Bǎrakoze Ukugomba kwa Yehova
Ukuronderera Isaka Umugore
UWO mugabo ageze mu zabukuru yicaye hambavu y’iriba yari yacotse. We be n’abafasha biwe hamwe n’ingamiya zabo cumi bari bakigenze inzira yose guhera mu micungararo y’i Beri-sheba gushika mu buraruko bwa Mezopotamiya—uburebure bw’ibirometero birenga 800.a Buno aho bashikiye iyo baja, iyo ngenzi yananiwe yararuhutse ngo azirikane ku rubanza rugoye yatumweko. Uwo mugabo yari nde, kandi ni kubera iki yari yafashe iyo safari y’akabizacuya?
Nya mugabo yari umusuku wa Aburahamu, “umukuru wo mu rugo rwiwe.” (Itanguriro 24:2) Naho batamuvuga izina muri nya nkuru, biboneka yuko yari Eliyezeri, uwo Aburahamu yari yarigeze kuvuga ko ari ‘umunyarugo yavukiye iwe,’ kandi ko ari mu murongo ngo ‘azotorane ivyiwe.’ (Itanguriro 15:2, 3) Birumvikana, aho hǎri igihe Aburahamu na Sara ata kana bari bafise. Buno umuhungu wabo Isaka yari amaze imyaka 40, kandi naho Eliyezeri atari akiri samuragwa mukuru wa Aburahamu, yari akiri umusuku wiwe. Ni co gituma yayobotse igihe Aburahamu yamusaba ikintu kitoroshe. Cari igiki?
Urubanza Rutoroshe
Mu gihe ca Aburahamu ubugeni ntibwaraba urugo rwonyene, bwaraba kandi akabira kazima, canke umugwi w’abakomoka ku muvyaramiryango. Wari nk’umugenzo rero ku bavyeyi gucagurira umwana wabo umutambukanyi. Ariko rero Aburahamu mu kuronderera umuhungu wiwe umugore, yarahanganye n’akajuragiza. Ingeso z’ukutibanga Imana z’Abanyakanani baho zatuma ukwubakana n’uwo muri bo kudashoboka. (Gusubira mu vyagezwe 18:9-12) Kandi naho wari nk’umugenzo ko umugabo yubakana n’uwo mu kabira kiwe bwite, incuti za Aburahamu zaba ku birometero amajana, amaja mu buraruko bwa Mezopotamiya. Ntiyari gupfa gushobora gucumbikira Isaka aho hantu, kuko Yehova yari yasezeraniye Aburahamu ibi: “[Urubuto, NW] rwawe nzoruha iki gihugu,” igihugu c’i Kanani. (Itanguriro 24:7, impirikano ni izacu.) Ni co gituma Aburahamu yabwiye Eliyezeri ati: “[Ja] mu gihugu cacu, muri bene wacu, kuba ari ho usabira umwana wanje Isaka umugeni.”—Itanguriro 24:4.
Eliyezeri amaze kurangiza iyo safari ndende, yaruhukiye hambavu y’iriba yibaza urubanza yatumweko. Yariyumviriye ko vuba abagore boje kuri nya riba kuvoma amazi yo gukoresha mw ijoro. Niho yazambira Yehova ati: “Umwigeme ndibubgire, nti Ndakwinginze, ururutsa umubindi wawe, nnyweko; akanyishura, ati Nywako, n’ingamiya zawe ndaziha zinywe: uyo abe ari we watoranirije Isaka umusavyi wawe; ivyo ni vyo bimmenyesha yuk’ugiriye neza databuja.”—Itanguriro 24:14.
Igihe yari akiriko arasenga, inkumi y’akaranga yitwa Rebeka iregēra. Eliyezeri ayibwira ati: “Ntabaza se utuzi two kunywa kur’uwo mubindi wawe.” Rebeka agira kuno, hanyuma maze avuga ati: “Hinge mvomere n’ingamiya zawe, zihodoke.” Ukwo kwari ukuvagura koko, kubera ko ingamiya inyotewe ishobora kunywa gushika ku migereni 25 (amalitiro 95) y’amazi mu minuta cumi gusa! Ingamiya za Eliyezeri zaba zari zinyotewe gutyo canke atari ukwo, Rebeka ategerezwa kuba yari azi yuko igikorwa asavye gukora cobaye gisaba inguvu. Si ivy’imbeshere, “[yaranyarutse] asuka umubindi wiwe mu bgato, ariruka, asubira kw iriba kuvoma, avomera ingamiya ziwe zose.”—Itanguriro 24:15-20.
Eliyezeri yiyumvamwo uburongozi bwa Yehova, aha Rebeka impeta y’inzahabu hamwe n’udukomo tubiri tw’inzahabu, ubu vyoba biciye amadolari 1 400 y’Abanyamerika. Aho Rebeka amubwiriye yuko ari umwuzukuru wa Nahori mwenewabo na Aburahamu, Eliyezeri yaratuye isengesho ry’ugukengurukira Imana. Yavuze ati: “Uhoraho yandōngōye inzira ija kwa bene wabo wa databuja.” (Itanguriro 24:22-27) Eliyezeri yajanywe mu muryango wa Rebeka. Mu nyuma, Rebeka yacitse umugore wa Isaka, hanyuma araronka agateka k’ugucika inakuruza wa Mesiya, Yezu.
Ivyigwa Kuri Twebwe
Yehova yarahezagiye akigoro Eliyezeri yagize abicishije no mw isengesho kugira aronkere Isaka umutambukanyi atinya Imana. Mugabo ibuka yuko ukwubaka kwa Isaka kwari kujanye rwose n’intēgo Imana yari ifise y’uko haboneka urubuto biciye kuri Aburahamu. Iyi nkuru rero ntikwiye kutujana ku gupfundika yuko uwo ari we wese asenga ngo aronke umutambukanyi azomuhabwa ku gitangaro. Mugabo, mu gihe twumiye ku ngingo za Yehova, azoduha inkomezi z’ukurindirako ingorane zizanana n’inyifato yinaka y’ubuzima bwacu—ukwubaka canke ubwirebange.—1 Ab’i Korinto 7:8, 9, 28; gereranya n’Ab’i Filipi 4:11-13.
Eliyezeri yabwirizwa kugira akigoro kanini ngo akore ibintu mu buryo bwa Yehova. Na twebwe nyene dushobora gusanga ugukurikiza ingingo ngenderwako za Yehova bitama vyoroshe. Nk’akarorero, kuronka akazi kataniga umurimo wa gitewokarasi, kuronka umutambukanyi atinya Imana, abagenzi baremesha, umwisamazo udatesha ubuntu, bishobora kugorana. (Matayo 6:33; 1 Ab’i Korinto 7:39; 15:33; Abanyefeso 4:17-19) Yamara, Yehova arashobora gufata mu mugongo abanka kurenga ingingo za Bibiliya. Bibiliya itanga iyi nsezeranwa: “Wizigize [Yehova, NW] umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe. Umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.”—Imigani 3:5, 6.
[Akajambo k’epfo]
a Turimbuye incahagati y’ubunyarutsi bw’ingamiya, bishobora kuba vyabatwaye imisi irenga 25 kugira barangize iyo safari.