsi, kand’ivy’igiciro vyo mu mahanga yose bizoza, nanje nzokwuzuza iyi ngoro ubgiza, . . . Ubgiza bgo hanyuma buzoba kur’iyi ngoro buzorusha ubga mbere.” (Hagayi 2:7, 9) Ayo majambo ntiyabeshe, urusengero rwa kabiri rwarashikiriye ubwiza bwinshi birushirije. Rwamaze imyaka 164 y’uburambe buruta urwa mbere, n’abandi basenzi benshi bavuye mu bindi bihugu vyinshi bararindiga baza mu bigo vyarwo. (Gereranya n’Ivyakozwe n’intumwa 2:5-11.) Isanurwa ry’urusengero rugira kabiri ryatanguye mu misi y’Umwami Herode, ari na ho ibigo vyarwo vyagurwa. Rwaradugijwe ku mukiruruko w’igitandara, rukikuzwa n’inkingi nzizanziza, mu buhambare ruraheta n’urusengero rwa mbere rwubatswe na Salomo. Rwarimwo imbuga yagutse y’abantu bo mu mahanga bashaka gusenga Yehova. Hǎriho igitangirizo c’amabuye catandukanya ico Kirimba gihawe Abanyamahanga n’ibigo vy’indani bibikiwe Abisirayeli gusa.

20. (a) Ni uburobanuke bw’iserukije ubuhe bwagaragariye ku rusengero rwubatswe busha? (b) Ni igiki cerekanye ko Abayuda bafashe urusengero nabi, kandi ni igiki Yezu yagize kuri ivyo?

20 Urwo rusengero rugira kabiri rwarironkeye uburobanuke buhambaye kubona Umwana w’Imana, Yezu Kirisitu, yigishiriza mu bigo vyarwo. Ariko nk’uko vyari mu rusengero rwa mbere, Abayuda bose tubafatiye hamwe ntibafashe neza agateka bari bafise k’ukuba abashinzwe inzu y’Imana. Kuki, baranaretse abadandaza ngo bagirire ubucuruzi mu kigo gihawe Abanyamahanga. Vyongeye, abantu baremererwa guca muri nya rusengero bwa kayira ka hafi, igihe bǎjana ibigurishwa mu micungararo ya Yeruzalemu. Imisi ine imbere y’uko apfa, Yezu yarahumanuye urusengero arukuramwo ivyo bimogorero binyesi, aguma avuga ati: “Mbega ntivyanditswe, ngw Ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose? Ariko mwebge mwayihinduye nk’isenga ry’abambuzi.”—Mariko 11:15-17.

Imana Ihéba Inzu Yayo yo kw Isi

21. Ni igiki Yezu yerekanye ku biraba urusengero rw’i Yeruzalemu?

21 Kubera igikorwa c’uburinduke Yezu akoze c’ugukimbukira insengo ityorotse y’Imana, indongōzi z’ivy’idini z’Abayuda bari biyemeje kumwica. (Mariko 11:18) Kubera ko Yezu yari azi ko vuba yogandaguwe, yabariye za ndogōzi z’Abayuda ati: “Inzu yanyu mu[ra]yitānywe.” (Matayo 23:37, 38) Muri ayo, yarerekanye ko vuba Imana itobaye icemeye iforome y’insengo imogorewe ku rusengero ngereranya rw’i Yeruzalemu. Ntirwobaye rukiri “inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose.” Igihe abayoboke ba Yezu batunga urutoke ku nyubako z’agahore za nya rusengero bazimwereka, yavuze ati: “Ntimubona ivyo vyose? . . . Aha ntihazosigazwa ibuye rigeretse ku rindi, ridasamburiwe hasi.”—Matayo 24:1, 2.

22. (a) Amajambo ya Yezu yerekeye urusengero yatashe gute? (b) Mu gishingo c’uguhagarika icizigiro cabo ku gisagara co kw isi, ni igiki Abakirisu ba mbere bǎrondera?

22 Rino rimenyeshakazoza rya Yezu ryatahijwe inyuma y’imyaka 37, mu mwaka wa 70 G.C., igihe intwaramiheto z’Abaroma zasenyagura Yeruzalemu n’urusengero rwaho. Ivyo vyaratanze igihinyuza mpomerabunwa c’uko Imana yari vy’ukuri yahevye inzu ngereranya yayo. Yezu nta ho yigeze avuga imbere y’igihe iyubakwabusha ry’urundi rusengero i Yeruzalemu. Ku biraba ico gisagara co kw isi, umuposolo Paulo yandikiye Abakirisu baheburayo ati: “Kuko hano tutahafise igisagara kizokwamaho, ariko turondera ikizoza.” (Abaheburayo 13:14) Abakirisu ba kare bari biteze kuzocika igihimba ca “Yerusalemu ho mw ijuru”—igisagara c’Ubwami bw’Imana. (Abaheburayo 12:22) Gutyo, insengo y’ukuri ya Yehova ntigihagaze ku rusengero rufadika rwo kw isi. Mu mutagi wacu ukurikira, turaja kwihweza intondeko za rutura Imana yashizeho ku bw’abipfuza kuyisenga “mu mpwemu no mu kuri.”—Yohana 4:21, 24.

Ibibazo vy’Isubiramo

◻ Adamu na Eva batakaje ubucuti buki bari bafitaniye n’Imana?

◻ Ni kubera iki ivyari bigize itaberenakulo dukwiye kuvyitaho?

◻ Ni igiki twegenyera ku bikenurwa vyabera mu kigo c’itaberenakulo?

◻ Ni kuki Imana yaretse urusengero rwayo rugasenyagurwa?

[Amafoto ku rup. 16, 17]

Urusengero Rwubatswe Busha na Herode

1. Ahera Cane

2. Ahera

3. Igicaniro c’Ishikanwa Ryoshejwe

4. Ikigārigāri c’Umuringa

5. Ikirimba c’Abaherezi

6. Ikirimba c’Abisirayeli

7. Ikirimba c’Abagore

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika