ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/2 rup. 3-8
  • Dusukure nk’Intwarabutumwa z’Amahoro Mvamana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dusukure nk’Intwarabutumwa z’Amahoro Mvamana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Imana Yawe Iri ku Ngoma!”
  • Intwarabutumwa y’Amahoro Ihambaye Birushirije wa Yehova
  • Baramenyerejwe Kugera Ikirenge mu ca Kirisitu
  • Inkundamahoro mw Isi Irimwo Umuvurungano
  • Amahoro Nyakuri—Ava kw Isôko Nyabaki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Rondera Amahoro Nyakuri Kandi Uyakurikire!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Amahoro—Woyaronka gute?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/2 rup. 3-8

Dusukure nk’Intwarabutumwa z’Amahoro Mvamana

‘Erega ibirenge vy’uwamamaza ivy’amahoro ni vyiza ku misozi.’—YESAYA 52:7.

1, 2. (a) Nk’uko vyamenyeshejwe imbere y’igihe muri Yesaya 52:7, ni inkuru nziza nyabaki itegerezwa kwamamazwa? (b) Amajambo menyeshakazoza ya Yesaya yari avuze iki kuri Isirayeli ya kera?

HARIHO inkuru nziza y’ukwamamaza! Ni inkuru y’amahoro—amahoro nyakuri. Ni ubutumwa bw’agakiza buri n’ico busana n’Ubwami bw’Imana. Ubu haraciye igihe kirekire umumenyeshakazoza Yesaya yanditse ibiyerekeye, kandi ivyo yanditse twarabizigamiwe muri Yesaya 52:7, aho dusoma ibi: “Ereg’ibirenge vy’ūzanye inkuru nziza ni vyiza ku misozi, akamamaza ivy’amahoro, akazana inkuru nziza z’ivyiza, akamamaza ivy’agakiza, akabarira [Za]yoni, at’Imana yawe iri ku ngoma!”

2 Yehova yarahumekeye umumenyeshakazoza wiwe Yesaya kugira yandike ubwo butumwa ngo bwungure Isirayeli ya kera, ngo na twebwe bitwungure muri iki gihe. Ivyo bisigura iki? Igihe Yesaya yandika ayo majambo, ubwami bwa Isirayeli bwo mu buraruko bushobora kuba bwari bwaramaze kujanwa mu bwangazo n’Abashuri. Mu nyuma, ababa i Buyuda, bwa bwami bwo mu bumanuko, bojanywe bwa bangazwe i Babiloni. Iyo yari imisi y’intuntu n’uruhagarara muri iryo hanga kubera abantu batari bagamburukiye Yehova, bica bituma ata mahoro bagiriranira n’Imana. Nk’uko Yehova yabibabwiye, inyirongōro yabo nyacaha ni yo yatuma haba umwigaburo hagati yabo n’Imana yabo. (Yesaya 42:24; 59:2-4) Ariko rero abicishije kuri Yesaya, Yehova yaramenyesheje ko igihe kigeze inzugi z’i Babiloni zokwiyuguruye. Igisata c’Imana boronse umwidegemvyo bagasubira mu gihugu cabo, aho bagasubira kuhubaka urusengero rwa Yehova. Zayoni yosubijwe umutamana, kandi ugusenga Imana y’ukuri kwosubiye gushishikarwa i Yeruzalemu.—Yesaya 44:28; 52:1, 2.

3. Umuhango w’isubizwamutamana wahawe Isirayeli wabaye gute ikimenyeshakazoza c’amahoro?

3 Uwo muhango w’uguhabuzwa wari kandi ikimenyeshakazoza c’amahoro. Ugusubiza Abisirayeli mu gihugu Yehova yari yabahaye vyobaye ikimenyamenya c’ikigongwe c’Imana hamwe n’ukwihana kwabo. Vyokwerekanye ko bafitaniye amahoro n’Imana.—Yesaya 14:1; 48:17, 18.

“Imana Yawe Iri ku Ngoma!”

4. (a) Ni mu buryo ki mu 537 B.G.C. hari gushobora kuvugwa ko ‘Yehova ari ku ngoma’? (b) Ni mu buryo ki Yehova yahindukije ibintu mu myaka yakurikiye, bizanira akunguko igisata ciwe?

4 Aho Yehova yashitsa iryo habuza mu 537 B.G.C., iri tangazo ryogiriwe Zayoni bíbereye: “Imana yawe iri ku ngoma!” Vy’ukuri, Yehova ni ‘Umwami w’ubuhoreho.’ (Ivyahishuriwe Yohana 15:3) Mugabo ukwo guhabuzwa kw’igisata ciwe wari umugaragazo mushasha w’ububesegaba bwiwe. Mu buryo butangaje rwose, kwarerekanye ubuminuze bw’ububasha afise ku nganji z’abantu bari barushirije mu bushobozi gushika ico gihe. (Yeremiya 51:56, 57) Icanzuwe mw ikora ry’impwemu ya Yehova, ni uko ukugambanira igisata ciwe kundi kwahinduwe ubusa. (Esiteri 9:24, 25) Incuro n’izindi Yehova yararengutse mu buryo butari bumwe kugira atume abami b’Ubumedi-Buperesi bafasha mw ishitswa ry’ukugomba guhebuje kwiwe bwite. (Zekariya 4:6) Ibishikiragihe bitangaje vyabaye muri iyo misi turavyandikiwe mu bitabu vya Bibiliya vya Ezira, Nehemiya, Esiteri, Hagayi, na Zekariya. Kandi ese ukuntu bidukomereza ukwizera iyo dusubiye kuvyihweza!

5. Ni ibishikiragihe biri n’ico bivuze ibihe bidomwako urutoke muri Yesaya 52:13–53:12?

5 Yamara, ivyabaye mu 537 B.G.C. n’inyuma yaho vyari intango gusa. Bidatevye mu nyuma y’ikimenyeshakazoza c’isubizamutamana co mu kigabane ca 52, Yesaya yaranditse ivyerekeye ukuza kwa Mesiya. (Yesaya 52:13–53:12) Abicishije kuri Mesiya, uwo vyagaragaye ko ari Yezu Kirisitu, Yehova yotanze ubutumwa bw’ivy’uguhabuzwa hamwe n’amahoro mbere biri n’ico bivuze kuruta kure n’iyo ivyashitse mu 537 B.G.C.

Intwarabutumwa y’Amahoro Ihambaye Birushirije wa Yehova

6. Intwarabutumwa y’amahoro ihambaye birushirije wa Yehova ni nde, kandi ni ibanga nyabaki yiyerekejeko?

6 Yezu Kirisitu ni we ntwarabutumwa y’amahoro ihambaye birushirije wa Yehova. Ni we Jambo w’Imana, Umuvugizi Yehova yisangije. (Yohana 1:14) Ibihuye n’ivyo, haciye igihe inyuma y’ukubatirizwa mu Ruzi Yorodani, Yezu yaragiye mw isinagogi i Nazareti, arahaguruka, hanyuma asoma n’ijwi ryo hejuru ibanga yatumwe riri muri Yesaya 61. Iryo banga ryiwe ryaratomoye ko ivyo yategerezwa gukwiririza vyarimwo ‘ukurekurwa’ n’ ‘uguhumurwa,’ hamwe n’ukwemerwa na Yehova. Ariko rero Yezu yarakoze ibiruta ukwamamaza ubutumwa bw’ivy’amahoro. Imana yari yamurungitse kandi kugira atange ishingiro ry’amahoro aramba.—Luka 4:16-21.

7. Ni imyanzuro nyabaki iva ku mahoro umuntu agiriranira n’Imana ishobora kuboneka biciye kuri Yezu Kirisitu?

7 Igihe c’ivuka rya Yezu, abamarayika barabonekeye abungere hafi y’i Betelehemu, bashemeza Imana kandi bavuga bati: “Icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, no mw isi [amahoro abe mu bantu b’ukugomba kwiza, “NW”].” (Luka 2:8, 13, 14) Egome hobonetse amahoro ku bo Imana yogiriye ukugomba kwiza kubera bagaragaje ukwizera intunganyo yari yashinze abicishije ku Mwana wiwe. Ivyo vyosiguye iki? Vyosiguye ko naho nyene abantu bavukira mu caha, boshobora gushikīra impagararo ityoroye imbere y’Imana, bakagiranira na yo ubucuti bwemewe. (Abaroma 5:1) Boshobora kwinovora ugutekana kw’imbere muri bo, amahoro, amwe adashobora kuboneka mu bundi buryo. Ku gihe cashinzwe n’Imana, hobaye ukurekurwa bagakurwako ingaruka barazwe na Adamu—harimwo indwara, n’urupfu. Abantu ntibosubiye kuba impumyi canke ibipfamatwi canke ibimuga. Imbaga nke zitambamira umuntu n’uguparangana mu mutwe kw’imvunamutima vyokuweho akagirire. Vyoshobotse ko binovora ubuzima mu bukemuke ibihe bidashira.—Yesaya 33:24; Matayo 9:35; Yohana 3:16.

8. Amahoro mvamana ahabwa bande?

8 Ayo mahoro mvamana ahabwa bande? Ahabwa abo bose bagaragaza ukwizera Yezu Kirisitu. Intumwa Paulo yanditse ko ‘Imana yahimbawe n’uguca kuri Kirisitu kugira ubwayo yuzure n’ibindi bintu vyose mu gusasagaza amahoro biciye ku maraso ya Yezu yasheshwe ku giti c’ugukanagirizwako.’ Intumwa Paulo yongeyeko yuko ukwo kwuzura kwoshizemwo ‘ibintu vyo mw ijuru’—ni ukuvuga bamwe bobaye basamurarwa kumwe na Kirisitu mw ijuru. Kwoshizemwo kandi ‘ibintu biri kw isi’—ni ukuvuga, bamwe bogiriwe ubuntu bakaronka akaryo k’ukubaho ibihe bidashira kuri iyi si igihe izoba yashikanywe ku bumeremere bwuzuye bw’Iparadizo. (Ab’i Kolosayi 1:19, 20) Ku bw’ukwungukira kwabo ubwabo ku gaciro k’inkuka ya Yezu, no ku bw’ukugamburukira Imana kwabo kw’imvamutima, abo bose barashobora kwinovora ubugenzi bagiranira n’Imana burangwa igishika.—Gereranya na Yakobo 2:22, 23.

9. (a) Amahoro umuntu agiriranira n’Imana agira akosho ku bundi bucuti nyabaki? (b) Kugira hose habe amahoro aramba, ni ubukuru nyabaki Yehova yahaye Umwana wiwe?

9 Ese ukuntu amahoro mwen’ayo agiranwa n’Imana ari ndokorabuzima! Iyo ata mahoro umuntu afitaniye n’Imana, nta mahoro aramba canke ari n’ico avuze ashobora kuba mu bundi bucuti na bumwe. Amahoro agiranwa na Yehova ni ryo shingiro ry’amahoro nyakuri kw isi. (Yesaya 57:19-21) Birabereye rero kubona Yezu Kirisitu ari Umuganwa w’Amahoro. (Yesaya 9:6) Uwo nyene abantu bacako kugira buzure n’Imana, Yehova yamushinze kandi ubukuru bw’ugutegeka. (Daniyeli 7:13, 14) Kandi ku vyerekeye umwanzuro wovuye mu butegeke bwa kiganwa bwa Yezu, Yehova yasezeranye ibi: ‘Amahoro azohaba ntazogira iherezo.’—Yesaya 9:7; Zaburi 72:7.

10. Yezu yasize akarorero gute mu vy’ukwamamaza ubutumwa bw’ivy’amahoro bw’Imana?

10 Ubwo butumwa bw’amahoro bw’Imana burakenewe n’ubwoko-muntu iyo buva bukagera. Yezu ubwiwe yaratanze akarorero ndangamwete mu kubukwiririza. Yabigize atyo mu karere k’urusengero i Yeruzalemu, ku nkikira z’imisozi, no ku nzira, ku munyasamariyakazi ari kw iriba, no mu mazu y’abantu. Ahaba hari abantu hose, Yezu yahagira uturyo tw’ugukwiririza ivyerekeye amahoro n’Ubwami bw’Imana.—Matayo 4:18, 19; 5:1, 2; 9:9; 26:55; Mariko 6:34; Luka 19:1-10; Yohana 4:5-26.

Baramenyerejwe Kugera Ikirenge mu ca Kirisitu

11. Yezu Yamenyereje abayoboke biwe umurimo nyabaki?

11 Yezu yarigishije abayoboke biwe gukwiririza ubutumwa bw’Imana bw’ivy’amahoro. Nk’uko Yezu yari “icabona co kwizigirwa kandi c’ukuri” ca Yehova, na bo nyene bǎrabonye ko bari n’ibanga ry’ugushinga icabona. (Ivyahishuriwe Yohana 3:14; Yesaya 43:10-12) Kirisitu ni we bǎhanga amaso bwa Ngenderambere yabo.

12. Paulo yerekanye gute akamaro k’umurimo w’ubukwiririji?

12 Intumwa Paulo yarategēje ku vyerekeye ubuhambare bw’uwo murimo w’ubukwiririji avuga ati: “Ivyanditswe bivuga, ng’Ūmwizera wese ntazoterwa n’isoni.” Ni ukuvuga ko ata muntu n’umwe agaragaza ukwizera Yezu Kirisitu nka we Shimikiro Mukuru wa Yehova w’agakiza azoterwa n’isoni. Nta wukurwamwo kubera imico ndangakabira, kuko Paulo yongeyeko ati: “Nta tandukaniro ry’Umuyuda n’Umugiriki: kuk’Umwami umwe ar’Umwami wa bose, ni we afise ubutunzi bukwiye abamwambaza bose; kuko, Umuntu wese azokwambaza izina [rya Yehova] azokizwa.” (Abaroma 10:11-13) Ariko none abantu bari bagiye kwigira gute kuri ako karyo?

13. Ni igiki cari gikenewe kugira abantu bumve inkuru nziza, kandi Abakirisu bo mu kinjana ca mbere batunganije gute iyo nkenero?

13 Paulo yarahanganye n’iyo nkenero y’abakwiririji mu kubaza ibibazo umusuku wa Yehova wese akwiye kuzirikana. Iyo ntumwa yabajije ati: “None bazokwambaza bate uwo batarizera? Kandi bazokwizera bate uwo batarumva? Kandi bazokwumva bate, ata wabasiguriye ivyiwe? Kandi bazosigura ivyiwe bate, batātumwe?” (Abaroma 10:14, 15) Inkuru yerekeye Ubukirisu bwa mbere irimwo intahe ivuga yuko abagabo n’abagore, imikangara n’abakuze, bakurikiye ako karorero kasizwe na Yezu hamwe n’intumwa ziwe. Bǎracitse abamamaji banyamwete b’inkuru nziza. Mu kwigana Yezu, barakwiririje ku bantu, aho bǎshobora kubasanga hose. Báfise icipfuzo c’ukudasiga inyuma n’umwe, barashishikaye igikenurwa cabo mu bibanza vya benshi, no mu kuva ku nzu baja ku yindi.—Ivyakozwe n’intumwa 17:17; 20:20.

14. Vyagaragaye gute yuko ari ivy’ukuri ko “ibirenge” vy’abamenyesha inkuru nziza ari “vyiza”?

14 Vyumve, abakwiririji bakirisu si uwo ari we wese yabakiranye ubuntu. Naho vyari ukwo, ivyo Paulo yasubiyemwo abikuye muri Yesaya 52:7 vyaragaragaye ko ari ivy’ukuri. Amaze kubaza ico kibazo ngo “bazosigura ivyiwe bate, batātumwe?” yongeyeko ati: “Nk’uko vyanditswe: ngw Ewe kuntu ibirenge vy’abazanye ubutumwa bg’ivyiza ari vyiza!” Abenshi muri twebwe ntibiyumvira ko ibirenge vyacu ari vyiza, canke akaroruhore. None ico canditswe kivuze iki? Ibirenge mu bisanzwe ni vyo biteragura umuntu uko asohoka gukwiririza ku bandi. Ibirenge mwen’ivyo vy’ukuri bigereranya uwo muntu. Kandi turashobora kwemera neza yuko ku batari bake bǔmviye inkuru nziza ku ntumwa no ku bandi bayoboke ba Yezu Kirisitu bo mu kinjana ca mbere, abo Bakirisu ba mbere vy’ukuri bari baryoheye ijisho. (Ivyakozwe n’intumwa 16:13-15) Vyongeye, bari n’agaciro mu nyonga z’Imana.

15, 16. (a) Abakirisu bo mu kinjana ca mbere berekanye gute ko vy’ukuri bari intwarabutumwa z’amahoro? (b) Ni igiki gishobora kudufasha gushishikara igikenurwa cacu mu buryo bumwe n’Abakirisu bo mu kinjana ca mbere?

15 Abakurikizi ba Yezu bari n’ubutumwa bw’ivy’amahoro, kandi babushikiriza mu buryo burangwa amahoro. Yezu yahaye abayoboke biwe aya mategeko: “Inzu yose muzokwinjiramwo, muze mubanze muvuge, mut’Amahoro abe mur’iyi nzu. Ni yaba irimw’umunyamahoro, amahoro yanyu azoba kuri we: ni bitāmera birtyo, azobagarukako.” (Luka 10:5, 6) Ijambo Sha·lohmʹ, canke “amahoro,” ni indamukanyo yahoranwa n’Abayuda. Mugabo ayo mategeko ya Yezu arimwo ibiruta ivyo. Bwa ba ‘ambasaderi basubirira Kirisitu,’ abayoboke biwe basīzwe barihanikiza abantu bati: “Mwuzure n’Imana.” (2 Ab’i Korinto 5:20) Mu buryo bujanye n’amategeko ya Yezu, bǎrabwira abantu ivyerekeye Ubwami bw’Imana hamwe n’ico bushoboye kuba buvuze kuri bo, umwumwe ukwiwe. Abumvirije bǎraronse umuhezagiro; abiyamirije ubwo butumwa na bo baraburaniwe.

16 Ivyabona vya Yehova barashishikara igikenurwa cabo muri ubwo buryo nyene muri iki gihe. Inkuru nziza bashira abantu si iyabo; ni iy’Umwe yabarungika. Ibanga bashinzwe ni iry’ukuyishikiriza. Iyo abantu bayemeye, ubwabo baba bishize mu murongo w’ukuronka imihezagiro y’igitangaza. Iyo bayiyamirije, baba bariko biyamiriza amahoro bogiriraniye na Yehova Imana hamwe n’Umwana wiwe, Yezu Kirisitu.—Luka 10:16.

Inkundamahoro mw Isi Irimwo Umuvurungano

17. Naho nyene twohangana n’abantu b’abacokoranyi, dukwiye kwigenza gute, kandi kubera iki?

17 Uko abantu bakira ubutumwa kwose, birakenewe ko Ivyabona vya Yehova bagumiza mu muzirikanyi ivy’uko bari intwarabutumwa z’amahoro mvamana. Abantu b’iyi si barashobora kuja mu mihazuko, hanyuma bagaserura ishavu ryabo mu kubwira ababasotoye amajambo ababaza canke mu kubakankamira bikomeye. Kumbure bamwe muri twebwe ivyo barabigize mu gihe cahise. Ariko rero niba twarambaye kamere-muntu nshasha, tukaba ubu tutakiri ab’iyi si, ntituzokwigana uburyo bwabo. (Abanyefeso 4:23, 24, 31; Yakobo 1:19, 20) Ata kurinda kuraba ivyo abandi bagira, turinanata ngo dukurikize iyi mpanuro: “Namba bishoboka, mu ruhande rwanyu, mwuzure n’abantu bose.”—Abaroma 12:18.

18. Twogira iki igihe umutegetsi aganza adukariye, kandi tukabigira kubera iki?

18 Igikenurwa cacu rimwe na rimwe gishobora kuturengutsa imbere y’abakuru baganza. Bitwaje ubukuru bwabo, barashobora ‘kudusaba’ insiguro y’igituma tugira ibintu bimwebimwe canke igituma twanka kuja mu mirimo minaka. Bashobora kugomba kumenya igituma dukwiririza ubutumwa dushikiriza—ubutumwa bushira ku kabarore idini y’ikinyoma kandi buvuga ivy’umuhero w’uru runkwekwe rw’ibintu. Ukwubaha kwacu akarorero Kirisitu yasize kuzotuma tugaragaza ubwiyoroshi n’ukwubaha kugera ibwina. (1 Petero 2:23; 3:15) Kenshi na kenshi, abategetsi mwen’abo usanga batunwa n’abakuru b’amadini canke bigashoboka ko batunwa n’abakuru babo ubwabo. Inyishu ndangabwiyoroshi, irashobora kubafasha gutahura ko umurimo wacu utabahanamiye, bo hamwe n’amahoro y’abo mu kibano. Mwen’ico gisubizo kiravyara agatima k’ubwubashi, ugufashanya, n’amahoro muri abo bacemera.—Tito 3:1, 2.

19. Ivyabona vya Yehova ntibigera baja mu mirimo nyabaki?

19 Ivyabona vya Yehova kw isi iyo iva ikagera bazwi ko ari abantu bataja mu mahane y’iyi si. Ntibinjira mu matati y’iyi si ashingiye ku rukoba, idini, canke ku vya politike. (Yohana 17:14) Kubera yuko Ijambo ry’Imana rituyobora ngo ‘tworohere abakuru baganza,’ mbere ntitworota n’ukuba twojamwo mu bikorwa vy’ubugabagavyi vy’abanyagihugu kugirango twiyamirize politike y’intwaro. (Abaroma 13:1) Ivyabona vya Yehova ntibigera biyunga ku mihari ifise ihangiro ry’ugutembagaza intwaro. Baravye ingingo ngenderwako zashinzwe na Yehova azishingira abasuku bakirisu biwe, ukujamwo kwabo mu vy’ugusesa amaraso canke mu bukazi bw’ubwoko na bumwe ni ibitoniyumvīrwa! Abakirisu b’ukuri ntibaganira gusa ivyerekeye amahoro; babayeho mu buryo buhuye n’ubutumwa bakwiririza.

20. Ku biraba amahoro, twovuga iki ku vyo Babiloni Hahambaye yakoze?

20 Ibihushanye n’ivy’Abakirisu b’ukuri, abaserukira amungungane y’ivy’idini ya Kirisendomu ntibabonetse ko ari intwarabutumwa z’amahoro. Amadini ya Babiloni Hahambaye—Amasengero ya Kirisendomu cokimwe n’amadini atari ay’Ubukirisu—yarirengagije, arashigikira za ntambara z’amahanga, yongera vy’ukuri araja imbere muri zo. Yarakwegeye uruhamo, mbere n’ukugandagura aragandagura abasuku bizerwa ba Yehova. Ku biraba Babiloni Hahambaye, mu Vyahishuriwe Yohana 18:24 hamenyesha hatomora rero hati: “Mur’ico gisagara amaraso y’abavugishwa n’Imana n’ay’abera n’ay’abishwe bo kw isi bose ni ho yabonetse.”

21. Abantu b’umutima w’inziraburyarya benshi bagira iki iyo babonye ubudasa hagati y’inyirongōro y’abantu ba Yehova hamwe n’iy’abasenga mw idini y’ikinyoma?

21 Atari nka kumwe kw’amadini ya Kirisendomu hamwe n’umusigara wa Babiloni Hahambaye, idini y’ukuri ni inkomezi nyunganishi igira neza. Yezu Kirisitu yabwiye abakurikizi biwe b’ukuri ati: “Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje.” (Yohana 13:35) Urwo ni urukundo rurengana imipaka y’ubwenehanga, y’ikibane, y’ivy’ubutunzi, n’iy’ibara ry’urukoba ubu igabagura abandi bantu iyo bava bakagera. Bamaze kubona ivyo, abantu amamiliyoni bo ku mubumbe wose, barabwira abasuku ba Yehova basīzwe bati: “Turajana, kuko twumvise yukw Imana iri kumwe namwe.”—Zekariya 8:23.

22. Tubona gute umurimo w’ugushinga icabona ugikeneye gukorwa?

22 Twebwe igisata ca Yehova turanezerererwa rwose ibimaze kurangurwa, mugabo igikorwa cacu ntikirarangira. Inyuma y’ukubiba imbuto n’ukubagarira ingemwe zayo, umurimyi ntadohoka ku kivi. Arabandanya gukora na canecane mu gihe c’agaheta c’ikiringo c’ukwimbura. Igihe c’ukwimbura gisaba utwigoro dushigikiwe kandi dushimitse. Kandi ubu hariho umwimbu uhambaye w’abasenga Imana y’ukuri uruta ikindi gihe cose carenganye. Iki ni igihe c’ukunezerwa. (Yesaya 9:3) Vy’ukuri, turahangana n’ukurwanywa hamwe n’ukwirengagizwa. Umwumwe ukwiwe dushobora kuba tugwa tuvyuka duhangana n’indwara ikomeye, inyifato z’ibintu z’urugo zigoye, canke ingorane z’ivy’amahera. Mugabo urukundo dufitiye Yehova ruratugobera gukomera ku muheto. Ubutumwa Imana yadushinze ni ikintu abantu bakeneye kwumva. Ni ubutumwa bw’ivy’amahoro. Vy’ukuri ni bwa butumwa Yezu ubwiwe yakwiririza—inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana.

Wokwishura Iki?

◻ Ni iranguka nyabaki Yesaya 52:7 hagize kuri Isirayeli ya kera?

◻ Yezu yagaragaje gute ko ari intwarabutumwa y’amahoro ihambaye birushirije?

◻ Intumwa Paulo yasanishije gute Yesaya 52:7 na ca gikorwa Abakirisu bajamwo?

◻ Ukuba intwarabutumwa y’amahoro muri iki gihe cacu birimwo iki?

[Amafoto ku rup. 6]

Nka kumwe kwa Yezu, Ivyabona vya Yehova ni intwarabutumwa z’amahoro mvamana

[Amafoto ku rup. 7]

Ivyabona vya Yehova baguma ari inkundamahoro uko abantu bakira ubutumwa bw’Ubwami kwoba kumeze kwose

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika