ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/1 rup. 16-21
  • Bose Nibaninahaze Yehova!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bose Nibaninahaze Yehova!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Yehova Nyen’Ingabo’ Aravuga
  • Rwa Rusengero rw’Ivy’Impwemu rw’Ubwiza
  • ‘Ndi kumwe namwe’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Amaboko yanyu nakomere
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Hagayi n’ica Zekariya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • “Nzotigitisha amahanga yose”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/1 rup. 16-21

Bose Nibaninahaze Yehova!

“Ni muhimbarize [Yehova, “NW”] i burasirazuba.”—YESAYA 24:15.

1. Izina rya Yehova ryabonwa gute n’abamenyeshakazoza biwe, bikaba binyuranye n’agatima nyabaki dusanga muri Kirisendomu muri iki gihe?

YEHOVA—rya zina rurangwa ry’Imana! Ingene abamenyeshakazoza ba kera b’abizerwa bǎnezerwa n’ukuvuga muri iryo zina! Bǎraninahaza n’umwigino Umukama Segaba wabo, Yehova, uwo izina ryiwe rimugenekereza ko ari we Mushingantēgo Mukuru. (Yesaya 40:5; Yeremiya 10:6, 10; Ezekiyeli 36:23) N’abitwa nyene ngo ni abamenyeshakazoza batobato bari imvuzi cane rwose mu kuninahaza Yehova. Umwe muri abo yari Hagayi. Mu gitabu ca Hagayi ikigizwe n’imirongo 38 gusa, izina ry’Imana rikoreshejwe incuro 35. Ikimenyeshakazoza mwen’ico nticokwumvikanisha ubukomezi iryo zina Yehova rinyagiciro rísubirijwe n’izina-cubahiro, nka “Mukama,” nk’uko za ntumwa b’abishirehejuru bo muri Kirisendomu barihinzora mu mpibanuro zabo za Bibiliya.—Gereranya na 2 Ab’i Korinto 11:5.

2, 3. (a) Ikimenyeshakazoza kimwe cibonekeje cerekeye isubizwamutamana rya Isirayeli carangutse gute? (b) Ni umunezero nyabaki amasigarira y’Abaduya hamwe na bagenzi babo bǎsangiye?

2 Muri Yesaya 12:2 harakoreshejwe imero irimwo zibiri y’iryo zina.a Uwo mumenyeshakazoza amenyesha ati: “Ehe rāba, Imana ni yo gakiza kanje; nzokwama nizigira, sintinye: kuk[o Ya, NW] Yehova ari we nkomezi zanje n’indirimbo yanje, kandi yacitse agakiza kanje.” (Raba na Yesaya 26:4.) Gutyo, imyaka 200 imbere y’uko Isirayeli irekurwa ikava mu buhabishwe bw’i Babiloni, Ya Yehova, abicishije ku mumenyeshakazoza wiwe Yesaya, yariko atanga inkuramazinda y’uko yari we Mukiza munyabushobozi wabo. Ubwo buhabishwe bwabwirizwa gutangura mu 607 bugashika mu 537 B.G.C. Yesaya yanditse kandi ati: “Jewe [Yehova, NW] ndema vyose, . . . mvuga ivya Kuro, nti N’umwungere wanje, azoshitsa ivyo ngomba vyose; nkavuga ivya Yerusalemu, nti Hazokwubakwa; nkabarira urusengero, nt’Itanguriro ryawe rizoshirwaho.” Uwo Kuro yari nde? Mu buryo bwibonekeje, yagaragaye ko yari Umwami Kuro w’Ubuperesi, uwigaruriye Babiloni mu 539 B.G.C.—Yesaya 44:24, 28.

3 Nk’uko vyari vyaravuzwe na Yehova mu majambo yiwe yanditswe na Yesaya, Kuro yarasohoreye iyi mvumero Isirayeli yari ihabishijwe: “Non’umuntu wese muri mwebge wo mu bantu biwe bose, Imana yiwe n’ibane na we, adūge i Yerusalemu mu Buyuda, yubake ingoro y[a Yehova, NW] Imana y’Abisirayeli, ari yo Mana iba i Yerusalemu.” Amasigarira ahimbawe biminuje ari kumwe n’Abanetinimu batari Abisirayeli, hamwe n’abamuka ku basuku ba Salomo, baragarutse i Yeruzalemu. Bashitse ku gihe barahimbaza Umusi Mukuru w’Insago mu 537 B.G.C. kandi barashikanira ibimazi Yehova ku gicaniro ciwe. Umwaka wakurikiye, mu kwezi kugira kabiri, barashashe umushinge w’urusengero rugira kabiri, hari inzâmo z’umunezero n’ishemezo biterwa Yehova.—Ezira 1:1-4; 2:1, 2, 43, 55; 3:1-6, 8, 10-13.

4. Muri Yesaya ikigabane ca 35 n’ica 55 vyǎcitse ikirukuri gute?

4 Ikimenyeshakazoza ca Yehova c’isubizamutamana cari kigiye kuranguka bimwe vy’ubwiza muri Isirayeli: “Ahagadutse n’ubgeranyange hazonezerwa, ubugaragwa buzohimbarwa, bushurike amashurwe nk’aya habaseleti. . . . bazobona ubgiza bg[a Yehova, NW], ugushaza kw’Imana yacu.” “Muzovayo muri n’umunezero, muzorōngōra amahoro muvayo: imisozi n’uturambi bizoturika biririmbire imbere yanyu, . . . bizozanira [Yehova, NW] izina ry’iritāzīrano, ikimenyetso kitazoshira, kitazokūrwaho.”—Yesaya 35:1, 2; 55:12, 13.

5. Ni kubera iki umunezero wa Isirayeli wari uw’igihe kigufi?

5 Ariko rero, uwo munezero wari uw’igihe kigufi. Ibisata bibakikuje vyararondeye kugira urunani mvanganyamadini ngo bubakane nya rusengero. Abayuda babanje kunana, batangaza bati: “Nta ho duhuriye namwe, vyotuma dufatanya kwubaka ingoro y’Imana yacu, ariko ni twebge twenyene tuzokwubakira [Yehova, NW] Imana y’Abisirayeli iyo ngoro, nk’uko Kuro umwami w’i Buperesi yabitugeze.” Abo babanyi buno barahavuye bacika ababarwanya b’abanyarwanko. Baguma “badendebura amaboko y’Abayuda, bama bababurabuza mu kwubaka.” Ivyo bintu babishikirije ukutari kwo umusubirizi wa Kuro, Aritazeruzi, uwasohoye urubuzo ngo nya rusengero ntirwubakwe. (Ezira 4:1-24) Igikorwa carahagaze mu myaka 17. Ikibabaje, muri ico gihe Abayuda bihereje ubuzima bw’ugukunda amaronko.

‘Yehova Nyen’Ingabo’ Aravuga

6. (a) Yehova yagize iki ku kuntu ibintu vyari vyifashe muri Isirayeli? (b) Ni kubera iki insobanuro iseruka mw izina rya Hagayi ari iyibereye?

6 Naho vyari ukwo, Yehova yarerekanye ‘inkomezi n’ubushobozi’ vyiwe ku neza ya Isirayeli mu kurungika abamenyeshakazoza, canecane Hagayi na Zekariya, kugira bakangure Abayuda ngo baje ku mabanga yabo. Izina rya Hagayi riri n’ico risangiye n’umusi mukuru, kuko biseruka ko risobanura “Uwavutse ku Musi mukuru.” Birabereye rero kubona yatanguye kumenyesha ivya kazoza ku musi wa mbere w’ukwezi kwaberamwo Imisi Mikuru y’Insago, aho Abayuda bari basabwe ‘kunezerwa rwose.’ (Gusubira mu vyagezwe 16:15) Biciye kuri Hagayi, Yehova yarashikirije ubutumwa bune mu kiringo c’imisi 112.—Hagayi 1:1; 2:1, 10, 20.

7. Amajambo y’intango yo muri Hagayi akwiye kuturemesha gute?

7 Mu gutanguriza ikimenyeshakazoza ciwe, Hagayi yavuze ati: “Uku ni ko [Yehova, NW] Nyen’ingabo agize.” (Hagayi 1:2a) Izo ‘ngabo’ none zoba ari bande? Ni amasinzi ya kimarayika ya Yehova, rimwe na rimwe akaba avugwa muri Bibiliya ko ari inteko za gisirikare. (Yobu 1:6; 2:1; Zaburi 103:20, 21; Matayo 26:53) Muri iki gihe ntituremeshwa none n’uko wa Mukama Segaba Yehova ubwiwe ariko akoresha izo nteko ntatsindwa zo mw ijuru mu kurongōra igikorwa dukora c’ugusubiza umutamana insengo y’ukuri mw isi?—Gereranya na 2 Abami 6:15-17.

8. Isirayeli yari yahavuye ibona ibintu gute, hanyuma bivamwo iki?

8 Ubutumwa bwa mbere bwa Hagayi bwavuga ibiki? Abantu bari bavuze bati: “Igihe ntikiragera, igihe co kwongera kwubaka ingoro y[a Yehova, NW].” Ukwubaka urusengero, urwaserukira isubizwamutamana ry’insengo y’Imana, ntikwari kukiri co citwarariko cabo ca mbere. Bari bagiye ku vy’ukwiyubakira amazu mezameza. Ukuraba ibintu mu buryo bw’ivy’amaronko kwari kwagabanije ubushwashwanutsi bari bafitiye insengo ya Yehova. Ico vyavuyemwo, umuhezagiro wiwe bari bawukuweko. Imirima yabo ntiyari icimbuka, kandi bǎrabuze ivyambarwa vyo kwikinga urushana rw’akababaza. Inyungu binjiza yari yacitse inticantikize, kandi vyari nk’uko amahera yabo boba bariko bayashira mw isaho y’imiheha misa.—Hagayi 1:2b-6.

9. Ni inkeburo ikomeye kandi iremesha iyihe Yehova yatanze?

9 Incuro zibiri, Yehova yaratanze iyi nkeburo ikomeye: “Ni mwitegereze uko mumeze!” Umenga Zerubabeli, buramatari w’i Yeruzalemu hamwe n’umuherezi mukuru Yosuwa ivyo bǎravyumviye bongera bararemesha abantu bimwe biboneka ngo “bumvir[e] ijwi ry[a Yehova, NW] Imana yabo, n’amajambo ya Hagayi uwo yavugisha, nk’uk[o Yehova, NW] Imana yabo yamutumye; kand’abantu baterwa n’ubgoba imbere y[a Yehova, NW].” Vyongeye, “Hagayi, intumwa y[a Yehova, NW], abgira abantu ubutumwa batumweko n[a Yehova, NW], at[i Yehova, NW] agize ngw Ari kumwe namwe.”—Hagayi 1:5, 7-14.

10. Yehova yakoresheje ate ububasha bwiwe ku neza ya Isirayeli?

10 Inararibonye zimwezimwe z’i Yeruzalemu zishobora kuba zatona yuko ubwiza bw’urusengero rwasubiye kwubakwa bwobaye ari ‘ubusa’ ugereranije n’urwa kera. Ariko rero, imisi 51 inyuma yaho, Yehova yaratumye Hagayi amenyesha icese ubutumwa bugira kabiri. Yavugiye aheru ati: “Rema, ewe Zerubabeli, ni k[o Yehova] agize; nawe nyene rema, ewe Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki; kandi namwe bantu bo mu gihugu mwese, ni mureme, ni k[o Yehova] agize, kandi mushireko mukore, kuko ndi kumwe namwe, ni k[o Yehova] Nyen’ingabo agize. . . . nuko ntimutinye.” Yehova, uwokoresheje ububasha nshoboravyose bwiwe mu gihe cavyo ngo ‘atigitishe ijuru n’isi,’ yararavye neza ko ururwanyo rwose, eka n’urubuzo rwatewe n’umwami w’abami, bitsinzwe. Mu myaka itanu, iyubakwa ry’urwo rusengero ryaratunganiwe bimwe bikomeye.—Hagayi 2:3-6.

11. Imana yujuje gute ‘ubwiza buhambaye kuruta’ rwa rusengero rugira kabiri?

11 Insezeranwa yibonekeje ico gihe yari irangutse: “Ivy’igiciro vyo mu mahanga yose bizoza, nanje nzokwuzuza iyi ngoro ubgiza, ni k[o Yehova, NW] Nyen’ingabo agize.” (Hagayi 2:7) Ivyo ‘bintu vy’igiciro’ vyagaragaye ko ari abatari Abisirayeli baje gusengera muri urwo rusengero, uko rwashwarika ubwiza buranga ukuhaba kwiwe. Urwo rusengero rwasubiye kwubakwa none rutandukaniye kuki n’urwubatswe mu gihe ca Salomo? Umumenyeshakazoza w’Imana yamenyesheje icese ati: “Ubgiza bgo hanyuma buzoba kur’iyi ngoro buzorusha ubga mbere, ni k[o Yehova] Nyen’ingabo agize.” (Hagayi 2:9) Mw iranguka rya mbere ry’ico kimenyeshakazoza, urwo rusengero rwasubiye kwubakwa rwararamvye kuruta ingoro ya mbere. Igihe Mesiya yaseruka mu 29 G.C., rwari rugihagaze. Vyongeye, Mesiya ubwiwe yararuzaniye ubwiza igihe yahakwiriririza ukuri imbere y’uko abansi biwe b’abahuni bamwicisha mu 33 G.C.

12. Za nsengero zibiri za mbere zǎmaze intēgo nyabaki?

12 Urusengero rwa mbere n’urwa kabiri i Yeruzalemu zaramaze intēgo nyamunini mu vy’ukugereranya imice ihambaye y’ubusuku bwa giherezi bwa Mesiya no mu vy’ugutuma insengo ityorotse ya Yehova iguma ari nzima mw isi gushika ku guseruka nyakwo kwa Mesiya.—Abaheburayo 10:1.

Rwa Rusengero rw’Ivy’Impwemu rw’Ubwiza

13. (a) Ni ibishikiragihe ibihe vyabaye kuva mu 29 gushika mu 33 G.C., ku biraba urusengero rw’ivy’impwemu? (b) Inkuka y’incungu ya Yezu yaranguye uruhara nyabaki muri ivyo bintu vyabaye?

13 None ikimenyeshakazoza c’isubizamutamana ca Hagayi hoba hari insobanuro cari gifitiye ibihe vyo hanyuma? Ego cane kirayifise! Urusengero rwasubiye kwubakwa rw’i Yeruzalemu rwacitse ho hantu hashinzwe insengo y’ukuri yose kw isi. Ariko rwagereranya urusengero rw’ivy’impwemu rw’ubwiza burushirije kure n’iyo. Urwo rwatanguye gukora mu 29 G.C. igihe Yehova yasîga Yezu kw ibatisimu yiwe mu Ruzi Yorodani ngo abe Umuherezi Mukuru, impwemu yera igashungurukira kuri we imeze nk’inuma. (Matayo 3:16) Inyuma y’aho Yezu igikenurwa ciwe co kw isi akinonosoreye mu rupfu ntangankuka, yarazuriwe kuja mw ijuru hagereranywa na ha Hera Cane h’urusengero, ari na ho yashikiririje Yehova agaciro k’inkuka yiwe. Iyo yabaye nk’incungu, ipfuka ivyaha vy’abayoboke biwe, yongera yugurura inzira, ku musi wa Pentekote mu 33 G.C., ngo basīgwe babone kuba abaherezi batobato mu rusengero rw’ivy’impwemu rwa Yehova. Igikenurwa boranguye kw isi mu kigo ca nya rusengero gushika ku gupfa cobashikanye ku kuzukira kuja mw ijuru muri kazoza, ngo babandanye kurangura ubusuku bwa giherezi.

14. (a) Ni umunezero nyabaki waherekeje umurimo nkoranwamwete w’ikorane rikirisu rya kare? (b) Ni kubera iki ukwo kunezerwa kwabaye ukw’igihe kigufi?

14 Ibihumbi vy’Abayuda bihanye—hamwe n’Abanyamahanga mu nyuma—barisukiriye baza muri iryo korane rikirisu, barajamwo mu kumenyesha inkuru nziza y’ubutegetsi bugiye kuza bw’Ubwami kw isi. Inyuma y’imyaka nka 30, intumwa Paulo yarashobora kuvuga icese yuko inkuru nziza yari yakwiririjwe “mu bāremwe bose bo musi y’ijuru.” (Ab’i Kolosayi 1:23) Mugabo inyuma y’urupfu rw’intumwa, ubuhuni bukomeye bwarisobetsemwo, maze wa muco w’ukuri utangura kuzimata. Ubukirisu nyakuri bwaratwikiriwe n’ubwiremabice bwa Kirisendomu, bushingiye ku nyigisho n’amafilozofiya vya gipagani.—Ivyakozwe n’intumwa 20:29, 30.

15, 16. (a) Ikimenyeshakazoza carangutse gute mu 1914? (b) Ni itororokanywa nyabaki ryaranze impera y’ikinjana ca 19 n’intango y’ica 20?

15 Ibinjana vyararenganye. Maze mu myaka y’1870, umugwi w’Abakirisu nziraburyarya watanguye kuja mu vy’itohoza nyinjiramizi rya Bibiliya. Bakuye ku Vyanditswe, bǎrashoboye kugena umwaka w’1914 ko uranga isozero ry’ ‘ibihe vyagennywe vy’amahanga.’ Ico gihe ni ho “ibihe” ndwi vy’ikigereranyo (imyaka 2 520 y’ubutegetsi bwa kimuntu busa n’ubw’igikoko) vyarangira ku kwimikwa mw ijuru kwa Kirisitu Yezu—Umwe ‘nyen’uburenganzira’ bw’ukuba Umwami w’isi wa kimesiya. (Luka 21:24; Daniyeli 4:25; Ezekiyeli 21:26, 27) Na canecane guhera mu 1919 no kubandanya, abo Batohoji ba Bibiliya, abazwi ubu ko ari Ivyabona vya Yehova, baragiye mu vy’ugukwiragiza n’imbaga zose mw isi nzima inkuru nziza y’Ubwami bwimirije kuza. Mu 1919 ni ho ibihumbi bikeyi vyo muri abo bishura uguhamagarirwa gukora kwasohowe ku mukwakwa i Cedar Point muri Ohio, REZUB. Barongerekanye gushika ku mwaka w’1935 igihe abashika 56 153 bashikiriza raporo y’ubusuku bwo mu ndimiro. Muri uwo mwaka, 52 465 bari bākiriye ku bigereranirizo vy’umukate n’umuvinyu ku Cibutso ca buri mwaka c’urupfu rwa Yezu, gutyo bikagereranya icizigiro bafise c’ugucika abaherezi kumwe na Kirisitu Yezu mu gihimba co mw ijuru c’urusengero ruhambaye rwa Yehova. Bazosukura kandi ari abami bifatanije na we mu Bwami bwiwe bwa kimesiya.—Luka 22:29, 30; Abaroma 8:15-17.

16 Ariko rero, mu Vyahishuriwe Yohana 7:4-8 na 14:1-4 harerekana yuko igitigiri cose hamwe c’abo Bakirisu basīzwe kigarukirizwa ku 144 000, benshi muri bo bakaba batororokanijwe mu kinjana ca mbere imbere yuko bwa buhuni bukomeye bwisobekamwo. Guhera mu mpera z’ikinjana ca 19 no kubandanya gushika mu ca 20, Yehova ahoze anonosora itororokanywa ry’uwo mugwi w’abuhagizwa amazi y’Ijambo ryiwe, bakitwa intungane biciye mu kwizera inkuka y’impongano ya Yezu, hanyuma amaherezo bagaterwako ikimangu c’uko ari Abakirisu basīzwe ngo bagire igitigiri gikwiye c’144 000.

17. (a) Ni itororokanywa nyabaki ryabaye guhera mu myaka y’1930? (b) Ni kuki muri Yohana 3:30 ari aho kwitwararika kuri ivyo? (Raba kandi Luka 7:28.)

17 Ni ibiki bikurikira igitigiri cose uko kingana c’abasīzwe kimaze gucagurwa? Mu 1935, ku mukwakwa w’akamarampaka i Washington, D.C., REZUB, vyaramenyekanishijwe yuko “ishengero ryinshi” ryo mu Vyahishuriwe Yohana 7:9-17 ari umugwi ukwiye kwibonekeza “inyuma” ya bamwe 144 000, bakaba kandi ari abatahira ubuzima budashira mw iparadizo kw isi. Yohani Umubatizi, uwo izuka ryiwe rizobera kw isi nk’uwo muri za ‘zindi ntama,’ aho amariye kugenekereza Yezu uwo ari we bimwe bitomoye, yavuze ivya Mesiya ati: “Urya akwiye gukuzwa, nanje ngirwe muto.” (Yohana 1:29; 3:30; 10:16; Matayo 11:11) Igikorwa ca Yohani Umubatizi c’ugutegurira Mesiya abayoboke, cari kigiye kurangira aho Yezu rero yanzika iropora ry’igitigiri congerekana c’abobaye muri bamwe 144 000. Mu myaka y’1930, ibintu vyagenze ukundi. Igitigiri gitera kigabanuka ‘barahamagawe baratoranywa’ ngo baje muri bamwe 144 000, mu gihe iyongerekana agasenga ryari ritanguye mu gitigiri ca rya ‘shengero ryinshi’ ry’ “izindi ntama.” Iryo shengero ryinshi ribandanya rigwirirana uko uru runkwekwe rubi rw’isi rwegereza iherezo ryarwo kuri Arumagedoni.—Ivyahishuriwe Yohana 17:14b.

18. (a) Ni kuki dushobora kwitegana umwishimiro yuko “amamiliyoni bariho ubu [bata]zokwigera bapfa”? (b) Ni kuki dukwiye kwitondera n’umwete ibiri muri Hagayi 2:4?

18 Mu ntango y’imyaka y’1920, inganirwa idasanzwe yarashikirijwe n’Ivyabona vya Yehova itaziriwe ngo “Amamiliyoni Bariho Ubu Ntibazokwigera Bapfa.” Ico gihe ivyo bishobora kuba vyagaragaje ukwizigira kurengeje urugero. Ariko kino gihe ayo majambo ashobora kuvuganwa umwizero wuzuye. Umuco wongerekana wo ku bimenyeshakazoza vya Bibiliya hamwe n’urudavagi rw’iyi si iri ku mpfiro, birerekana neza yuko umuhero w’urunkwekwe rwa Shetani uri hafi cane, hafi rwose! Raporo y’Icibutso co mu 1996 iraranga yuko 12 921 933 bacitavye, muri bo 8 757 (0,068 kw ijana) gusa bakaba ari bo berekanye icizigiro cabo c’ijuru mu kwakira ku bigereranirizo. Isubizwamutamana ry’insengo y’ukuri riregereje isozerwa. Ariko ntitukigere dupfunya amaboko muri ico gikorwa. Yegome, Hagayi 2:4 havuga icese hati: “Bantu bo mu gihugu mwese, ni mureme, ni k[o Yehova] agize, kandi mushireko mukore, kuko ndi kumwe namwe, ni k[o Yehova] Nyen’ingabo agize.” Nitwiyemeze yuko ata dutima tw’ikundamaronko canke tw’ivy’iyi si tuzokwigera dupfusha umwete dufitiye igikorwa ca Yehova!—1 Yohana 2:15-17.

19. Dushobora guterera umuganda gute mw iranguka rya Hagayi 2:6, 7?

19 Turi n’agateka nteramunezero k’uguterera umuganda mw iranguka rya Hagayi 2:6, 7, ahavuga hati: “Hasigaye rimwe, maze mu gihe gitoya ngatigitisha ijuru n’isi n’ikiyaga n’i musozi; kandi nzohindisha amahanga yose agashitsi, kand’ivy’igiciro vyo mu mahanga yose bizoza, nanje nzokwuzuza iyi ngoro ubgiza, ni k[o Yehova] Nyen’ingabo agize.” Umunoho, ubupfumbatishwe, hamwe n’urwanko, biriko birandarara muri iyi si yo mu kinjana ca 20. Vy’ukuri ubu ni mu misi yayo ya nyuma, kandi Yehova aramaze gutangura ‘kuyitigitisha’ mu gutuma Ivyabona vyiwe ‘bavugira aheru umusi wiwe w’ukwihora.’ (Yesaya 61:2) Itigitisha rya mbere na mbere rizoshikira agaheta karyo kw isangangurwa ry’isi kuri Arumagedoni, ariko imbere y’ico gihe, Yehova ariko aratororokanya ku bw’ubusuku bwiwe “ivy’igiciro vyo mu mahanga yose”—abantu b’ingenzebuhoro, bameze nk’intama bo kw isi. (Yohana 6:44) Iryo ‘shengero ryinshi’ ubu ‘rirakorera ubusuku bweranda’ mu kigo co kw isi c’ingoro yiwe yo gusengeramwo.—Ivyahishuriwe Yohana 7:9, 15.

20. Ni hehe turi busange itunga ry’agaciro birushirije?

20 Ubusuku bwo mu rusengero rwa Yehova rw’ivy’impwemu buratanga inyungu y’agaciro karuta itunga ry’ivy’amaronko iryo ari ryo ryose. (Imigani 2:1-6; 3:13, 14; Matayo 6:19-21) Vyongeye, muri Hagayi 2:9 havuga icese hati: “Ubgiza bgo hanyuma buzoba kur’iyi ngoro buzorusha ubga mbere, ni k[o Yehova] Nyen’ingabo agize, kand’aha hantu nzohaha amahoro, ni k[o Yehova] Nyen’ingabo agize.” Ayo majambo avuze iki kuri twebwe kino gihe? Igihimbu cacu gikurikira kiratubwira.

Ibibazo vy’Isubiramwo

◻ Ni akarorero gaki k’abamenyeshakazoza dukwiye gukurikira ku biraba izina rya Yehova?

◻ Ni indemesho nki turonkera ku butumwa bukomeye Yehova yarungikiye Isirayeli yasubijwe umutamana?

◻ Ni urusengero rw’ubwiza uruhe rw’ivy’impwemu rukora muri iki gihe?

◻ Ni amatororokanywa maki yakurikiranye mu kinjana ca 19 n’ica 20, bitanga ikizigizigi giki gihambaye?

[Akajambo k’epfo]

a Imvugo ngo “Ya Yehova” ikoreshwa ngo itsindagire bidasanzwe. Raba Auxiliaire pour une meilleure intelligence de la Bible, urupapuro 746.

[Ifoto ku rup. 17]

Ingabo zo mw ijuru za Yehova zirarongōra kandi zigashigikira Ivyabona vyiwe kw isi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika