Intsinzi y’Insengo y’Ukuri Iri Hafi
“[Yehova, “NW”] azoba Umwami aganza isi yose.”—ZEKARIYA 14:9.
1. Ni ibiki vyabaye ku Bakirisu basīzwe mu gihe c’Intambara ya I y’Isi yose, kandi ivyo vyari vyaramenyeshejwe gute?
MURI ya ntambara ya mbere y’isi yose, Abakirisu basīzwe baracumukujwe n’amagume hamwe n’ugupfungwa, mu maboko y’amahanga yari mu ntambara. Inkuka z’ishemezo baha Yehova zaratangīriwe bimwe bikomeye, bakorokera mu buhabishwe bwo mu vy’impwemu. Ivyo vyose vyari vyaravuzwe imbere y’igihe muri Zekariya 14:2, ahadondora igitero amahanga yose yoteye Yeruzalemu. Igisagara kivugwa muri iryo rimenyeshakazoza ni “Yerusalemu ho mw ijuru,” Ubwami bw’Imana bwo mw ijuru hakaba kandi ahari “intebe y’Imana n[’iy]a wa Mwagazi.” (Abaheburayo 12:22, 28; 13:14; Ivyahishuriwe Yohana 22:3) Abasīzwe b’Imana bari kw isi ni bo bǎserukira ico gisagara. Abizerwa muri bo bararokotse nya gitero, baranka kwemera kwangazwa ngo ‘bave muri nya gisagara.’a
2, 3. (a) Insengo ya Yehova yatsinze gute mu 1919? (b) Kuva mu 1935, ni insanzuruko nyabaki yahabaye?
2 Mu 1919, abasīzwe b’abizerwa bari bidegembeshejwe barava mu buhabishwe bǎrimwo, buno nyene baca baboneraho kutagisha ikiringo c’impore cakurikiye intambara. Nk’abambasaderi ba Yeruzalemu ho mw ijuru, baracakiye ako kanyonza ruheta kugira bakwiririze inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana kandi basahirize mu vy’ugutororokanya abaharurwa b’indangiza bo muri bamwe 144 000. (Matayo 24:14; 2 Ab’i Korinto 5:20) Mu 1931 barakiriye rya zina ribereye ryo mu Vyanditswe, Ivyabona vya Yehova.—Yesaya 43:10, 12.
3 Kuva ubwo, Ivyabona basīzwe b’Imana ntibigeze baraba inyuma. Eka mbere na Hitler hamwe n’umwungunganyo wiwe w’ivy’intambara wa kinazi ntiyashoboye kubacecekesha. Naho hǎri uruhamo kw isi yose, umurimo wabo warâmye ivyamwa mw isi yose. Na canecane guhera mu mwaka w’1935, bariyunzweko n’“ishengero ryinshi” ryo mu mahanga yose, iryavuzwe imbere y’igihe mu gitabu c’Ivyahishuriwe Yohana. Abo na bo nyene ni Abakirisu biyeguye bakabatizwa, kandi bakaba “bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi,” Yezu Kirisitu. (Ivyahishuriwe Yohana 7:9, 14) Ariko rero, abo si abasīzwe bafise icizigiro c’ubuzima bwo mw ijuru. Icizigiro cabo ni ic’ugutorana ico Adamu na Eva batakaje, ni co buzima bwa kimuntu bukemutse bwo kw isi y’iparadizo. (Zaburi 37:29; Matayo 25:34) Muri iki gihe, iryo shengero ryinshi baharurwa mu bugingo burenga imiliyoni zitanu. Insengo y’ukuri ya Yehova iriko iratsinda, ariko intsinzi ndangiza yayo ni iyizoza.
Abanyamahanga mu Rusengero rwo mu vy’Impwemu rw’Imana
4, 5. (a) Ni hehe rya shengero ryinshi risengera Yehova? (b) Ni uduteka nyabaki binovora, kandi ivyo bikaba ari itaha ry’irimenyeshakazoza irihe?
4 Nk’uko vyari vyaravuzwe imbere y’igihe, ishengero ryinshi ‘bariko basenga Imana ku murango no mw ijoro mu rusengero rwayo.’ (Ivyahishuriwe Yohana 7:15, ivyanditswe amaja epfo, NW) Kubera ko batari Abisirayeli baherezi bo mu vy’impwemu, Yohani bisa n’uko yababonye bahagaze mu rusengero mu kigo co hanze c’Abanyamahanga. (1 Petero 2:5) Ese ukuntu urusengero rwo mu vy’impwemu rwa Yehova rwacitse urw’ubwiza, ibigo vyarwo bikuzuzwa iryo sinzi rinini ririko rimushemeza riri kumwe n’amasigarira ya Isirayeli yo mu vy’impwemu!
5 Ishengero ryinshi ntibasukurira Imana mu bumeremere bwǎgereranywa n’ikigo c’ubuherezi cari indani. Ntibāturwa ko ari intungane kugira ngo babe abana barerano b’Imana, bo mu vy’impwemu. (Abaroma 8:1, 15) Naho ari uko, biciye mu gutumikisha ukwizera incungu ya Yezu, bafise impagararo ihumanutse imbere ya Yehova. Bāturwa ko ari intungane kugira babe abakunzi biwe. (Gereranya na Yakobo 2:21, 23.) Na bo nyene baraterwa agateka k’ugushikana amashikanwa yemerwa ku gicaniro co mu vy’impwemu c’Imana. Gutyo, muri iryo shengero rinini, irimenyeshakazoza ryo muri Yesaya 56:6, 7 ririko riragira itaha ry’ubwiza: “Abanyamahanga bīfatanya nanje [Yehova] kugira ngo bankorere, bakunde izina ryanje, . . . nzobashikana ku musozi wanje wera, mbanezereze mu ngoro yanje yo gusengeramwo; ibimazi vyabo vyo kwoswa n’ivyo gukererwa bizokwemerwa ku gicaniro canje: kukw ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose.”
6. (a) Ni ibimazi bwoko ki abanyamahanga bashikana? (b) Ca kigārigāri c’amazi co mu kigo c’ubuherezi kibibutsa iki?
6 Mu bimazi abo banyamahanga bashikana harimwo “imbuto z’iminwa [nka ya mashikanwa y’intete zisyeye neza] ishima izina [ry’Imana]” no ‘kugira neza no gusangira ibintu n’abandi.’ (Abaheburayo 13:15, 16) Ca kigārigāri kinini c’amazi abaherezi bǎbwirizwa gukoresha kugira biyuhagire, ni inyibutsa ihambaye kandi kuri abo banyamahanga. Na bo nyene bategerezwa kwemera guhumanurwa mu vy’impwemu no mu vy’imero runtu uko Ijambo ry’Imana bukebuke riguma rigirwa irirongorotse kuri bo.
Ha Hera n’Ibihashizwe
7. (a) Rya shengero ryinshi babona gute uduteka ubuherezi bweranda bwatewe? (b) Ni utundi duteka nyabaki tw’inyongera bamwe mu banyamahanga baronse?
7 Ha Hera n’ibihashizwe hoba hari insobanuro bifise kuri iryo shengero ryinshi ry’abanyamahanga? Urabona, ntibazigera bamera nk’uko vyagereranywa n’Ahera. Ntibavuka ubwa kabiri ngo babe abana bo mu vy’impwemu bafise ubwenegihugu bwo mw ijuru. Ivyo none vyoba bituma bumva babaye abanyanzigo canke abanohotsi? Oya. Ahubwo, baranezerwa mu gateka batewe k’ugushigikira ya masigarira ya bamwe 144 000, kandi barerekana inkenguruko ngerabwina kubera intēgo Imana ifise mu kwakira abo bana bo mu vy’impwemu bazosangira na Kirisitu mu vy’ukuduza ubwoko-muntu ku bukemuke. Kandi, iryo shengero ryinshi ry’abanyamahanga barakunda cane ubuntu badakwiriye buhambaye Imana yabagiriye mu kubaha icizigiro c’ubuzima budashira bwo kw isi mw Iparadizo. Bamwe muri abo banyamahanga, nka ba Banetinimu ba kera, bǎratewe agateka mu vy’ubucungezi mu gusahiriza ubuherezi bweranda.b (Yesaya 61:5) Muri abo, Yezu aragenamwo “abaganwa mu gihugu cose.”—Zaburi 45:16.
8, 9. Ni inyungu nki rya shengero ryinshi rikura mu kwihweza ivyari bishizwe Ahera?
8 Iryo shengero ryinshi ry’abanyamahanga naho batazigera binjira Ahera ngereranywa, baregenya ivyigwa binyagaciro mu bihashizwe. Nk’uko nyene igiterekwako amatara cari gikeneye kwama gisukīrwamwo amavuta, ni ko abo banyamahanga bakeneye impwemu yera kugira ibafashe bategere ibintu-kuri bija biraboneka bukebuke biva mw Ijambo ry’Imana, ibicishwa kuri wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Matayo 24:45-47, NW) Ikindi, impwemu y’Imana irabafasha kwishura ubu butumire: “[Im]pwemu bo na wa mugeni [ya masigarira yasîzwe] barahamagara, bati Ngwino. Kand’uwumva n’ahamagare, ati Ngwino. Kand’ūfise inyota n’aze, ūgomba ni yākīre amazi y’[ubuzima] ku buntu.” (Ivyahishuriwe Yohana 22:17) Ca giterekwako amatara rero ni inyibutsa kuri rya shengero ryinshi y’ibango bajejwe ry’ukurasa umuco nk’Abakirisu n’ukuzibukira ikintu cose, agatima kose, iciyumviro cose, ijambo ryose canke igikorwa vyohava bituntuza impwemu yera y’Imana.—Abanyefeso 4:30.
9 Ya meza y’imitsima y’ibiterekērwa iributsa ishengero ryinshi yuko kugira bagume bafise amagara meza mu vy’impwemu, bategerezwa kurya ku mfungurwa z’ivy’impwemu ziva muri Bibiliya no mu bisohokayandikiro vya wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Matayo 4:4) Ca gicaniro c’imibavu kibibutsa akamaro k’ugusenga Yehova n’ubwira kugira abafashe babone kugumya ukutadohoka kwabo. (Luka 21:36) Amasengesho yabo akwiye kuba arimwo inseruro mvamutima z’ishemezo n’ikurabwatsi. (Zaburi 106:1) Ca gicaniro c’imibavu kandi kirabibutsa ko ari ngombwa ngo bashemeze Imana mu bundi buryo, biciye nko mu kuririmba n’umutima wose indirimbo z’Ubwami ku mahwaniro makirisu no mu kwitegura neza kwabo ngo bagire mu buryo kirumara ‘ukumenyesha bose gutomoye bárondera agakiza.’—Abaroma 10:10.
Intsinzi Irumye y’Insengo y’Ukuri
10. (a) Dushobora kuraba imbere ku kizigizigi ruheta nyabaki? (b) Ni insanzuruko nyabaki itegerezwa kubanza kuhaba?
10 Muri iki gihe, “amoko menshi” avuye mu mahanga yose ariko asendanisha aza ku nzu ya Yehova y’ugusengeramwo. (Yesaya 2:2, 3) Mu Vyahishuriwe Yohana 15:4 ivyo haravyemeza, hakavuga icese hati: “Ni nde atazogutinya ga [Yehova, NW], cank’atazohimbaza izina ryawe? Kukw ari wewe wenyene wera, amahanga yose azoza akwikubite imbere, agusenge, kukw amateka yawe agororotse aseruwe.” Zekariya ikigabane ca 14 haradondora ibikurikira. Muri kazoza kimirije, ka gatima kabi k’abenshi mu bantu bo kw isi kazoshikira igihe-gaheta nibatororokana ubwa nyuma ngo barwanye Yeruzalemu—abaserukizi bo kw isi ba Yeruzalemu ho mw ijuru. Maze Yehova azova hasi. Nk’Imana-Ndwanantambara, “azokwisidukira, arwane n’ayo mahanga” yubahutse kugira ico gitero.—Zekariya 14:2, 3.
11, 12. (a) Yehova azokwishura ate igitero nkwirahose kigiye kuza ku basenzi bo mu rusengero rwiwe? (b) Intambara y’Imana izovamwo iki?
11 “Iki ni co cago [Yehova, NW] azotēza amahanga yose azoba ateye Yerusalemu: inyama z’imibiri yabo zizobatikimirako bagihagaze, n’amaso yabo aborere mu nkombe zayo, n’indimi zabo ziborere mu kanwa kabo. Kur’uwo musi [Yehova, NW] azobaca umuhongo w’akaburarugero; maz’umuntu wese asūmire ukuboko mugenzi we, abangure ukuboko arwane na mugenzi we.”—Zekariya 14:12, 13.
12 Ico cago, caba icago bwago canke ic’ikigereranyo, tubwirizwa kuzorindira tukaraba. Ariko rero, hari ikintu kimwe tuzi tudakēka. Abansi b’Imana nibakura umuriri bagiye kugira igitero nkwirahose ku basuku ba Yehova, bazohagarikwa n’amerekano nterakoba y’ububasha nshoboravyose bw’Imana. Iminwa yabo izocecekeshwa. Bizomera nk’uko indimi zabo z’agasomborotso zoba zaboze. Ihangiro bungiyeko ubumwe rizocika iritovye mu mbono yabo, nka kumwe amaso yabo yoba yaboze. Ububasha bwabo bw’umubiri, ubwabakomeza ngo bagire nya gitero, buzopfumpfumirana. Mu rudabangane, bazosūmirana bacincane bimwe bikomeye. Gutyo abansi b’Imana bose bo kw isi bazoba bakukumuwe. Amaherezo, amahanga yose azoba yagondojwe ku nguvu ngo yemere icese ububesegaba bwa Yehova mw ihangāre. Iri rimenyeshakazoza rizotaha: “[Yehova, NW] azoba Umwami aganza isi yose.” (Zekariya 14:9) Mu nyuma y’ivyo, Shetani n’amademo yiwe bazodadwa igihe ya Ngoma y’Imyaka Igihumbi ya Kirisitu izotangurana n’imihezagiro myinshi ibikiwe ubwoko-muntu.—Ivyahishuriwe Yohana 20:1, 2; 21:3, 4.
Izuka ryo kw Isi
13. Abari “[a]masigarira bo mu mahanga yose” ni bande?
13 Irimenyeshakazoza ryo muri Zekariya rirabandanya mu kigabane ca 14, umurongo wa 16, riti: “Maz’umuntu wese wo mu masigarira yo mu mahanga yose yateye i Yerusalemu azodūga uk’umwaka utashe [kwunamira] Umwami [Yehova, NW] Nyen’ingabo no kumara imisi mikuru y’insago.” Dukurikije Bibiliya, abantu bose bazima muri iki gihe babandanya kubaho gushika ku muhero w’uru runkwekwe nkorakibi kandi bacirwa urw’uko ari abansi b’insengo y’ukuri bazoshikirwa n’“[ugu]hanwa, ni kwo guhona kw’ibihe bidashira.” (2 Ab’i Tesalonike 1:7-9; raba kandi Matayo 25:31-33, 46.) Ntibazogira izuka. Bisa rero n’uko muri ayo “masigarira” harimwo abaharurwa bo mu mahanga bǎpfuye imbere y’intambara ndangiza y’Imana, kandi kuri bo hariho icizigiro gishingiye kuri Bibiliya c’izuka. “Igihe kija kuza,” ni vyo Yezu yasezeranye, “ah’abari mu mva [“z’icibutso,” NW] bose bazokwumvira ijwi ryiwe, bakazivamwo; abākoze ivyiza bakazukira [ubuzima, NW], abākoze ibibi bakazukira gucirwakw iteka.”—Yohana 5:28, 29.
14. (a) Abazutse bategerezwa kuzogira iki ngo baronke ubuzima budashira? (b) Ni ibiki bizoshikira abo bose banka kwiyegurira Yehova ngo bamogorere insengo y’ukuri?
14 Abo bazutse bose bategerezwa gukora ikintu kugira izuka ryabo ribabere iry’ubuzima, ntiribe iry’urubanza rubi. Bategerezwa kuza mu bigo vyo kw isi vy’urusengero rwa Yehova bakunama mu buryo bw’ukwiyegurira Imana biciye muri Yezu Kirisitu. Abazutse abo ari bo bose banka kugira ivyo, bazocumukuzwa n’icago nka kimwe nyene kizoshikira amahanga yo mu gihe ca none. (Zekariya 14:18) Ni nde azi igitigiri c’abazutse bazokwiyunga n’urweze kw ishengero ryinshi, mu guhimbaza Umusi Mukuru ngereranywa w’Insago? Nta mazinda, hazoba hari benshi, kandi urusengero rwo mu vy’impwemu ruhambaye rwa Yehova ruzohava mbere rucike urw’ubwiza birushirije!
Wa Musi Mukuru Ngereranywa w’Insago
15. (a) Imice yiserukije imwimwe y’Umusi Mukuru w’Insago wagirwa n’Abisirayeli kera ni iyihe? (b) Ni kubera iki imasa 70 zashikanwa mu gihe c’uwo musi mukuru?
15 Buri mwaka, Isirayeli ya kera yasabwa guhimbaza Umusi Mukuru w’Insago. Wamara iyinga rimwe, ukaba waza kw isozero ry’itororokanywa ry’umwimbu. Cari igihe c’umunezero n’ikurabwatsi. Mu gihe iryo yinga ryamara, bǎbwirizwa kuba mu bwikingo maragihe busakawe n’amababi y’ibiti, canecane amashami y’ibigazi. Uwo musi mukuru wǐbutsa Isirayeli ukugene Imana yakijije ba sekuruza babo ibakuye mu Misiri n’ukuntu yababungabunze bába mu nsago igihe bǎmara imyaka nka 40 bagendagenda mu bugaragwa gushika bashikire Igihugu c’Isezerano. (Abalewi 23:39-43) Mu kiringo ca nya musi mukuru, imasa 70 zaratangwako inkuka ku gicaniro c’urusengero. Nk’uko bigaragara, uwo muce wa nya musi mukuru wamenyesha kazoza ku vyerekeye umurimo nkizabuzima ukemutse kandi urumye waranguwe na Yezu Kirisitu. Inyungu ziva kuri iyo nkuka yiwe y’incungu amaherezo zizokwisēsa ku bakomoke ntaharurwa bo kuri ya miryango 70 y’ubwoko-muntu yakomotse kuri Nowa.—Itanguriro 10:1-29; Guharūra 29:12-34; Matayo 20:28.
16, 17. (a) Umusi Mukuru ngereranywa w’Insago wǎnzitse ryari, kandi washishikaye gute? (b) Rya shengero ryinshi bajamwo bate muri iryo himbaza?
16 Gutyo rero Umusi Mukuru w’Insago wa kera watunga urutoke kw itororokanywa riteye umunezero ry’abanyavyaha bacunguwe ngo baze mu rusengero ruhambaye rwo mu vy’impwemu rwa Yehova. Icagereranywa n’uwo musi mukuru catanguye kuri Pentekote mu 33 G.C., gitangurana n’iyanzikwa ry’itororokanywa riteye umunezero ry’Abisirayeli bo mu vy’impwemu ngo bagire ikorane ry’Abakirisu. (Ivyakozwe n’intumwa 2:41, 46, 47) Abo basīzwe baratahuye ivy’uko bǎri “ingenzi” mw isi ya Shetani, kuko mu vy’ukuri, aho bafise “[ubwenegihugu, NW] ni mw ijuru.” (1 Petero 2:11; Ab’i Filipi 3:20) Uwo musi mukuru uteye umunezero waramaze igihe gitoyi utwikiriwe n’ubuhuni bwavuyemwo ishirwaho ry’Ubukirisu-bwitirano. (2 Ab’i Tesalonike 2:1-3) Ariko rero, uwo musi mukuru waravuguruwe mu 1919 n’itororokanywa riteye umunezero ry’abaharurwa ba nyuma bo muri ba Bisirayeli bo mu vy’impwemu 144 000, rikurikirwa na rimwe ry’ishengero ryinshi riva mu mahanga yose ryo mu Vyahishuriwe Yohana 7:9.
17 Nya shengero ryinshi badondorwa nk’abafise amashami y’ibigazi mu minwe, ari na vyo vyerekana ko na bo nyene ari abahimbaji banyamunezero b’Umusi Mukuru ngereranywa w’Insago. Uko ari Abakirisu biyeguye, barajamwo n’umunezero muri wa murimo w’ugutororokaniriza abasenzi bandi mu rusengero rwa Yehova. Ikindi kandi, kubera ko ari abanyavyaha, baratahura ko ata marenganzira y’ubucumbitsi bw’intahava bafise kw isi. Abo, hamwe n’abazozuka, bategerezwa kuzoguma batumikisha ukwizera inkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu kugeza aho bashikira ubukemuke bwa kimuntu kw iherezo rya ya Ngoma y’Imyaka Igihumbi ya Kirisitu.—Ivyahishuriwe Yohana 20:5.
18. (a) Ni ibiki bizoshika kw iherezo rya ya Ngoma y’Imyaka Igihumbi ya Yezu Kirisitu? (b) Insengo y’ukuri amaherezo izotsinda gute?
18 Gutyo, abasenzi b’Imana kw isi bazoguma imbere yayo bari mu bukemuke bwa kimuntu batirirwa barakenera ubuherezi bwo mw ijuru. Igihe kizoba caje aho Yezu Kirisitu “azoshikiriza Imana ubgami, ni yo [Se].” (1 Ab’i Korinto 15:24) Shetani azorekurwa “[a]mare igihe gito” kugira asuzume abantu iyo bava bakagera bǎkemuwe. Abo ari bo bose batazoba abizerwa bazorandurwa ubudashira, baranduranwe na Shetani hamwe n’amademo yiwe. Abazoguma ari abizerwa bazohabwa ubuzima budashira. Bazocika abacumbitsi b’intahava mw Iparadizo yo kw isi. Gutyo wa Musi Mukuru ngereranywa w’Insago uzoba waje kw isozero ry’ubuninahazwa, ritunganiwe. Insengo y’ukuri izoba yatsinze, ngo biheshe Yehova ubuninahazwa budashira, ubwoko-muntu nabwo ubuhirwe buhoraho.—Ivyahishuriwe Yohana 20:3, 7-10, 14, 15.
[Utujambo tw’epfo]
a Ku vy’insasanuro murongokuwundi y’ivyo muri Zekariya ikigabane ca 14, raba igitabu Le Paradis rétabli parmi les hommes — grâce à la Théocratie!, casohowe (mu congereza) mu 1972 na Watchtower Bible and Tract Society of New York, Inc., ibigabane 21 na 22.
b Ku vy’amabwirwa yerekeye Abanetinimu bo mu gihe ca none, raba Umunara w’Inderetsi wo muri Ndamukiza 1992, urupapuro 22.
Ibibazo vy’Isubiramwo
◻ “Yerusalemu” hatewe gute mu gihe ca ya ntambara ya mbere y’isi yose?—Zekariya 14:2.
◻ Ni ibiki vyashikiye igisata c’Imana kuva mu 1919?
◻ Muri iki gihe ni bande bajamwo mw ihimbaza ry’Umusi Mukuru ngereranywa w’Insago?
◻ Insengo y’ukuri izotsinda gute bimwe birumye?
[Ifoto ku rup. 30]
Amashami y’ibigazi yarakoreshwa mu guhimbaza wa Musi Mukuru w’Insago