ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/2 rup. 1-10
  • Igikoresho Gishasha co Gufasha Abantu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igikoresho Gishasha co Gufasha Abantu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twokoresha agatabu Inkuru nziza iva ku Mana
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Ingene twokoresha agatabu Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Woba Uriko Urakoresha Agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? mu Gutanguza Inyigisho?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Niwigishe ukoresheje agatabu Inkuru nziza
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/2 rup. 1-10

Igikoresho Gishasha co Gufasha Abantu

Kumenya Ivyo Imana Isaba

“UKUNTU yerekana ibintu mu buryo bworoshe, butazigura kandi burimwo ubuntu, kuzozana ibirenga ivyo twari twiteze. Imitwe y’ibiganiro ishikirijwe mu buryo butagoye kandi buryoshe, ku buryo umuntu w’inziraburyarya w’umurondezi atazobura kwumva yovuga, ati ‘Imana iri muri mwebge vy’ukuri.’ ” (1 Ab’i Korinto 14:25) Ivyo vyavuzwe n’Icabona ca Yehova umwe wo muri Tayilande igihe yariko adondora ya boroshire nshasha, Ivyo Imana Isaba Kuri Twebwe Ni Ibiki? Yasohowe n’Ishirahamwe Watch Tower ku Mukwakwa w’Intara wataziriwe ngo “Intwarabutumwa z’Amahoro Mvamana,” wo mu 1996/97.

Iyo boroshire y’impapuro 32, y’amabara y’indobeke, yagenewe gutanga icigwa c’ivya Bibiliya. Itanga inyigisho z’ishimikiro za Bibiliya. Imvugo yayo iroroshe, kandi iciye muri make, igasigura mu buryo butomoye ivyo Imana isaba kuri twebwe. Abasomyi bakwiye gutahura iyo boroshire ata ngorane. Woshobora gute none kurongōra urwigo rwa Bibiliya muri iyo boroshire nshasha?

Koresha ibibazo. Hariho ibibazo ku ntango y’icigwa kimwekimwe cose. Mu tuzitizo inyuma y’ikibazo cose, uhasanga inomero z’ibifungo bisangwamwo inyishu. Ivyo bibazo bishobora gukoreshwa bwa bikoresho vy’ukwigisha vyo kwitangiza imbere no gusubiramwo. Nk’akarorero, igihe mutanguye urwigo rwa Bibiliya rwo ku muhana, woshobora kubaza nya mutohoji ibibazo kugira atange insasanuro ziwe. Mu gishingo c’uguca ukosora inyishu izo ari zo zose zitari zo atanze, mushobora gushishikara urwigo. Murangije icigwa, mushobora gusubira ku bibazo ukaraba ko nya mutohoji buno ashoboye kuvyishura ahuza na Bibiliya.

Rondera ivyanditswe. Mu cigwa kimwekimwe cose, amayagwa magufimagufi y’ibintu vy’ukuri vyo muri Bibiliya aherekejwe n’ivyanditswe biyashigikira. Kubera ko vyinshi mu vyanditswe ari ivyatanzwe bitarinze kudondwa, birakenewe cane ko uremesha nya mutohoji kurondera ivyo bisomwa muri Bibiliya yiwe. Arakeneye gusoma no kuzirikana Ijambo ry’Imana imbere y’uko ashobora kurikurikiza mu buzima bwiwe.—Yosuwa 1:8.

Erekana amashusho. Iyo boroshire irimwo amashusho umuyevere, ikagiramwo n’amafoto hamwe n’ibishushanyo—birenga 50 vyose hamwe. Ivyo ntivyashizwemwo kugira gusa biryohere amaso, ni ukugira kandi ngo bibe ivyifashisho vy’ukwigisha. Nk’akarorero, ivyigwa bibiri vya nyuma (kimwekimwe kikaba gitwara urupapuro rumwe, ku mpapuro zirabana), bifise imitwe ivuga ngo “Gufasha Abandi ngo Bashitse Igomba ry’Imana” na “Ingingo Ufata y’Ugusukurira Imana.” Amafoto akwiye kuri izo mpapuro zibiri arerekana intambwe z’iterambere ryo mu vy’impwemu ryerekeye umuntu umwe, akamwerekana ariko ashinga icabona intategekanya, aja mu gikorwa c’inzu ku nzu, yiyegura, amaherezo akabatizwa. Ukwegeye ivyiyumviro vy’umutohoji kuri ivyo bishusho, uramufasha kubona intambwe zisabwa kugira asukurire Imana.

Vyogenda gute igihe umuntu ashimishwa adasoma neza canke akaba atazi gusoma namba? Ishirahamwe ririko rirategura iyo boroshire kw ikaseti y’ukwumviriza mu gitigiri kinaka c’indimi. Iyo kaseti irimwo igisomwa c’iyo boroshire hamwe na vyinshi mu vyanditswe vyatanzwe. Ifashwe amajwi muri ubu buryo: Ikibazo ca mbere kirasomwa, hagakurikira igifungo (canke ibifungo) ki(bi)cishura, hamwe na bimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Maze ikibazo gikurikira kirasomwa, kigakurikirwa n’igisomwa hamwe n’ivyanditswe bicishura, n’ibindi. Uwo mutohoji ashobora kwumviriza iyo kaseti igihe ariko aritegurira urwigo. Iyo kaseti ishobora kandi gukoreshwa igihe c’ukurongōra nya rwigo.

Abǎri ku mukwakwa bari bashashaye rwose gukoresha iyo boroshire mu gikenurwa cabo co mu ndimiro. Nk’akarorero, imisi mikeyi gusa inyuma y’aho abatsimvyi (abamamazanjili b’igihe cose) babiri bo muri Reta Zunze Ubumwe baronkeye iyo boroshire, barayisigiye umugabo n’umugore bakiri bato, abo bari bagendeye. Aho iyo nyabubiri barabiye ku rukaratasi rw’ibirimwo, icigwa kivuga ngo “Ivyemero n’Imigenzo Bitaryohera Imana” carakwegereye ivyiyumviro vyabo. “Nǎma nigishwa yuko ataho Imana yokwigera yanka—yo ni urukundo,” ni ko nya mukenyezi yavuze. “Ico ni co ngiye guherako gusoma.” Aho abo batsimvyi babiri bagarukiye kw iyinga rikurikira, nya mukenyezi yavuze ati: “Nariko nsoma ya boroshire nshasha. Gukora ivyo dukwiye gukora vyose biragumye cane. Yehova ntaryoherwa natwe—ntitwabiranye. Ariko twarafashe ingingo. Twarapanze ivy’uko twokwabirana ku Wagatanu uza.” Baragumbiriye iyo nyabubiri y’abatsimvyi, bongerako bati: “Muradutunga kubona tutagize urwigo rudahorereza, ariko [iyo ngingo] yaraturemuruye umuzigo munini.”

Uko bimeze kwose, nukoreshe iyo boroshire nshasha, Ivyo Imana Isaba. Ni igikoresho ciza co gufasha abandi ngo bige ivyo Imana isaba.

[Amafoto ku rup. 10]

Ya boroshire nshasha wewe uzoyikoresha ute?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika